Hari ku wa gatandatu igenekereza rya 5 Gitugutu
2019, aho mu muryango w'ababikira b'aba Annonciades bari baramutse bakira indagano
z'abanovise bane zibaha uburenganzira bw'ukwinjira icese nk'ababikira muri uwo muryango.
Abo bagize indagano zabo za mbere ni Novice Alida AHISHAKIYE, Novice Donavine
NDAYIHAYA, Novice Fabiola NIYONIZEYE, Novice Emelyne NDUWAYEZU, indagano
zabashikanye ku rugero rw'ukuba ababikira. Na we uwagize indagano za burundu ni
Mama Mariya Claudette NDAYININAHAZE. Ibirori bikaba vyabereye muri Paruwase yitiriwe
umweranda Aloys yo mw'i Jenda, bitangujwe n'Inkuka ya misa.
Iyo nkuka ya misa yatangujwe n'urugendo rugana
kuri Altari, mw'Isengero, ikaba yari irongowe n'Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru
ya Bujumbura, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi BANSHIMIYUBUSHA, ari kumwe
n'Umwepiskopi w'Inararibonye yahoze arongoye iyo Diyoseze, Nyenicubahiro Musenyeri
Evariste NGOYAGOYE, hamwe n'abasaserditi isinzi. Ivyo birori vyari vyitabwe kandi
n'abihebeye Imana bo mu miryango itandukanye, abatwara intara, n'isinzi
ry'abakristu bari baje gushigikira abaraganye.
Mu nsiguro y'ijambo ry'Imana ryasomwe muri iyo
Nkuka ya misa, Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yaribukije abagira bagire
indagano ko ata wusubirira uwundi imbere y'Imana, canke ngo amumusubirire mu
butumwa, kuko ngo umwe wese afise ico Imana yamutoreye. Abari aho na bo yabasavye
ko ihimbazwa ry'ivyo birori ryobabera akaryo k'ugusubira kurimbura itorwa ryabo,
maze umwe wese agasubira akibaza ati: «Mbega, Imana yantoreye iki?» Ngo boheza
rero bagatohoza umuhamagaro wabo igihe cose, kugira ngo ntibaze bihende.
Bamwe bari baramutse bafise isango ry'ukugira
indagano, ryahavuye rero riranguka, baraheza barashikiriza indagano zabo imbere
y'Umwepiskopi n'imbere y'uwuserukira umuryango wabo mu Burundi. Abagize
indagano za mbere baciye batangarizwa icese ko batakiri abanovise, ahubwo babaye
ababikira, kandi ababikira bo mu muryango w'aba Annonciades, maze baraheza baronswa
ikimenyetso c'Umusalaba. Na we uwagize indagano za burundu yavuze ati: «Ndakwihaye
wese, Mukama, ubutacisubirako!», araheza ahabwa ikimenyetso c'impeta ku rutoke.
Mu kugaragaza akanyamuneza, abagize indagano
baserukiwe na Mama Mariya Claudette. Mw'ijambo ryiwe, yatanguye akengurukira
umuryango w'aba Annonciades ko wabakiriye kuva bakidodora, bakaba rero ngo bari
bahimbawe cane kubona bari bashitse kuri iyo ntambwe. Yashimye kw'izina ryiwe
no ku ry'abavukanyi bagize indagano za mbere, yongera asaba intererano
y'igisabisho, kuko ku bwiwe ngo ata witwaza ibanga.
Inyuma y'Inkuka ya Misa, ibirori vyabandanyirije
ku gusangira inzimano, ikiyago n'ukwiginana. Umwe mu bagize indagano za mbere na
we nyene akaba yarahavuye aronka akanya k'ukugaragaza akanyamuneza yari afise
ko kubona bakiriwe icese mu muryango. Yamenyesheje ko bari bamaze imyaka itari
mike bitegurira iryo banga, bihweza uwo muryango, gushika aho na bo basaba
kwinjira icese, none ico basavye bakaba bakironse. Mbere ubu akaba yongereweko
n'akandi kazina k'iteka, ahahora hari akazina «Novise» hakaja «Mama», kuko kuva ubwo
yaciye yitwa «Mama Emelyne NDUWAYEZU». Yagize ati : «Twariteguye bikwiye, kuko
twari tumaze imisi indwi mu mwiherero hamwe n'Umukama; ni iteka rero kubona
dushikiriye iri banga.»
Uwaserukiye uwo muryango w'aba Annonciades mu Burundi, Mama Christine NIYONKURU, na we yaragize ico ashikiriza mu guhimbarwa n'ukubona umuryango wibarutse abatumwa b'ibanaga baza gusahiriza bene wabo bataravunika, na cane cane bakumviriza ijwi ry'Umukama, kandi bakaryumviriza neza, badaciye kubiri na ryo. Yarangije atera intege abo bagize indagano, ko bokwama bisunga za ngeso nziza zaranze Bikira Mariya. Izo na zo ngo ni na zo zubatse akarangamutima n'akarangabutumwa k'uwo muryango, kuko ngo bafatira kuri ya «Ego» ya Bikira Mariya, aho yagira ati: «Jewe ndi umusavyi w'Umukama, nibibe nk'uko umbwiye.»
Umuryango w'Aba Annonciades ni umwe mu miryango
y'abihebeye Imana b'ababikira urangurira ubutumwa muri Diyoseze Nkuru ya
Bujumbura. Ufise imibano ibiri, uwo mw'i Jenda, mu ntara ya Bujumbura ihanamiye
igisagara ca Bujumbura, utera winjira hagati mu gihugu, be n'uwundi wo muri Paruwase
Katedrale Regina Mundi, muri ico gisagara rero. Uwo muryango watanguriye mu
gihugu c'Ububiligi utangujwe n'umusaserdoti Pierre Jacques de Clerk, ukaba washitse
mu Burundi mu mwaka w'1958. Ubu umaze imyaka 61 urangurira ubutumwa mu Burundi,
na cane cane mu Diocese nkuru ya Bujumbura.
Furera Constantin MANIRANKUNDA, CEDICOM
Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)
Muri irya misi,
Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri
wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri
ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe,
nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise
ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri
wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura
umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we.
Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha
ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru
banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka
yose.»
Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi. Â