TWUMVIRIZE IJAMBO IMANA ITUYAGIYE > IDOMINIKA YA 20 - UMWAKA-C (NA Patiri Aloys CAMBARA)
Itariki: 16/8/2019Ababisomye 7904 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
«Nitugire umutima rugabo mu gusiganwa muri rwa rugamba tugenewe, duhanze amaso Yezu»: Ivyo dusoma mw'ibaruwa ryandikiwe Abahebreyi (Heb.12,1-4)

Bakristu, Bakundwa b'Umukama, kuri uyu musi w'Imana igenekerezo rya 18 Myandagaro 2019, turi kw'Idominika ya 20, mu mwaka-C. Mw'ijambo ry'Imana Umukama atuzimana uyu musi, aradusaba ngo twame turinda rugabo ibidushikira mu kwemera kwacu no mu kurangura ubutumwa twahawe bw'ukumenyesha Inkuru Nziza.

Ni ko, aho iri jambo ry'Imana ryandikwa, eka mbere no mu ntango z'Ekleziya, hari uruhamo rukomeye, aho abemera Imana bategekwa kuyihakana ngo bemere iryo Umwami ashinze. Ariko n'ubu, uguhakanisha Imana ivyo dukora ntibibuze. Kubera akantu ubusa, abantu barata indagano bagiriye Imana n'Ekleziya. Ukurinda rugabo na kwo kuragoyagoya, gushika n'aho abantu basigaye batinya no guhanurana. Ni ho ijambo ry'Imana ritugarutseko ngo «Nitugire umutima rugabo mu gusiganwa muri rwa rugamba tugenewe, duhanze amaso Yezu We ndongozi y'ukwemera kwacu».

Turi kumwe na Patiri Aloys CAMBARA, ni we aturongora mu kuzirikana ibisomwa vyeranda twisunga uyu musi : ivyo na vyo ni ivyo dusoma mu gitabu c'Umuhanuzi Yeremiya (Yeremiya 38,4-6.8-10), mw'ibaruwa ryandikiwe Abahebreyi (Heb.12,1-4), no mu Nkuru Nziza ya Yezu Krisu nk'uko yanditswe na Luka (Luk.12,49-53). Nituvyumvirize.

 

IGISOMWA CA MBERE

«Umuhanuzi Yeremiya azira ico yatumwe n'Umukama»: Ivyo dusoma mu gitabu c'Umuhanuzi Yeremiya (Yeremiya 38,4-6.8-10)

Mu gihe Yeremiya yari mu mvuto, abashingantahe babwiye umwami bati: «Uyo muntu akwiye gupfa, kuko yavunye inkokora intwaramiheto zasigaye mu gisagara, eka n'igihugu cose, mu kuvuga bene ayo majambo. Oya na mba, uyo muntu ntashakira ineza igihugu, ashaka ko gitikira.» Umwami Sedesiyasi arabishura ati: «Ng'uyo, mwamwifatiye, umwami nta bubasha afise kubarusha!»

Baca bafata Yeremiya, bamuta mu kinogo bimvye ku kirimba c'umuganwa Malkiyahu; bamukororerayo bamuboshe. Muri ico kinogo, nta mazi yarimwo, atari ikivurugu c'ivyondo; Yeremiya agikorokeramwo.

Intwazangabo y'ingoro y'umwami, umwe ava muri Etiyopiya yitwa Ebedumeleki, aragenda kubarira umwami ati: «Mwami wanje, Nyen'ingoma, ivyo abo bantu bagiriye umuhanuzi Yeremiya ni bibi cane! Bamutereye mu kinogo, kandi ari mu kwicwa n'inzara!» Maze, umwami abarira Umunyetiyopiya Ebedumeleki, ati: «Tora hano abagabo batatu, ubajane, mukure umuhanuzi Yeremiya muri ico kinogo, ataratwarwa n'urupfu.»

 

IGISOMWA CA KABIRI

«Nitugire umutima rugabo mu gusiganwa muri rwa rugamba tugenewe, duhanze amaso Yezu»: Ivyo dusoma mw'ibaruwa ryandikiwe Abahebreyi (Heb.12,1-4)

Ncuti zanje, ko dukikijwe n'isinzi ryinshi ry'ivyabona, niduhebe ibituremereye vyose, n'ibicumuro bitwizingirako, kandi nitugire umutima rugabo mu gusiganwa muri rwa rugamba tugenewe, duhanze amaso Yezu We ndongozi y'ukwemera kwacu, akaba ari We akunogereza. Aho yokwishinze akanyamuneza kamubereye, yarashimye kwikorera Umusalaba, arinda rugabo ibara ryawo, none avyagiye iburyo bw'intebe y'Imana.

Nimutereze agatima rero ku warinze amabi angana atyo yatewe n'abanyabicumuro, kugira ngo ntimudohoke mu kwihebura ku mutima. Mu kurwanya igicumuro, ntimurigera murinda gushika musese amaraso.

 

INKURU NZIZA

«N'aho rwoba uruhamo, nta codukura ku rukundo rwa Kristu»: Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditswe na Luka (Luka 12,49-53)

Umusi umwe, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Jewe naje kuzana umuriro kw'isi, kandi nta n'ikindi nshaka atari uko wokwaka. Ntegerezwa kubatizwa, mbere umutima ntuzoja hamwe ntaronse iyo batisimu.

Mbega, mwiyumvira ko nazanywe kw'isi n'ukuhatera umutekano? Eka nyabuna! Ndababwiye ko naje kubateranya. Kuva ubu, inzu ibamwo batanu bazoshira kubiri, batatu batandukane na babiri, babiri na bo batandukane na batatu. Umwana azotandukana na se, se atandukane n'umwana wiwe; umukobwa azotandukana na nyina, nyina atandukane n'umukobwa wiwe; umukazana azotandukana na inabukwe, inabukwe atandukane n'umukazana wiwe.»


UKUZIRIKANA IJAMBO RY'IMANA

«Mbega mwiyumvira ko nazanywe kw'isi no kubatera umutekano? Eka nyabuna! Ndababwiye ko naje kubateranya»

Emwe ayo majambo twumvise ntiyoroshe gutegera no kwakira...! Huuuuu! Umwe yavukira i Beterehemu, abamarayika bagacanacanako babura ivyiza vy'amaza yiwe ngo: «Imana ininahazwe mw'ijuru, kw'isi na ho haze amahoro ku bakuzi bayo!», iyo niyo mvugo azanye?

Uyo nyene ni umwe ategerezwa kuza, wa wundi Zakariya yabura, yuzuye Mutima-Mweranda, aho yagira ati: «Ni igikorwa c'ikigongwe c'Imana yacu kizotuma turamutswa n'uwo mw'ijuru ngo aboneshereze abaraye mu mwijima n'igitutu c'urupfu, atwerekeze mu nzira y'amahoro» (Luk.1,78-79)?


Inzira z'Imana ni iz'Imana nyene! Augustino mweranda ni we adufasha kuzitangarira kugira ngo ntiduhave tuzitegera ukutari kwo, aho avuga ko Imana yandika ibigororotse ku mirongo ihetamye.

Amajambo ari mw'ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abaromani na yo aza adufasha kwakira inzira z'Imana: «Na kare, turazi ko vyose bibera neza abakunda Imana, abatowe nk'uko ibishaka. Abo yashimye kumenya kera yarabageneye kuva kera kuzosa n'ishusho ry'Umukama wayo, kugira ngo uno Mwana abe imfura muri bene wabo benshi; abo yigeneye ni bo kandi yatoye, na bo abo yatoye ni bo kandi yagize intungane, abo yagize intungane na bo ni bo kandi yaninahaje» (Rm.8,28-30).

 

«Mbega mwiyumvira ko nazanywe kw'isi no kubatera umutekano? Eka nyabuna! Ndababwiye ko naje kubateranya».

Iyo nyigisho Yezu yayitanze kugira ngo akiranure imibereho y'abamwumviriza, aho ukubaho kwabo kwishimikiza cane aka Mwana wa mama, aka Mpinga yanje, akaryango, idini, igihugu..., maze abantu bakarondera kwiyugaranira mu babo no mu twabo.

Iyo nyigisho yiwe ije gusenya izo mpome z'amabuye n'iz'imitima, kugira ngo dushushe na We, We mfura yacu, gutyo tube abana babushitse ba Data wo mw'ijuru. Ashaka ko, nk'uko yavuye mw'ijuru ku bwa twebwe abantu kugira ngo adukize, natwe tuve mu majuru yacu apfunganye, atakira abandi mu budasa bwacu, kugira ngo twerekane ko turi abana ba Data avyagiye mw'ijuru, aha izuba ababi n'abeza, agaha imvura intungane n'indyarya. Aka mwana wa mama n'aka mpinga yanje kazana umuryano n'indwano.

Umuriro Yezu avuga ni umuriro w'urukundo uturira ugatongora ibidutanya vyose ku bamukundiye. Isi iranyotewe abatumwa b'amahoro n'ubutungane nko mu gihe c'Umweranda Francisko w'i Asize. Izo ntumwa, zibwirizwa kuba ivyabona bizima bitavugira Mivumbi kumuvumba, nk'umuhanuzi Yeremiya. Kuko nko mu gihe c'umuhanuzi Yeremiya, ikinogo ntigifise ijambo rya nyuma, urupfu ntirufise ijambo rya nyuma!

Umuhanuzi Yeremiya, ugutumwa guhanura bene wabo ku buhemu no ku bugarariji bwabo ntivyamworoheye na mba! Uwo musaraba yasanze mu butumwa yari yaranawicuze aho Imana yamutora mu bandi ngo ayibere intumwa, aho yatangura no gusaba itekane imbere y'uko Imana inamushikiriza ubutumwa bwayo: «Ha! Mukama Mana! Ehe, sinzi no kuvuga, kuko ndacari muto».

Imana yarize itora umuntu iba yamutoye; Yeremiya ni we abizi! Umve na mwe ukwo yavyanditse! «Umukama na we ambwira: "Ntuvuge uti uracari muto, kuko uzogenda ku bo nzogutumako bose, kandi ivyo nzogutegeka vyose uzobivuga!"».

 

Mbe, ubwo weho nta ho uraba hasi ibintu biriko birononekara, ijuru ririko risemerera, kandi wari ufise ijambo! Woba uri umuhanuzi ki mu gihe worimarika abantu ubabwira ngo "Ni amahoro", kandi ata yariho, ngo "Ibintu vyose biriko bigenda neza" kandi biriko bigenda nabi, na co igicumuro gitwara mu nyenga y'umuriro camaze kubinjirana?

Ico ni co nagarutseko mu nyigisho nasangiye namwe kuw'Imana wagira kane wo mu mwaka, kandi n'ubu nimunkundire ndabigarukeko: Umuhanuzi atari umwosha mubi, abwirizwa guhagarara ku ruhande rw'Imana mu kuraba ibintu, agaheza akabaza umutima n'Imana ico ari bukore n'ico ari buhanure.

Umuhanuzi ahanura kw'izina ry'Umukama ntatinya ivyo bamuvugako canke ivyo bavuga kw'ijambo yashikirije; ntatinya ndetse no kwicwa, kuko ijambo si iryiwe, ni irya nyene kumuhagurutsa mu bandi no kumutuma. Uwo na We, ijambo ryiwe ntiryijana ataco riranguye. Umuhanuzi yatumwe n'Imana ubwayo ntatinya gushikiriza iryo yatumwe imbere y'umwami, imbere y'abaganwa, imbere y'abashingantahe b'igihugu...

Umuhanuzi w'ejo hahise, n'uw'uyu musi, ndetse n'uwuzoza wundi kw'izina ry'Umukama, ntabwirizwa kubona ibintu gusa nk'uko bene wabo basangiye akaryango, basangiye ubwoko,  basangiye akazi canke ubutumwa, basangiye ubutegetsi, basangiye umugambwe, basangiye ibikomere... babibona. Ahandi ho, igihugu kiratikira ku kubura abahanuzi.

Tege amatwi umuhanuzi Yeremiya: «Umukama anshikiriza ijambo avuga ati: "Ubona iki ga Yeremiya we?" Mvuga nti: "Mbona ishami ry'igiti c'umushakedi." Umukama ambwira ati: "Ivyo ubonye ni vyo, kuko nguma nderetse ijambo ryanje ngo riranguke".

Umukama anshikiriza ijambo ubwa kabiri avuga ati: "Ubona iki?" Mvuga nti: "Mbona inkono iriko irabiragira mu buraruko iraba ino." Umukama ambwira ati: "Mu buraruko ni ho hazova amabi azokwisuka ku bantu bose baba muri iki gihugu... Nzobafatira ingingo kubera inabi yabo yose, kuko barampevye, baturirira ibimoga neza izindi mana, bakubitira inkoro hasi ivyakozwe n'iminwe yabo.» (Some Yeremiya1,14-16).

Dufatiye kuri iki gihugu c'Israeli, igihe cose kiri ku manga canke mu mayira abiri, Imana Nyen'impuhwe yaca yihutira kukirungikira abahanuzi, bamwe bakabakira nk'uku kw'iyi ntwazangabo y'umwami twumvise yitwa Ebedumeleki, abandi na bo bati: "Tera iyo sema". Hari akaririmbo ka bene Data b'aba Porotisanti; ni ko kagira kati: «Nta muhanuzi, kuko n'iyo apfuye ngo ni nk'amahwa yatemwe ariko agakomeza guhanda» (=kujombana).

 

Dusozerere ku mpanuro y'Umutumwa Paulo twumvise mu gisomwa ca kabiri, aho agira ati: «Nitugire umutima rugabo mu gusiganwa muri rwa rugamba tugenewe, duhanze amaso Yezu, We ndongozi y'ukwemera kwacu, akaba ari We akunogererereza».

 

DUSABE:

Mukama, Wewe wateguriye abagukunda ivyiza bitaboneka, uzuza imishaha yacu inambu yo kugukunda imisi yose kuruta vyose, turonke vya vyiza watwemereye birengeye ivyipfuzo vyacu vyose. Tubigusabishije Yezu Kristu, Umwana wawe! Amen!

 

Patiri Aloys CAMBARA

Ivyiyumviro

Aleluya. Kristu yategerezwa kubabara no kuzuka mu bapfuye, kugira ngo yinjire mu buninahazwa. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 44-51)

Muri irya misi, Yezu yabariye Abayuda ati: «Nta wushobora kunyegera Data yantumye atamukwegakweze; nanje nzomuzura ku musi w’imperuka. Mu bahanuzi handitswe ngo: ‘Bose bazokwigishwa n’Imana.’ Uwumvise Data wese akakira inyigisho ziwe, ni we aza iwanje. Ni ko, nta n’umwe yabonye Data atari umwe yavuye hafi y’Imana; uyo ni we yabonye Data. Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: uwemera arafise ubuzima budahera. Jewe ndi wa mukate w’ubuzima. Basokuru banyu barariye mana mu gahinga, bahava barapfa. Uyu ni wo mukate umanuka uva mw’ijuru, maze uwuwuriye ntazopfa. Jewe ndi wa mukate muzima wamanutse uva mw’ijuru uwuriye uwo mukate azokwamaho imyaka yose. Vyongeye umukate nzotanga ni umubiri wanje uzanira isi ubuzima.»


Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée aprÚs la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
DeuxiĂšme lundi du mois : 17h30 Ă  19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2Ăšme GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1Ăšre Messe des fidĂšles : 8h30
2Ăšme Messe des fidĂšles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidÚles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisiÚme semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée aprÚs la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : aprĂšs la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : aprĂšs la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 174
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM ArchidiocĂšse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(DiocĂšse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (ArchidiocĂšse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (ArchidiocĂšse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI