Mu guhimbaza
umwaka ugira uwa 58 w'ukwibuka igandagurwa ry'incungu y'Ukwikukira kw'Uburundi,
Umuganwa Ludoviko Rwagasore, Inkuka ya misa yaraherejwe mu Ngoro y'Imana yo
kuri Katedrale Regina Mundi, kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 14 Gitugutu
2019. Iyo misa yari irongowe na Musenyeri Anatole Ruberinyange, icariho c'Umwepiskopi
wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura.
Iryo himbazwa ryari ryitabwe n'abarundi batandukanye, guhera ku Mukuru w'igihugu
c'Uburundi, Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, ari kumwe n'Umutambukanyi wiwe, n'izindi
ndongozi z'igihugu, haba mu vy'intwaro, mu nama Nshingamateka na
Nkeguzamateka, mu gisirikare no mu gipolisi; abagize umuryango w'Umuganwa
Ludoviko Rwagasore; be n'abandi bakristu bagwiriyemwo abo mu gisagara ca
bujumbura.
Insiguro yashikirijwe ku bw'ihimbazwa ry'uwo musi yafatiye ahanini kw'ijambo ry'Imana ryari risanzwe ritegekanijwe mu
bisomwa vyeranda vyo ku musi wa mbere w'idominika ya 28 yo mu mwaka C. Uwo
yahereje iyo Nkuka ya Misa akaba yarasiguye ko igandagurwa ry'Incungu y'Ukwikukira kw'Uburundi
ryofatwa nk'akaryo k'ugusaba umuvukano hagati y'abo Imana yasangije ico gihugu.
Musenyeri Anatole Ruberinyange yatumiriye kwubaka umuvukano nk'abarundi, eka n'abanyamahanga baba mu burundi, na zina mukristu wese, mbere uwo muvukano ngo bagaheza bakanawigisha n'abandi. Ivyo yabivuze mu nsiguro yatanze mu majambo atatu nyamukuru: ukwemera, urukundo, n'umuvukano, ivyo na vyo nyene ngo bikaba biri mu vyaranze iyo ncungu y'ukwikukira kw'Uburundi.
Ku vyo uwo
yahereje igisabisho c'Inkuka ya misa yamenyesheje, ngo nta nkeka ko ako karanga k'ukwemera kavuzwe mu bisomwa, Umuganwa Ludoviko Rwagasore yakagendera, kuko ngo
yakunda kuja mu misa, agakunda no kuronka amasakramentu. Mbere ngo n'umusi
bamugandagura, ngo biremezwa ko yoba yari yazindutse mu misa.
Ku bijanye n'urukundo yari afitiye Uburundi n'Abarundi, ngo rwerekanwa n'ukuntu uwo muganwa yemeye kwitanga ngo yigure bene wabo basangiye igihugu, aho hose ashaka ko bokwishira bakizana. Ikigeretseko, ivyo vyose yaravyemeye, kandi yari umwana w'Umwami, ni ukuvuga wa wundi ataco yari abuze ugereranije n'abandi bene gihugu. Ngo ivyo vy'ukwitanga yari kuba yoshobora no kureka kubijamwo, ariko ngo kubera uwo mutima w'urukundo yari afitiye bene wabo, yaravyemeye, ngo ineza ya zina Murundi wese ibe ari yo ija imbere.
Ku bijanye
n'umuvukano, ari na wo Icariho c'Umwepiskopi yashimikiyeko cane, ngo na ho
nyene Abarundi barafise ico bokwigira ku Muganwa Ludoviko Rwagasore, kuko ngo
yavyerekanye mu kwubaka ubumwe mu Barundi bose, atavanguye. Aho nyene ni ho Musenyeri
Anatole Ruberinyange yadugiye atumirira abarundi kubandanya bubaka uwo muvukano
no kuwuzigama, na cane cane mu mwaka w'amatora bimirije w'2020.
Yabasavye ashimitse ko bose bobona ko mu butandukane bwabo ari abavukanyi, ko hatogira Umurundi n'umwe boshira mu bo ataco bapfana, kuko ngo Imana yabavukanishije mu buryo bwinshi, na cane cane mu kubasangiza igihugu kimwe. Yanagarutse no ku biva mu kanwa k'abarundi, ni ukuvuga amajambo babwirana, ko yoba ayahezagira abandi, hakuba ay'agasema: «Uwo ugira uvuge, muravukana», ni ko yavuze.
Yaheraheje yibutsa ibintu bitatu Yezu asaba Abarundi: «Nimukundane» (Yoh.13,34); «Ico ushaka ko abandi bakugirira, kibagirire nawe» (Mat.7,12); «Mwese muravukana» (Mat.23,8; maze asaba ko ayo majambo boyafata nkama, ngo ni ho iragi barazwe na Rwagasore bazoba barigize iryabo koko. Yasozereye asaba Umukama ko yoguma akingira Uburundi n'abarundi, be n'indongozi z'igihugu. Imisa irangiye, ibirori bikaba vy'abandanirije ku musozi Vugizo wo ngaho mu gisagara ca Bujumbura nyene, ahasanzwe ari na ho hari Intatemwa y'iyo ncungu y'Ukwikukira kw'Uburundi.
Umuganwa Rudoviko Rwagasore yagandaguwe kw'itariki 13 Gitugutu 1961, ariko ihimbazwa ry'imyaka 58 y'ukwibuka urupfu rwiwe ryashizwe kw'itariki 14 Gitugutu 2019, kubera ko itariki yapfiriyeko yahuriranye n'umusi abarundi baba basanzwe bari mu karuhuko k'ugusozera iyinga. Tubibutse ko yari yavutse mu mwaka w'1932. Amaze gushika ku rugero rwo kuja mu mashure, akaba yaciye yiga amashure mato mato, ayisumbuye na kaminuza, maze araheza aja mu vy'uguharanira intahe y'ukwikukira kw'igihugu ciwe, ari na vyo vyatumye agandagurwa, amezi make imbere y'isango ry'ukwo kwikukira kw'uburundi.
Michel NIBITANGA, CEDICOM
Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha: nk’uko ndabakunda, nimukundane namwe.» Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (13, 1-15)
Yezu yarabakunze urutiziganya
Imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu kuko yari azi ko ubutigu bwiwe bwo kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se bwashitse, kandi kuko yari yakunze abiwe bo kuri iyi si, yarabakunze urutiziganya.
Uwo musi bariko barafungura, Shetani yari imaze gushira mu mutima wa
Yuda Isikariyoti mwene Simoni imigambi yo kumugurisha, Yezu na We yari azi ko
Se yamugabiye ibintu vyose, ko yakomotse ku Mana kandi agira ngo asubire ku
Mana.
Mu gihe bariko barafungura rero, Yezu yavuye ku meza, akūra umutamana wiwe, yakira igitambara, aragikanyera. Hanyuma asuka amazi
mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe no kubihanaguza nya
gitambara akenyeye.
Ashikiriye Simoni Patero, Patero amubwira ati: «Mukama, ari Wewe unyoza
ibirenge!» Yezu aramwishura ati: «Ico ngira nturi bugitegere ubu, uzogitegera
hanyuma.» Petero aramubwira ati: «Ntirikabe, ntuzokwigera unyoza ibirenge!»
Yezu asubizayo ati: «Nintakwoza, nta co uzoba ugisangiye nanje.» Simoni Petero
amubwira ati: «Mukama, nivyaba ari ivyo, ntunyoze ibirenge bisa, nyoza n’umutwe
n’iminwe!» Yezu amubwira ati: «Uwamaze kwiyuhagira ntaba agikeneye kwozwa, kuko
ata mwanda aba afise; namwe nyene muri beranda ariko si mwese.» Na none yari
azi uwuza kumugurisha; ni ko kuvuga ati: «Ntimuri beranda mwese.»
Ahejeje kuboza ibirenge, yambara umutamana wiwe, asubira ku meza, ababwira
ati: «Mwategereye ico nabagiriye? Munyita Mwigisha na Mukama, kandi muvuga
ukuri, kuko ndi we. Ko rero jewe Mukama Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa
namwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero, ngo namwe mwigenze nk’uko
nabagiriye.»