Mu mugwi «WIGORE» barahimbaje yubile yabo y'imyaka 25 bamaze barangura ubutumwa bw'ugufasha ababaye
Itariki: 3/10/2019Ababisomye 4094 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Ibirori vyabereye mu kigo Foyer de Charité c'i Bujumbura, bikaba vyari vyatewe iteka n'Umwepiskopi Mukuru w'inararibonye, Nyenicubahiro Musenyeri Evariste Ngoyagoye, ari kumwe n'abasaserdoti bigeze gusangira ubutumwa n'urwaruka rwo muri uwo mugwi «WIGORE» bakiri abanyeshure

Urwaruka ruhurikiye mu mugwi «WIGORE» rwarahimbaje yubile y'imyaka 25 uwo mugwi umaze urangura ubutumwa, aho hari ku musi w'Imana igenekerezo rya 29 Nyakanga 2019. Ibirori vyabereye mu kigo Foyer de Charité c'i Bujumbura, bikaba vyatangujwe n'Inkuka ya misa yaherejwe n'Umwepiskopi Mukuru w'inararibonye, Nyenicubahiro Musenyeri Evariste Ngoyagoye, ari kumwe n'umusaserdoti yaragijwe ico kigo, Patiri Amand KANA, Patiri Jérémie BUKENE arongoye igisata ca Diyoseze gishinzwe ubutumwa bw'abalayike, n'abandi basaserdoti bigeze kuba barangurira ubutumwa muri uwo mugwi «WIGORE» bakiri abanyeshure.

 

Ijambo ry'intangamarara n'ugutanga ikaze ku batumire ryashikirijwe n'uwo arongoye ikigo «Foyer de Charité». Patiri Amand KANA yaciye abwira abatumire n'ishengero ryari ryanje muri ivyo birori icari kibakoranije, ko ari ukwigina yubile y'imyaka 25 mu mugwi «WIGORE» barangura ubutumwa bw'ugufasha abababaye. Yagize ati: «Mu myaka 25 WIGORE yakira Yezu ababaye, Yezu arwaye, Yezu agowe, Yezu yahebwe, ni igitangaro Umukama yadukoreye. Twebwe ngaha muri Foyer de Charité, aho mudusabiye ngo muze kugirira umusi mukuru wanyu hano, twarahimbawe cane, twumva ko dutewe iteka ryo kubakira.» Yaciye amenyesha mbere ko n'izindi ndinganizo zariho uwo musi bazikuyeho, kugira ngo ingene muri WIGORE bakiriye Yezu na We abakire, ko Yezu yashatse ko bidagadura iwe, nkuko na bo bidagaduye muri WIGORE.

 

Agasangwa kuri uwo musi, mu masabamana y'Ekleziya, ibisomwa vyeranda vy'uwo musi, tuvuge nk'Inkuru Nziza ya Yezu Kristu, yavuga ku wundi muntu wewe vyamugoye gufasha uwari yaragorewe kw'irembo iwe, inkuru y'umutunzi n'umworo Lazaro, mu nsiguro y'iryo jambo ry'Imana yashikirijwe na Musenyeri Evariste NGOYAGOYE, akaba yarakeje abo muri Wigore ku kuntu bobo bagerageza gufata neza ba Lazaro bari mu kibano iwabo. Yagize ati: «Mwebwe  rero, Yezu azobabwira ati: "Nari ndwaye, ni mwebwe mwantoye, ni mwebwe mwansuhuje, ni mwebwe mwanyambitse, ni mwebwe mwampaye akantu k'ukundemesha, none [...] nimushike mu bwami bw'Imana"». Araheza rero abasaba kugumya uwo mutima ngo babere akarorero keza benshi.

 

Na ryo ijambo nyamukuru ry'uwo musi rikaba ryashikirijwe n'Uwuserukira uwo mugwi, umusore Roger HAGABIYAREMYE, aho yatanguye amenyesha amamuko y'uwo mugwi, ibikorwa wagiye urarangura muri ico kiringo c'imyaka 25 umaze mu butumwa wishinze, be n'ivyo basaba bamwe n'abandi ngo Yezu ababaye abandanye yitabwaho. Amaze kwipfuriza yubile nziza abo basangiye ubutumwa, hari ivyo yabibukije, anabimenyesha abari aho, ko kuva uwo mugwi utangujwe n'abanyeshure batandatu kw'ishure ryisumbuye ryitiriwe ikiyaga Tanganyika (Lycée du Lac Tanganyika), mu mwaka w'1994, ari ho Umukama yabagabira WIGORE, aciye ku musaserdoti w'umumisiyonari, Patiri Xavier yaba muri paruwase Mikaheli Mweranda.

 

«Ni ivy'ukuri, uwo mugwi waje nk'inyishu mu rwaruka muri ico gihe co mu mwaka w'1994, aho ukwemera n'ugukunda bitari vyoroshe mu gihugu cacu [c'Uburundi], aho ibintu vy'ubwoko vyari vyiraye mu mitima myinshi.» Roger HAGABIYAREMYE rero akaba abona ko kuva ico gihe inyota yagumye ikura mu bakiranye urweze ubwo butumwa bw'ugufasha Yezu ababaye, mu nyuma mbere bakaba baragiye baradomeka uwo muriro w'urukundo no ku yandi mashure. Mbere aremeza adakekeranya ko uyu musi, mu bari mu mugwi WIGORE, urukundo rwaduze, ko bibonyemwo akanovera k'urukundo Imana yabakunze, ari na rwo baheza bagasabikaniriza uwo Yezu ababaye muri bene wabo. Yarangije akengurukira abo bose bagize ico baterera kugira ngo uwo musi wa Yubile bawuhimbaze neza.

 

Umugwi «WIGORE» ni umugwi uremesha indirimbo mu mahwaniro y'Ekleziya, ariko na cane cane ukaba uzwiko ukuremesha abagwaye badafise kiremesha. Uwo mugwi watanguye ibikorwa mu mwaka w'1994, kw'igenekerezo rya 24 Nyakanga. Ufise icivugo nyamukuru ngenderwako ngo «Tube umuco w'isi», abawugize bakaba barishingiye ingingo y'ukurondera Yezu mu bakene, mu barwaye, mu bababara, muri abo bose bahebwe n'ababo. Muri ivyo birori bakaba bari bifatanije na bene wabo bababoneye izuba, uhereye ku bawutanguje, n'abawudugije, gushika mbere no ku basaserdoti bawigezemwo.

 

Michel NIBITANGA, CEDICOM

Ivyiyumviro

Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)

Muri irya misi,

Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe, nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we. Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka yose.»

Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi.  

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilité d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 à 8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 à 16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 à 16h00
Jeudi : 15h00 à 16h00
Vendredi : 12h00 à 14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi à vendredi : 7h00 à 16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 à 17h15
Samedi : 5h30 à 6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 à 8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration à la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi à samedi de 7h00 à 19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 à 17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi à vendredi à partir de 7h00 jusqu'à 21h30
Dimanche de 13h00 à 18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 à 6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 à 7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 à 17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 à 10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi à 14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 à 19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 à 15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 à 12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 1616
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI