Ifubwa ry'umuhisi Paulin MANIRAMBONA yahora ari Umumenyeshamana muri Paruwase Ruziba
Itariki: 12/10/2019Ababisomye 15101 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Umumenyeshamana Paulin MANIRAMBONA yitavye Imana ahitanywe n'isanganya ry'imodoka ku musi w'Imana igenekerezo rya 6 Gitugutu 2019
Hari ku wa kane igenekerezo rya 10 Gitugutu, mu kibanza ceranda benshi bita mw'itongo ry'abitavye Imana, mu Ruziba, aho hari haramutse hafubwa Umumenyeshamana Paulin MANIRAMBONA wo muri Paruwase yitiriwe Umweranda «Tereza w'i Calukuta ya Ruziba».

Umuhisi Paulin MANIRAMBONA yahora arangura ubutumwa muri Paruwase Ruziba nk'Umumenyeshamana, akaba yari arongoye abamenyeshamana. 
Mu gusozera ubuzima bwiwe bwo ngaha kw'isi, Umumenyeshamana Paulin MANIRAMBONA akaba yahitanywe n'isanganya y'imodoka yabereye iruhande y'ico kibanza nyene c'amaziko, ku musi w'Imana igenekerezo rya 6 Gitugutu 2019, igihe c'isaha zibiri z'ijoro, aho yari avuye ku butumwa bwiwe bwa misi yose. 

Ugufubwa kw'umuhisi Umumenyeshamana Paulin MANIRAMBONA kwatangujwe n'inkuka ya Misa y'ukumuhereza Umukama, inyuma y'aho abiwe bari bahejeje kumusezera, aho yari amaze imisi abitswe mu buruhukiro bw'ibitaro vyitiriwe Umwami samuragwa Karoli («Prince Régent Charles»).

Iyo nkuka yaherejwe kw'isaha zine  zo mu gitondo, irongowe na Patiri Venant NTAHONKIRIYE arongoye umubano w'abapatiri b'inyigisho rukristu, abo bita «Les Pères Doctrinaires» mu rurimi rw'igifaransa, bo mu Kinindo, ari na bo Paruwase Ruziba yaragijwe. Uwo musaserdoti, akaba yarafatikanije n'abandi basaserdoti basangiye ubutumwa, ari bo Patiri mukuru wa Paruwase, na Patiri Innocent BANDYATUYAGA ubu arongoye Paruwase Magara, ariko akaba yahoze afasha ubutumwa kuri iyo Paruwase nyene, mu myaka yahera.

Urwo rubanza kandi rwari rwitabwe n'isinzi ry'abakristu bari baje mu Nkuka ya Misa, be n'abari baje vy'umwihariko gusezera uwo muhisi.
Mu nsiguro y'ijambo ry'Imana yamurikiye uwo mugirwa w'ugusezera rukristu uwo mumenyeshamana, umusaserdoti yaragize n'ico yavuze ku bijanye n'ivyaranze ubuzima bw'uwo muhisi mu vy'ubutumwa yari ashinzwe. Yavuze ati: «Paulin MANIRAMBONA
yari umuntu Afise umwete n'ukwitaho ubutumwa bwose yari ajejwe kuri Paruwase, ubutumwa yari amazemwo imyaka  25».

Yaboneyeho kwibutsa ko uwo muhisi ari mu bakiye uwo muryango w'abasaseredoti. Ikindi yafashije ngo ni ukwigisha abitegurira amasakaramentu atandukanye. Eka mbere ngo yari azi kunezererwa hamwe n'abanezerewe, akababarana n'abababaye, gushika n'aho yaraherekeza n'abarwaye, akakira n'abo bose baza bamugana. «Yari umuvuzi akomereye, kuko yafasha benshi bakomeretse ku mutima; arengukanye ibikomere vya benshi, tumufateko akarorero», ni ko yabandanije avuga.

Tubibutse ko Paulin MANIRAMBONA abaye uwundi mumenyeshamana Paruwase Ruziba ibuze, inyuma ya Gédeon NDORICIMPA yitavye Imana ku wa 26 Ruheshi 2010. Iyo Paruwase yarabuze kandi n'Umusaseredoti, umuhisi Patiri Mascarin RUCIANO bita Mutama, yari arongoye umubano w'abapatiri b'inyigisho rukristu («Les Pères Doctrinaires»).

Paulin MANIRAMBONA yitavye Imana yari akiri mu butumwa nk'Umumenyeshamana, akaba kandi yari n'inararibonye mu muhari wa CHIRO, kuri Paruwase Ruziba, ari na co gituma ivyo birori vyaranzwe n'isinzi ry'abakristu, aba-CHIRO bakaba bari bafashe iya mbere mu kumuherekezanya iteka, bamuvugiriza amatarumbeti yabo, bafise n'imyambaro ibaranga. Asize umukenyezi n'abana indwi ataho barigeza. Imana imwakire mu Bwami bwayo. 

Emmanuel HARIMENSHI, Paruwase Ruziba
Ivyiyumviro

Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje amaraso yiwe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 30-35)

Muri irya misi,

Abayuda babwiye Yezu bati: «Ikimenyetso ukoze none ni ikihe ngo tubone, duheze twemere? Uza gukora iki? Basokuru bacu barariye mana mu gahinga, nk’uko vyanditswe ngo: “Yarabagaburiye umukate uvuye mw ijuru”.» Yezu arababwira ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: Musa ntiyabahaye umukate uvuye mw’ijuru; Dawe ni we abaha umukate w’ukuri uvuye mw’ijuru, kuko umukate w’Imana ari wo umanuka uva mw’ijuru ukazanira abantu ubuzima.» Baramubwira rero bati: «Mukama, urakoze, uraduha uwo mukate.» Yezu arabishura ati: «Jewe ndi wa mukate w’ubuzima; uwunyegereye ntazoba agisonza, kandi uwunyemeye ntazoba akinyoterwa.»

 

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 175
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI