Ingoro y'Imana iriko yubakwa ni iyo kw'ishure tabariro rya Mubone, iyizosubirira iyasambuwe n'imvura ivanze n'igihuhusi yaguye mu kwezi kwa Ruhuhuma
Mu ntumbero yo gusahiriza Paruwase Buterere mu bikorwa vyo kwubaka ingoro y'Imana y'ishure tabariro rya Mubone, abahurikiye mu muhari wa CHIRO baragize ikambi y'ibikorwa muri iyo Paruwase, bakaba bari bavuye mu ma Vikariya yose agize Diyoseze Nkuru ya Bujumbura.
Abo ba CHIRO bari bagizwe n'abashingantahe, abapfasoni n'urwaruka, bakaba barakiriwe ku w'Imana igenekerezo rya 4 Myandagaro 2019, mu nkuka ya misa yaherejwe kw'isaha y'icumi n'igice. Inyuma y'inkuka ya misa, baciye bafata urugendo bagana ikigo "Don Bosco Buterere".
Iyo ngoro y'Imana iriko yubakwa ni iyizosubirira iyasambuwe n'imvura ivanze n'igihuhusi yaguye mu kwezi kwa Ruhuhuma, aho uruzi Kinyankonge rwataye inzira, rugasesera muri iyo Sengero; ubu abakristu bakaba basengera mu kibomoke.
Ibikorwa nyezina vyo kwubaka vyaciye bitangura ku musi wa mbere igenekerezo rya 5 Myandagaro, hakaba harubatswe umushinge. Abo ba CHIRO baranategekanya kandi no kuduza impome, mu kiringo c'imisi itandatu.
Aloys Nzohabonimana arongoye uwo muhari muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, yatumenyesheje ko bari baje mu kigo "Don Bosco Buterere " kugira ngo bamenyane n'abaserdoti baho, bongere baharonkere inyigisho n'inkuka ya misa, baca biyumvira ko batoguma mu nyigisho gusa, ariko ko bogira n'ico bafashije Paruwase.
Mariko NIYOMPUNDU, umukristu wo ku Mubone, ari mu bakurikirana ivyo bikorwa, yarakengurutse ibikorwa vy'ukwitanga vy'abo ba CHIRO. Yatumenyesheje ko hazokurikira ibikorwa vy'abubatsi bahembwa, gusa yongerako kandi ko ata buryo bafise. Yaboneyeho gusaba abakristu ba hafi n'aba kure kugira ico boterera Paruwase, kugira ngo iyo ngoro y'Imana ibandanye yubakwa na rirya umutasuro w'imvura utari kure cane. Ngo ni ho abakristu bo muri iryo shure tabariro bazoheza bakaronka aho basengera.
Twobamenyesha ko kuva kw'igenekerezo rya 29 Mukakaro gushika ku rya 2 Myandagaro 2019, abanyamihari n'imigwi be n'abanyamibano mito mito bo muri Paruwase Buterere bakurakuranwa kuja ku Mubone kwegeranya ibikoresho nk'amabuye, umusenyi n'ibindi bikorwa vy'amaboko, kugira ngo abo ba CHIRO bazotangure kwubaka bitabagora.
Médiatrice Ndimurukundo, Paruwase Buterere