Hari mu ntumbero y'ukwunga
ubucuti, aho ku w'Imana igenekerezo rya 6 gitugutu uyu mwaka, mu mugwi
w'abaririmbiramana «Magnificat» wo muri Paruwase ya Muramvya bari baramutse bakira
bene wabo bo ku gisata ca Gishingano, muri Paruwase Kamenge, bakaba babanje
gusangira inkuka ya misa imbere y'uko babandanya biginana. Iyo misa yatanguye
igihe c'isaha zine n'iminota mirongo ine n'itanu (10h45), aho mbere abo
baririmbiramana ari na bo banaremesheje indirimbo zose zaririmbwe muri iyo
misa.
Inkuka ya misa isohotse,
abo bashitsi baciye bakirwa na bagenzi babo mu nyubakwa y'amanama y'ishure
ryisumbuye «Lycée Muramvya», ahabereye agatutu n'ukwiginana. Ijambo ry'Uwurongoye
abaririmbiramana bo mu mugwi «Magnificat», ahanini rikaba ryararanzwe n'uguha
ikaze abo bashitse baje bava ku gisata Gishingano, eka n'abatumire bari ngaho.
Na we uwurongoye umugwi «Mukiza
Mweranda» yo ku gisata Gishingano, mw'ijambo ryiwe, yabanje gukenguruka ko
bakiriwe muri Paruwase Muramvya, maze araheza ashikiriza icatumye biyumvira
Paruwase Muramvya ngo bayigenderere. Yagize ati: «Ni ukurondera umuvukano», mu
gushimangira iyo nsiguro y'urwo rugendo rwabo, akaba yaribukije ko Paruwase
Muramvya ihana urubibe na Komine Isale, iyi na yo ikaba ari yo irimwo ico
gisata ca Gishingano co muri Paruwase Kamenge.
Uwaserukiye abatumire,
na we nyene yaragize ico ashikiriza, akaba yarakengurutse ukuntu umugwi w'abaririmbiramana
«Magnificat» utashimye kwigungana urubanza, ahubwo riho ukiyumvira no ku bandi
bakristu basangiye umuryango w'Ekleziya muri Paruwase. Yaciye mbere aheraheza
asezeranye ko umusi baramutse na bo bateguye kuja kuramutsa abo bavukanyi bo mu
Gishingano, bobabwira, bakabaherekeza.
Eka na Patiri Egide
NDIKUMANA, mw'izina ry'umubano w'abasaserdoti ba Paruwase Muramvya, no mw'izina
ry'abanyamuryango ba Paruwase nyene, yarakengurutse ico ciyumviro ciza co
kwunga ubucuti hagati y'iyo migwi abiri. Uwo musaserdoti ashinzwe ubutumwa
bw'imihari n'imigwi muri Paruwase, afatiye kuri iyo migenderanire bari bahejeje
kwerekana, akaba yaboneyeho gusaba abo baririmbiramana ko bokwama na ntaryo bitwararika
kuba akarorero keza vy'ukuri, kandi ngo ntibaze bigere bibagira kwambaza Bikira
Mariya ngo abasabire ku Mwana wiwe Yezu, kuko ku bwiwe ngo abaririmbiramana bafise
igikorwa kinini, kuko ngo biciye mu ndirimbo zabo, bafasha abakristu gusenga
neza.
Urwo rubanza rukaba rwasozerewe
n'indirimbo n'intambo z'ugukengurukira Imana, be n'umuhezagiro w'icese
washikirijwe n'uwo musaserdoti yaciye.
Tharcisse Kantungeko,
Paroisse Muramvya
Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)
Muri irya misi,
Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri
wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri
ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe,
nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise
ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri
wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura
umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we.
Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha
ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru
banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka
yose.»
Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi. Â