Ku w'Imana igenekerezo rya 06 Gitugutu 2019, kari akanyamuneza kadasanzwe aho abaririmbiramana bo mu mugwi «Mikaheli Mweranda» bo kuri Paruwase Mikaheli Mweranda bagendererwa n'abo mu mugwi «Uwasamye ata gicumuro» bo muri Paruwase yitiriwe Umweranda Eduwardo yo mu Bukeye, mu rwego rw'ukuramukanya. Urubanza rurongora ivyo birori rwatangujwe n'inkuka ya misa, igihe c'isaha zine zo mu gatondo (10h00).
Mu gice ca mbere c'ivyo
birori, ari co c'Inkuka y'imisa yarongowe na Patiri Raymond NDUWAYO, asanzwe
aba aho kuri Paruwase Mikaheli Mweranda, insiguro y'Ijambo ry'Imana yashimikiye
ku rukundo ruranga abashize hamwe, bemera gufashanya no kugenderanira. Iyo misa
ikaba yazozerewe mu kanyamuneza, nk'uko vyagaragara ku bagiwe iyo migwi y'abo
baririmbiramana uko ari ibiri.
Inyuma y'inkuka ya misa,
abo baririmbiramana baciye bahurira muri imwe mu nyubakwa za Paruwase Mikaheli
Mweranda, maze baraheza babandanya biginana, bongera basangira amasaka, mu
gahimbare k'umuvukano. Mu majambo bagiye barahanahana, kagumye ari
akanyamuneza.
Ibirori vyagiye
gusozerwa n'umuhezagiro washikirijwe na Patiri Prosper BIGIRIMANA, icegera ca
Patiri Mukuru, akaba kandi ajejwe n'ubutumwa bw'imihari n'imigwi muri Paruwase.
Claver KAYOYA, Paruwase
yitiriwe Umweranda Mikaheli
Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)
Muri irya misi,
Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa
n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga
bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu
mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo
birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima
ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima.
Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari
azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko
ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye
biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.
Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni
Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise
amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda
w’Imana.»
Â