Inyuma y´inkuka y´imisa, abakristu Bari bakoraniye mu kibanza ceranda co ku kirimba ca Bikira Mariya c'i Mugera ni ho hashikirijwe amajambo nyamukuru y'uwu musi. Ni mu gihe, kuri uyu wa kane igenekerezo rya 15 Myandagaro, ku musi mukuru w'iyurizwa mw'ijuru ry'Umuvyeyi Bikira Mariya, hariko hugururwa icese ikiringo c'amezi atatu adasanzwe y'ukwibutsa ubutumwa bw'ukumenyesha Inkuru Nziza ku wabatijwe wese. Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE, Umukuru w´Inama Nkuru y'Abepisikopi Katolika bo mu Burundi, kw'izina ryaba, ni we yashikirije ijambo ry'ukwugurura icese ivyo bikorwa.
Muri iryo jambo, Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE
yasavye abakristu ko bosaba inema y'ukumenyesha Imana mu bantu. Ayo mezi atatu adasanzwe
na yo ngo azofasha kwitegurira guhimbaza Yubile y'imyaka ijana irangiye Papa Benedigito
wa 15 yanditse ikete ryerekeye ukumenyesha Inkuru Nziza nk'ubutumwa bw'uwabatijwe
wese, aho bizoba bihuriranye n'uko kuva ico gihe, mu Burundi hamaze gushingwa misiyoni
zitatu. Yasavye abakristu bose kitegurira neza guhimbaza iyo Yubile mu kwitabira
ibikorwa vyose vyatunganijwe n'ibiro bijejwe ubutumwa bwa Papa mu ma diyoseze
yose.
Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE yaboneyeho gusaba abakristu gukengurukira cane abamisiyonari bamenyesheje Inkuru Nziza Abarundi, akaba yamenyesheje ko ngo bigaragara ko ababatijwe bagiye baraba benshi, inyuma y'aho abo ba misiyonari baziye kumenyesha Inkuru Nziza mu Burundi, bavuye mu bihugu vy'i Burayi. Yatumiriye abari aho kwumva akamo ko uwabatijwe wese ahamagariwe kumenyesha Inkuru Nziza.
Ku ruhande rw'abarongoye igihugu c'Uburundi,
ijambo ryashikirijwe n'umukuru w'inama nshingamateka, Nyakubahwa Pasikari NYABENDA.
Mw'ijambo ryiwe, yamenyesheje ko yahimbawe cane n´ukuba yifatanije n´abandi
bakristu mu guhimbaza umusi mukuru w´iyurizwa mw´ijuru rya Bikira Mariya, akaba
kandi yamenyesheje ko muri ico kibanza yaharonkeye imigisha n´imiheagiro, maze
avuga ati: «Aha hantu hariho Imana».
Yabandanije ijambo ryiwe amenyesha ko
Leta ishima cane imigenderanire iri hagati yayo na Ekleziya mu bisata
bitandukanye, kandi ko yipfuza ko iyo migenderanire yoguma itera imbere, na ce
cane mu vyerekeye amakoperative na banki y'urwaruka. Akaba yasavye urwaruka
ruri mu mihari ko iruhande y´ugusangira ijambo ry'Imana, bosangira n´imigami yo
kwiteza imbere. Abasaserdoti na bo yabasavye ko mu bo basabira n'abanyepolitike
bobamwo.
Iyi nkuru yerekeye amajambo yashikirijwe n'abanyacubahiro, be n'iyugururwa icese ry'amezi atatu y'ibikorwa vy'ukumenyesha Inkuru Nziza ku wabatijwe wese, murashobora kubandanya muyikurikirana ikibiriraho ku mihora ngurukanabumenyi y'ibi birori: Facebook, Radio Maria Burundi.
Gonzalve NTASHIMIKIRO, CEDICOM
Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)
Muri irya misi,
Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa
n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga
bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu
mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo
birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima
ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima.
Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari
azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko
ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye
biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.
Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni
Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise
amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda
w’Imana.»
Â