Ku wa mbere igenekerezo rya 12 Myandagaro, muri Paruwase yitiriwe Umuryango Mweranda yo mu Kinama, haratangujwe ihwaniro ry'urwaruka ku rwego rwa Paruwase. Iryo hwaniro rifise icivugo kigira kiti: «Vyose ndabirekuriwe muri Kristu», rikaba ryitabwe n'urwaruka rutari ruke rwaje ruva ku mashure tabariro yose agize iyo Paruwase.
Iryo hwaniro
ryatangujwe n'indirimbo, hamwe n'igisabisho co kuninahaza Imana, hanyuma
ribandanyiriza ku nyigisho zatanzwe na Augustin hamwe na Orly baje bava muri Paruwase
Kanyosha, aho bashimikiye ku bubasha bw'igisabisho n'akamaro k'igisabisho.
Ihwaniro
ry'uwo musi ryarangiriye ku nkuka y'Imisa yaherejwe na Patiri Juste,
umwibutsamana ajejwe ubutumwa bw'imihari n'imigwi muri iyo Paruwase nyene. Iryo
hwaniro rikazomara imisi itatu, ni ukuvuga gushika kw'itariki 14 Myandagaro 2019.
Arnaud NIRAGIRA,
Paruwase Kinama
Aleluya. Kristu yategerezwa kubabara no kuzuka mu bapfuye, kugira ngo yinjire mu buninahazwa. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 44-51)
Muri irya misi, Yezu yabariye Abayuda ati: «Nta wushobora kunyegera Data yantumye atamukwegakweze; nanje nzomuzura ku musi w’imperuka. Mu bahanuzi handitswe ngo: ‘Bose bazokwigishwa n’Imana.’ Uwumvise Data wese akakira inyigisho ziwe, ni we aza iwanje. Ni ko, nta n’umwe yabonye Data atari umwe yavuye hafi y’Imana; uyo ni we yabonye Data. Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: uwemera arafise ubuzima budahera. Jewe ndi wa mukate w’ubuzima. Basokuru banyu barariye mana mu gahinga, bahava barapfa. Uyu ni wo mukate umanuka uva mw’ijuru, maze uwuwuriye ntazopfa. Jewe ndi wa mukate muzima wamanutse uva mw’ijuru uwuriye uwo mukate azokwamaho imyaka yose. Vyongeye umukate nzotanga ni umubiri wanje uzanira isi ubuzima.»