Notice: Undefined offset: 6 in /home/www/archidiocesedebujumbura.bi/php/function.php on line 3156
Twumvirize ijambo Imana ituyagiye > Idominika ya 19 - umwaka-C (na Patiri Aloys CAMBARA)
Twumvirize ijambo Imana ituyagiye > Idominika ya 19 - umwaka-C (na Patiri Aloys CAMBARA)
Itariki: 9/8/2019Ababisomye 8156 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
«Nimukenyere zigume, kandi amatara yanyu yame yaka»: Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditswe na Luka (Luk.12,32-48)

Bakristu, Bakundwa b'Umukama, uyu musi w'Imana igenekerezo rya 11 Myandagaro 2019, Umukama aradusaba ngo twame tugavye, ngo dukenyere zigume, kandi ngo amatara yacu yame yaka: «Nimukenyere zigume, kandi amatara yanyu yame yaka». Mbega iyo mvugo isobanura iki? Kubera iki Yezu aduhamagarira gukenyera ngo zigume? Ukwo gukenyera zikaguma vyo bisigura iki? Ayo matara Yezu avuga ni ayahe?

Nta nkeka ko ari ukugira ngo dushobore gusanganira Umukama tumwiteguriye nez, kuko tutazi neza igihe n'isaha ashobora gushikirako. Ariko kugira ngo dushobore kuzirikana neza ijambo ry'Imana ry'uyu musi, nimuze tube kumwe na Patiri Aloys CAMBARA, abe ari we aturongora mu nsiguro. Ibisomwa vyeranda twisunga na vyo ni ivyo dusoma mu gitabu c'Ubwitonzi (Ubwitonzi 18,6-9), mw'ibaruwa ryandikiwe Abahebreyi (Heb.11,1-2.8-19), no mu Nkuru Nziza ya Yezu Krisu nk'uko yanditswe na Luka (Luk.12,32-48). Nituvyumvirize.

 

IGISOMWA CA MBERE

«Imana izanwa n'ugukiza igihugu cayo»: Ivyo dusoma mu gitabu c'Ubwitonzi (Ubwitonzi 18,6-9)

Iryo joro ryari ryaburiwe ba sokuruza, ni kwo kugumya umutima, kuko bari bazi indagano bemerewe. Ni ho igihugu cawe citega ko intungane zorokoka, abansi bagatikira.

Mu gihe wanena abansi bacu ni ho natwe wadutera iteka mu kutwitorera. Ni co gituma abana b'intungane bagiye ahiherereye, bakaguhereza inkuka, bakarahirira ica rimwe bivuye inyuma ko aberanda bazosangira akabisi n'agahiye, muri kino kiringo nyene batera indirimbo za ba sokuru.

 

IGISORIWA CA KABIRI

«Ukwemera kwa Ibrahimu ni agashusho k'ukwemera kwacu»: Ivyo dusoma mw'ibaruwa ryandikiwe Abahebreyi (Heb.11,1-2.8-19)

Ncuti zanje, ukwemera ni ryo shimikiro ry'ivyo twizigiye, ni co kimenyamenya c'ivyo tutarabona; ukwemera ni kwo kwashingiye intahe ba sokuru.

Ukwemera ni kwo kwatumye Ibrahimu agamburuka mu gihe yahamagarwa, akagenda mu gihugu yari yagenewe kuzotorana, kandi yagenda atazi iyo aja; ukwemera ni kwo kwamutumye aja kugerera mu gihugu yasezeraniwe nk'uko coba ari ico mu mahanga, akabana mw'ihema na Izahaki na Yakobo, ba samuragwa nka we b'iryo sezerano, kuko yari arorereye igisagara kiri n'iremezo rikomeye, Imana yatavye ikubaka;

Ukwemera ni kwo kwatumye na Sâra nyene ashobora gusama inda, n'aho yari ashaje, kuko yiyumviriye yuko uwabimwemereye akwiye kwemerwa. Ni co catumye umuntu umwe rudende - kandi uwo yari akaheze - arondoka isinzi nk'inyenyeri zo mw'ijuru, nk'umusenyi udaharurwa wo ku nkombe z'ikiyaga.

 

INKURU NZIZA

«Nimwame mwiteze Umukama»: Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditswe na Luka (Luk.12,32-48)

Umusi umwe Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Ntimugire ubwoba, mwebwe dutungwa twanje, kuko So wanyu yashatse kubaha Ubwami.

