Iyugururwa icese ry'ihwaniro ry'urwaruka rigira 13 ku rwego rw'igihugu muri Ekleziya y'i Burundi, mu mwaka w'2019
Itariki: 6/8/2019Ababisomye 2660 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Icivugo: «Rwaruka, nimureke gufata imigenzo y'iyi si» (Abaromani 12,2)
Kuva kw'itariki ya 5 gushika ku y'9 Myandagaro 2019, ku kibuga co mu Vyerwa vya Ngozi muri Diyoseze ya Ngozi hariko harabera Ihwaniro ry'urwaruka ku rwego rw'igihugu, ihwaniro ririko rirahuza urwaruka rwaserukiye urundi mu muhari n'imigwi y'ubutumwa muri Ekleziya y'i Burundi.

Ijambo ry'ukwugurura icese iryo hwaniro ryashikirijwe kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 6 Myandagaro, rikaba ryavuzwe n'Umwepiskopi ahagarariye vy'imfatakibanza Papa muri Diyoseze ya Ngozi, akongera akaba n'Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, mu Nkuka ya Misa yabaye kw'isaha umunani z'umuhingamo.

Iryo hwaniro ry'urwaruka ku rwego rw'igihugu ryari ryatewe iteka kandi n'abandi banyavyubahiro batandukanye. Abo na bo ni Musenyeri Yohakimu Ntahondereye, Imwepiskopi wa Diyoze Muyinga akaba ari n'umukuru w'Inama Nkuru y'Abepesikopi Katolika bi Burundi; Musenyeri Buraziyo Nzeyimana Imwepiskopi wa Diyoseze Ruyigi; hamwe n'Abepiskopi b'inararibonye, ari bo Musenyeri Evariste Ngoyagoye yahoze aramutswa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, ubu akaba ashinzwe ubutumwa bw'abalayike mu nama y'Abepiskopi Katolika b'i Burundi; na Musenyeri Stanislas Kaburungu yahoze arongoye Diyoseze ya Ngozi.
Umusi wa mbere w'iryo hwaniro  ry'urwaruka watangujwe n'ugusanganira umusalaba ku kibuga co mu Vyerwa vya Ngozi, kw'isaha zitandatu z'umutaga, urwaruka rukaba rwaje ruwukuye mw'isengero-mvyeyi y'i Ngozi. Haciye hakurikira ukwakira urwaruka rwaje ruva mu ma Diyoze yose y'igihugu c'Uburundi.
Inyuma y'ururimbo rw'amahoro n'ugusubiza hamwe, uwo mwepiskopi ahagarariye Papa muri Diyoseze ya Ngozi akaba yaciye aha ikaze abandi bepisikopi bari aho, hanyuma urwaruka na rwo. 

Ibisomwa vyeranda vyasomwe muri iyo Nkuka ya Misa vyavuye mu gitabu c'amategeko (Amategeko 11,5b-15), be no mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu yanditwe na Matayo (Mat.15,13-21). Mu nsiguro yiwe, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yabanje kumera nk'uwushimagiza ukuntu aho iryo hwaniro ry'urwaruka ryabereye hatewe iteka. Yavuze ati: «Hahora ari mu Vyerwa vya Ngozi, ubu noneho hagiye kuba mu Vyerwa vy'Imana».
Na ho ku bijanye n'ico bozirikana muri iyo nyigisho, ngo bofata ko urugendo ruvugwa ari urwo  kuva mu buja uja ku Mana, maze araheza abasaba  kugumiza umutima ku Mana, kandi ko bokwemera na ntaryo kwikorera umusalaba. Ikindi, ngo bokwirinda kwidoga no kwidodombera Imana bivuye ku bibashikira.
Ibindi bokura muri ivyo bisomwa ngo kwoba ukwiga gushima ivyo Imana yabahaye. Ngo bokwikuramwo agatima k'ukwigungirako, bakiga riho gusabikanya n'ukuba abantu b'urukundo. Ngo bokwiga gusabikanya vyose, akanyamuneza n'ingorane. Ngo boheza bagafatiracakarorero kuri Bikira Mariya, we ngo yihutiye gusabikaniriza mwene wabo Elizabeti ikimuteye akanyamuneza. Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yasozereye insiguro y'ijambo ry'Imana  yifuriza urwaruka kuba abuzuye urukundo rutigungana ivyiza.

Inyuma y'inkuka y'Imisa, hakurikiye amajambo y'abantu batandukanye. Aha twovuga nk'irya Buramatari w'intara ya ngozi, Albert Nduwimana, be n'iry'umuhuza w'abarundi, Eduwarudo Nduwimana, akaba ari na we yaserukiye Leta y'Ubundi. Mw'ijambo ryiwe, umuhuza w'abarundi yipfurije abari aho amahoro y'Imana mu kuvuga ko ayo abipfurije atari ayatangwa n'abari mu migambwe canke abanyepolitike, ariko ko ari ayakomoka kuri Yezu kristu.
Hasozeye  ijambo rya Nyenicubahiro Musenyeri Yohakimu Ntahondereye arongeye Inama y'Abepisikopi Katolika b'i Burundi. Muri iryo jambo, akaba yakengurukiye umwepiskopi w'inararibonye w'i Bujumbura ko yemeye kugumana ibanga ry'ubutumwa bw'abalayike. Abandi yashimiye ni abasaseredi babukurikirana mu ma Diyoze. Mu gusozera ijambo ryiwe, akaba yagiriyeko atanga umuhezagiro, asozera atyo ibikorwa vy'umusi wa mbere.

Ku vyibonekeza, mwomenya ko urwo rwaruka rwagaragaza ko rwari rwuzuye akanyamuneza ntangere, ruvyina, rwongera rutamba, eka bikaba vyaboneka ko rwari ruhimbawe cane. Ibikorwa vy'ihwaniro ry'urwaruka ku rwego rw'igihugu rukaba tuzobandanya aho bukera, ku musi waryo ugira kabiri.
Marie Chantal NZEYIMANA, i Ngozi, mw'ihwaniro ry'urwaruka
Ivyiyumviro

Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)

Muri irya misi,

Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima. Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.

Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda w’Imana.»

 

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 202
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI