Mu guhimbaza umusi mukuru w'iyurizwa
mw'ijuru rya Bikira Mariya, kuri uyu wa kane igenekerezo rya 15 Myandagaro,
Ibiro Ndemeshabutumwa bw'ibikorwa vya Papa vyo gukwiza hose Inkuru Nziza ya
Yezu Kristu mu Burundi (O.P.M-Burundi) kiriko cifatanya na Ekleziya y'i
Burundi, ku Kirimba ca Bikira Mariya i Mugera, muri Diyoseze Nkuru ya Gitega, kugira
ngo hatanguzwe iyugururwa icese ry'amezi atatu y'ibikorwa vy'ukumenyesha Inkuru
Nziza ku wabatijwe wese.
Indinganizo y'ivyo bikorwa itunganijwe
ku mezi Myandagaro, Nyakanga na Gitugutu uyu mwaka, ku civugo kigira kiti: «Uwabatijwe
wese ni umutumwa, si umurorerezi». Ibikorwa Nyezina vyaraye vyuguruwe n'uguteramira
Umuvyeyi wa Yezu vyabereye ku birimba vya Bikira Mariya mu gihugu cose, ijoro ryose.
Na kwo ukwugurura icese ubwo butumwa bw'uwabatijwe wese bikaba biriko bibera ku
kirimba c'i Mugera, mu Nkuka ya misa iriko iraherezwa.
Muri ivyo birori, biregekanijwe ko haja kuvugwamwo ijambo riri mw'ikete ry'ubutumwa rya Nyenubweranda Papa Benedigito wa 15 ryiswe «Ubutumwa buhambaye» ku bakuru b'Ekleziya, abepiskopi bo kw'isi yose, ryerekeye kumenyesha Inkuru Nziza kw'isi yose.
Soma ngaha ijambo rya Nyenubweranda Papa Benedigito wa 15 ryiswe «Ubutumwa buhambaye»
Hategekanijwe kandi ko hazoba ingendo
nyeranda kuri ivyo birimba vy'Umuvyeyi Bikira Mariya, ku ciyumviro c'Ukumenyesha
Inkuru Nziza kw'isi yose, igisabisho c'irozari y'abamisiyonari, ukuzirikana ku
ciyumviro «Ibatisimu isigura ubutumwa», ugusigura ikete Papa yandikiye
ababatijwe bose, ukwihweza ikinyegezwa c'ukwigira umuntu kwa Yezu, ukuzirikana
Bikira mariya nk'inyenyeri imenyesha Inkuru nziza, n'ibindi.
Inkuru yerekeye iyugururwa iyugururwa icese ry'amezi atatu y'ibikorwa vy'ukumenyesha Inkuru Nziza ku wabatijwe wese murashobora kubandanya muyikurikirana ikibiriraho ku mihora ngurukanabumenyi y'ibi birori: Facebook, Radio Maria Burundi. Ko twabatijwe, turi intumwa, ntituri umurorerezi, nidukwire kw'isi yose, tumenyeshe Inkuru Nziza.
Michel NIBITANGA, CEDICOM
Aleluya. Kristu yategerezwa kubabara no kuzuka mu bapfuye, kugira ngo yinjire mu buninahazwa. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 44-51)
Muri irya misi, Yezu yabariye Abayuda ati: «Nta wushobora kunyegera Data yantumye atamukwegakweze; nanje nzomuzura ku musi w’imperuka. Mu bahanuzi handitswe ngo: ‘Bose bazokwigishwa n’Imana.’ Uwumvise Data wese akakira inyigisho ziwe, ni we aza iwanje. Ni ko, nta n’umwe yabonye Data atari umwe yavuye hafi y’Imana; uyo ni we yabonye Data. Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: uwemera arafise ubuzima budahera. Jewe ndi wa mukate w’ubuzima. Basokuru banyu barariye mana mu gahinga, bahava barapfa. Uyu ni wo mukate umanuka uva mw’ijuru, maze uwuwuriye ntazopfa. Jewe ndi wa mukate muzima wamanutse uva mw’ijuru uwuriye uwo mukate azokwamaho imyaka yose. Vyongeye umukate nzotanga ni umubiri wanje uzanira isi ubuzima.»