Gurisha ivyo mutunze, mubitabaze aboro. Nimwironderere indaha zidashira, be n'itunga ritazobatetereza mw'ijuru, aho umusuma adashobora kwegera, na wo umuswa nturuhe ugezako iryinyo. Ku ko aho itunga ryawe riri ari ho agatima kawe kazoba.

Nimukenyere zigume, kandi amatara yanyu yame yaka. Nimube nka barya barindiriye shebuja ku musi w'ubugeni, kugira ngo bamusanganire arengutse, akuguruza.

Ewe, barahiriwe abasuku shebuja azosanga bagiteramye. Ni ivy'ukuri, ndabibabwiye, azozikenyera, abavyagize ku ndava, abaheture mu kubagaburira. Aje mu gicugu canke mu nkoko, bazoba bahiriwe asanze bakimwiteze!

Bitegere neza: Iyo aba nyen'urugo yari azi ikiringo igisuma kizirako yoraririye, ntiyoretse ngo kimumenereko inzu. Nimwame mwiteguye na mwebwe nyene, kuko Umwana w'umuntu azoza mu gihe mutari mumwiteze.»

Hanyuma Petero amubwira ati: «Mukama, ni twe gusa uciriye uyu mugani, canke uwuciriye bose?» Umukama aramwishura ati: «Ku bwanyu, ni nde wa mubwiriza ari n'ibanga kandi yitonda, shebuja yashinze abasuku biwe ngo abagerere ingano igihe kigeze?

Arahiriwe uwo mubwiriza shebuja azosanga agira nk'uko yabishinzwe! Ni ivy'ukuri, ndabibabariye, azomushinga ivyiwe vyose. Ariko uyo mubwiriza niyibwira ati: "Databuja yatevye", agasindira abasuku n'incoreke, akaja mu vyo kwirira no kwinywera, akaborerwa, shebuja azoza umusi atamwiteze, kw'isaha atazi; azomwirukana, amusuke mu murwi w'ibigaba.

Umusuku azi amategeko ya shebuja, ntiyitegure, ntakore ivyo yashatse, urya azokubitwa nyinshi. Uwuzoba atazi ivyo shebuja yashatse, ariko akwiriye igihano, urya azokubitwa nkeya. Uwuzoba yaronse vyinshi azobazwa vyinshi, na we uwuzoba yabikijwe vyinshi, bazorushirizaho kumwaka vyinshi.»

        

TUZIRIKANE IJAMBO UMUKAMA ATUYAGIYE

«Nimukenyere zigume, kandi amatara yanyu yame yaka; Nimube nka barya barindiriye  shebuja ku musi w'ubugeni, kugira ngo bamusanganire arengutse, akuguruza. Ewe, barahiriwe abasuku shebuja azosanga bagiteramye!» Bakundwa b'Umukama, turahejeje kumva iryo Umukama atutagiye. Ubu na ho, nimuze turizirikane.

Bavukanyi, ibisomwa vy'uyu musi biduhamagarira kuba maso, kugira ngo twitegurire ihindukira ry'Umukama wacu Yezu Kristu mu buninahazwa, aje gucira urubanza abazima n'abapfuye, nk'uko tubigaragaza muri ca gisabisho c'ukwemera kwacu. Egome, birakwiye, kandi birabereye ko ijambo ry'Imana ribitwibutsa, kugira ngo ntidupfire mu rugoto rw'ivy'isi, ntidupfire mu muzimagiza.

Yohani mweranda ati: «Umuco waraje kw'isi, abantu bikundira umuzimagiza». Ko Ekleziya ari umukenyezi atagira akanenge ku bwa Yezu e mutwe wayo yayicunguye, kandi aguma ayitagatifuza na ntaryo, abari muri yo babwirizwa guhurumbira ubwo bweranda buzobashikana mw'ijuru.

Ca gitero c'ikatikisimu ya kera ngo: «Mungu yaturemeye kuki?», bishura bati: «Mungu yaturemeye   ngo tumumenye, tumukunde, tumukorere kw'isi, duheze tugende mw'ijuru». Barongera bati: «Ugomba gushika mw'ijuru yokora iki?»;  bakishura bati: «Ugomba gushika mw'ijuru ni akore amabwirizwa ya Mungu».

Ijuru ritamanzurira muri ako kajambo kabwirwa abasuku beza: «Ewe, barahiriwe abasuku shebuja azosanga bagiteramye!» Ukwo guterama kugaragarira mu guhagarara mu kwemera no mu kugendera ukwo kwemera. Paulo mweranda ati: «Nimwisuzume mwebwe nyene, murabe ko muhagaze mu kwemera» (2Kor.13,5).

