Bakristu, Bakunzi b'Imana, kuri uyu musi w'Imana igenekerezo rya 29 Nyakanga 2019, duhimbaza Idominika ya 26 yo mu mwaka-C. Mw'ijambo Umukama atuyagira uyu musi, aradutumirira kwitwararika Imana yiserurira muri bene wacu bagowe: «Waronse itunga, na we Lazaro amagorwa; ubu rero ariko arahozwa, nawe ubabara», ni ryo jambo umutunzi abwiwe, mu gihe ibihe vyari bimaze guha ibindi, ivyari agatwengo akiri kwisi bihindutse amarira. Nk'uko tugize imisi tubizirikana, n'uyu musi nyene tugira tuzirikane ivyerekeye amatungo, iciza cayo n'ikibi gishobora kuyakomokako kikatubuza itunga nyakuri ari ryo ugushikira ubuzima budahera twaremewe.
Mu kuzirikana ijambo ry'Imana
ry'uyu musi, turi kumwe na Patiri Ildephonse MISIGARO, ni we agira ngo adufashe
kubizirikana. Ibisomwa vyeranda twisunga na vyo ni ivyo dusoma mu gitabu
c'Umuhanuzi Amosi (Amosi 6,1a.4-7), mw'ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo
yandikiye Timote (1Timote 6,11-16), no mu Nkuru Nziza ya Yezu Krisu nk'uko
yanditswe na Luka (Luk.16,19-31). Nituvyumvirize.
IGISOMWA CA MBERE
«Ugire umuziro ugusesagura ivyo Imana
yaguhaye»: Ivyo dusoma mu gitabu c'Umuhanuzi Amosi (Amosi 6,1a.4-7)
Ngiri iriyazwe n'Umukama, Mushoboravyose: «Baragowe abo bishinga kwitemberera muri Siyoni n'ukuba ku musozi wa Samariya ata nkomanzi. Imyagazi batoranije mu busho, be n'inyana bakuye mu ruhongore, babirya baryamye ku buriri bw'akatabonetse, bagaramye ku bisaswa vyiza vyiza.
Iyo bariko baracuraranga baratarika nka kumwe kwa Dawudi, bagacura n'ivyuma vyo kwumviriza imvyino. Umuvinyu bawunywera mbere mu bikombe vy'agaciro, bakisiga amavuta amoga neza, yamara ntibababazwe n'uko igihugu c'Israeli catabagaye. Ni co gituma ubu bazobatwara mu mahanga, baje imbere y'abangajwe bava mu gihugu c'amavukiro. Noneho, wa murwi w'abaryi uzimangane!»
IGISOMWA CA KABIRI
«Ubuzima bwawe bube mu kwemera Kristu»: Ivyo dusoma mw'ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Timote (Timote 6,11-16)
Weho rero, muntu w'Imana, rondera ubutungane, ubwitonzi mu vy'Imana, ukwemera, urukundo, ubwiyumanganyi n'ubutekereji. Wame urwana indwano nziza y?ukwemera, ucakire bwa buzima budahera wahamagariwe kandi washingiye intahe ishemeye mu maso y'ivyabona vyinshi.
Ndagusavye imbere y'Imana ibeshaho vyose n?imbere ya Kristu Yezu yashingiye intahe ukuri imbere ya Ponsiyo Pilato: zigama amategeko y?Umukama, gushika aho Umukama wacu Yezu Kristu azoserukira. Igihe kigeze, azomenyeshwa na Segaba wa vyose nyaguhimbarwa, We Mwami w?abami, Umukama aruta abandi bose, We musa azira urupfu, avyagiye mu muco utegerwa, ata muntu yigeze akubita ijisho kandi ata n'uwuzomubona. Niwe Nyen?icubahiro n?ububasha mu myaka yose. Amen.
INKURU NZIZA
«Waronse itunga, na we Lazaro amagorwa; ubu rero ariko arahozwa, nawe ubabara»: Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditswe na Luka (Luk.16,19-31)
Umusi umwe, Yezu yabariye
Abafarizayo uyu mugani, ati:
«Habaye umuntu w'umutunzi, yambara ibisayangana, ivyoroshe, yamana inzimano. Hakaba n'umworo yitwa Lazaro, yama aryamye kw'irembo ry'uno mutunzi, umubiri wari ibisebe. Yipfuza utuvunguka tw'imikate twakoroka tuva ku meza ya wa mukungu; mbere imbwa na zo zikaza kurigata ibisebe vyiwe.
Hanyuma, wa mworo arapfa, abamalayika bamujana mu maboko ya Ibrahimu; wa mutunzi na we arapfa, arahambwa. Ari mu kuzimu, ariko arababara cane, ararangamira, abona kure Ibrahimu areze Lazaro. Ashira ijwi hejuru ati: Ibrahimu dawe wacu, ngirira ikigongwe. Ndungikira Lazaro, akoze isonga ry'urutoke mu mazi, ahoroshe ururimi rwanje, kuko ndiko ndicwa nabi n'izi mbeya. Ibrahimu arishura ati: Mwananje, ibuka ko waronse itunga ukiri kw'isi, na we Lazaro akaronka amagorwa. Ubu rero ariko arahozwa, nawe ubabara. Vyongeye, hagati yawe natwe, hazokwama imanga nini, ibuza ab'ino kuza hiyo, n'ab'iyo kuz'ino.
Wa mutunzi ati: Ndagusavye ho
dawe, urungike Lazaro mu muryango wa data, kuko mfise abo tuvukana batanu;
ababwire uko bimeze, ntibazohave bagwa na bo muri aya marushwa. Ibrahimu
amwishura ati: Barafise Musa n'abahanuzi, ni babumvire. Na we ati: Oya nyabuna,
Ibrahimu, dawe wacu, ariko uwuzutse abashikiriye ni ho bokwigaya. Ibrahimu ati:
Nibatumviriza Musa n'abahanuzi, uwapfuye n'iyo yozuka ntibazokwemera.»
TUZIRIKANE IJAMBO TUYAGIWE N'UMUKAMA
«Nibatumviriza Musa n'Abahanuzi, uwapfuye, n'iyo yozuka ntibazokwemera!»
Bavukanyi, turahejeje kwumviriza Ijambo Umukama atuyagire. Ubu na ho nimuze turizirikane, turyinovore tubashe gutegera iyo ni inyishu Abrahamu ahaye umutunzi co kimwe n'ayandi majambo yose ari mu bisomwa vy'uyu musi.
Icajanye uyu mutunzi mu muriro udahera ni uko atigeze yitwararika Imana iserukira mu bagowe bari aho yaba, kandi yari ashoboye kugira ico yobafasha. Ni aho rero tubona uwo mutunzi asaba Abrahamu ngo arungike Lazaro kuburira abo bavukana n'uwo mutunzi bigenza nka we akiri kw'isi, ngo ntibazobone amarushwa nk'ayo arimwo, kuko atitwararitse Imana, ntayibone muri bene wabo bagowe.
N'uyu musi nyene tugira tuzirikane ivyerekeye amatungo, iciza cayo n'ikibi gishobora kuyakomokako kikatubuza itunga nyakuri ari ryo ugushikira ubuzima budahera twaremewe. Yezu yaciriye abantu umugani w'umutunzi yamana inzimano, akambara agashaza, akaberwa; kw'irembo iwe na ho hakaba hari umworo yitwa Lazaro yama yipfuza gufungura utuvunji tw'imikate twakoroka tuva ku meza y'uwo mutunzi; ahubwo riho imbwa zikaba ari zo ziza kurigata ibisebe vyiwe.
INSIGURO Y'AMAJAMBO AMWE AMWE ARI MURI IYI NKURU NZIZA :
Uwo mworo Lazaro, iryo zina rikaba risigura ngo Imana ifasha, arahwera, araheza ajanwa mw'ijuru, wa mutunzi na we agahava agahwera bakamuhamba. N'iyo mvugo turumva ko ifise insiguro. Hagati y'umuriro udahera n'ijuru ngo hari imanga nini, ibuza abari mu muriro gushika iyo abari mu buninahazwa bari. Ariko ubwo ni uburyo bw'ukuvuga; ntitwiyumvire ivyo bibanza, ijuru n'umuriro udahera, nk'uko vyoba ari ibibanza biri aho nkuko tuvyibaza. Co kimwe n'aha twumva ngo bwira Lazaro akoze urutoke rwiwe mu mazi ajojotekereze ku rurimi rwanje. N'ubwo ni uburyo bw'ukuvuga.
Tuzozukana umubiri uninahaye kurya kwa Yezu. Ariko, uko biba kwose, turumva ko inyuma y'ubuzima bwacu bw'aha kw'isi, tuzoba bashasha mu buryo Imana yo nyene izotwihingurira ifatiye ku kuntu tuzoba twarigenjeje n'uburyo tuzoba twarakunze Imana ng'aha kw'isi. Bamwe bazozukira ubuzima budahera, ni vyo vy'ivyo vya Lazaro, abandi bazukire amarushwa mu muriro udahera, bikaba ari ivyo vy'uwo mutunzi atigeze yerekeza ijisjo ryiwe na rimwe n'umusi n'umwe kuri uwo mworo. Ivyo biduhaye, nkuko nari nabivuze mu ntango, akaryo ko kwongera kuzirikana ivyerekeye amatungo n'uburyo bwo kuyakoresha.
UGUTUNGA VYAKABAYE RERO ARI BIBI, CANKE UKUBA MWORO VYAKABAYE ARI UBUHIZI?
Mu gitabu c'umuhanuzi Amosi, uwo muhanuzi agabisha abantu batunze, bakishimira amatungo yabo gusa ntibanerwe guteza imbere abandi, ntibitwararike gukora ibitunganye, ntibarabe abari mu bukene, ntibababazwe n'ukubona abandi, mu gihugu, bari mu marushwa. Ngo igihano cabo ni ukuzokwangazwa, maze wa mugwi w'abaryi ukazimangana.
ICO DUKURA MURI IBI BISOMWA
Ico dukura muri ibi bisomwa ni uko aboro bafise agaciro mu maso y'Imana. Twibuke ko muri «Magnificat» tuvugamwo ngo «Aboro yarabahagije ivyiza vyinshi, nayo abakungu abarungika iminwe igaragara» (Luk.1,52). Twibuke aho Yezu yigisha avuga, ati: «Hahiriwe abafise umutima ushima ubworo, kuko ubwami bw'ijuru ari ubwabo» (Mt.5,3). Twibuke na hahandi Yezu abwira abigishwa biwe, ati: «Murahiriwe mwebwe aboro, kuko ubwami bw'Imana ari ubwanyu. ?Ariko muragowe, mwebwe batunzi, kuko mufise ikibahoza» (Lk 6, 20.24).
Itunga ntiryari ribi, ikibi ni uko rishobora gusuka umuntu mu mananiza: kuko itunga rirashobora guhuma amaso umuntu ntabe akimenya Imana, ntabe agiha ikibanza Imana mu mutima wiwe. Itunga rirashobora gutuma umuntu akomantaza umutima wiwe ntabe acerekwa umukene, umworo. Ntitwibwire nka ba bandi bivugira, ngo burya uwatunze ngaha kw'isi ni we azotunga no mw'ijuru, ngo bija iyo ibindi biri. Ntibisa.
Akarorero ni aka nyene duhawe muri iyi njiri. Tubona ahubwo ko hari uguhinduka kw'ibintu. Uwari atunze, ahiriwe, ataco yiyima ngaha kw'isi, ni we ubu ariko aragorerwa mu muriro uturira udahera, na yo wa murushwa ariko arahozwa mu buninahazwa bw'ijuru.
Ariko kandi ntitubibonemwo nk'uko Imana yoba yihora. Eka nyabuna, umuntu wese azohererwa ku co azoba yarakoze. Niyaba yarabonye Imana mu mworo, agaheza akayikorera, ntazobura impera ibereye. Niyaba yarirengagije umworo, akamuca iruhande, ntamubone nk'uko vyashikiye uwu mutunzi, uwo azobura impera. Murumva rero ko ugutorana ubuhirwe mw'ijuru bitegurwa n'umuntu akiri ng'aha kw'isi.
Duhere rero ubu twibaza, tuti: imigenderanire yanje n'amatungo, ni iyihe? Mbega ayo matungo nayaronse gute? Noba nabanje kubesha, nabanje kwica, nabanje kugunga uwundi, nabanje kurenganya abandi, nabanje kwaka ibiturire, n'ibindi? Yezu atubwira, ati: « Ico cose muzoba mwagiriye n'umwe muri abo batobato muri benewacu, ni jewe mwakigiriye » (Mt.25,40).
Ntitworindira rero ibitangaro nk'uku uwu mutunzi abisaba, ngo uwapfuye agiye akabiyereka niho bokwemera bagahinduka. Ivyo vyo nticabujije ko Abapfarizayo bica Yezu kandi bari babonye igitangaro yari yakoze c'ukuzura Lazaro. Abrahamu abwiye uwo mutunzi, ati «Nibatumviriza Musa n'Abahanuzi, naho uwapfuye yozuka, ntibokwemera».
Ukwitegurira ubwami bw'ijuru n'ubuninahazwa bitangwa n'Imana, ni ukwumviriza Musa, ni ukuvuga ugukora amabwirizwa y'Imana, tukaba tuzi ko ibwirizwa rikuru ari ugukunda Imana n'umutima wacu wose, n'ubwenge bwacu bwose, n'amagara yacu yose; be n'ugukunda umuntu wese nkuko twikunda twebwe nyene. Vyongeye kandi, ni ukwumvira impanuro z'Abahanuzi, ni ukuvuga ukwama twisunga ijambo ry'Imana ngo ritubere umuco utumurikira kuri iyi nzira igana mw'ijuru. Ni kandi ukwemera Yezu Kristu, Umwana w'Imana, Umucunguzi wacu, we yaje ngo abantu bose baronke ubuzima budahera; hamwe rero n'ukuzigama amategeko y'Umukama.
Ese itunga ryacu iryo ari ryo
ryose ritoduhuma amaso ngo twirengagize ubukene bw'abandi, ahubwo dukorere Yezu
mu bakene yama yishushanyako!
Patiri Ildephonse MISIGARO
Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Ku bwacu twese, Yezu Kristu yarigize umugamburutsi gushika yemere urupfu, kandi urupfu rwo ku musaraba. Ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose, ikamugabira Izina rirengeye amazina yose. Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.
Ukubabara kw’Umukama wacu Yezu Kristu kwashikirijwe na Yohani (18, 1-19, 42)
Yezu mw’itongo ryo hakurya ya Kedroni
S: Bahejeje gufungura, Yezu ajana n’abigishwa biwe hakurya y’umugezi witwa Kedroni;
hari umurima, aba ari ho yinjira n’abigishwa biwe.
Yuda wa muhemu yari azi neza aho hantu,
kuko Yezu yahora ahaja kenshi n’abigishwa biwe.
Â
Yuda rero azanye umugwi w’abasirikare n’abarinzi
barungitswe n’abaherezankuka bakuru be n’Abafarizayo,
arashika n’amatara n’ibimuri n’ibirwanisho.
Yezu rero yari azi ibiza kumushikira vyose;
arabasanganira, ababwira ati:
Y: «Murondera nde?»
S:
Bamwishura bati:
Ab: «Yezu w’i Nazareti.»
S:
Ababwira ati:
Y: «Ni Jewe.»
S:Â Yuda wa muhemu yari kumwe na bo.
Aho Yezu ababwiriye rero ati: «Ni Jewe»,
Basogeza baja inyuma bagwa hasi.
Yezu asubira kubabaza ati:
Y: «Murondera nde?»
S: Bishura bati:
Ab: «Yezu w’i Nazareti.»
S: Yezu abishura ati:
Y: «Nababwiye ko ari Jewe.
Usangwa ari Je murondera, reke abo
bigire.»
S: Uko niko ijambo yavuze ryarangutse, ngo:
«Sinatakaje n’umwe mu bo wampaye.»
Simoni Petero yari afise inkota;
arayisokorora, ayikubita umusuku w’umuherezankuka mukuru,
amuca ugutwi kw’iburyo.
Uwo musuku yitwa Malikusi.
Yezu yamara abwira Petero ati:
Y:
«Subiza inkota mu rwubati.
Bite! Ndeke kunywa ikalisi Data yampaye!»
S: Wa
mugwi w’abasirikare, uwuwurongoye n’abarinzi b’Abayuda
Bafata Yezu baramuboha.
Â
Yezu kwa Hana na Kayifa
Â
Babanza kumujana kwa Hana,
ari we sebukwe wa Kayifa,
yari umuherezankuka mukuru uyo mwaka.
Kayifa ni umwe yari yahanuye Abayuda ati:
«Vyobabera vyo umuntu umwe apfiriye
igihugu.»
Â
Simoni Petero n’uwundi mwigishwa barakurikira Yezu.
Uwo mwigishwa umuherezankuka mukuru
yari amuzi,
yinjirana rero na Yezu mu ngoro y’umuherezankuka mukuru,
Petero we asigara hanze hambavu y’irembo.
Wa mwigishwa umuherezankuka mukuru yari azi, arasohoka,
avugana n’incoreke yarinda irembo, yinjiza Petero.
Iyo ncoreke yarinda irembo ibwira Petero iti:
Ab: «Aho uri aho,
weho nturi mu bigishwa b’uwo muntu?»
S: Ayishura ati:
Ab: «Sindi muri bo.»
S: Abasuku n’abarinzi bari
bacanye umuriro, kuko hari imbeho,
bari aho bota.
Petero na we yari kumwe na bo yota.
Â
Umuherezankuka mukuru arabaza Yezu
Ibirora ku bigishwa biwe no ku nyigisho ziwe.
Yezu amwishura ati:
Y:
« NÇgishije abantu icese;
nÇŽmye nigishiriza mu masinagoga no mu gisengero,
aho Abayuda bakoraniye;
nta co navugiye mu mpisho.
Umbariza iki?
Baza abavyumvise; ico navuze bo barakizi.»
S: Ngo avuge iryo,
umwe mu barinzi bari aho, akubita urushi Yezu, ati:
Ab: «Uko ni ko wishura umuherezankuka mukuru!»
S:
Yezu amwishura ati:
Y:
«Ninaba mvuze nabi, erekana ikibi aho kiri;
na ho ninaba mvuze ukuri, unkubitiye iki?»
S:
Hana amurungika uko yakaboshwe
ku muherezankuka mukuru Kayifa.
Simoni Petero we yari akiri aho yota umucanwa.
Bamubwira bati:
Ab: «Weho ntiwoba uri uwo mu
bigishwa biwe?»
S: Arabihakana ati:
Ab: «Sindi muri bo.»
S:
Umwe mu basuku b’umuherezankuka mukuru,
incuti y’uwo Petero yari yaciye ugutwi,
Amubwira ati:
Ab: «Sinakubonye muri kumwe
mw’itongo?»
S:
Petero yamara asubira kubihakana,
ubwo nyene inkoko irabika.
Â
Yezu kwa Pilato
Â
Bavana rero Yezu kwa Kayifa, bamujana mw’iburaniro.
Hari mu gitondo.
Ariko bo ntibinjra mw’iburaniro ku kwanka guhumana,
ngo bashobore kurya Pasika.
Â
Pilato arasohoka rero imbere yabo, ababwira ati:
Ab: «Uwo muntu mumurega iki?»
S:
Baramwishura bati:
Ab: «Iyo ataba yari inkozi
y’ikibi,
ntitwari kumukuzanira.»
S:
Pilato ababwira ati:
Ab: «Mujane mwebwe nyene mumucire urubanza,
mukurikize itegeko ryanyu.»
S: Abayuda baramwishura bati:
Ab: «Ntitwarekuriwe kugira uwo twica.»
S: Kwari ukugira ngo ijambo Yezu yavuze
Hamwe yari yabuye ururpfu azopfa, ritahe.
Pilato rero asubira mw’iburaniro,
atumako Yezu, amubwira ati:
Ab: «Uri umwami w’Abayuda?»
S: Yezu aramwishura ati:
Y:
«Ivyo ni wewe uvyivugiye,
canke ni ivyo wumva ku bandi bamvuga?»
S: Pilato amwishura ati:
Ab: «Mbega jewe ndi Umuyuda?
Abo mu gihugu cawe n’abaherezankuka bakuru ni bo bakunzaniye.
Wakoze iki?»
S: Yezu asubiza ati:
Y: «Ubwami bwanje si ubwo kuri iyi si.
Iyo Ubwami bwanje buba ari ubwo kuri iyi
si,
Abantu banje bari kundwanira,
Singwe mu minwe y’Abayuda;
Eka noneho, Ubwami bwanje si ubw’aha
kw’isi.»
S: Pilato
amubwira ati:
Ab: «None ga, uri umwami?»
S:
Yezu aramwishura ati:
Y:
«Uvuze ko, ndi Umwami,
kandi ni co navukiye kikantuma nza kw’isi:
ni ukugira ngo nshingire ingingo ukuri;
uwukunda ukuri wese yumva ijwi ryanje.»
S: Pilato aramubwira ati:
Ab: «Ukuri ni iki?»
S:
Avuze ayo majambo, asubira gusohoka, agana Abayuda,
araheza arababwira ati:
Ab: «Nta co namusanzeko comwica.
Ariko ni akamenyero
Ko ndabarekurira umwe ku musi wa Pasika.
None mushaka ko ndabarekurira umwami w’Abayuda?»
S:
Biha induru rero bati:
Ab: «Ntumuduhe, duhe Baraba!»
S:
Uwo Baraba yari umwambuzi.
Pilato rero afata Yezu aramukubitisha.
Hanyuma abasirikare bajisha urugori rw’amahwa,
barumwambika ku mutwe,
bongera bamwambika umutamana utukura.
Baramwegera bavuga bati:
Ab: «Mwaramutse, ga mwami w’Abayuda!»
S:
Bongera baramukubita amakofe.
Pilato aragaruka, abwira Abayuda ati:
Ab: «Ehe ndamubazaniye,
mumenye ko ata gicumuro ndamubonyeko co kumwica.»
S: Yezu arasohoka rero uko yakambaye
rwa rugori rw’amahwa na wa mutamana utukura;
araheza Pilato ababwira ati:
Ab: «Ng’uwo wa muntu!»
S:
Ngo bamubone, abakuru n’abarinzi biha induru bati:
Ab: «Ku musaraba! Ku musaraba!»
S:
Pilato ababwira ati:
Ab: «Ng’uwo nimumwibambire
mwebwe nyene,
jewe nta co namusanzeko gikwiye guhanwa.»
S: Abayuda baramwishura
bati:
Ab: «Turi n’itegeko,
kandi turikurikije ni uwo gupfa,
kuko yigize Umwana w’Imana.»
S:
Pilato ngo yumve ayo majambo, atinya ukuruta.
Asubira mw’iburaniro, araheza abwira Yezu ati:
Ab: «Uva he?»
S: Yezu yamara ntiyamwishura namba.
Pilato rero niko kumubwira ati:
Ab: «Ntunyishura jewe!
Ntuzi ko mfise ububasha bwo kukurekura
N’ubwo kukubamba?»
S:
Yezu aramwishura ati:
Y:
«Nta bubasha wari umfiseko,
iyo utabuhabwa n’Uwo mw’ijuru.
Ni co gituma uwakumpaye
Yakoze igicumuro kiruta icawe.»
S:
Kuva ubwo, Pilato yarondera ingene yomurekura;
Abayuda yamara baja mu vyo kuyogora bati:
Ab: «Niwamurekura, ntuzoba ukunda Sezari;
kuko uwigira umwami wese aba agararije Sezari.»
S: Pilato ngo avyumve,
asohora Yezu,
amwicarika ku ntebe y’imanza,
ahitwa Litositorotosi, mu gihebereyi na ho Gabata.
Hari ku musi w’ukwitegurira Pasika,
ahashira isaha ya gatandatu.
Pilato abwira Abayuda ati :
Ab: «Ng’uwo umwami wanyu!»
S: Bo bavuza induru bati:
Ab: «N’apfe! N’apfe! Mubambe!»
S: Pilato ababwira ati:
Ab: «Mbambe umwami wanyu!»
S:
Abaherezankuka bakuru basubizayo bati:
Ab: «Atari Sezari, nta wundi mwami dufise.»
S:
Araheza aramubaha ngo bamubambe.
Â
Yezu ku gasozi ka
Kalvariyo
Â
Yezu ava aho yikoreye umusaraba wiwe,
agana ahantu hitwa Kalvariyo, mu gihebereyi Gologota.
Ni ho bamubambiye hamwe n’abandi babiri,
umwe ku ruhande uwundi ku rundi,
Yezu na we hagati.
Â
Pilato kandi arandikisha urwandiko,
araheza arumanika hejuru ku musaraba.
Amajambo yarwo yari aya:
«Yezu w’i Nazareti, umwami w’Abayuda.»
Abayuda benshi barasoma urwo rwandiko,
kuko aho Yezu yari yabambiwe hari hafi y’igisagara
kandi rwari rwanditswe mu gihebereyi, mu kilatini no mu kigereki.
Abaherezankuka bakuru n’Abayuda babwira rero Pilato bati:
Ab: «Ntiwandike ngo: Umwami w’Abayuda, andika uti:
Uwo muntu yavuze ati: Ndi umwami w’Abayuda.»
S:
Pilato arabishura ati:
Ab: «Ico nanditse canditswe.»
S:
Abasirikare bamaze kumubamba,
bafata ivyambarwa vyiwe, babicamwo imyanya ine,
umwe w’umwe umwe muri bo.
Bafata ikanzu yiwe, ariko iyo kanzu ntiyagira umubariro;
yari yajishwe urunani kuva hejuru gushika hepfo.
Bavuga rero bati:
Ab: «Ntituyitabure, nimuze dutere ubupfindo bw’uwuyironka.»
S:
Kwari ukugira ngo Inyandiko itahe ngo:
«Baragabanganye ivyambarwa vyanje,
na yo ikanzu yanje bayiterako ubupfindo.»
Ng’ivyo ivyo abasirikare bagize.
Â
Iruhande y’umusaraba wa Yezu hari hahagaze nyina wiwe,
na nyinabo, Mariya muka Klopasi,
na Mariya Madalena.
Yezu ngo abone nyina wiwe
iruhande yiwe na ho hari wa mwigishwa yakunda,
abarira nyina wiwe rero ati:
Y: «Wa mukenyezi we, ng’uwo umwana wawe.»
S: Abwira wa mwigishwa na we ati:
Y: «Ng’uwo nyoko wawe.»
S: Kuva ubwo, nya mwigishwa aca ajana Mariya iwe.
Ivyo biheze,
kuko yari azi ko vyose vyamaze kurangira,
Kugira ngo Inyandiko iranguke rwose,
Yezu avuga ati:
Y:
«Ndanyotewe.»
S:
Aho hari agakono kuzuye isiki.
Bashinga rero kw’icumu akamamara bakojeje mw’isiki,
baramuhereza ngo anunuze.
Yezu amaze kunywa nya siki, ati:
Y: «Vyose birarangiye.»
S:
Araheza ajondamika umutwe, aracikana.
Â
Aha barapfukama, bakavuga
agasabisho gatoyi banumye
Â
Kubera ko wari umusi w’ukwitegurira Pasika,
- nkako isabato wari umusi mukuru uhambaye,
-
Abayuda rero basaba Pilato
ngo bavune amaguru y’abari babambwe, baheze
babakureho
boye kurekera imivyimba ku musaraba ku musi
w’isabato.
Abasirikare rero baraza bavuna amaguru
y’uwa mbere n’ay’uwa kabiri
muri bamwe babambwe hamwe na Yezu.
Bashikiriye Yezu, basanga yamaze gucikana,
ntibamuvuna amaguru,
ariko umwe wo muri nya basirikare amusogota
icumu mu rubavu,
haca hisuka amaraso n’amazi.
Uwabibonye ni we yabishingiye intahe,
kandi intahe yiwe ni iy’ukuri,
kandi urya azi ko avuga ukuri ngo namwe
mwemere.
Ivyo rero vyagenze gutyo ngo inyandiko
itahe:
«Nta gufa ryiwe bazovuna» ;
ahandi na ho ngo:
«Bazokwihweza uwo
basogose.»
Â
Itongo
bahamvyemwo Yezu
Â
Ivyo biheze, Yozefu w’i Arimateya,
umwigishwa wa Yezu,
ariko mu mpisho kuko yatinya Abayuda,
asaba Pilato kubambura ikiziga ca Yezu.
Nikodemu na we araza,
umwe mu ntango yari yagiye gukebukana na
Yezu mw’ijoro;
azana ikivange c’imira na alowe c’ingero
nk’ijana.
Bafata ikiziga ca Yezu,
bakizingira mu mpuzu hamwe n’ibimoga neza,
nk’uko Abayuda babigenza mu guhamba.
Aho bari bahamvye Yezu hari umurima;
muri uwo murima, hakaba uruhafu rushasha,
ata muntu n’umwe yari bwahambwemwo.
Kandi wari umusi w’ukwitegura kw’Abayuda,
uruhafu na rwo rwari hafi,
haba ariho bahamba Yezu.