Ku musi
wa gatatu igenekerezo rya 18 Nyakanga, igihe c'isaha icumi na zibiri zo ku
mugoroba, abari mu mugwi wo kuninahaza Imana bo muri Paruwase Mukiza Mweranda barateguye
igisabisho c'ugusabira umwaka w'ishure w'2019 ushira uw'2020 uheruka gutangura
muri uku kwezi nyene. Muri ico gisabisho, abasabiwe bakaba ari abana, abigisha,
hamwe n'abafise amabanga atandukanye mu bushikiranganji bw'indero, kugira ngo
bazoyoborwe na Mutima-Mweranda.
Abanyeshure
basabiwe ubwenge n'ubwitonzi, ngo Yezu abahe ubumenyi, abarinde ubusamazi, eka abarinde
ico cose cobatera gusamara mw'ishure, ahubwo riho abatwikirize amaraso yiwe Meranda,
abakingire, abaje imbere n'inyuma, abarinde sekibi.
Abigisha basabiwe
ngo Mutima-Mweranda abamurikire, batange ubumenyi buvuye kuri Yezu, We Mwigisha
nyawe. Na bo abakora mu bushukiranginje bw'indero basabiwe gutunganya neza
indinganizo n'imigambi vyo mu gisata c'indero.
Abavyeyi basabiwe
kubandanya neza ibanga ry'ukurera abo bibarutse nk'uko barishinzwe n'Umukama, igisabisho
ahanini kikaba cashimikiye ku batararonka ibikoresho vy'ishure ngo Yezu, We soko
ry'imigisha, abugururire amarembo, baronke ibikoresho vy'abana n'amahera
y'ishure.
Mu kurangiza baranasavye n'ikigongwe ku bicumuro bikorwa n'abana, ibikorwa n'ababigisha, eka mbere n'ibikorwa n'abavyeyi, nka harya babwira abana ko ataco bazovamwo, canke ko batunva. Hakurikiye umuhezagiro washikirijwe na Patiri mukuru wa paruwase, Patiri DĂ©sire Ninahazimana, aho yahezagiye abanyeshure bose n'abigisha baserukiye abandi, hamwe n'abavyeyi nyene baserukiye benshi bataje.
Inyuma y'uwo muhezagiro, abari mu mugwi wo kuninahaza Imana baciye baboneraho gusezera Patiri Jules Kubwimana, kuko yahoze na we muri uwo mugwi, akaba mbere yarigeze no kuja muri Komite ya Paruwase muri uwo mugwi. Mu mugwi wo kuninahaza Imana rero bakaba baciye bamuha n'akaganuke kagizwe n'ikanzu azohora yambara mu guhereza Inkuka ya misa.
Patiri Jules
Kubwimana na we nyene yarafashe ijambo, akaba yatanguye akengura ku mugirwa
mwiza bagize w'ugusabira abanyeshe. Yaciye anabamenyesha koburya ico gisabisho bahereje
Umukama, ko na we nyene cari kimuraba, kandi ko yagihezagiriwemwo, kuko ngo na we
nyene agiye gusubira mu buzima bw'ishure, akaba ngo agiye kwiga. Yamenyesheje ko
ivyigwa vyiwe agiye kubijamwo mu gihugu ca Benin.
Uwo musaserdoti kandi yaranakengurutse kandi ko banamusabiye kuva ataraja kwihebera Imana. Eka mbere n'aho yinjiriye mu vyigwa vy'ubusaserdoti, mw'iseminare, gushika n'ubu bakimusabira, akaba abasaba ko n'ubu bobanda bamusabira ngo Mutima-Mweranda azobandanye amumurikira mu butumwa agiyemwo. Yasozereye abaha umuhezagiro
Marie Chantal
Nzeyimana, Paruwase Nyakabiga
Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha: nk’uko ndabakunda, nimukundane namwe.» Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (13, 1-15)
Yezu yarabakunze urutiziganya
Imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu kuko yari azi ko ubutigu bwiwe bwo kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se bwashitse, kandi kuko yari yakunze abiwe bo kuri iyi si, yarabakunze urutiziganya.
Uwo musi bariko barafungura, Shetani yari imaze gushira mu mutima wa
Yuda Isikariyoti mwene Simoni imigambi yo kumugurisha, Yezu na We yari azi ko
Se yamugabiye ibintu vyose, ko yakomotse ku Mana kandi agira ngo asubire ku
Mana.
Mu gihe bariko barafungura rero, Yezu yavuye ku meza, akūra umutamana wiwe, yakira igitambara, aragikanyera. Hanyuma asuka amazi
mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe no kubihanaguza nya
gitambara akenyeye.
Ashikiriye Simoni Patero, Patero amubwira ati: «Mukama, ari Wewe unyoza
ibirenge!» Yezu aramwishura ati: «Ico ngira nturi bugitegere ubu, uzogitegera
hanyuma.» Petero aramubwira ati: «Ntirikabe, ntuzokwigera unyoza ibirenge!»
Yezu asubizayo ati: «Nintakwoza, nta co uzoba ugisangiye nanje.» Simoni Petero
amubwira ati: «Mukama, nivyaba ari ivyo, ntunyoze ibirenge bisa, nyoza n’umutwe
n’iminwe!» Yezu amubwira ati: «Uwamaze kwiyuhagira ntaba agikeneye kwozwa, kuko
ata mwanda aba afise; namwe nyene muri beranda ariko si mwese.» Na none yari
azi uwuza kumugurisha; ni ko kuvuga ati: «Ntimuri beranda mwese.»
Ahejeje kuboza ibirenge, yambara umutamana wiwe, asubira ku meza, ababwira
ati: «Mwategereye ico nabagiriye? Munyita Mwigisha na Mukama, kandi muvuga
ukuri, kuko ndi we. Ko rero jewe Mukama Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa
namwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero, ngo namwe mwigenze nk’uko
nabagiriye.»