Ingo 11 zari zimaze amezi arenga 6 zironswa inyigisho zerekeye iryo banga ry'abashingantahe, zaratiwe muri iryo banga, inyuma y'ukwiyemeza kugendera ibanga ry'abashingantahe
Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 18 Gitugutu, kuva kw'isaha zine zo mugitondo, muri Zone Kanyosha, abashingantahe bo mu gisagara ca Bujumbura barahimbaje umusi mukuru w'intahe, bongera baratira ingo 11 muri iryo banga. Ibirori vy'urwo rubanza vyabereye ku cicaro ca Paruwase Kanyosha.
Urwo rubanza rwantanguriye ku rugendo, berekeza ikibanza cari categuwe kuberamwo urwo rubanza, bagenda barararirimba indirimbo zihayagiza intahe n'umushingantahe. Inyuma y'ukuririmba ururirimbo ruhayagiza ukwikukira kw'Uburundi n'uruhayagiza intahe, haciye hashikirizwa indinganizo nyezina y'urubanza.
Inyuma yaho Donatiano MPAWENAYO arongoye inama y'abashingantahe ku rwego rwa zone Kanyosha, yaciye aha ikaze abashitsi. Abo bashitsi bari bagizwe n'abashingantahe bo mu ma zone yose agize igisagara, abashingantahe baserukira izindi ntara, ivyegera vy'umukuru w'abashingantahe mu gihugu, harimwo n'inararibonye muri urwo rwego, Patiri Adriano NTABONA, abserukiye intwaro muri Komine ya Muha, hamwe n'urwego rw'abashingantahe mu gisagara ca Bujumbura, ari na bo batunganije urwo rubanza.
Ingo 11 zari zimaze amezi arenga 6 zironswa inyigisho zerekeye iryo banga ry'abashingantahe, zaratiwe muri iryo banga inyuma y'ukwiyemeza kugendera ibanga ry'abashingantahe, nk'uko biri mw'itegeko rigenga abashingantahe. Umugabo n'umugore, bafashwe mu mugongo n'abahagarikizi babo imbere y'umukuru w'abashingantahe bo mu gisagara, n'izindi nararihonye, baca bashijiriza ivyo biyemeje n'ivyo bazokora, ivyo na vyo bikaba ari ukugendera ibanga n'ijambo; ugukunda igihugu n'abantu bose; impuwe n'ubuvyeyi; ugutunganiriza bose; n'izindi ngeso nziza.
Mu kwerekana ko bashimitse mu vyo biyemeje, barashirako n'indahiro, bati: «Iryo banga ninarimena, riramena inda». Abahejeje gushikiriza indagano zabo baca bandikwa mu gitabu c'abashingantahe, bagaca batera igikumu, bagaheza rero bakaronswa ikarata ndangamushingantahe, gutyo bagaca baja kwicara mu kibanza kirimwo abashingantahe bababoneye izuba muri iryo banga. Amajambo yakurikiye yari ayo gukeza n'uguhanura abo bari bahejeje kwatirwa. Izo mpanuro bakaba bazishikirijwe na Patiri Adriano Ntabona, inararibonye muri iryo banga.
Mu mpanuro yashikirije, Patiri Adriano Ntabona yamenyesheje ko abashingantahe badakwiye kuba indorerezi mu bintu vyose, ahubwo nyabuna bakwiye kuba ababanguka, haba mu bikorwa bashinzwe, eka mbere no mu migwi barimwo, badasize inyuma ugusenga Imana, bakongera bakirabishako n'Ijambo ryayo. «Umushingantahe yemera guhinduka n'uguhindura abandi», ni ko yabandanije avuga.
Na ryo iambo nyamukuru ry'uwo musi ryashikirijwe na Cassien SIMBARE, umushingantahe yahora arongoye urwego rw'abashingantahe mu gisagara ca Bujumbura. Yamenyesheje abari aho ko mu guhimbaza umusi mukuru w'intahe uko umwaka utashe, ari ukurondera kwibutsa abarundi bose, na cane cane abakiri bato, ubutwari n'ubwitonzi vyaranze ba Sogokuru mu gushinga uwo mugenzo mwiza ushingiye ku kugendera mu kuri butungane, mu kwamana impuhwe n'ikigongwe mu babanyi, vyo shingiro ry'umubano mwiza n'amahoro arama.
Mwomenya ko uyu mwaka, inama nkuru y'abashingantahe yatanze icivugo abashingantahe bazogenderako mu mwaka ugiye gutangura, na co kikaba kigira kiti: «Bashingantahe, Bapfasoni, dushire imbere ingendo ya gishingantahe muri ibi bihe vy'amatora». Ico civugo bakazogishikirizwa icese mu nama nkuru y'abashingantahe ku rwego rw'igihugu, inama izobera mu ntara ya Rumonge ku wa 26 Gitugutu. Mwomenya kandi ko ukwatira abashingantahe mu gisagara ca Bujumbura vyatanguye mu mwaka w'2002.
Gonzalve Ntashimikiro, Paruwase Kanyosha