Ibaruwa ry'Abahebreyi twumvise mu gisomwa ca kabiri riti: «Ukwemera ni ryo shimikiro ry'ivyo twizigiye, ni co kimenyamenya c'ivyo tutarabona, ukwemera ni kwo kwashingiye intahe ba sokuru». Mu yandi majambo, ukwemera nyakwo ni inzira itazimiza, ishikana ku bunywanyi n'Imana ngaha kw'isi, kukaba n'akayira k'indaso kirasira mw'ijuru.

Ukwemera ntigutetereza, ahubwo kurateturura, kuko ni kwo kwagiye kurateturura Ibrahimu na Sara igihe cose bari mu bibazo, canke bageze mu mayira abiri y'ubuzima.

Ingo rero, umwe wese, tuje muri nankane, urabe ingene ugerageza kuba umusuku mwiza, ko ugerageza kuba ico waremewe. Imana yaturemye ku rukundo rwayo, irushirizaho kudukunda mu kurungika umwana wayo kw'isi ngo aducungure.

Umusi wose w'ubuzima Imana itugabira ni akaryo ko kwisuganya ngo umusi w'Umukama ntutugweko giturumbuka, nka kurya imbanyi ifata umukenyezi yibungeze. Abarundi bati: «Ni umusi umwe nk'inda». Twese tuzorenguka i Bukama, ntawuzorusimba. Ikibi si ugupfa, ikibi ni ugupfa nabi.

Ingo rero dusabe ingabirano yo gushiruka ubute mu bikorwa vyodushikana mw'ijuru. Yezu ati: «Ntimugire ubwoba, dutungwa twanje, kuko so wanyu yashatse kubaha ubwami». Iyo Mana yaduhamagariye iryo teka ry'ubusuku, ntiridutererana, mugabo ituba hafi, kuko izi ko tutari kumwe ataco twokwishoboza.

Kira noneho, ntawuheka uwutisimbiza; ni co gituma aka gace Yezu aduciriye twokogako: «Gurishe ivyo mutunze, mubitabaze aboro. Nimwironderere indaha zidashira, be n'itunga ritazobatetereza mw'ijuru, aho umusuma adashobora kwegera, na wo umuswa nturuhe ugezako iryinyo».

Ndiko ndazirikana iyo Nkuru Nziza, naciye nibuka umunyokuru ari aho bambwiye ko yumvise iyo Nkuru Nziza ivuga ahantu hatagira abasuma n'umuswa, agaca abaza neza umwana bicaranye ngo «Mbe, aho hantu bavuze wumvise ari amaja hehe, ko mbona ino iwacu abasuma n'umuswa bisa n'ibidutuza?»

Ingo twikangure riho nk'uwo munyokuru, ahandi ho ukwo tubana n'abasuma, ukwo tubana n'umuswa, twohava dusanga twifuje ibikorwa bibiranga nk'uwuri aha urukwavu rwaciye imbere rukamusiga, akagira ati: «Iyo mpfuma mba imbwa, ntirwari kuntarukana». Aho isi igeze, ntidutakaza ubukristu gusa, mugabo bukebuke turiko turatakaza n'ubuntu. Sinzi namwe aho muherereye inge-ne mu bibona!

Petero ati: «Mukama, ni twebwe gusa uciriye uyu mugani, canke uwuciriye bose?» Kubw'ibatisimu n'ayandi masakaramentu twaronse, abandi na bo kubw'ayandi mateka Imana yaduteye, nko mu busaserdoti, mu buzima bwihevyi, mu baserukizi, mu mihari y'ubutumwa, mu kuririmbira Imana?, tubwirizwa guhagararira ukwemera mu kwitandukanya n'abandi. Umwe wese ibikorwa ajejwe nabifate nk'ubutumwa yahawe n'Imana, kandi bitebe bitebuke tuzobitangira raporo.

Yezu yarangije avuga ati: «Uwuzoba yaronse vyinshi azobazwa vyinshi, na we uwuzoba yabikijwe vyinshi, bazorushirizaho kumwaka vyinshi». Ngo Samandari bamuhaye induru bati: «Ariko ga Samandari, ukaducira mu ngondoro z'ibiharage?» Na we arunama, abwira ibirenge vyiwe ati: «Uraba wumva, birenge, ni wewe ubarirwa!»


Patiri Aloys CAMBARA

Ivyiyumviro

Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)

Muri irya misi,

Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima. Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.

Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda w’Imana.»

 

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 742
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI