Inyigisho ya Papa Fransisiko yerekeye ikarema y'umwaka w'i 2018
Itariki: 08/02/2018Ababisomye 5515 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
«Urukundo rwa benshi ruzohororokerwa bitumwe n'uko akabi kazobandanya kongerekana» (Matayo 24,12) ; iryo ni ijambo shimikiro ry'inyigisho twashikirijwe na Nyen'Ubweranda Papa Fransisiko kubw'ikarema y'uyu mwaka w'2018.
Bavukanyi,

Ipasikay'Umukama irasubiye kudushikira ! Uko umwaka utashe, ubwiza bw'Imanabutegekanya vyose buraduha igihe c'Ikarema ngo tuyitegurire. Ni «ikimenyetsokigaragaza bwa sakaramentu uguhinduka kwacu», kikamenyesha congera kiduhaakaryo ko kugaruka ku Mukama n'umutima wacu wose hamwe n'ubuzima bwacu bwose.

N'uyu mwakanyene, muri rino jambo nshikirije, nipfuza gutumirira Ekleziya yose kwakira mubuzima bwayo iki gihe c'imigisha y'Imana, icakire mu kanyamuneza no mu kuri ;ibi nkaba ndabigize murikiwe n'Ijambo Yezu Kristu ashikiriza mu Nkuru Nziza yaMatayo aho avuga ati : «Urukundo rwa benshi ruzohororokerwa bitumwe n'uko akabikazobandanya kongerekana» (Matayo 24,12). Iryo jambo riri muri ya nyigishoyerekeye ibihe vy'imperuka Yezu yashikiririza i Yeruzalemu, ku Gasozik'Imizeti, harya nyene amagorwa y'Umukama yahavuye atangurira. Mu nyishu yahayeumwe mu bigishwa biwe, Yezu yarabuye amakuba adasanzwe, arerekana n'amabiumuryango w'abemera uzocamwo: kubera amakuba ateye agahinda, abahanuzi bamwebamwe b'ibinyoma bazohenda abantu benshi, gushika mbere n'aho bomerank'abazimije urukundo mu mitima kandi ari rwo shingiro ry'Inkuru Nziza.

 ABAHANUZIB'IBINYOMA 

Nituzirikaneneza iryo jambo rya Yezu duheze twibaze tuti: mbega abo bahanuzi b'ibinyomabiyerekana mu bimenyetso bimeze gute?

Bameze nka«bamwe baryosharyosha inzoka kugira ngo bazifate», ni ukuvuga ko bakorera kubishobisho vy'abantu kugira ngo babahindure babagire abaja babo, baberekeze iyobashaka hose. Ese ukuntu abana b'Imana batari bake bemera bakareshwa n'abobangushi babahendesha ibiryohera umubiri bitamara akanya, maze bakavyitiranyan'ubuhirwe! Mbega bangana iki abagabo n'abagore babaho bahendeshejwe isayanganary'amafaranga, mugabo ntibabone ko ariko arabagira abaja b'inyungu zidafashe!Ese ukuntu abantu babaho bibaza ngo barikwiye bagahava biyugarana nka nyabumba?

Abandibahanuzi b'ibinyoma bameze nka «ba bangushi» bahendesha abantu inyishu zoroshekandi zinyaruka ku vyerekeye ububabare, zikamera nk'imiti y'uruhendo atacoimaze na gato: urwaruka rwahendeshejwe ibiyayuramutwe rungana iki?Urwahendeshejwe kwunga imigenderanire «aho umwe akoresha uwundi, atakimukeneyeakajugunya nk'uwikura igikatsi», hamwe n'urwahendeshejwe inyungu zihuta mugaboziciye mu nzira mbi, rungana iki? Abakizingamiye mu bintu vy'ubuhinga atahobuhuriye n'ubuzima nyakuri bakibaza ngo imigenderanire iciye yoroha kandiikanyaruka, maze bagahava basanga baguye mu bintu biteye agahinda bidahainsiguro intumbero y'ubuzima, bangana iki? Abo bashimusi bahendesha abantuibintu bitagira mvura, usanga babuza abantu gutumbera itunga nyakuri ari ryorishingiye kuri ibi: agateka ka muntu, umwidegemvyo n'ubushobozi bwo gukunda.Uruhendo rw'ubwishime ni rwo rudutuma twibara uko tutari?, tugahindukaagatwengo k'abahita ; tugahava tugenda akagirire bikanka ko tuvyuka. Kandi ivyontibitangaje : Shetani yamye kuva kera ari «umunyakinyoma ikaba na se waco»(Yohani 8, 44), ikama yerekana ikibi nk'iciza, ikinyoma nk'ukuri, ivyoikabigira kugira ngo ihungabanye umutima w'umuntu. Ni naco gituma umwe wesemuri twebwe ategerezwa gushishoza mu mutima wiwe, agasuzuma neza ko atarikoarahungabanywa n'ibinyoma vy'abo bahanuzi b'abangushi. Ni ngombwa ko umuntuadatwarwa n'ibihita canke ibisayangana, ahubwo amenyere guhitamwo ibidusigamwoimbuto y'ineza kandi iramba cane kuko ikomoka ku Mana, kandi ikaturondereraineza y'ukuri.

UMUTIMAWAKONGATAYE

Mu kwiganaivy'umuriro udahera, umwanditsi w'Umutaliyano yitwa Dante Alighieri ageragezakwerekana shetani yicaye ku ntebe ikozwe mu rubura; iba mu mbeho y'urukundorwanizwe. Twibaze rero tuti: urukundo rushobora gukonjera gute muri twebwe?N'ibihe bimenyetso bituburira ko urukundo ruhakwa kuzima muri twebwe?

Ibizimyaurukundo, ubwa mbere ni umwina w'amafaranga. «Erega inyanduruko y'ibibi vyoseni inambu y'amahera» (1 Timote 6,10); hagakurira ukwanka Imana, gurtyo umuntuakanka kuronderera muri we uruhoza, agashima irungu rya nyamwigendako ahokuremeshwa n'Ijambo ry'Imana hamwe n'amasakaramentu. Ivyo vyose bihavavyadukamwo uguhohotera abo bose babonwa nk'abahungabanya «ivyo twemeratukagomba gushingirako». Na bo ni nk'aba tugomba tudondagure: umwana ataravuka,umuntu ageze mu za bukuru kandi arwaye, umwatsi w'indaro, umunyamahanga, hamwen'uwo wese atwegereye ariko atari mu bo twiteze. N'ivyaremwevyose birahava bikaba ivyabona vyinumiye vy'iryo hororokerwa ry'urukundo: isiihinduka icukiro rirogwa n'imyanda dutana urwangara kugira ngo twungukevyinshi; ibiyaga n'amabahari navyo nyene birononekara, maze ubu hobigategerezwa kumira ibisigarira vy'abantu babigwamwo bariko bararonderaicobatungira ubuzima; ikirere ? cotegerejwe mu mugambi w'Imana kuba kiririmbaininahazwa ryayo ? usanga kinyuragiramwo ivyuma ata kindi birekura atari imvuray'ibirwanisho bizana urupfu. Urukundorurakonjera kandi mu miryango no mu mibano yacu. Mu nyigisho natanze yitwaEvangelii Gaudium naragerageje kwerekana ibimenyetso bigaragara vyerekana iryobura ry'urukundo. Na vyo ni ibi: ukubihirwa n'ivy'Imana umuntu agahimbarwan'ukwikunda, ukubona vyose n'umutima mubi, umuntu agacika inkokora zo gukoraineza, ugushaka guhungira mu kwibako, maze umuntu akibaza ko icomukiza ariukuremesha ingwano z'abavukanyi urutavanako, gutwarwa n'agatima k'ivy'isigatuma umuntu yihambirira ku bisayangana, ivyo vyose bikagabanya umwete wogukwiza hose Inkuru Nziza y'urukiza.

NONE HOKORWAIKI ?

Mu gihetwobona muri twebwe canke aho tubaye ibimenyetso bisa n'ivyo mpejeje kwerekana,twomenya ko Ekleziya, umuvyeyi n'umurezi wacu, ituronsa muri kino gihec'Ikarema umuti uremesha w'igisabisho, w'imfashanyo y'aboro be n'ukwisonzesha,ivyo bikajana n'umuti ushobora kutururira ariko ari wo w'ukuri. Mu kumaraumwanya mu gisabisho, duha akaryo umutima wacu gusobanura ibinyoma vyinyegeje,bidutuma twihenda twebwe nyene, gurtyo tugaheraho turondera uruhoza rwacu kuMana. Ni yo Data wacu, ikaba ishaka kuduha ubuzima. Gutangaishikanwa rifasha aboro bituma twikuramwo umutima w'umwina w'ivy'isi,tugaheraho tumenyera kubona benewacu: ico ntunze si ic'iwanje jenyene. Eseingene nipfuza rwose ko uwo mutima wo gutanga ishikanwa ryo gufasha aborouhinduka ingendo y'ukuri iranga ubuzima bwa twese! Ese ingene nipfuza rwose kotwogendera ka bukristu ka karorero k'Abatumwa, maze tukabona mw'isangiran'abandi ivyiza vy'Imana yaduhaye uburyo bwo gushingira intahe ubumwe tugizemuri Ekleziya. Mfatiye kuri ivyo, nca nsubira kwakira muri jewe ya mpanuroPaulo Mweranda yaha Abanyakorenti abibutsa kwegeranya intererano yo gufashaumuryango wa Ekleziya y'i Yeruzalemu : «Ni iciyumviro ntanze kuko ari cokibabereye» (2 Abanyakorenti 8, 10). Iki gikorwa kirajanye rwose n'igihe c'Ikarema,aho inzego n'imirwi itari mike vyegeranya intererano zifasha ama Ekleziyan'imice y'abantu iri mu bihe vy'amananiza. Ariko kandi ndipfuza rwose ko no mubihe bisanzwe bijanye n'ubuzima bwa misi yose, hagize umuvukanyi ari mumananiza akadusaba imfashanyo, twoboneraho ko duhamagiriwe gufashanyan'urukundo rw'Imana : imfashanyo yose dutanze iba iduhaye akaryo ko gufashanyan'urukundo rw'Imana ku bana bayo; mu gihe iduciyeko muri ino misi ikadukoreshakugira ngo ifashe umuvukanyi, yoreka gute gutegekanya ukuntu izoturemesha mubukene bwacu, yo itigera itsindwa mu kugira ivyiza? Ukwisonzeshana kwo kuragabanya rwose ingoga z'uguhohotera abandi. Kuratwambura ibirwanishokukatubera inzira yo gukura mu vy'Imana. Ku ruhande rumwe, kuradufasha kwumvamuri twebwe umubabaro wa barya batagira ic'epfo n'ica ruguru mu bintuntabanduka bitunga umuntu maze bakamana inzara ya misi yose; ku rundi ruhandena ho, kurerekana akaranga k'umutima wacu wama ufise inzara y'ubwiza bw'Imana,ukamana inyota y'ubuzima bw'Imana yo nyene. Ukwisonzesha kuradukangura,kukadutuma turushirizaho kwitaho Imana na benewacu, kukadukaburira kugamburukaishaka ry'Imana, ari ryo ryonyene rishobora kutumara inzara. Ndipfuza koiri jwi ndiko ndatera rirengera imbibe za Ekleziya Gatolika, rigashikira abantumwese aho muri, abagabo n'abagore bipfuza ineza, umutima wabo wugurukiyekwumviriza Imana. Nimwaba mubabajwe n'igwirirana ry'ikibi mw'isi nk'uko na twebitubabaje, nimwaba muterwa umwitwarariko n'iyongerekana ry'ugukanya kw'imitimaica yiberaho gurtyo ntihagire igikorwa ciza ishira mu ngiro, nimwaba mubona koumutima w'ubuntu ugenda ugabanuka mu bantu, nimuze dushire hamwe kugira ngotwese dusabe Imana, twese twisonzeshe kandi twese dutange ivyo dushoboye kugirango dufashe benewacu bagowe!

URUMURI RWAPASIKA 

Ndatumiriyecane cane abagize umuryango w'Ekleziya gutangurana umwete iyi nzira y'igihec'Ikarema, bashigikiwe n'imfashanyo y'aboro, ukwisonzesha n'igisabisho. Nahotubona umengo akariro k'urukundo kagenda kazima mu mitima myinshi, ivyo ntibishoboragushikira umutima w'Imana! Imana yama iduha uburyo bushasha kugira ngo dusubiregukunda. Wa mugambiwitiriwe «Amasaha 24 y'Umukama» uduhamagarira guhimbaza isakaramentury'ikigongwe mu gihe tuba dushengereye Isakaramentu ry'Ukaristiya, uzokwongereutubere uno mwaka akaryo kabereye ko gusubira ku Mana. Muri uyu mwaka w'i 2018,uwo mugambi uzorangurwa ku musi wa gatanu igenekerezo rya 9 no ku wa gatandatuigenekerezo rya 10 Ntwarante, tukazofatira ku majambo y'Izaburi y'i 130 :«Ariko ikigongwe kibarizwa iwawe» (Izaburi 130, 4). Mu ma diyosezi yose, hazobahari n'imiburiburi isengero imwe yuguruye amasaha 24 kuri 24 izoshobora guhaakaryo abakristu ngo bagume bashengereye Ukaristiya kandi bashobore n'ukuronkaisakaramentu ry'ikigongwe. Mw'ijoro ryaPasika, tuzosubiramwo wa mugirwa wigisha vyinshi w'itara rya Pasika : mugukwiza «umucanwa mushasha», umuco uzokwirukana buhoro buhoro umwijima mazeurasire ku gihugu c'Imana caje guhimbaza liturjiya ya Pasika. «Ese umuco waKristu azukiye mu buninahazwa wokwirukana umwijima mu mutima wacu no mu bwengebwacu» maze twese dushobore kwumva vya vyiza vyashikira abigishwa b'i Emawusi:kwumviriza ijambo ry'Umukama n'ugufungura umukate w'Ukaristiya bize bifasheumutima wacu gusubira kururumba mu kwemera, ukwizigira n'urukundo.

Ndabahezagiyebivuye ku mutima kandi ndabasabira. Ntimwibagire namwe kunsabira.

--------------------------------------------------

Bigiriwe iVatikano, ku wa mbere Munyonyo 2017

Umusi Mukurucane w'Aberanda bose ; FRANSISIKO

Iyi Nyigishoyahinduwe mu kirundi n'Ibiro vy'Abepiskopi gatolika bishinzwe ubutumwa bw'ugukwizahose Inkuru nziza
Ivyiyumviro

Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Ku bwacu twese, Yezu Kristu yarigize umugamburutsi gushika yemere urupfu, kandi urupfu rwo ku musaraba. Ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose, ikamugabira Izina rirengeye amazina yose. Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.

Ukubabara kw’Umukama wacu Yezu Kristu kwashikirijwe na Yohani (18, 1-19, 42)

Yezu mw’itongo ryo hakurya ya Kedroni

S: Bahejeje gufungura, Yezu ajana n’abigishwa biwe hakurya y’umugezi witwa Kedroni;

hari umurima, aba ari ho yinjira n’abigishwa biwe.

Yuda wa muhemu yari azi neza aho hantu,

kuko Yezu yahora ahaja kenshi n’abigishwa biwe.

 

Yuda rero azanye umugwi w’abasirikare n’abarinzi

barungitswe n’abaherezankuka bakuru be n’Abafarizayo,

arashika n’amatara n’ibimuri n’ibirwanisho.

Yezu rero yari azi ibiza kumushikira vyose;

arabasanganira, ababwira ati:

Y:  «Murondera nde?»

S: Bamwishura bati:

Ab: «Yezu w’i Nazareti.»

S: Ababwira ati:

Y: «Ni Jewe.»

S:  Yuda wa muhemu yari kumwe na bo.

Aho Yezu ababwiriye rero ati: «Ni Jewe»,

Basogeza baja inyuma bagwa hasi.

Yezu asubira kubabaza ati:

Y: «Murondera nde?»

S: Bishura bati:

Ab: «Yezu w’i Nazareti.»

S: Yezu abishura ati:

Y: «Nababwiye ko ari Jewe.

Usangwa ari Je murondera, reke abo bigire.»

S: Uko niko ijambo yavuze ryarangutse, ngo:

«Sinatakaje n’umwe mu bo wampaye.»

 

Simoni Petero yari afise inkota;

arayisokorora, ayikubita umusuku w’umuherezankuka mukuru,

amuca ugutwi kw’iburyo.

Uwo musuku yitwa Malikusi.

Yezu yamara abwira Petero ati:

Y: «Subiza inkota mu rwubati.

Bite! Ndeke kunywa ikalisi Data yampaye!»

S: Wa mugwi w’abasirikare, uwuwurongoye n’abarinzi b’Abayuda

Bafata Yezu baramuboha.

 

Yezu kwa Hana na Kayifa

 

Babanza kumujana kwa Hana,

ari we sebukwe wa Kayifa,

yari umuherezankuka mukuru uyo mwaka.

Kayifa ni umwe yari yahanuye Abayuda ati:

«Vyobabera vyo umuntu umwe apfiriye igihugu.»

 

Simoni Petero n’uwundi mwigishwa barakurikira Yezu.

Uwo mwigishwa  umuherezankuka mukuru yari amuzi,

yinjirana rero na Yezu mu ngoro y’umuherezankuka mukuru,

Petero we asigara hanze hambavu y’irembo.

Wa mwigishwa umuherezankuka mukuru yari azi, arasohoka,

avugana n’incoreke yarinda irembo, yinjiza Petero.

Iyo ncoreke yarinda irembo ibwira Petero iti:

Ab: «Aho uri aho,

weho nturi mu bigishwa b’uwo muntu?»

S: Ayishura ati:

Ab: «Sindi muri bo.»

S: Abasuku n’abarinzi bari bacanye umuriro, kuko hari imbeho,

bari aho bota.

Petero na we yari kumwe na bo yota.

 

Umuherezankuka mukuru arabaza Yezu

Ibirora ku bigishwa biwe no ku nyigisho ziwe.

Yezu amwishura ati:

Y: « NÇgishije abantu icese;

nÇŽmye nigishiriza mu masinagoga no mu gisengero,

aho Abayuda bakoraniye;

nta co navugiye mu mpisho.

Umbariza iki?

Baza abavyumvise; ico navuze bo barakizi.»

S: Ngo avuge iryo,

umwe mu barinzi bari aho, akubita urushi Yezu, ati:

Ab: «Uko ni ko wishura umuherezankuka mukuru!»

S: Yezu amwishura ati:

Y: «Ninaba mvuze nabi, erekana ikibi aho kiri;

na ho ninaba mvuze ukuri, unkubitiye iki?»

S: Hana amurungika uko yakaboshwe

ku muherezankuka mukuru Kayifa.

Simoni Petero we yari akiri aho yota umucanwa.

Bamubwira bati:

Ab: «Weho ntiwoba uri uwo mu bigishwa biwe?»

S: Arabihakana ati:

Ab: «Sindi muri bo.»

S: Umwe mu basuku b’umuherezankuka mukuru,

incuti y’uwo Petero yari yaciye ugutwi,

Amubwira ati:

Ab: «Sinakubonye muri kumwe mw’itongo?»

S: Petero yamara asubira kubihakana,

ubwo nyene inkoko irabika.

 

Yezu kwa Pilato

 

Bavana rero Yezu kwa Kayifa, bamujana mw’iburaniro.

Hari mu gitondo.

Ariko bo ntibinjra mw’iburaniro ku kwanka guhumana,

ngo bashobore kurya Pasika.

 

Pilato arasohoka rero imbere yabo, ababwira ati:

Ab: «Uwo muntu mumurega iki?»

S: Baramwishura bati:

Ab: «Iyo ataba yari inkozi y’ikibi,

ntitwari kumukuzanira.»

S: Pilato ababwira ati:

Ab: «Mujane mwebwe nyene mumucire urubanza,

mukurikize itegeko ryanyu.»

S: Abayuda baramwishura bati:

Ab: «Ntitwarekuriwe kugira uwo twica.»

S: Kwari ukugira ngo ijambo Yezu yavuze

Hamwe yari yabuye ururpfu azopfa, ritahe.

Pilato rero asubira mw’iburaniro,

atumako Yezu, amubwira ati:

Ab: «Uri umwami w’Abayuda?»

S: Yezu aramwishura ati:

Y: «Ivyo ni wewe uvyivugiye,

canke ni ivyo wumva ku bandi bamvuga?»

S: Pilato amwishura ati:

Ab: «Mbega jewe ndi Umuyuda?

Abo mu gihugu cawe n’abaherezankuka bakuru ni bo bakunzaniye.

Wakoze iki?»

S: Yezu asubiza ati:

Y: «Ubwami bwanje si ubwo kuri iyi si.

Iyo Ubwami bwanje buba ari ubwo kuri iyi si,

Abantu banje bari kundwanira,

Singwe mu minwe y’Abayuda;

Eka noneho, Ubwami bwanje si ubw’aha kw’isi.»

