TWUMVIRIZE IJAMBO IMANA ITUYAGIYE > IDOMINIKA YA 26, MU MWAKA-C (NA PATIRI Ildephonse MISIGARO)
Itariki: 27/9/2019Ababisomye 6555 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
«Nibatumviriza Musa n'Abahanuzi, uwapfuye, n'iyo yozuka ntibazokwemera!» Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditswe na Luka (Luk.16,19-31)

Bakristu, Bakunzi b'Imana, kuri uyu musi w'Imana igenekerezo rya 29 Nyakanga 2019, duhimbaza Idominika ya 26 yo mu mwaka-C. Mw'ijambo Umukama atuyagira uyu musi, aradutumirira kwitwararika Imana yiserurira muri bene wacu bagowe: «Waronse itunga, na we Lazaro amagorwa; ubu rero ariko arahozwa, nawe ubabara», ni ryo jambo umutunzi abwiwe, mu gihe ibihe vyari bimaze guha ibindi, ivyari agatwengo akiri kwisi bihindutse amarira. Nk'uko tugize imisi tubizirikana, n'uyu musi nyene tugira tuzirikane ivyerekeye amatungo, iciza cayo n'ikibi gishobora kuyakomokako kikatubuza itunga nyakuri ari ryo ugushikira ubuzima budahera twaremewe.

Mu kuzirikana ijambo ry'Imana ry'uyu musi, turi kumwe na Patiri Ildephonse MISIGARO, ni we agira ngo adufashe kubizirikana. Ibisomwa vyeranda twisunga na vyo ni ivyo dusoma mu gitabu c'Umuhanuzi Amosi (Amosi 6,1a.4-7), mw'ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Timote (1Timote 6,11-16), no mu Nkuru Nziza ya Yezu Krisu nk'uko yanditswe na Luka (Luk.16,19-31). Nituvyumvirize.

 

IGISOMWA CA MBERE

«Ugire umuziro ugusesagura ivyo Imana yaguhaye»: Ivyo dusoma mu gitabu c'Umuhanuzi Amosi    (Amosi 6,1a.4-7)

 

Ngiri iriyazwe n'Umukama, Mushoboravyose: «Baragowe abo bishinga kwitemberera muri Siyoni n'ukuba ku musozi wa Samariya ata nkomanzi. Imyagazi batoranije mu busho, be n'inyana bakuye mu ruhongore, babirya baryamye ku buriri bw'akatabonetse, bagaramye ku bisaswa vyiza vyiza.

Iyo bariko baracuraranga baratarika nka kumwe kwa Dawudi, bagacura n'ivyuma vyo kwumviriza imvyino. Umuvinyu bawunywera mbere mu bikombe vy'agaciro, bakisiga amavuta amoga neza, yamara ntibababazwe n'uko igihugu c'Israeli catabagaye. Ni co gituma ubu bazobatwara mu mahanga, baje imbere y'abangajwe bava mu gihugu c'amavukiro. Noneho, wa murwi w'abaryi uzimangane!»

IGISOMWA CA KABIRI

«Ubuzima bwawe bube mu kwemera Kristu»: Ivyo dusoma mw'ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Timote (Timote 6,11-16)

Weho rero, muntu w'Imana, rondera ubutungane, ubwitonzi mu vy'Imana, ukwemera, urukundo, ubwiyumanganyi n'ubutekereji. Wame urwana indwano nziza y?ukwemera, ucakire bwa buzima budahera wahamagariwe kandi washingiye intahe ishemeye mu maso y'ivyabona vyinshi.

Ndagusavye imbere y'Imana ibeshaho vyose n?imbere ya Kristu Yezu yashingiye intahe ukuri imbere ya Ponsiyo Pilato: zigama amategeko y?Umukama, gushika aho Umukama wacu Yezu Kristu azoserukira. Igihe kigeze, azomenyeshwa na Segaba wa vyose nyaguhimbarwa, We Mwami w?abami, Umukama aruta abandi bose, We musa azira urupfu, avyagiye mu muco utegerwa, ata muntu yigeze akubita ijisho kandi ata n'uwuzomubona. Niwe Nyen?icubahiro n?ububasha mu myaka yose. Amen.

INKURU NZIZA

«Waronse itunga, na we Lazaro amagorwa; ubu rero ariko arahozwa, nawe ubabara»: Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditswe na Luka (Luk.16,19-31)

Umusi umwe, Yezu yabariye Abafarizayo uyu mugani, ati:

«Habaye umuntu w'umutunzi, yambara ibisayangana, ivyoroshe, yamana inzimano. Hakaba n'umworo yitwa Lazaro, yama aryamye kw'irembo ry'uno mutunzi, umubiri wari ibisebe. Yipfuza utuvunguka tw'imikate twakoroka tuva ku meza ya wa mukungu; mbere imbwa na zo zikaza kurigata ibisebe vyiwe.

Hanyuma, wa mworo arapfa, abamalayika bamujana mu maboko ya Ibrahimu; wa mutunzi na we arapfa, arahambwa. Ari mu kuzimu, ariko arababara cane, ararangamira, abona kure Ibrahimu areze Lazaro. Ashira ijwi hejuru ati: Ibrahimu dawe wacu, ngirira ikigongwe. Ndungikira Lazaro, akoze isonga ry'urutoke mu mazi, ahoroshe ururimi rwanje, kuko ndiko ndicwa nabi n'izi mbeya. Ibrahimu arishura ati: Mwananje, ibuka ko waronse itunga ukiri kw'isi, na we Lazaro akaronka amagorwa. Ubu rero ariko arahozwa, nawe ubabara. Vyongeye, hagati yawe natwe, hazokwama imanga nini, ibuza ab'ino kuza hiyo, n'ab'iyo kuz'ino.

Wa mutunzi ati: Ndagusavye ho dawe, urungike Lazaro mu muryango wa data, kuko mfise abo tuvukana batanu; ababwire uko bimeze, ntibazohave bagwa na bo muri aya marushwa. Ibrahimu amwishura ati: Barafise Musa n'abahanuzi, ni babumvire. Na we ati: Oya nyabuna, Ibrahimu, dawe wacu, ariko uwuzutse abashikiriye ni ho bokwigaya. Ibrahimu ati: Nibatumviriza Musa n'abahanuzi, uwapfuye n'iyo yozuka ntibazokwemera.»       

 

TUZIRIKANE IJAMBO TUYAGIWE N'UMUKAMA

«Nibatumviriza Musa n'Abahanuzi, uwapfuye, n'iyo yozuka ntibazokwemera!»

Bavukanyi, turahejeje kwumviriza Ijambo Umukama atuyagire. Ubu na ho nimuze turizirikane, turyinovore tubashe gutegera iyo ni inyishu Abrahamu ahaye umutunzi co kimwe n'ayandi majambo yose ari mu bisomwa vy'uyu musi.

Icajanye uyu mutunzi mu muriro udahera ni uko atigeze yitwararika Imana iserukira mu bagowe bari aho yaba, kandi yari ashoboye kugira ico yobafasha. Ni aho rero tubona uwo mutunzi asaba Abrahamu ngo arungike Lazaro kuburira abo bavukana n'uwo mutunzi bigenza nka we akiri kw'isi, ngo ntibazobone amarushwa nk'ayo arimwo, kuko atitwararitse Imana, ntayibone muri bene wabo bagowe.

N'uyu musi nyene tugira tuzirikane ivyerekeye amatungo, iciza cayo n'ikibi gishobora kuyakomokako kikatubuza itunga nyakuri ari ryo ugushikira ubuzima budahera twaremewe. Yezu yaciriye abantu umugani w'umutunzi yamana inzimano, akambara agashaza, akaberwa; kw'irembo iwe na ho hakaba hari umworo yitwa Lazaro yama yipfuza gufungura utuvunji tw'imikate twakoroka tuva ku meza y'uwo mutunzi; ahubwo riho imbwa zikaba ari zo ziza kurigata ibisebe vyiwe.

INSIGURO Y'AMAJAMBO AMWE AMWE ARI MURI IYI NKURU NZIZA :

Uwo mworo Lazaro, iryo zina rikaba risigura ngo Imana ifasha, arahwera, araheza ajanwa mw'ijuru, wa mutunzi na we agahava agahwera bakamuhamba. N'iyo mvugo turumva ko ifise insiguro. Hagati y'umuriro udahera n'ijuru ngo hari imanga nini, ibuza abari mu muriro gushika iyo abari mu buninahazwa bari. Ariko ubwo ni uburyo bw'ukuvuga; ntitwiyumvire ivyo bibanza, ijuru n'umuriro udahera, nk'uko vyoba ari ibibanza biri aho nkuko tuvyibaza. Co kimwe n'aha twumva ngo bwira Lazaro akoze urutoke rwiwe mu mazi ajojotekereze ku rurimi rwanje. N'ubwo ni uburyo bw'ukuvuga.

Tuzozukana umubiri uninahaye kurya kwa Yezu. Ariko, uko biba kwose, turumva ko inyuma y'ubuzima bwacu bw'aha kw'isi, tuzoba bashasha mu buryo Imana yo nyene izotwihingurira ifatiye ku kuntu tuzoba twarigenjeje n'uburyo tuzoba twarakunze Imana ng'aha kw'isi. Bamwe bazozukira ubuzima budahera, ni vyo vy'ivyo vya Lazaro, abandi bazukire amarushwa mu muriro udahera, bikaba ari ivyo vy'uwo mutunzi atigeze yerekeza ijisjo ryiwe na rimwe n'umusi n'umwe kuri uwo mworo. Ivyo biduhaye, nkuko nari nabivuze mu ntango, akaryo ko kwongera kuzirikana ivyerekeye amatungo n'uburyo bwo kuyakoresha.

UGUTUNGA VYAKABAYE RERO ARI BIBI, CANKE UKUBA MWORO VYAKABAYE ARI UBUHIZI?

Mu gitabu c'umuhanuzi Amosi, uwo muhanuzi agabisha abantu batunze, bakishimira amatungo yabo gusa ntibanerwe guteza imbere abandi, ntibitwararike gukora ibitunganye, ntibarabe abari mu bukene, ntibababazwe n'ukubona abandi, mu gihugu, bari mu marushwa. Ngo igihano cabo ni ukuzokwangazwa, maze wa mugwi w'abaryi ukazimangana.

ICO DUKURA MURI IBI BISOMWA

Ico dukura muri ibi bisomwa ni uko aboro bafise agaciro mu maso y'Imana. Twibuke ko muri «Magnificat» tuvugamwo ngo «Aboro yarabahagije ivyiza vyinshi, nayo abakungu abarungika iminwe igaragara» (Luk.1,52). Twibuke aho Yezu yigisha avuga, ati: «Hahiriwe abafise umutima ushima ubworo, kuko ubwami bw'ijuru ari ubwabo» (Mt.5,3). Twibuke na hahandi Yezu abwira abigishwa biwe, ati: «Murahiriwe mwebwe aboro, kuko ubwami bw'Imana ari ubwanyu. ?Ariko muragowe, mwebwe batunzi, kuko mufise ikibahoza» (Lk 6, 20.24).

Itunga ntiryari ribi, ikibi ni uko rishobora gusuka umuntu mu mananiza: kuko itunga rirashobora guhuma amaso umuntu ntabe akimenya Imana, ntabe agiha ikibanza Imana mu mutima wiwe. Itunga rirashobora gutuma umuntu akomantaza umutima wiwe ntabe acerekwa umukene, umworo. Ntitwibwire nka ba bandi bivugira, ngo burya uwatunze ngaha kw'isi ni we azotunga no mw'ijuru, ngo bija iyo ibindi biri. Ntibisa.

Akarorero ni aka nyene duhawe muri iyi njiri. Tubona ahubwo ko hari uguhinduka kw'ibintu. Uwari atunze, ahiriwe, ataco yiyima ngaha kw'isi, ni we ubu ariko aragorerwa mu muriro uturira udahera, na yo wa murushwa ariko arahozwa mu buninahazwa bw'ijuru.

Ariko kandi ntitubibonemwo nk'uko Imana yoba yihora. Eka nyabuna, umuntu wese azohererwa ku co azoba yarakoze. Niyaba yarabonye Imana mu mworo, agaheza akayikorera, ntazobura impera ibereye. Niyaba yarirengagije umworo, akamuca iruhande, ntamubone nk'uko vyashikiye uwu mutunzi, uwo azobura impera. Murumva rero ko ugutorana ubuhirwe mw'ijuru bitegurwa n'umuntu akiri ng'aha kw'isi.

Duhere rero ubu twibaza, tuti: imigenderanire yanje n'amatungo, ni iyihe? Mbega ayo matungo nayaronse gute? Noba nabanje kubesha, nabanje kwica, nabanje kugunga uwundi, nabanje kurenganya abandi, nabanje kwaka ibiturire, n'ibindi? Yezu atubwira, ati: « Ico cose muzoba mwagiriye n'umwe muri abo batobato muri benewacu, ni jewe mwakigiriye » (Mt.25,40).

Ntitworindira rero ibitangaro nk'uku uwu mutunzi abisaba, ngo uwapfuye agiye akabiyereka niho bokwemera bagahinduka. Ivyo vyo nticabujije ko Abapfarizayo bica Yezu kandi bari babonye igitangaro yari yakoze c'ukuzura Lazaro. Abrahamu abwiye uwo mutunzi, ati «Nibatumviriza Musa n'Abahanuzi, naho uwapfuye yozuka, ntibokwemera».

Ukwitegurira ubwami bw'ijuru n'ubuninahazwa bitangwa n'Imana, ni ukwumviriza Musa, ni ukuvuga ugukora amabwirizwa y'Imana, tukaba tuzi ko ibwirizwa rikuru ari ugukunda Imana n'umutima wacu wose, n'ubwenge bwacu bwose, n'amagara yacu yose; be n'ugukunda umuntu wese nkuko twikunda twebwe nyene. Vyongeye kandi, ni ukwumvira impanuro z'Abahanuzi, ni ukuvuga ukwama twisunga ijambo ry'Imana ngo ritubere umuco utumurikira kuri iyi nzira igana mw'ijuru. Ni kandi ukwemera Yezu Kristu, Umwana w'Imana, Umucunguzi wacu, we yaje ngo abantu bose baronke ubuzima budahera; hamwe rero  n'ukuzigama amategeko y'Umukama.

Ese itunga ryacu iryo ari ryo ryose ritoduhuma amaso ngo twirengagize ubukene bw'abandi, ahubwo dukorere Yezu mu bakene yama yishushanyako!


Patiri Ildephonse MISIGARO

Ivyiyumviro
Mu mumugwi umwe
INGOMA YA KRISTU NI IY'UMUCO WAMAHO22/11/2019 | ababisomye 797 | Michel NIBITANGA
INGOMA YA KRISTU NI IY'IMYAKA YOSE22/11/2019 | ababisomye 1181 | Michel NIBITANGA
UBWAMI BWA KRISTU NI UBW'IMYAKA YOSE22/11/2019 | ababisomye 504 | Michel NIBITANGA
UMUSI MUKURU WA KRISTU UMWAMI22/11/2019 | ababisomye 2454 | Michel NIBITANGA

Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Ku bwacu twese, Yezu Kristu yarigize umugamburutsi gushika yemere urupfu, kandi urupfu rwo ku musaraba. Ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose, ikamugabira Izina rirengeye amazina yose. Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.

Ukubabara kw’Umukama wacu Yezu Kristu kwashikirijwe na Yohani (18, 1-19, 42)

Yezu mw’itongo ryo hakurya ya Kedroni

S: Bahejeje gufungura, Yezu ajana n’abigishwa biwe hakurya y’umugezi witwa Kedroni;

hari umurima, aba ari ho yinjira n’abigishwa biwe.

Yuda wa muhemu yari azi neza aho hantu,

kuko Yezu yahora ahaja kenshi n’abigishwa biwe.

 

Yuda rero azanye umugwi w’abasirikare n’abarinzi

barungitswe n’abaherezankuka bakuru be n’Abafarizayo,

arashika n’amatara n’ibimuri n’ibirwanisho.

Yezu rero yari azi ibiza kumushikira vyose;

arabasanganira, ababwira ati:

Y:  «Murondera nde?»

S: Bamwishura bati:

Ab: «Yezu w’i Nazareti.»

S: Ababwira ati:

Y: «Ni Jewe.»

S:  Yuda wa muhemu yari kumwe na bo.

Aho Yezu ababwiriye rero ati: «Ni Jewe»,

Basogeza baja inyuma bagwa hasi.

Yezu asubira kubabaza ati:

Y: «Murondera nde?»

S: Bishura bati:

Ab: «Yezu w’i Nazareti.»

S: Yezu abishura ati:

Y: «Nababwiye ko ari Jewe.

Usangwa ari Je murondera, reke abo bigire.»

S: Uko niko ijambo yavuze ryarangutse, ngo:

«Sinatakaje n’umwe mu bo wampaye.»

 

Simoni Petero yari afise inkota;

arayisokorora, ayikubita umusuku w’umuherezankuka mukuru,

amuca ugutwi kw’iburyo.

Uwo musuku yitwa Malikusi.

Yezu yamara abwira Petero ati:

Y: «Subiza inkota mu rwubati.

