Muri komine Rutegama, mu gitondo c'uyu wa gatanu igenekerezo rya 11 Gitugutu, hazindutse haba isanganya rikomeye rivuye ku mvura nyishi yaraye iguye. Iyo mvura yatumye hari inzu yahenukiye ku banyeshure batatu bahora bayibamwo, bose bakaba baciye bitaba Imana ubwo nyene.
Abo bashengeye ibukama
bahora biga kw'ishure ryisumbuye «Lycée Communal» yo mu Rutegama: Umuhisi
Clotilde BERAHINO avuka Kibimba ca Giheta, akaba yahora yiga mu mwaka wa kane
w'igishata c'Inderabigisha; Umuhisi Solange Odura NCOREKEYIMANA na we nyene
avuka aho mu Kibimba ca Giheta, akaba yahora yiga mu mwaka wa kabiri
w'inderabigisha; na we Umuhisi Francine avuka ku Mutoyi wa Bugendana, na we
nyene akaba yahora yiga mu wa kane w'Inderabigisha.
Ikigo ca Diyoseze Nkuru
ya Bujumbura CEDICOM kirahojeje imiryango, incuti, abagenzi n'ishure vy'abo bahisi
babuze ababo. Imana ibahe kwihangana, yongere ihe abo bayitavye kuruhuka mu
mahoro.
Michel NIBITANGA,
CEDICOM
Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)
Muri irya misi,
Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri
wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri
ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe,
nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise
ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri
wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura
umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we.
Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha
ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru
banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka
yose.»
Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi. Â