Iryo hwaniro ry'urwaruka ku rwego rw'igihugu ryari ryatewe iteka kandi n'abandi banyavyubahiro batandukanye. Abo na bo ni Musenyeri Yohakimu Ntahondereye, Imwepiskopi wa Diyoze Muyinga akaba ari n'umukuru w'Inama Nkuru y'Abepesikopi Katolika bi Burundi; Musenyeri Buraziyo Nzeyimana Imwepiskopi wa Diyoseze Ruyigi; hamwe n'Abepiskopi b'inararibonye, ari bo Musenyeri Evariste Ngoyagoye yahoze aramutswa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, ubu akaba ashinzwe ubutumwa bw'abalayike mu nama y'Abepiskopi Katolika b'i Burundi; na Musenyeri Stanislas Kaburungu yahoze arongoye Diyoseze ya Ngozi.
Umusi wa mbere w'iryo hwaniro ry'urwaruka watangujwe n'ugusanganira umusalaba ku kibuga co mu Vyerwa vya Ngozi, kw'isaha zitandatu z'umutaga, urwaruka rukaba rwaje ruwukuye mw'isengero-mvyeyi y'i Ngozi. Haciye hakurikira ukwakira urwaruka rwaje ruva mu ma Diyoze yose y'igihugu c'Uburundi.
Inyuma y'ururimbo rw'amahoro n'ugusubiza hamwe, uwo mwepiskopi ahagarariye Papa muri Diyoseze ya Ngozi akaba yaciye aha ikaze abandi bepisikopi bari aho, hanyuma urwaruka na rwo.
Ibisomwa vyeranda vyasomwe muri iyo Nkuka ya Misa vyavuye mu gitabu c'amategeko (Amategeko 11,5b-15), be no mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu yanditwe na Matayo (Mat.15,13-21). Mu nsiguro yiwe, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yabanje kumera nk'uwushimagiza ukuntu aho iryo hwaniro ry'urwaruka ryabereye hatewe iteka. Yavuze ati: «Hahora ari mu Vyerwa vya Ngozi, ubu noneho hagiye kuba mu Vyerwa vy'Imana».
Na ho ku bijanye n'ico bozirikana muri iyo nyigisho, ngo bofata ko urugendo ruvugwa ari urwo kuva mu buja uja ku Mana, maze araheza abasaba kugumiza umutima ku Mana, kandi ko bokwemera na ntaryo kwikorera umusalaba. Ikindi, ngo bokwirinda kwidoga no kwidodombera Imana bivuye ku bibashikira.
Ibindi bokura muri ivyo bisomwa ngo kwoba ukwiga gushima ivyo Imana yabahaye. Ngo bokwikuramwo agatima k'ukwigungirako, bakiga riho gusabikanya n'ukuba abantu b'urukundo. Ngo bokwiga gusabikanya vyose, akanyamuneza n'ingorane. Ngo boheza bagafatiracakarorero kuri Bikira Mariya, we ngo yihutiye gusabikaniriza mwene wabo Elizabeti ikimuteye akanyamuneza. Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yasozereye insiguro y'ijambo ry'Imana yifuriza urwaruka kuba abuzuye urukundo rutigungana ivyiza.
Inyuma y'inkuka y'Imisa, hakurikiye amajambo y'abantu batandukanye. Aha twovuga nk'irya Buramatari w'intara ya ngozi, Albert Nduwimana, be n'iry'umuhuza w'abarundi, Eduwarudo Nduwimana, akaba ari na we yaserukiye Leta y'Ubundi. Mw'ijambo ryiwe, umuhuza w'abarundi yipfurije abari aho amahoro y'Imana mu kuvuga ko ayo abipfurije atari ayatangwa n'abari mu migambwe canke abanyepolitike, ariko ko ari ayakomoka kuri Yezu kristu.
Hasozeye ijambo rya Nyenicubahiro Musenyeri Yohakimu Ntahondereye arongeye Inama y'Abepisikopi Katolika b'i Burundi. Muri iryo jambo, akaba yakengurukiye umwepiskopi w'inararibonye w'i Bujumbura ko yemeye kugumana ibanga ry'ubutumwa bw'abalayike. Abandi yashimiye ni abasaseredi babukurikirana mu ma Diyoze. Mu gusozera ijambo ryiwe, akaba yagiriyeko atanga umuhezagiro, asozera atyo ibikorwa vy'umusi wa mbere.