Bite! Ndeke kunywa ikalisi Data yampaye!»

S: Wa mugwi w’abasirikare, uwuwurongoye n’abarinzi b’Abayuda

Bafata Yezu baramuboha.

 

Yezu kwa Hana na Kayifa

 

Babanza kumujana kwa Hana,

ari we sebukwe wa Kayifa,

yari umuherezankuka mukuru uyo mwaka.

Kayifa ni umwe yari yahanuye Abayuda ati:

«Vyobabera vyo umuntu umwe apfiriye igihugu.»

 

Simoni Petero n’uwundi mwigishwa barakurikira Yezu.

Uwo mwigishwa  umuherezankuka mukuru yari amuzi,

yinjirana rero na Yezu mu ngoro y’umuherezankuka mukuru,

Petero we asigara hanze hambavu y’irembo.

Wa mwigishwa umuherezankuka mukuru yari azi, arasohoka,

avugana n’incoreke yarinda irembo, yinjiza Petero.

Iyo ncoreke yarinda irembo ibwira Petero iti:

Ab: «Aho uri aho,

weho nturi mu bigishwa b’uwo muntu?»

S: Ayishura ati:

Ab: «Sindi muri bo.»

S: Abasuku n’abarinzi bari bacanye umuriro, kuko hari imbeho,

bari aho bota.

Petero na we yari kumwe na bo yota.

 

Umuherezankuka mukuru arabaza Yezu

Ibirora ku bigishwa biwe no ku nyigisho ziwe.

Yezu amwishura ati:

Y: « NÇgishije abantu icese;

nÇŽmye nigishiriza mu masinagoga no mu gisengero,

aho Abayuda bakoraniye;

nta co navugiye mu mpisho.

Umbariza iki?

Baza abavyumvise; ico navuze bo barakizi.»

S: Ngo avuge iryo,

umwe mu barinzi bari aho, akubita urushi Yezu, ati:

Ab: «Uko ni ko wishura umuherezankuka mukuru!»

S: Yezu amwishura ati:

Y: «Ninaba mvuze nabi, erekana ikibi aho kiri;

na ho ninaba mvuze ukuri, unkubitiye iki?»

S: Hana amurungika uko yakaboshwe

ku muherezankuka mukuru Kayifa.

Simoni Petero we yari akiri aho yota umucanwa.

Bamubwira bati:

Ab: «Weho ntiwoba uri uwo mu bigishwa biwe?»

S: Arabihakana ati:

Ab: «Sindi muri bo.»

S: Umwe mu basuku b’umuherezankuka mukuru,

incuti y’uwo Petero yari yaciye ugutwi,

Amubwira ati:

Ab: «Sinakubonye muri kumwe mw’itongo?»

S: Petero yamara asubira kubihakana,

ubwo nyene inkoko irabika.

 

Yezu kwa Pilato

 

Bavana rero Yezu kwa Kayifa, bamujana mw’iburaniro.

Hari mu gitondo.

Ariko bo ntibinjra mw’iburaniro ku kwanka guhumana,

ngo bashobore kurya Pasika.

 

Pilato arasohoka rero imbere yabo, ababwira ati:

Ab: «Uwo muntu mumurega iki?»

S: Baramwishura bati:

Ab: «Iyo ataba yari inkozi y’ikibi,

ntitwari kumukuzanira.»

S: Pilato ababwira ati:

Ab: «Mujane mwebwe nyene mumucire urubanza,

mukurikize itegeko ryanyu.»

S: Abayuda baramwishura bati:

Ab: «Ntitwarekuriwe kugira uwo twica.»

S: Kwari ukugira ngo ijambo Yezu yavuze

Hamwe yari yabuye ururpfu azopfa, ritahe.

Pilato rero asubira mw’iburaniro,

atumako Yezu, amubwira ati:

Ab: «Uri umwami w’Abayuda?»

S: Yezu aramwishura ati:

Y: «Ivyo ni wewe uvyivugiye,

canke ni ivyo wumva ku bandi bamvuga?»

S: Pilato amwishura ati:

Ab: «Mbega jewe ndi Umuyuda?

Abo mu gihugu cawe n’abaherezankuka bakuru ni bo bakunzaniye.

Wakoze iki?»

S: Yezu asubiza ati:

Y: «Ubwami bwanje si ubwo kuri iyi si.

Iyo Ubwami bwanje buba ari ubwo kuri iyi si,

Abantu banje bari kundwanira,

Singwe mu minwe y’Abayuda;

Eka noneho, Ubwami bwanje si ubw’aha kw’isi.»

S: Pilato amubwira ati:

Ab: «None ga, uri umwami?»

S: Yezu aramwishura ati:

Y: «Uvuze ko, ndi Umwami,

kandi ni co navukiye kikantuma nza kw’isi:

ni ukugira ngo nshingire ingingo ukuri;

uwukunda ukuri wese yumva ijwi ryanje.»

S: Pilato aramubwira ati:

Ab: «Ukuri ni iki?»

S: Avuze ayo majambo, asubira gusohoka, agana Abayuda,

araheza arababwira ati:

Ab: «Nta co namusanzeko comwica.

Ariko ni akamenyero

Ko ndabarekurira umwe ku musi wa Pasika.

None mushaka ko ndabarekurira umwami w’Abayuda?»

S: Biha induru rero bati:

Ab: «Ntumuduhe, duhe Baraba!»

S: Uwo Baraba yari umwambuzi.

Pilato rero afata Yezu aramukubitisha.

Hanyuma abasirikare bajisha urugori rw’amahwa,

barumwambika ku mutwe,

bongera bamwambika umutamana utukura.

Baramwegera bavuga bati:

Ab: «Mwaramutse, ga mwami w’Abayuda!»

S: Bongera baramukubita amakofe.

Pilato aragaruka, abwira Abayuda ati:

Ab: «Ehe ndamubazaniye,

mumenye ko ata gicumuro ndamubonyeko co kumwica.»

S: Yezu arasohoka rero uko yakambaye

rwa rugori rw’amahwa na wa mutamana utukura;

araheza Pilato ababwira ati:

Ab: «Ng’uwo wa muntu!»

S: Ngo bamubone, abakuru n’abarinzi biha induru bati:

Ab: «Ku musaraba! Ku musaraba!»

S: Pilato ababwira ati:

Ab: «Ng’uwo nimumwibambire mwebwe nyene,

jewe nta co namusanzeko gikwiye guhanwa.»

S: Abayuda baramwishura bati:

Ab: «Turi n’itegeko,

kandi turikurikije ni uwo gupfa,

kuko yigize Umwana w’Imana.»

S: Pilato ngo yumve ayo majambo, atinya ukuruta.

Asubira mw’iburaniro, araheza abwira Yezu ati:

Ab: «Uva he?»

S: Yezu yamara ntiyamwishura namba.

Pilato rero niko kumubwira ati:

Ab: «Ntunyishura jewe!

Ntuzi ko mfise ububasha bwo kukurekura

N’ubwo kukubamba?»

S: Yezu aramwishura ati:

Y: «Nta bubasha wari umfiseko,

iyo utabuhabwa n’Uwo mw’ijuru.

Ni co gituma uwakumpaye

Yakoze igicumuro kiruta icawe.»

S: Kuva ubwo, Pilato yarondera ingene yomurekura;

Abayuda yamara baja mu vyo kuyogora bati:

Ab: «Niwamurekura, ntuzoba ukunda Sezari;

kuko uwigira umwami wese aba agararije Sezari.»

S: Pilato ngo avyumve, asohora Yezu,

amwicarika ku ntebe y’imanza,

ahitwa Litositorotosi, mu gihebereyi na ho Gabata.

Hari ku musi w’ukwitegurira Pasika,

ahashira isaha ya gatandatu.

Pilato abwira Abayuda ati :

Ab: «Ng’uwo umwami wanyu!»

S: Bo bavuza induru bati:

Ab: «N’apfe! N’apfe! Mubambe!»

S: Pilato ababwira ati:

Ab: «Mbambe umwami wanyu!»

S: Abaherezankuka bakuru basubizayo bati:

Ab: «Atari Sezari, nta wundi mwami dufise.»

S: Araheza aramubaha ngo bamubambe.

 

Yezu ku gasozi ka Kalvariyo

 

Yezu ava aho yikoreye umusaraba wiwe,

agana ahantu hitwa Kalvariyo, mu gihebereyi Gologota.

Ni ho bamubambiye hamwe n’abandi babiri,

umwe ku ruhande uwundi ku rundi,

Yezu na we hagati.

 

Pilato kandi arandikisha urwandiko,

araheza arumanika hejuru ku musaraba.

Amajambo yarwo yari aya:

«Yezu w’i Nazareti, umwami w’Abayuda.»

Abayuda benshi barasoma urwo rwandiko,

kuko aho Yezu yari yabambiwe hari hafi y’igisagara

kandi rwari rwanditswe mu gihebereyi, mu kilatini no mu kigereki.

Abaherezankuka bakuru n’Abayuda babwira rero Pilato bati:

Ab: «Ntiwandike ngo: Umwami w’Abayuda, andika uti:

Uwo muntu yavuze ati: Ndi umwami w’Abayuda.»

S: Pilato arabishura ati:

Ab: «Ico nanditse canditswe.»

S: Abasirikare bamaze kumubamba,

bafata ivyambarwa vyiwe, babicamwo imyanya ine,

umwe w’umwe umwe muri bo.

Bafata ikanzu yiwe, ariko iyo kanzu ntiyagira umubariro;

yari yajishwe urunani kuva hejuru gushika hepfo.

Bavuga rero bati:

Ab: «Ntituyitabure, nimuze dutere ubupfindo bw’uwuyironka.»

S: Kwari ukugira ngo Inyandiko itahe ngo:

«Baragabanganye ivyambarwa vyanje,

na yo ikanzu yanje bayiterako ubupfindo.»

Ng’ivyo ivyo abasirikare bagize.

 

Iruhande y’umusaraba wa Yezu hari hahagaze nyina wiwe,

na nyinabo, Mariya muka Klopasi,

na Mariya Madalena.

Yezu ngo abone nyina wiwe

iruhande yiwe na ho hari wa mwigishwa yakunda,

abarira nyina wiwe rero ati:

Y: «Wa mukenyezi we, ng’uwo umwana wawe.»

S: Abwira wa mwigishwa na we ati:

Y: «Ng’uwo nyoko wawe.»

S: Kuva ubwo, nya mwigishwa aca ajana Mariya iwe.

Ivyo biheze,

kuko yari azi ko vyose vyamaze kurangira,

Kugira ngo Inyandiko iranguke rwose,

Yezu avuga ati:

Y: «Ndanyotewe.»

S: Aho hari agakono kuzuye isiki.

Bashinga rero kw’icumu akamamara bakojeje mw’isiki,

baramuhereza ngo anunuze.

Yezu amaze kunywa nya siki, ati:

Y: «Vyose birarangiye.»

S: Araheza ajondamika umutwe, aracikana.

 

Aha barapfukama, bakavuga agasabisho gatoyi banumye

 

Kubera ko wari umusi w’ukwitegurira Pasika,

- nkako isabato wari umusi mukuru uhambaye, -

Abayuda rero basaba Pilato

ngo bavune amaguru y’abari babambwe, baheze babakureho

boye kurekera imivyimba ku musaraba ku musi w’isabato.

Abasirikare rero baraza bavuna amaguru

y’uwa mbere n’ay’uwa kabiri

muri bamwe babambwe hamwe na Yezu.

Bashikiriye Yezu, basanga yamaze gucikana,

ntibamuvuna amaguru,

ariko umwe wo muri nya basirikare amusogota icumu mu rubavu,

haca hisuka amaraso n’amazi.

Uwabibonye ni we yabishingiye intahe,

kandi intahe yiwe ni iy’ukuri,

kandi urya azi ko avuga ukuri ngo namwe mwemere.

Ivyo rero vyagenze gutyo ngo inyandiko itahe:

«Nta gufa ryiwe bazovuna» ;

ahandi na ho ngo:

«Bazokwihweza uwo basogose.»

 

Itongo bahamvyemwo Yezu

 

Ivyo biheze, Yozefu w’i Arimateya, umwigishwa wa Yezu,

ariko mu mpisho kuko yatinya Abayuda,

asaba Pilato kubambura ikiziga ca Yezu.

Nikodemu na we araza,

umwe mu ntango yari yagiye gukebukana na Yezu mw’ijoro;

azana ikivange c’imira na alowe c’ingero nk’ijana.

Bafata ikiziga ca Yezu,

bakizingira mu mpuzu hamwe n’ibimoga neza,

nk’uko Abayuda babigenza mu guhamba.

Aho bari bahamvye Yezu hari umurima;

muri uwo murima, hakaba uruhafu rushasha,

ata muntu n’umwe yari bwahambwemwo.

Kandi wari umusi w’ukwitegura kw’Abayuda,

uruhafu na rwo rwari hafi,

haba ariho bahamba Yezu.

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 269
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI