Urwaruka ruhurikiye mu mugwi «WIGORE» rwarahimbaje
yubile y'imyaka 25 uwo mugwi umaze urangura ubutumwa, aho hari ku musi w'Imana
igenekerezo rya 29 Nyakanga 2019. Ibirori vyabereye mu kigo Foyer de Charité
c'i Bujumbura, bikaba vyatangujwe n'Inkuka ya misa yaherejwe n'Umwepiskopi
Mukuru w'inararibonye, Nyenicubahiro Musenyeri Evariste Ngoyagoye, ari kumwe n'umusaserdoti
yaragijwe ico kigo, Patiri Amand KANA, Patiri Jérémie BUKENE arongoye igisata ca Diyoseze gishinzwe ubutumwa bw'abalayike, n'abandi basaserdoti bigeze kuba barangurira
ubutumwa muri uwo mugwi «WIGORE» bakiri abanyeshure.
Ijambo ry'intangamarara n'ugutanga ikaze ku batumire
ryashikirijwe n'uwo arongoye ikigo «Foyer de Charité». Patiri Amand KANA yaciye
abwira abatumire n'ishengero ryari ryanje muri ivyo birori icari kibakoranije,
ko ari ukwigina yubile y'imyaka 25 mu mugwi «WIGORE» barangura ubutumwa bw'ugufasha
abababaye. Yagize ati: «Mu myaka 25 WIGORE yakira Yezu ababaye, Yezu arwaye,
Yezu agowe, Yezu yahebwe, ni igitangaro Umukama yadukoreye. Twebwe ngaha muri
Foyer de Charité, aho mudusabiye ngo muze kugirira umusi mukuru wanyu hano,
twarahimbawe cane, twumva ko dutewe iteka ryo kubakira.» Yaciye amenyesha mbere
ko n'izindi ndinganizo zariho uwo musi bazikuyeho, kugira ngo ingene muri WIGORE
bakiriye Yezu na We abakire, ko Yezu yashatse ko bidagadura iwe, nkuko na bo
bidagaduye muri WIGORE.
Agasangwa kuri uwo musi, mu masabamana y'Ekleziya,
ibisomwa vyeranda vy'uwo musi, tuvuge nk'Inkuru Nziza ya Yezu Kristu, yavuga ku
wundi muntu wewe vyamugoye gufasha uwari yaragorewe kw'irembo iwe, inkuru y'umutunzi
n'umworo Lazaro, mu nsiguro y'iryo jambo ry'Imana yashikirijwe na Musenyeri
Evariste NGOYAGOYE, akaba yarakeje abo muri Wigore ku kuntu bobo bagerageza
gufata neza ba Lazaro bari mu kibano iwabo. Yagize ati: «Mwebwe rero, Yezu azobabwira ati: "Nari ndwaye,
ni mwebwe mwantoye, ni mwebwe mwansuhuje, ni mwebwe mwanyambitse, ni mwebwe
mwampaye akantu k'ukundemesha, none [...] nimushike mu bwami bw'Imana"».
Araheza rero abasaba kugumya uwo mutima ngo babere akarorero keza benshi.
Na ryo ijambo nyamukuru ry'uwo musi rikaba
ryashikirijwe n'Uwuserukira uwo mugwi, umusore Roger HAGABIYAREMYE, aho
yatanguye amenyesha amamuko y'uwo mugwi, ibikorwa wagiye urarangura muri ico
kiringo c'imyaka 25 umaze mu butumwa wishinze, be n'ivyo basaba bamwe n'abandi
ngo Yezu ababaye abandanye yitabwaho. Amaze kwipfuriza yubile nziza abo
basangiye ubutumwa, hari ivyo yabibukije, anabimenyesha abari aho, ko kuva uwo
mugwi utangujwe n'abanyeshure batandatu kw'ishure ryisumbuye ryitiriwe ikiyaga
Tanganyika (Lycée du Lac Tanganyika), mu mwaka w'1994, ari ho Umukama
yabagabira WIGORE, aciye ku musaserdoti w'umumisiyonari, Patiri Xavier yaba
muri paruwase Mikaheli Mweranda.
«Ni ivy'ukuri, uwo mugwi waje nk'inyishu mu rwaruka
muri ico gihe co mu mwaka w'1994, aho ukwemera n'ugukunda bitari vyoroshe mu
gihugu cacu [c'Uburundi], aho ibintu vy'ubwoko vyari vyiraye mu mitima myinshi.»
Roger HAGABIYAREMYE rero akaba abona ko kuva ico gihe inyota yagumye ikura mu
bakiranye urweze ubwo butumwa bw'ugufasha Yezu ababaye, mu nyuma mbere bakaba
baragiye baradomeka uwo muriro w'urukundo no ku yandi mashure. Mbere aremeza
adakekeranya ko uyu musi, mu bari mu mugwi WIGORE, urukundo rwaduze, ko
bibonyemwo akanovera k'urukundo Imana yabakunze, ari na rwo baheza
bagasabikaniriza uwo Yezu ababaye muri bene wabo. Yarangije akengurukira abo
bose bagize ico baterera kugira ngo uwo musi wa Yubile bawuhimbaze neza.
Umugwi «WIGORE» ni umugwi uremesha indirimbo mu
mahwaniro y'Ekleziya, ariko na cane cane ukaba uzwiko ukuremesha abagwaye
badafise kiremesha. Uwo mugwi watanguye ibikorwa mu mwaka w'1994,
kw'igenekerezo rya 24 Nyakanga. Ufise icivugo nyamukuru ngenderwako ngo «Tube
umuco w'isi», abawugize bakaba barishingiye ingingo y'ukurondera Yezu mu
bakene, mu barwaye, mu bababara, muri abo bose bahebwe n'ababo. Muri ivyo
birori bakaba bari bifatanije na bene wabo bababoneye izuba, uhereye ku
bawutanguje, n'abawudugije, gushika mbere no ku basaserdoti bawigezemwo.
Michel NIBITANGA, CEDICOM
Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)
Muri irya misi,
Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri
wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri
ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe,
nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise
ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri
wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura
umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we.
Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha
ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru
banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka
yose.»
Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi. Â