Bakristu,
Bakundwa b'Umukama, uyu musi w'Imana igenekerezo rya 11 Myandagaro 2019, Umukama
aradusaba ngo twame tugavye, ngo dukenyere zigume, kandi ngo amatara yacu yame
yaka: «Nimukenyere zigume, kandi amatara yanyu yame yaka». Mbega iyo mvugo isobanura
iki? Kubera iki Yezu aduhamagarira gukenyera ngo zigume? Ukwo gukenyera
zikaguma vyo bisigura iki? Ayo matara Yezu avuga ni ayahe?
Nta
nkeka ko ari ukugira ngo dushobore gusanganira Umukama tumwiteguriye nez, kuko
tutazi neza igihe n'isaha ashobora gushikirako. Ariko kugira ngo dushobore
kuzirikana neza ijambo ry'Imana ry'uyu musi, nimuze tube kumwe na Patiri Aloys
CAMBARA, abe ari we aturongora mu nsiguro. Ibisomwa vyeranda twisunga na vyo ni
ivyo dusoma mu gitabu c'Ubwitonzi (Ubwitonzi 18,6-9), mw'ibaruwa ryandikiwe
Abahebreyi (Heb.11,1-2.8-19), no mu Nkuru Nziza ya Yezu Krisu nk'uko yanditswe
na Luka (Luk.12,32-48). Nituvyumvirize.
IGISOMWA CA MBERE
«Imana izanwa n'ugukiza igihugu cayo»: Ivyo dusoma mu gitabu c'Ubwitonzi (Ubwitonzi 18,6-9)
Iryo joro ryari ryaburiwe ba sokuruza, ni kwo kugumya umutima, kuko bari bazi indagano bemerewe. Ni ho igihugu cawe citega ko intungane zorokoka, abansi bagatikira.
Mu
gihe wanena abansi bacu ni ho natwe wadutera iteka mu kutwitorera. Ni co gituma
abana b'intungane bagiye ahiherereye, bakaguhereza inkuka, bakarahirira ica
rimwe bivuye inyuma ko aberanda bazosangira akabisi n'agahiye, muri kino
kiringo nyene batera indirimbo za ba sokuru.
IGISORIWA CA KABIRI
«Ukwemera kwa Ibrahimu ni agashusho k'ukwemera kwacu»: Ivyo dusoma mw'ibaruwa ryandikiwe Abahebreyi (Heb.11,1-2.8-19)
Ncuti zanje, ukwemera ni ryo shimikiro ry'ivyo twizigiye, ni co kimenyamenya c'ivyo tutarabona; ukwemera ni kwo kwashingiye intahe ba sokuru.
Ukwemera ni kwo kwatumye Ibrahimu agamburuka mu gihe yahamagarwa, akagenda mu gihugu yari yagenewe kuzotorana, kandi yagenda atazi iyo aja; ukwemera ni kwo kwamutumye aja kugerera mu gihugu yasezeraniwe nk'uko coba ari ico mu mahanga, akabana mw'ihema na Izahaki na Yakobo, ba samuragwa nka we b'iryo sezerano, kuko yari arorereye igisagara kiri n'iremezo rikomeye, Imana yatavye ikubaka;
Ukwemera
ni kwo kwatumye na Sâra nyene ashobora gusama inda, n'aho yari ashaje, kuko
yiyumviriye yuko uwabimwemereye akwiye kwemerwa. Ni co catumye umuntu umwe rudende
- kandi uwo yari akaheze - arondoka isinzi nk'inyenyeri zo mw'ijuru, nk'umusenyi
udaharurwa wo ku nkombe z'ikiyaga.
INKURU NZIZA
«Nimwame mwiteze Umukama»: Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditswe na Luka (Luk.12,32-48)
Umusi umwe Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Ntimugire ubwoba, mwebwe dutungwa twanje, kuko So wanyu yashatse kubaha Ubwami.
Gurisha ivyo mutunze, mubitabaze aboro. Nimwironderere indaha zidashira, be n'itunga ritazobatetereza mw'ijuru, aho umusuma adashobora kwegera, na wo umuswa nturuhe ugezako iryinyo. Ku ko aho itunga ryawe riri ari ho agatima kawe kazoba.
Nimukenyere zigume, kandi amatara yanyu yame yaka. Nimube nka barya barindiriye shebuja ku musi w'ubugeni, kugira ngo bamusanganire arengutse, akuguruza.
Ewe, barahiriwe abasuku shebuja azosanga bagiteramye. Ni ivy'ukuri, ndabibabwiye, azozikenyera, abavyagize ku ndava, abaheture mu kubagaburira. Aje mu gicugu canke mu nkoko, bazoba bahiriwe asanze bakimwiteze!
Bitegere neza: Iyo aba nyen'urugo yari azi ikiringo igisuma kizirako yoraririye, ntiyoretse ngo kimumenereko inzu. Nimwame mwiteguye na mwebwe nyene, kuko Umwana w'umuntu azoza mu gihe mutari mumwiteze.»
Hanyuma Petero amubwira ati: «Mukama, ni twe gusa uciriye uyu mugani, canke uwuciriye bose?» Umukama aramwishura ati: «Ku bwanyu, ni nde wa mubwiriza ari n'ibanga kandi yitonda, shebuja yashinze abasuku biwe ngo abagerere ingano igihe kigeze?
Arahiriwe uwo mubwiriza shebuja azosanga agira nk'uko yabishinzwe! Ni ivy'ukuri, ndabibabariye, azomushinga ivyiwe vyose. Ariko uyo mubwiriza niyibwira ati: "Databuja yatevye", agasindira abasuku n'incoreke, akaja mu vyo kwirira no kwinywera, akaborerwa, shebuja azoza umusi atamwiteze, kw'isaha atazi; azomwirukana, amusuke mu murwi w'ibigaba.
Umusuku
azi amategeko ya shebuja, ntiyitegure, ntakore ivyo yashatse, urya azokubitwa
nyinshi. Uwuzoba atazi ivyo shebuja yashatse, ariko akwiriye igihano, urya
azokubitwa nkeya. Uwuzoba yaronse vyinshi azobazwa vyinshi, na we uwuzoba
yabikijwe vyinshi, bazorushirizaho kumwaka vyinshi.»
TUZIRIKANE IJAMBO UMUKAMA ATUYAGIYE
«Nimukenyere zigume, kandi amatara yanyu yame yaka; Nimube nka barya barindiriye shebuja ku musi w'ubugeni, kugira ngo bamusanganire arengutse, akuguruza. Ewe, barahiriwe abasuku shebuja azosanga bagiteramye!» Bakundwa b'Umukama, turahejeje kumva iryo Umukama atutagiye. Ubu na ho, nimuze turizirikane.
Bavukanyi, ibisomwa vy'uyu musi biduhamagarira kuba maso, kugira ngo twitegurire ihindukira ry'Umukama wacu Yezu Kristu mu buninahazwa, aje gucira urubanza abazima n'abapfuye, nk'uko tubigaragaza muri ca gisabisho c'ukwemera kwacu. Egome, birakwiye, kandi birabereye ko ijambo ry'Imana ribitwibutsa, kugira ngo ntidupfire mu rugoto rw'ivy'isi, ntidupfire mu muzimagiza.
Yohani mweranda ati: «Umuco waraje kw'isi, abantu bikundira umuzimagiza». Ko Ekleziya ari umukenyezi atagira akanenge ku bwa Yezu e mutwe wayo yayicunguye, kandi aguma ayitagatifuza na ntaryo, abari muri yo babwirizwa guhurumbira ubwo bweranda buzobashikana mw'ijuru.
Ca gitero c'ikatikisimu ya kera ngo: «Mungu yaturemeye kuki?», bishura bati: «Mungu yaturemeye ngo tumumenye, tumukunde, tumukorere kw'isi, duheze tugende mw'ijuru». Barongera bati: «Ugomba gushika mw'ijuru yokora iki?»; bakishura bati: «Ugomba gushika mw'ijuru ni akore amabwirizwa ya Mungu».
Ijuru ritamanzurira muri ako kajambo kabwirwa abasuku beza: «Ewe, barahiriwe abasuku shebuja azosanga bagiteramye!» Ukwo guterama kugaragarira mu guhagarara mu kwemera no mu kugendera ukwo kwemera. Paulo mweranda ati: «Nimwisuzume mwebwe nyene, murabe ko muhagaze mu kwemera» (2Kor.13,5).
Ibaruwa ry'Abahebreyi twumvise mu gisomwa ca kabiri riti: «Ukwemera ni ryo shimikiro ry'ivyo twizigiye, ni co kimenyamenya c'ivyo tutarabona, ukwemera ni kwo kwashingiye intahe ba sokuru». Mu yandi majambo, ukwemera nyakwo ni inzira itazimiza, ishikana ku bunywanyi n'Imana ngaha kw'isi, kukaba n'akayira k'indaso kirasira mw'ijuru.
Ukwemera ntigutetereza, ahubwo kurateturura, kuko ni kwo kwagiye kurateturura Ibrahimu na Sara igihe cose bari mu bibazo, canke bageze mu mayira abiri y'ubuzima.
Ingo rero, umwe wese, tuje muri nankane, urabe ingene ugerageza kuba umusuku mwiza, ko ugerageza kuba ico waremewe. Imana yaturemye ku rukundo rwayo, irushirizaho kudukunda mu kurungika umwana wayo kw'isi ngo aducungure.
Umusi wose w'ubuzima Imana itugabira ni akaryo ko kwisuganya ngo umusi w'Umukama ntutugweko giturumbuka, nka kurya imbanyi ifata umukenyezi yibungeze. Abarundi bati: «Ni umusi umwe nk'inda». Twese tuzorenguka i Bukama, ntawuzorusimba. Ikibi si ugupfa, ikibi ni ugupfa nabi.
Ingo rero dusabe ingabirano yo gushiruka ubute mu bikorwa vyodushikana mw'ijuru. Yezu ati: «Ntimugire ubwoba, dutungwa twanje, kuko so wanyu yashatse kubaha ubwami». Iyo Mana yaduhamagariye iryo teka ry'ubusuku, ntiridutererana, mugabo ituba hafi, kuko izi ko tutari kumwe ataco twokwishoboza.
Kira noneho, ntawuheka uwutisimbiza; ni co gituma aka gace Yezu aduciriye twokogako: «Gurishe ivyo mutunze, mubitabaze aboro. Nimwironderere indaha zidashira, be n'itunga ritazobatetereza mw'ijuru, aho umusuma adashobora kwegera, na wo umuswa nturuhe ugezako iryinyo».
Ndiko ndazirikana iyo Nkuru Nziza, naciye nibuka umunyokuru ari aho bambwiye ko yumvise iyo Nkuru Nziza ivuga ahantu hatagira abasuma n'umuswa, agaca abaza neza umwana bicaranye ngo «Mbe, aho hantu bavuze wumvise ari amaja hehe, ko mbona ino iwacu abasuma n'umuswa bisa n'ibidutuza?»
Ingo twikangure riho nk'uwo munyokuru, ahandi ho ukwo tubana n'abasuma, ukwo tubana n'umuswa, twohava dusanga twifuje ibikorwa bibiranga nk'uwuri aha urukwavu rwaciye imbere rukamusiga, akagira ati: «Iyo mpfuma mba imbwa, ntirwari kuntarukana». Aho isi igeze, ntidutakaza ubukristu gusa, mugabo bukebuke turiko turatakaza n'ubuntu. Sinzi namwe aho muherereye inge-ne mu bibona!
Petero ati: «Mukama, ni twebwe gusa uciriye uyu mugani, canke uwuciriye bose?» Kubw'ibatisimu n'ayandi masakaramentu twaronse, abandi na bo kubw'ayandi mateka Imana yaduteye, nko mu busaserdoti, mu buzima bwihevyi, mu baserukizi, mu mihari y'ubutumwa, mu kuririmbira Imana?, tubwirizwa guhagararira ukwemera mu kwitandukanya n'abandi. Umwe wese ibikorwa ajejwe nabifate nk'ubutumwa yahawe n'Imana, kandi bitebe bitebuke tuzobitangira raporo.
Yezu
yarangije avuga ati: «Uwuzoba yaronse vyinshi azobazwa vyinshi, na we uwuzoba yabikijwe
vyinshi, bazorushirizaho kumwaka vyinshi». Ngo Samandari bamuhaye induru bati: «Ariko
ga Samandari, ukaducira mu ngondoro z'ibiharage?» Na we arunama, abwira
ibirenge vyiwe ati: «Uraba wumva, birenge, ni wewe ubarirwa!»
Patiri
Aloys CAMBARA
Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)
Muri irya misi,
Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa
n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga
bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu
mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo
birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima
ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima.
Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari
azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko
ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye
biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.
Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni
Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise
amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda
w’Imana.»
Â