S: Pilato amubwira ati:

Ab: «None ga, uri umwami?»

S: Yezu aramwishura ati:

Y: «Uvuze ko, ndi Umwami,

kandi ni co navukiye kikantuma nza kw’isi:

ni ukugira ngo nshingire ingingo ukuri;

uwukunda ukuri wese yumva ijwi ryanje.»

S: Pilato aramubwira ati:

Ab: «Ukuri ni iki?»

S: Avuze ayo majambo, asubira gusohoka, agana Abayuda,

araheza arababwira ati:

Ab: «Nta co namusanzeko comwica.

Ariko ni akamenyero

Ko ndabarekurira umwe ku musi wa Pasika.

None mushaka ko ndabarekurira umwami w’Abayuda?»

S: Biha induru rero bati:

Ab: «Ntumuduhe, duhe Baraba!»

S: Uwo Baraba yari umwambuzi.

Pilato rero afata Yezu aramukubitisha.

Hanyuma abasirikare bajisha urugori rw’amahwa,

barumwambika ku mutwe,

bongera bamwambika umutamana utukura.

Baramwegera bavuga bati:

Ab: «Mwaramutse, ga mwami w’Abayuda!»

S: Bongera baramukubita amakofe.

Pilato aragaruka, abwira Abayuda ati:

Ab: «Ehe ndamubazaniye,

mumenye ko ata gicumuro ndamubonyeko co kumwica.»

S: Yezu arasohoka rero uko yakambaye

rwa rugori rw’amahwa na wa mutamana utukura;

araheza Pilato ababwira ati:

Ab: «Ng’uwo wa muntu!»

S: Ngo bamubone, abakuru n’abarinzi biha induru bati:

Ab: «Ku musaraba! Ku musaraba!»

S: Pilato ababwira ati:

Ab: «Ng’uwo nimumwibambire mwebwe nyene,

jewe nta co namusanzeko gikwiye guhanwa.»

S: Abayuda baramwishura bati:

Ab: «Turi n’itegeko,

kandi turikurikije ni uwo gupfa,

kuko yigize Umwana w’Imana.»

S: Pilato ngo yumve ayo majambo, atinya ukuruta.

Asubira mw’iburaniro, araheza abwira Yezu ati:

Ab: «Uva he?»

S: Yezu yamara ntiyamwishura namba.

Pilato rero niko kumubwira ati:

Ab: «Ntunyishura jewe!

Ntuzi ko mfise ububasha bwo kukurekura

N’ubwo kukubamba?»

S: Yezu aramwishura ati:

Y: «Nta bubasha wari umfiseko,

iyo utabuhabwa n’Uwo mw’ijuru.

Ni co gituma uwakumpaye

Yakoze igicumuro kiruta icawe.»

S: Kuva ubwo, Pilato yarondera ingene yomurekura;

Abayuda yamara baja mu vyo kuyogora bati:

Ab: «Niwamurekura, ntuzoba ukunda Sezari;

kuko uwigira umwami wese aba agararije Sezari.»

S: Pilato ngo avyumve, asohora Yezu,

amwicarika ku ntebe y’imanza,

ahitwa Litositorotosi, mu gihebereyi na ho Gabata.

Hari ku musi w’ukwitegurira Pasika,

ahashira isaha ya gatandatu.

Pilato abwira Abayuda ati :

Ab: «Ng’uwo umwami wanyu!»

S: Bo bavuza induru bati:

Ab: «N’apfe! N’apfe! Mubambe!»

S: Pilato ababwira ati:

Ab: «Mbambe umwami wanyu!»

S: Abaherezankuka bakuru basubizayo bati:

Ab: «Atari Sezari, nta wundi mwami dufise.»

S: Araheza aramubaha ngo bamubambe.

 

Yezu ku gasozi ka Kalvariyo

 

Yezu ava aho yikoreye umusaraba wiwe,

agana ahantu hitwa Kalvariyo, mu gihebereyi Gologota.

Ni ho bamubambiye hamwe n’abandi babiri,

umwe ku ruhande uwundi ku rundi,

Yezu na we hagati.

 

Pilato kandi arandikisha urwandiko,

araheza arumanika hejuru ku musaraba.

Amajambo yarwo yari aya:

«Yezu w’i Nazareti, umwami w’Abayuda.»

Abayuda benshi barasoma urwo rwandiko,

kuko aho Yezu yari yabambiwe hari hafi y’igisagara

kandi rwari rwanditswe mu gihebereyi, mu kilatini no mu kigereki.

Abaherezankuka bakuru n’Abayuda babwira rero Pilato bati:

Ab: «Ntiwandike ngo: Umwami w’Abayuda, andika uti:

Uwo muntu yavuze ati: Ndi umwami w’Abayuda.»

S: Pilato arabishura ati:

Ab: «Ico nanditse canditswe.»

S: Abasirikare bamaze kumubamba,

bafata ivyambarwa vyiwe, babicamwo imyanya ine,

umwe w’umwe umwe muri bo.

Bafata ikanzu yiwe, ariko iyo kanzu ntiyagira umubariro;

yari yajishwe urunani kuva hejuru gushika hepfo.

Bavuga rero bati:

Ab: «Ntituyitabure, nimuze dutere ubupfindo bw’uwuyironka.»

S: Kwari ukugira ngo Inyandiko itahe ngo:

«Baragabanganye ivyambarwa vyanje,

na yo ikanzu yanje bayiterako ubupfindo.»

Ng’ivyo ivyo abasirikare bagize.

 

Iruhande y’umusaraba wa Yezu hari hahagaze nyina wiwe,

na nyinabo, Mariya muka Klopasi,

na Mariya Madalena.

Yezu ngo abone nyina wiwe

iruhande yiwe na ho hari wa mwigishwa yakunda,

abarira nyina wiwe rero ati:

Y: «Wa mukenyezi we, ng’uwo umwana wawe.»

S: Abwira wa mwigishwa na we ati:

Y: «Ng’uwo nyoko wawe.»

S: Kuva ubwo, nya mwigishwa aca ajana Mariya iwe.

Ivyo biheze,

kuko yari azi ko vyose vyamaze kurangira,

Kugira ngo Inyandiko iranguke rwose,

Yezu avuga ati:

Y: «Ndanyotewe.»

S: Aho hari agakono kuzuye isiki.

Bashinga rero kw’icumu akamamara bakojeje mw’isiki,

baramuhereza ngo anunuze.

Yezu amaze kunywa nya siki, ati:

Y: «Vyose birarangiye.»

S: Araheza ajondamika umutwe, aracikana.

 

Aha barapfukama, bakavuga agasabisho gatoyi banumye

 

Kubera ko wari umusi w’ukwitegurira Pasika,

- nkako isabato wari umusi mukuru uhambaye, -

Abayuda rero basaba Pilato

ngo bavune amaguru y’abari babambwe, baheze babakureho

boye kurekera imivyimba ku musaraba ku musi w’isabato.

Abasirikare rero baraza bavuna amaguru

y’uwa mbere n’ay’uwa kabiri

muri bamwe babambwe hamwe na Yezu.

Bashikiriye Yezu, basanga yamaze gucikana,

ntibamuvuna amaguru,

ariko umwe wo muri nya basirikare amusogota icumu mu rubavu,

haca hisuka amaraso n’amazi.

Uwabibonye ni we yabishingiye intahe,

kandi intahe yiwe ni iy’ukuri,

kandi urya azi ko avuga ukuri ngo namwe mwemere.

Ivyo rero vyagenze gutyo ngo inyandiko itahe:

«Nta gufa ryiwe bazovuna» ;

ahandi na ho ngo:

«Bazokwihweza uwo basogose.»

 

Itongo bahamvyemwo Yezu

 

Ivyo biheze, Yozefu w’i Arimateya, umwigishwa wa Yezu,

ariko mu mpisho kuko yatinya Abayuda,

asaba Pilato kubambura ikiziga ca Yezu.

Nikodemu na we araza,

umwe mu ntango yari yagiye gukebukana na Yezu mw’ijoro;

azana ikivange c’imira na alowe c’ingero nk’ijana.

Bafata ikiziga ca Yezu,

bakizingira mu mpuzu hamwe n’ibimoga neza,

nk’uko Abayuda babigenza mu guhamba.

Aho bari bahamvye Yezu hari umurima;

muri uwo murima, hakaba uruhafu rushasha,

ata muntu n’umwe yari bwahambwemwo.

Kandi wari umusi w’ukwitegura kw’Abayuda,

uruhafu na rwo rwari hafi,

haba ariho bahamba Yezu.

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 1595
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI