Ikete ry'ubutumwa rya Nyenubweranda Papa Benedigito wa 15: «Ubutumwa buhambaye» ku bakuru b'Ekleziya, abepiskopi bo kw'isi yose ryerekeye ukumenyesha inkuru nziza kw'isi yose
Itariki: 23/10/2019Ababisomye 5449 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Iri kete yaryanditse mu gihe abamisiyonari bariko baratanguza Ekleziya muri Afrika na Asiya. Yashaka kwerekana uruhara rw'uwabatijwe mu butumwa bw'ukumenyesha Inkuru Nziza kwisi yose

Ngiri ikete Nyenubweranda Papa Benedigito wa 15 yandikiye Ekleziya yo kw'isi yose mu mwaka w'1919

INTANGAMARARA

1. Imbere yo gusubira kwa se wiwe Umukama wacu Yezu Kristu yabwiye abatumwa biwe ati: «Kwire isi yose, mumenyeshe Inkuru Nziza ikiremwa cose» (Mariko16,15). Muri ayo majambo yabahaye itegeko, igikorwa gihambaye kandi ceranda kidashimikiye ku rupfu rw'abatumwa ariko gifatanya uruherekane rwabo gushika ku muhero w'isi, nk'uko vyamye kuri iyi si yacu, ukuri kurakiza. Bishimikije ubwo bubasha bahawe na Yezu Kristu «barakwiragiye hose baramenyesha Inkuru Nziza ya Mariko» (16,20), Ijambo ry'Imana, ku buryo «ijwi ryabo rirasamirana kw'isi yose ubutumwa bwabo nabwo burashika kumpera z'isi» (Zaburi 18:5). Kuva ico gihe, uko imyaka yakurikiranye, Ekleziya ntiyigeze yibagira iryo tegeko Imana yayihaye, kandi ntiyigeze ihengeshanya kurungika abatumwa mu mpande zine z'isi bashikiriza abantu ubwo butumwa n'urukiza vya Kristu.

 

ABATUMWA B'INKURU NZIZA

2. No mu gihe c'ibinjana bitatu vya mbere, Ekleziya ivutse, aho uruhamo ruvuye ku mw'ijima w'ukutemera rwaguye kuri yo rugahakwa kuyisenyura, no mu abakristu bicwa mu mpande zose z'isi.   Muri ico gihe nyene, ku ngoma y'abaromani, abatumwa b'Inkuru Nziza bagumye bayimenyesha. Mu nyuma aho Ekleziya ironkeye amahoro n'umwidegemvyo vyo kumenyesha Ijambo ry'Imana, ubutumwa bwayo bwarateye imbere ku rugero rushimishije.

Muri ubwo butumwa abantu benshi bafise akamotera k'ubweranda baragize uruhara ruhambaye. Umwe muri bo ni Geregori batazira urumuri, niwe yashikanye Ukwemera muri Arumeniya, uwundi ni Victorinus yamenyesheje Inkuru Nziza muri Stiriya, uwa gatatu ni Frumentiyusi yamenyesheje Ijambo ry'Imana muri Etiyopiya. Mu nyuma Patrike yaramenyesheje Kristu muri Irlande, Augustino nawe yaramenyesheje ukwemera mu Bwongereza, Kolumba na Palladius nabo bigishije Inkuru Nziza muri Ekose. Haciye igihe Ckémento Willibrord, Umwepiskopi wa mbere wa Utreche ashikana umuco w'Inkuru Nziza mu Buholandi, Bonifasi na Ansigari bamenyesheje ukwemera abadagi, Siriro na Metode barigishije muri Slavonie ku bwa Ekleziya.

 

GUKWIRA HOSE KW'UBUTUMWA

3. Uko ibihe vyakurikirana, aho kumenyesha Inkuru Nziza haguma haguka .Giyome w' i Rubruck yaravyerekanye igihe yashikana ukwemera muri Mongoli. Inyuma yaho gato Umuhimbazwa Geregori w'Icumi yarungitse abamisiyonari ba mbere mu Bushinwa. Abigishwa ba Fransisiko w'i Asizi baciye bakurikira, batanguza umuryango munini w'Abakristu mu Bushinwa naho inyuma y'umwanya muto baciye bahamwa.

 

4. Bamaze kumenya Amerika, abatumwa b'Inkuru Nziza baciye baja kuyimenyesha muri iyo si nshasha. Abo batumwa barimwo umuhungu nyaguhimbazwa wa Dominiko Mweranda ariwe Barutolomeyo w'i Las Casas, yitwararitse gukingira abantu baho agacinyizo no kubakura mu buja bw'umujima. Muri ico kiringo nyene niho hibonekeza igikorwa ca Fransisiko Gisaveri umumisiyonari akwiye kugereranywa n'abatumwa ubwabo. Kubw'ubuninahazwa bwa Kristu n'urukiza rw'imitima, yaritanze atiziganya mu Buhindi bwo mu buseruko hamwe no mu Buyapani aho yapfuye ariko agerageza gushika mu Bushinwa. Urupfu rwiwe rwatumye mu myaka ikurikira Inkuru Nziza ishikira ivyo bihugu bitari bito biciye ku miryango myinshi y'abihebeyimana n'abamisiyonari baciye bagenda gukorayo ubutumwa bakemera guhangana n'intambamyi nyinshi ziva kw'ihindagurika ry'ibihe n'ukubaho. 

 

KAHISE KA HAFI

5. Mu misi yakurikiye, ibihugu vya nyuma bitazwi nka Australiya no hagati muri Afrika  kubera umwete udasanzwe w' abamisiyonari. Muri iyo myaka nyene, intumwa za Ekleziya zarafashe inzira zija kumenyesha Inkuru Nziza muri ivyo bihugu bishasha. Muri gice kinini ca Pasifike nta zinga na rimwe abamisiyonari batashikiriye ku bw'ubwitanga n'ubukerebutsi vyabo. Ntaworeka kuvuga ivyaranguwe ntanuwokwibagira abaranguye ico gikorwa kidasanzwe. Benshi muri bo bitanga ku bw'urukiza rwa benewabo, bashikiriye ubweranda nk'uko abatumwa babikoze imbere y'abo. Muri bo, barateye iteka ubutumwa bwabo mu gusesa amaraso yabo kugira Inkuru Nziza ishinge imizi.

6. Uwokwiga ivyo bikorwa bidasanzwe ntiyokwibagira gutangarira amakuba menshi abamisiyonari barinze kugira bashikane kure ukwemera hamwe n'ubutwari budasanzwe n'uburorero vy'ukudacika intege baturaze. Kuri abo bose badaha agaciro ubwo butumwa, muri iki gihe bari bakwiye kumenya ko hari abantu benshi uno musi bakiri mu muzimagiza w'urupfu. Ingereranyo ya hafi itwereka ko abatemera kw'isi bababa umuliyaridi w'abantu.

 

INTUMBERO Y'IRI KETE

7. Amarushwa y'iyo mitima myinshi ni isoko ry'umubabaro wacu. Kuva aho twakiririye amabanga y'ubu butumwa, twipfuza gusangira na bo imihezagiro y'Imana ikomoka kw'icungurwa. Turahimbawe no kubona, tumurikiwe na Mutima w'Imana, inguvu zo kumenyesha no guteza imbere ubutumwa mu bindi bihugu zariyongereye kandi mu bice vyinshi vyo kw'isi. Ni igikorwa ngombwa cacu rero guteza imbere ubwo butumwa no gukora uko dushoboye kwose kugira tubatere intege. Kandi ico gikorwa ngombwa kirahuye cane n'ivyipfuzo vyacu. Imbere yo kwandika iri kete, benewacu nkunda, twarasavye Imana umuco n'imfashanyo. Mu kuryandika dufise intumbero nyamukuru zibiri:  gutera intege mwebwe abasaserdoti n'abakristu, muri uko kwitanga, ubwa kabiri kubabwira uburyo mwokoresha mu kworohereza iki gikorwa gihambaye. 

 

KU NDONGOZI Z'ABAMISIYONARI

8. Ubwambere twashaka kwerekeza ku ndongozi z'amaekleziya, baba abepiskopi, ivyegera vyabo canke abahagarariye Papa tubabwirako amabanga yose yo kumenyesha ukwemera ahagaze kuri bo. Ni bo kandi ku buryo budasanzwe Ekleziya yashinze igikorwa co kuyimenyesha hose.  Turazirikana ingene bitangira cane ubutumwa.Turazina  ingogorane n' amagorwa barinze kubera  ubutumwa. Turazirikana kandi cane ingorane nyishi n'intambara bahura cane cane muri ino myaka.  Bisaba ukwitanga cane mu kuguma aho bakorera n'aho bahoze kugira babandanye kumenyesha ubwami bw'Imana, kandi bitanga bivuye kumutima.

 

IGIKORWA C'ABASERUKIRA UBUTUMWA

9. Turazirikana ukuntu basonera kandi bakitangira icicaro ca Petero  Mweranda Umutumwa, ntiduhengeshanya kwifata nk'umuvyeyi n'abahungu biwe mu kubabwira ikiri kumutima. Dushaka ko babigira ingingo ngenderwako, mu kumenya ko umwe wese abwirizwa kuba umutima w'aba aragijwe. Babwirizwa kwitwararika cane igikorwa c'abasaserdoti babo n'abo bose babunganira. Babwirizwa gukoresha uburyo bwose bafise: amajambo, ibikorwa n'inyandiko kugira batere intege kandi bakaburire abo babafasha kugikorwa ciza imisi yose. Umuntu wese akora mu murima w'Umukama ku rugero urwo ari rwo rwose afise ko ububasha abwirizwa kumenya we nyene ubwiwe n'umushaha wiwe wose ko  gutunganya ubutumwa biri mu biganza vya Data we Kuri; umuntu abushitse, yama agavye kandi yuzuye urukundo, yama arajwe ishinga na vyose kubwa vyose, umuntu ahimbarwa n'abo ajejwe iyo vyose bigenda neza kandi abaremesha iyo bitagenda neza. Babwirizwa kumubonamwo uwuborohereza kandi abashigikira mu migambi ikeneye uruhusha rwiwe. Mu majambo make, babwirizwa kubona ko aha agaciro ibintu vyose vyerekeye abo ajejwe nk'ibimwerekeye we nyene ubwiwe.

 

UBUKURU N'AKANOVERA VY'UBUTUMWA

10. Kugirango ubutumwa butere imbere biva kukuntu buba bwatunganijwe bugakurikiranwa neza.Ubutumwa burashobora gusubira inyuma iyo babushinze uwudashoboye kubutunganya neza canke adafise ubumenyi n'ubukerebutsi bikwiye. Umumisiyonari yahevye igihugu c'amavukiro hamwe n'umuryango wiwe aja gufasha gukwiza ukwemera mu bindi bihugu. Afashe urwo rugendo rurerure kandi rutoroshe, aba yiteze guhura n'ingorane nyinshi kandi zitandukanye. Ico asaba Imana kandi yitwararika, ni ukuronka akaryo ko gufasha imitima myinshi ishoboka ngo imenye Yezu Kristu. Iyo umutumwa nk'uyo aronse umukoresha mwiza amwakirana umutima w'ubwitonzi n'urukundo, ubutumwa aharangurira buraheza bugatanga ivyamwa bishimishije. Iyo asanze umukoresha wiwe atoroshe gukorana ngo amworohereze mu butumwa, amakenga mu mirimo be n'ingorane azogira bizotuma ahororokerwa gushika n'aho atakaza umwete yari afise gushika n'aho acika umunebwe.

 

UMWITWARARIKO NYAMUKURU

11. Ikintu nyamukuru uwurongoye ubutumwa yoshira imbere gusumba ibindi vyose, ni uguteza imbere ubutumwa hamwe no kubukwiza hose. Uwushinzwe ubutumwa mu ntara  ategerezwa kugira indinganizo ibereye ngo ubutumwa bugende neza. Ategerezwa gukora ubutumwa kugira ngo umuntu wese aba muri iyo ntara urukiza rumushikire. Intara ifise abantu benshi cane ni haba hari abemeye Yezu Kristu ibihumbi bitari bike, ico nticotuma uwujejwe ubutumwa muri iyo ntara yishima ngo birahagije.Uwushinzwe ubutumwa mu ntara ategerezwa kuba umurongozi yitwararika abana yibarutse muri Kristu Yezu, ategerezwa kwitwararika kugaburira imitima yabo, ntihagire n'umwe amuca mu myanya y'intoke ngo agende akagirire.Mbere arategerejwe no kurenza ngaho. Ntiyokwifata nk'uko umenga arangura neza ivyo ashinzwe, ategerezwa gushishikara n'umwete mwinshi n'inguvu nshasha kugirango abandanye azana abandi bashasha benshi bo muri iyo ntara ngo basangire ukuri n'ubuzima rukristu.

 

UBURYO BUBEREYE

12. Ku bijanye n'ubutumwa, kumenyesha Inkuru nziza birashoboka kuba buno nyene kandi vyoroshe ku bantu baba mu ntara imwe, iyo habanje gutegurwa ibibanza bitandukanye hirya no hino, mu ntara y'ubutumwa abamisiyonari bazoshikiramwo mu gihe bishoboka.Igihe kigeze hazokurikira kugabura intara y'ubutumwa mu turere dutandukanye, abo bamisiyonari bazoce barungikwa kumenyesha Inkuru Nziza muri utwo turere tw'ubutumwa. Tukiri ngaho nyene, twipfuje gukeza bamwe mu barongozi babikwiye kuko baranguye neza ubutumwa: abazigamye mu mutima wabo iyo ntumbero y'iterambere muri kazoza kandi babandanya bitanga batiziganya mu butumwa muntumbero yo gutegura ivuka ry'izindi ntara z'ubutumwa kubera ubwami bw'Ijuru. Bishitse bakabona ko umuryango wabo udafise abo urungika mu butumwa bakwiye, barashobora gusaba aboza kubunganira muri ubwo butumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza bo mu yindi miryango y'abihebeye Imana.

13. Kurundi ruhande, biragoye gukeza umurongozi arungikwa gukora mu murima w'Umukama agaca akora yironderera inyungu ziwe ukamenga ni intara yigaruriye agenza uko ashaka, aho gukorera Umukama. Tubanze twiyumvire gatoyi ingene ku musi w'urubanza, Imana izohambarira umukozi yigenza ukwo ; cane cane ni yaba ameze nk'abo twagiye turabona mu bihe bitandukanye, aho wasanga umubano mutoyi w'abakristu ukikijwe n'isinzi ry'abataramenya Yezu Kristu, uwurongoye uwo mubano akanka ko bamenyeshwa Inkuru Nziza, akitwaza ko adafise abakozi bakwiye yorungika muri ubwo butumwa, akankira n'abandi boza bavuye ahandi baje kumufasha kumenyesha Inkuru Nziza iryo sinzi ry'abapagani rimukikije.

Umuntu ashinzwe ubutumwa muri Ekleziya Gatolika, iyo akora arondera ininahazwa ry'Imana no gukiza imitima y'abantu, arasohoka akaja kurondera hirya no hino abandi batumwa boza kumwunganira muri ubwo butumwa. Ntarinda kwiyumvira abomufasha abo ari bo, ko ari abo basangiye umuryango canke abava ahandi, ko basangiye amamuko canke batayasangiye, ikimuraza ishinga n'uko Yezu Kristu amenyekana. Ikindi ni uko atagira ati nshaka abagabo gusa bangana uku, arasaba n'ababikira ashobora gushinga ubutumwa mu mashure, mu marerero y'impfuvyi, mu bitaro, ngo baze gushingaho imibano, aragira uko ashoboye ngo havuke n'izindi nzego zishira imbere ibikorwa vy'urukundo mu butumwa zirangura. Arahimbarwa kandi akanezerwa no kubirangura kuko bene ico gikorwa ari ciza : afashijwe n'inema y'Imana, arafasha gukwiza hose ukwemera.

14. Muri iyo ntumbero nyene, umukuru w'intara y'ubutumwa ntashobora kuvuga ko ibirangurirwa aho ajejwe bihagije nkuko umenga ibigirwa ahandi ntaco vyokwunganira aho aherereye. Yarungitswe kubw'urukundo rwa Yezu Kristu, arumva ko ico cose cerekeye ininahazwa ry'Umukama Yezu nawe kimwerekeye, nico gituma agira uko ashoboye agateza imbere imigenderanire n'ubucuti na bagenziwe hamwe n'abo bahana imbibe.Kenshi birashika hakaduka intambamyi zibangamira ubutumwa muri uru ruhande canke ruriya, bigasaba kuja hamwe n'abandi ngo bigire hamwe icokorwa   kugira ubutumwa bubandanye butera imbere. Ndetse n'ivyo, Ekleziya ihagirira akunguko iyo abashinzwe ubutumwa bagize ikirangamisi bazoza barakurikiza ngo baze barahwanira hamwe mu ntumbero yo kwungurana ivyiyumviro no gushigikirana.

 

ABASASEREDOTI B'IMVUKIRA

15. Icanyuma gihambaye umumisiyonari arongoye abandi ategerezwa kwitwararika; ategerezwa  kurondera abipfuza kwinjira mw'ibanga ry'ubusaseredoti b'imvukira akabafasha gushika bashikire iryo banga bafise ubumenyi buhagije. Ni muri iyo ntumbero hoba umwizero wo kuronka amasengero  mashasha.  Umupatiri w'imvukira aroroherwa no gushikiriza Inkuru nziza abantu avukamwo ngo abashikane kukwemera, kuko basangiye imico n'imigenzo, basangiye ururimi. Abantu baramwiyumvamwo gusumba uwuje avuka mu kindi gihugu. Umusaseredoti w'imvukira arazi imvugo akoresha muri abo bantu bakumvikana gusumba umunyamahanga, hari n'ibibanza ashobora kujamwo bitagoranye kuko ari imvukira ariko umusaseredoti w'umunyamahanga badashobora kumwemerera kujamwo.

16. Abasaseredoti b'imvukira ni baba bashaka gushika ku mwimbu bipfuza, birakenewe ko babanza kuronka ivyigwa bihagije bakaba incabwenge kandi bakongera bakabafasha kwitegurira neza iryo banga bakaba imboneza. Ntidushaka kuvuga kwitegurira iryo banga bidafashe, vyokuremba  hamwe n'inyigisho ibayabaye ; oyaye, bokwiga cane ivyigwa bitandukanye gushika kurugero rwo hejuru bakaronka n'indero nziza imwe y'akarorero gushika aho umusaseredoti w'umunyaburaya ataco amusumvya. Abasaseredoti b'imvukira nti bokwigishwa ngo bazokore ubutumwa busanzwe nkuko womenga ni abunganira abapatiri b'abanyamahanga, ahubwo bategerezwa gukora ubutumwa bw'Umukama co kimwe n'abanyamahanga kugeza aho umusi uri izina aribo bazofata ubutumwa bwose mu minwe mu kuyobora no gukiza imitima n'imibiri y'abantu bazoba bashinzwe.

 

EKLEZIYA SI IMVAMAHANGA 

17. Ekleziya Gatolika nta gihugu na kimwe iza nk'icaduka ; nta hantu na hamwe itangura  bushasha. Birakwiye ko abakora ubutumwa muri Ekleziya bova mu bihugu vyose vyo kw'isi kuburyo bamwe bose bokwigishwa ivy'Imana mu rurimi rw'amavukiro bakongera bakerekeza abakuru b'intara mu nzira y'urukiza. Ahantu hose hari abasaseredoti b'imvukira benshi kandi bakwiye, bigishijwe bihagije, bisubiye bagendera ibanga batoranye, mwoshobora kwiyumvira atagukekereza ko igikorwa caranguwe n'umumisiyonari cagenze neza kandi ko Ekleziya yashinze imizi aho hantu. Naho munyuma aho hantu hokwaduka abarwanya iyo Ekleziya, nta mvo nimwe yotuma haba ubwoba ngo Ekleziya ntizoshobora kurinda urwo ruhamo.

 

UMWITWARARIKO WO KURONDERA ABASASEREDOTI B'IMVUKIRA

18. Umwungere wa Ekleziya Katolika kw'isi yose, yamye ihanura ishimitse abamisiyonari bayoboye ubutumwa mu migabane itandukanye y'isi, ngo bamenye ko igikorwa co kurondera abasaseredoti b'imvukira  bategerezwa kukigira rwabo, bakabikora n'inguvu nyinshi cane. Hano i Roma, amashure ya kera  be n'aya vuba yakira abasaseredoti bitegurira kuja gukorera ubutumwa mu mahanga,  yarerekanye ko afasha cane abamisiyonari. Bibonekera kubakurikiza imigirwa yo mu bihugu vyo muri Aziya. Naho aba Papa bagiye barabishimikako, birababaje kubona hakiri ibice vy'isi vyashikirijwe Inkuru Nziza haheze imyaka amajana n'amajana, ariko abasaseredoti b'imvukira bakiri kurugero rwo hasi, bameze nk'abunganira abamisiyonari.

Niko hariho ibihugu bimwe bimwe bimaze kuronka umuco w'ukwemera kandi bigeze ku ntambwe iboneka y'iterambere kuburyo usanga bifise abantu bize amashure ahambaye mu bisata bitandukanye vy'ubuzima bw'abalayike, ariko naho Ekleziya yisunze Inkuru Nziza yafashije bimwe biboneka mumyaka itari mike, ivyo bihugu nti bishobora kwironkera abepiskopi b'imvukira bo kuyobora umuryango wa Ekleziya canke abasaseredoti bo kubafasha muvyerekeye ubuzima bw'imitima.

Ivyo vyerekana ko mu bice bimwe bimwe uburyo bumenyerewe bwo kwigisha abazoba abamisiyonari gushika uyu musi budateye imbere kandi budatanga umwimbu mwiza. Kugira ngo haboneke umuti w'iyo ngorane, igisata kijejwe gukwiza hose ukwemera c'i Vatikano, gisabwe gutorera inyishu ibereye izo ntara zitandukanye n'ama diyoseze agifise bene izo ngorane mu gushiraho amaseminari akwiye. Ahasanzwe hari amaseminari, ico gisata kijejwe gukwiza hose ukwemera gisabwa gukurikirana neza ko ayo maseminari akora neza. Igikorwa nyamukuru ico gisata gitegerezwa kwitaho gusumba, ni ugukurikirana  ko igitigiri c'abasaseredoti b'imvukira congerekana bagatera imbere aho babaye no muyindi mihingo y'ubutumwa.

 

KU BAMISIYONARI

19. Kuri mwebwe bavukanyi bacu, bibondo vyacu dukunda, mukaba n'abakozi bo mu mizabibu y'Umukama. Mufise mu biganza vyanyu igikorwa gihambaye kandi cihutirwa co gukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu, ubwo butumwa mushinzwe buzotuma haba urukiza rw'imitima y'abantu benshi cane atawoshobora guharura. Ico tubamenyesheje ubwa mbere ni iki : kutigera mwibagira iteka n'agaciro ntangere vy'ubutumwa mushinzwe. Igikorwa canyu ni ic'Imana, kirarengeye aho mugeza kwiyumvira n'ubwenge bwanyu. Mwahamagariwe  gushikiriza umuco abantu  bakiri mu gitutu c'urupfu be no kwugururira inzira ija mw'ijuru imitima iriko yisuka mu gaheza. Emere ko Imana yabwiye umwe umwe muri mwebwe iti : «  Ibagira ab'iwanyu n'inzu ya So » (Izaburi ya 45,11). Mwibuke ko igikorwa canyu atari ugukwiza hose ubwami bw'abantu, ariko ni ubwami bwa Yezu Kristu, mwibuke kandi ko intumbero yanyu ari ugushikira ubwami bw'ijuru atari ubwa hano kw'isi.

 

GUSHIKIRA IVY'UMUTIMA

20. Vyoba bibabaje hamwe hogira n'umwe mu bamisiyonari bacu yibagira iteka ry'ubutumwa ashinzwe gushika n'aho yishinga inyungu z'ivyahano kw'isi aho guhurumbira ivy'ijuru. Vyoba biteye agahinda hamwe umuntu yahisemwo ukumenyesha Inkuru Nziza, yosubira kwishinga ivy'isi yari yarahevye. Inyifato nk'iyo yotandukira n'ubutumwa bwiwe nk'akaranda. Ivyo birafutanya muri we agaciro ko kuba uwihebeye Inkuru Nziza y'ubukiriro, akagozi gafatanya urukundo afitiye imitima, bigatuma atakaza umwizero abantu bato bato bari bamufitiye.

Umuntu n'aho yoba afise akarwara mu mutwe, aritwararika kumenya igikorwa umumisiyonari arangura mu gihugu hamwe n'ico bamwitezeko. Bazomugirako amatohoza bashimitse kuburyo bwabo ngo bamenye ko yoba afise iyindi ntumbero atari ineza y'imitima yabo, bo nyene bazobimenya. Hamwe vyokwibonekeza ko umumisiyonari yinjiye mu migambi y'ab'isi aho kurangura icamuzanye, azoba ariko yironderera inyungu z'igihugu camurungitse, abantu baca bibaza icamuzanye. Bene ivyo bituma abantu biyumvira ko idini ry'abakristu ari iry'abanyamahanga bamwe bamwe baba barishikanye mu gihugu,  kandi ko uwinjiye muri iryo dini aca atakaza ubutwari yari afise mu gihugu ciwe, akemera gukorera umunyamahanga ahambaye.

21. Twarababajwe cane n'inyandiko za vuba zerekeye ubuzima bw'abamisiyonari, izo nyandiko zerekana umwete muvy'inyungu z'igihugu aho kwitwararika guteza imbere ubwami bw'Imana. Twaratangajwe no kutitaho ibintu kwa bene kwandika ivyo kubera urwanko biheza bikavyura mu mitima y'abataremera Yezu Kristu. Iyo si inzira ibereye umumisiyonari w'umugatolika akwiye iryo zina. Umumisiyonari w'ukuri arazi neza ko atazanwa no gukorera igihugu ciwe, ariko ko azanwa no guhagararira Yezu Kristu. Inyifato yiwe igaragaza ko ari uwuserukira ukwemera gukwiye kw'isi yose, kuko ari ukwemera kw'abasenga Imana mu mutima no mu kuri, ukwemera kudatandukanya « Umugereki canke Umuyuda, uwagenyerewe canke uwutagenyerewe, kavantara canke Umusikuti, umushumba cenke uwidegemvya, ariko Kristu ni we vyose akaba kandi muri vyose » (Abanyakolosi 3,11).

 

IGIKORWA KIDAHURUMBIRWA

22. Hariho ingeso mbi umumisiyonari ategerezwa kwirinda : kwipfuza kurangura ikimuzanira inyungu iyo ari yo yose, imbere yo kwitwararika gukiza imitima y'abantu. Ntibikenewe ko ico tugiteba ko. Umuntu niyaba yaratwawe umutima n'inyota y'amafaranga, yoshobora ate kurangura neza ubutumwa ashinzwe bwerekeye ininahazwa ry'Imana? Yoshobora guheba ivyo atunze, mbere n'ubuzima bwiwe ngo ashire imbere ininahazwa ry'Imana mukwibutsa abantu gukiza imitima yabo? Hari n'aho izo ntege nke zimwigarurira ahanini agasigara ataco arushije abapanani; iyo icipfuzo ciwe kugabanutse nkuko yama abigira abigira kubijanye no kuba ingumyi.

Uko abantu babona ibintu, ni utunenge kurusha ibindi vyose. Nta na kimwe coba kitakiberanye n'Ubwami bw'Ijuru. Muri bene ivyo bintu, umukozi w'Umukama azokurikiza bushasha impanuro ya Paulo Mweranda we yandikiye Timote ati : « turonse ico turya n'ico twambara biba bimaze » (Raba 1 Timote 6,8). Azibuka ko Paulo Mweranda naho yari afise ubutumwa bumufatira, yarakora n'amaboko yiwe ngo aronke ibimutunga atawe arinze gutega amashi.

 

UKWIMENYEREZA

23. Imbere yo kuja mu butumwa, Umumisiyonari yobanza kuronka inyigisho zikwiye zimufasha kwitegurira ubwo butumwa. Ivyo ni ivy'ukuri kuko hari abiyumvira ngo umuntu agenewe kuja kumenyesha Yezu Kristu kure aho bataratera imbere adakeneye kwitegura bihagije. Ntawohakana ko igikorwa co guhindura imitima y'abantu, kugira ingeso nziza bifise agaciro kuruta ubumenyi bwo mwishure. Iyo umuntu adashoboye kuronka ubumenyi bukwiye, azobona ko hari ikibuze kugira  ashobore kurangura neza ubutumwa ashinzwe ngo butange ivyamwa vyiza kandi vyinshi. Birashika ko umumisiyonari asanga adafise ibitabu bikwiye yifashisha mu butumwa kandi akabura n'umuntu w'incabwenge aza arabaza. Ategerezwa gutanga inyishu ku bibazo vyose bamubajije biteye kubiri n'ukwemera. Uko azoza aratanga inyishu zibereye, niko abantu bazoza baramwubaha, cane cane iyo ahwanye n'abantu bubashwe kandi b'incabwenge. Mu bihe nkivyo, vyoba bibabaje kubona abazanye ubutumwa bw'ukuri bahindutse ibikoresho vy'incabwenge zigendera mu kabi.

 

KUNONOSORA NEZA UBURYO BWOSE BWO GUTANGA UBUMENYI

24. Kubera ivyo ubutumwa busaba, abo Umukama ahamagarira ivyigwa ndoramana, bategerezwa kuronswa ubumenyi buhagije no mu bindi vyigwa bitandukanye, bakiriko barategurwa imbere yo kurungikwa mu butumwa. Bogira ubumenyi mu vy'Imana hamwe no mu bindi vyigwa bisanzwe bishobora kuzobafasha mu butumwa. Twipfuza ko iyi ngendo ikurikizwa uko bikwiye mu vyigwa bitangwa mw'ishure kaminuza ry'i Roma ryerekeye ibijanye no gukwiza hose ukwemera.Turasaba abashinzwe iryo shure ko bogira ibishoboka vyose ngo icigwa kijanye n'ubutumwa bw'abamisiyonari, kuva ubu kije ku rutonde rw'ivyigwa bitangwa kuri iryo shure.

 

KUMENYA URURIMI

25. Muvyo umumisiyonari ategerezwa kwitwararika, ukumenya ururimi rw'abantu b'aho azoja kurangurira ubutumwa bavuga, ni ikintu  gihambaye cane. Si ukumenya amajambo abayabaye, ariko ni ukumenya kuvuga urwo rurimi atangorane kandi neza cane. Ivyo bizofasha cane kuko azohwana n'abantu b'imice yose, abaciye mw'ishure hamwe n'abatariciyemwo, azokworoherwa mu butumwa kubera bavuga bumvikana, bazomwugurukira bongere bamwizigire.Ni yaba arangura neza ubutumwa ashinzwe, hageze gusigurira abantu Ijambo ry'Imana, ntazorinda kurondera umumenyeshamana abishinga. Niwe nyene azovyigirira. Yarungitswe mu butumwa kuba umushikiriza w'Inkuru Nziza, azotegera ko igihe c'umwiteguro gihambaye cane muri ubwo butumwa. Hazoba n'ibihe nk'uwuhagarariye akaba n'umushikiriza w'ukwemera kwacu, azoronka ikibanza mu bantu b'iteka bacu. Azoshobora gutumirwa mu nama z'abantu b'incabwenge. Azogumana icubahiro ate ni yaba adashobora kwumva ururimi bakoresha ?

26. Haheze igihe gito dutegekanije ibikwiye ngo dutorere umuti w'ico cipfuzo, kandi dutegekanya kwongereza no kwagura aho turangurira ubutumwa muri Ekleziya ya Aziya. Twarategekanije hano i Roma inyubakwa yakira abamisiyonari bitegurira kurungikwa mu butumwa muri urwo ruhande rw'isi. Bazohamenyera indimi zitandukanye zikoreshwa mu bihugu vya Aziya bongere bamenye imico n'imigenzo y'abantu bo muri uwo mugabane w'isi, bashireko n'ubundi bumenyi butandukanye bazokenera mu butumwa. Akanyamuneza kacu gaterwa n'akamaro k'iyo nyubakwa, kadutumye dutumirira abakuru b'imiryango y'abihebeye Imana barangura ubutumwa bw'abamisiyonari mu bihugu vya Aziya kurungika abitegurira kuba abamisiyonari ngo baronke inyigisho muri iyo nyubakwa.

 

UBWERANDA BURAKENEWE

27. Umuntu yinjiye mu buzima bwo kuba umutumwa ni ngombwa ko agira izina rimuranga. Nk'uko twamaze kubivuga, birahambaye ko agira ubweranda muri ubwo buzima. Kugira ngo umuntu abe uwigisha Ijambo ry'Imana, ategerezwa kuba ari uwukunda Imana.Umuntu ahanura abandi ngo banke igicumuro, ategerezwa kuba yanka igicumure we nyene. Kwigisha ukoresheje akarorero keza wewe nyene ushira mu ngiro ni uburyo bwiza gusumba gukoresha amajambo cane cane uriko wigisha abataramenya Imana bakunda gutangarira ivyo babona gusumba ivyiyumviro bashobora gushikirizwa.

Umumisiyonari naho yoba yarize amashure menshi, akamenya imico n'imigenzo y'abantu, ubwo bumenyi bwonyene nta vyamwa vyinshi bwotanga mu butumwa habuzemwo umutima wo gukora kw'izina ry'Imana, Mutima w'Imana niwe agira uruhara runini kugira inyigisho ihindure ubuzima bw'umuntu. Uwishimira ubwenge bwiwe gusa yohava asanga abereye igitsitaza abo yigisha, nawe nyene agatakara.

28. Umuntu abera akarorero abo ashinzwe.Umuntu yifata ruto, umuntu yubaha Imana n'abantu, umuntu azigama ubwerentegerwa. Umuntu yitwararika gusenga Imana akibuka no kwama asabira abacumuzi ngo bahinduke. Uko acudika n'Imana, uko yiyegereza Imana niko Imana imuhunda inema zayo ngo zimufashe kurangura ivyiza. Dutege amatwi Paulo Mweranda atuyagire : « Nk'uko bibereye abashimwe n'Imana, aberanda n'abakunzi bayo, ni mwambare umutima w'ikigongwe, ukunda abandi, wicisha bugufi, ugenza buhoro, wiyumanganya » (Raba Abanyakolosi 3,12).  Umumisiyonari arangwa n'izo ngeso nziza azokwugurukira ukwemera, azokwigisha abantu mubwitonzi nabo bamutege yompi. Nta ntambamyi azosanga  mu nzira, azororanirwa.

 

AKARORERO K'UMUMIMISIYONARI

29. Umumisiyonari mwiza afatira akarorero kuri Yezu Kristu, arangwa n'umutima w'urukundo, akaba mu bataramenya Yezu Kristu bahebwe ariko bacunguwe nk'abandi bose n'amaraso y'Umwana w'Imana. Itandukaniro rito ry'abo ntirimushira hejuru, ukutigenza neza kw'abo ntikumutuma yihebura. Inyifato yiwe imbere yabo, ntimutuma abakengera canke ngo bitume acika intege, ntabatwaza umukazo canke ngo abaremere, ahubwo akoresha uburyo bwose ngo abiyegereze kugira ashobore kubajana kuri Yezu Kristu, abashire mu maboko y'Umwungere mwiza. Ategerezwa kwishimikiza iciyumviro kigaragara mu nyandiko nyeranda: «Nkako umutima wawe udapfa muri vyose, ni naco gituma ukebura buhoro buhoro abazimiye, ukabagabisha ubibutsa ivyo bacumuramwo, kugira ngo bavavanure n'ikibi bakwemere, mukama? Ariko wewe uganza ubukomezi, ugacisha urubanza ubwitonzi, ukadutwarana ukwihangana kwinshi kuko ubushobozi bukwama hafi aho ubushakiye.» (Raba Ubwitonzi 12,1-2.18)

Ni iyihe ntambamyi zoshobora kwibonekeza, zikabuza iyo ntumwa ya Yezu Kristu kurangura ubutumwa yatanguye? Nta nimwe iriho. Uyo muntu, yabaye umutoni w'Imana kubera igikorwa c'iteka yahisemwo kugushaka kwiwe, azokwakirana akanyamuneza ingorane zose zizomushikira. Igikorwa, agakengerwe, ugushaka kw'ibintu, inzara mbere n'urupfu ruteye ubwoba, azovyakirana akanyamuneza mu gihe hazoba hasigaye akanya gato ko gushobora gukiza umutima.

30. Umumisiyonari yanyuzwe kandi amurikirwa n'akarorero ka Kristu hamwe n'akabatumwa, arashobora kurangurana ukwizera ubutumwa yashinzwe. Ariko ategerezwa gutegera ko ishingiro ry'ukwizigirwa kwiwe gukomoka ku Mana. Nkuko twabivuze imbere y'igihe, ico gikorwa ni ic'Imana. Imana yonyene, niyo ishobora gushika mu mitima y'abantu bose ikayimurikira n'imishwarara y'ukuri. Imana yonyene niyo ishobora gukabura ugushaka kwayo ikoresheje umuco w'ingeso nziza; Imana yonyene, niyo ishobora gutanga inguvu zo kurondera ukuri n'ugushira mu ngiro ico biboneye. Umutumwa ntaho yokwishikana adafashijwe n'Umukama mu butumwa bwiwe. Ariko kandi arafise ivyomutuma akurikira n'umwete mwinshi ubutumwa aba yarashinzwe, kuko aba yishimikije inema y'Imana itigera yirengagiza uwuyisavye.

 

URUHARA RW'ABIHEBEYIMANA B'ABAKENYEZI

31. Ntidushobora kuvuga ibindi tutabanje kugira ico tuvuze, ku butumwa burangurwa n'abakenyezi, kuko kuva mu ntango ya Ekleziya, bamye berekana umwete bafise wo gufasha abamenyesha Inkuru Nziza. Tugomba kwerekana no gukeza n'ubukengurutsi bwacu bwose, abakenyezi benshi bihaye Imana mukwitaba umuhamagaro wabo w'ubutumwa bw'abamisiyonari. Muri ubwo butumwa, baritangira indero y'abana bakarangura n'ibindi bikorwa vy'urukundo n'umutima wabo wose. Turizigiye y'uko ukwo kubakengurukira ku butumwa barangura bizotuma bagira ingoga zo kuzobandanya bitangira ubutumwa kubwa Ekleziya. Turizigiye kandi ko bazoguma bumva ko bakenewe mu butumwa, ibikorwa barangura bizotuma batera imbere mu bweranda.

 

KU BAKATOLIKA BOSE

32. Ubu naho dushatse kumenyesha abo bose, kubera ikigongwe c'Imana, bafise ukwemera nyakuri kandi bagabana kuvyiza vy'ukwo kwemera. Ubwambere dushatse kumenyesha ko itegeko ryo gufasha abataramenya Yezu Kristu ngo bamwemere riraba abemera bose.   « Umukama yarabahaye amategeko, umwe wese kuri mugenziwe? (RabaMwene Siraki 17,14), uburemere bw'iryo tegeko burahindagurika bivanye n'ivyo mugenzawe akeneye. Ni uwuhe murwi w'abantu ukeneye gufashwa kivukanyi nk'abataramenya Yezu Kristu, babayeho batazi ko Imana iriho, ugasanga baboshwe n'imigozi y'ivyipfuzo vyabo bidatomoye bituma bahinduka abaja ba Shetani. Umuntu wese afashije kugira ngo haboneke umuco w'ukwemera, agafasha  mu butumwa, ni uburyo bwiza bufise intumbero zibiri mu mwanya umwe. Azoba aranguye ivyo ategerezwa muri ubwo butumwa buhambaye kandi azoba ashimiye Imana ku buryo budasanzwe kubera ukwemera yaronse.

 

UBURYO BUTATU BWO GUFASHA

33. Umukatolika ashobora gufasha abamisiyonari mu buryo butatu butandukanye kandi abamisiyonari ntibahengeshanya kubitwibutsa. Uburyo bwa mbere uwo ariwe wese arabushobora. Igisabisho nibwo buryo bwambere bwo gishigikira abamisiyonari kugira ngo Imana munyakigongwe ibafashe mu butumwa barangura butange ivyamwa vyiza.Twamaze kuvuga dushimitse ko ubutumwa bw'abamisiyonari ataco bwotanga budafashijwe n'inema y'Imana. Paulo Mweranda yaravyerekanye igihe yavuga ati: «Jewe nateye imbuto, Apolo arazivomera, ariko Imana niyo yazikujije » (Raba 1 Abanyakorenti 3,6). Dutegerezwa kwibukanya ko dufise uburyo bwo kuronka iyo nema : inzira y'igisabisho gihozako kandi kivuye ku mutima uciye bugufi.

Nk'uko Umukama wacu Yezu Kristu yabivuze, «kuvyerekeye ivyo basaba, ico basavye cose Dawe wo mw'Ijuru azokibaha » (Raba Matayo 18,19). Bene ico gisabisho kirumvirwa, cane cane kubera iyo mvo. Ntayindi mvo ifise agaciro kandi ihimbara Imana gusumba iyo. Igihe abanya Israeli barwana n'aba Amaleki, Musa yaduze hejuru ku musozi ashira amaboko hejuru asaba Imana ngo imufashe gutsinda abansi biwe. Abahinga b'Inyandiko Nyeranda bakora n'umwete mu murima w'Umukama kandi abakristu bose basabwa gukurikiza akarorero keza Musa yabahaye ngo bashigikire abamisiyonari mu butumwa barimwo mu kubasabira ku Mana Umuremyi wa bose na vyose.

 

URUHARA RW'UBUTUMWA BWO GUSENGERA ABANDI

34. Indinganizo yitwa: «Ubutumwa bwo gusengera abandi» yaje kwunganira ubutumwa bw'abamisiyonari ngo butere buja imbere, bwame ivyamwa vyiza kandi vyinshi.Tuboneyeho akaryo ko guhamagarira abakristu bose bubaha Imana ngo bijukire ubutumwa bwo gusengera abandi. Turizigiye ko ata n'umwe muri bo azokwibagira kuja muri iyo ndinganizo. Turasaba Imana ngo abakristu bose bagire uruhara ruboneka mugushigikira ubutumwa bw'abamisiyonari, abadashoboye kuronka intererano mu vy'uburyo buboneka babishire ku muzirikanyi mu gisabisho.

 

KWOROHEREZA IMIHAMAGARO

35. Ubugira kabiri, ni ugutorera umuti ikibazo cerekeye ukubura abamisiyonari. Igitigiri c'abo cari gisanzwe ari gito haraheze imyaka mikeyi, aho ingwano ya kabiri y'isi yose yadukiye  igitigiri caragabanutse cane gushika aho intara nyinshi zitagira abamisiyonari bo gukora mu murima w'Umukama. Turateye akamo mwebwe bavukanyi ngo mugire ico mufashije mu gutorera umuti iyo ngorane. Muzoba muranguye igikorwa c'iteka kibereye urukundo ruvuye ku kwemera ni mwagira uko mushoboye hakaboneka ibimenyetso vy'abitaba umuhamagaro mu butumwa bw'abamisiyonari mu basaseredoti no mu ba seminari banyu. Ntimuhendwe babagabisha ukutarikwo, ntimureke ngo ivyiyumviro vy'umuntu bitume mwiyumvira ko ico murungikiye abamisiyonari bari mu bindi bihugu kizoba kivuye ku butunzi bwa diyoseze yanyu. Kugirango abasaseredoti murungitse mu butumwa mu bindi bihugu haboneke ababasubirira, Imana izobaronsa abandi basaseredoti benshi kandi beza bo kubandanya barangura ubwo butumwa.

36. Ku bakuru b'imiryango y'abihebeyimana irangura ubutumwa bw'ukumenyesha Inkuru Nziza, turabateye akamo dushimitse : ni batorere ubwo butumwa buhambaye abakozi nyabo, barangwa n'ingeso nziza, bitangira ubutumwa, barazwa ishinga no gukiza imitima. Igihe cose bibonetse ko abamisiyonari baranguye neza ubutumwa bwabazanye, ko abantu bavavanuye n'ubupagani bakakira Inkuru Nziza, Ekleziya yaho imaze gushinga imizi, haba hageze ko abakuru b'imiryango barungika abo bamisiyonari mu zindi ntara zitaramenya Inkuru Nziza kuja kubohora imitima iciziziwe na Shetani. Umwimbu baronka mu butumwa baranguye, baba bawuronkeye Yezu Kristu. Ntimugire amakenga yo kuvirira umwimbu mwaronse mwiyumvira ko wohava utwarwa n'abandi canke witiririrwe abandi. Mwibuke ko iyo ngendo, iyo nteguro yamaho y'umwimbu izozanira imiryango yanyu ingabirano z'ubutunzi bw'ubwiza bw'Imana.

 

IMFASHANYO MU VY'UBUTUNZI

37. Ubwanyuma, ubutumwa burakenera infashanyo nini cane y'uburyo. Intambara yatumye ingorane zongerekana. Amashure menshi yarasambutse, amavuriro n'ingo birasamburwa, amashirahamwe afise intumbero yo gufasha aboro arazimangana hamwe n'ibindi bigo vyitwararika iteka ry'umuntu n'iterambere ry'abakene vyari bimaze igihe mu minwe y'abamisiyonari. Muri izo ngorare duhamagariye abakristu bose kurangwa n'umutima wo gufasha uko bashoboye abantu bo mu bihugu vyugarijwe n'ubukene. «Uwufise itunga ryo kw'isi, akabona mwenewabo ari mu bukene, ntibimwanke mu nda, urukundo rw'Imana rwoguma muri we gute?» (Raba 1Yohani3,17).

Igihe umutumwa Yohani yavuga uko, yafatira ku bantu abona basinzikajwe n'ubukene bwo ku mubiri. Ariko itegeko ryo gufasha abandi ntiryoba riza imbere gusumba ayandi mu gihe hakiri ikibazo co kurokora ubuzima bw'abantu benshi bageramiwe n'inzara, ukutagira ico wiha hamwe n'ubundi bubabare butandukanye buboneka. Iryo tegeko nti ridufata na cane cane ari ikibazo co kurokora ubuzima bw'iyo mitima myinshi yiziziwe na Shetani kugira ngo babe mu mwidegemvyo w'abana b'Imana.

 

ISHIRAHAMWE RYO KUMENYESHA INKURU NZIZA

38. Turahanuye dushimitse abakatolika kuronsa uburyo amashirahamwe ashinzwe gufasha gushigikira ubutumwa bwo gukwiza hose Inkuru Nziza. Irya mbere ni ishirahamwe rijejwe gukwiza hose ukwemera, iryo shirahamwe ryamye rishimagizwa n'abo twasubiriye, tukizigira ko igikorwa c'iryo shirahamwe kizotanga umwimbu ushimishije muri kazoza, tubisavye dushimitse urwego rushinzwe gukwiza hose ukwemera. Kugira ngo iryo shirahamwe rishobore kuronsa uburyo bukwiye abamisiyonari bari mu butumwa, aho ubutumwa bumaze gutangura be n'aho buzotangura muri kazoza. Turazi neza ko mu bihe nk'ibi, igihe abashikiriza b'inyigisho zitarizo babaye benshi kandi batunze, aba katolika ntibazokwemera ko abamisiyonari babo, ababivyi b'imbuto y'ukuri babura uburyo bakeneye.

 

ISHIRAHAMWE RY'IMIKANGARA Y'IMANA

39. Ishirahamwe ry'imikangara y'Imana, rijejwe itunganywa ry'itangwa ry'isakaramentu ry'ibatisimu ku bana bari kumpfiro bo mu miryango igizwe n'abatari abakristu, ni ishirahamwe rigira kabiri duhamagariye abakristu b'aba gatolika gushigikira mu gutanga intererano y'uburyo bukenewe. Iryo shirahamwe ni iryo gukenguruka kuko abana b'aba gatolika bazoshobora kurijamwo baharonkere icigwa co kumenya agaciro k'ukwemera baronse. Ni bigishwa ivyo, bazomenya kandi kwifatanya n'igikorwa co gusabikanya n'abandi iyo ngabirano. Irindi shirahamwe twashaka kubamenyesha, ni ishirahamwe ryitiriwe Petero Mweranda umutumwa, iryo shirahamwe rirafasha muvyo kurera no kwigisha abasaseredoti b'imvukira ngo bazorungikwe mu butumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza mu makungu.

40. Uwo twasubiriye Nyenubweranda Papa Léon wa XIII, yadusigiye ico cibutso gihimbaye, yarashinze uburyo bwo kuronsa imfashanyo ayo mashirahamwe atandukanye, ugushaka kwacu ni uko iryo tegeko ryokubahirizwa uko riri.  Turavuga umugenzo w'uko mu masengero yose, amashikanwa yegeranywa ku musi mukuru wa Epifaniya  agenewe gufasha abo ku mugabane wa Afrika, yorungikwa i Roma mu gisata ca Papa gishinzwe gukwiza hose ukwemera.

 

URUNANI RW'ABASASEREDOTI B'ABAMISIYONARI

41. Ni twashaka ko uyo mwizero w'abacu, ba nyenicubahiro bavukanyi, uzoranguka ugatanga umwimbu ushimishije, mutegerezwa gufata ingingo idasanzwe kugira mufashe abasaseredoti banyu b'imvukira kwiyumvamwo umutima w'ubutumwa mu makungu. Abakristu basanzwe biteguriye gutanga intererano ngo abamisiyonari boroherwe mu butumwa barimwo. Kubera ico, twipfuza gushira mu ma diyoseze yose y'aba gatolika akwiye kw'isi yose, indinganizo yitwa «Urunani rw'abasaseredoti b'abamisiyonari». Iyo ndinganizo ikurikiranwa n'igisata ca Papa gishinzwe gukwiza hose ukwemera, kandi twarahaye ico gisata uburenganzira bukenewe kuri ico gikorwa.

Urwo runani rwatanguriye mu gihugu c'Ubutaliyano, haheze igihe gito, rwaciye rushinga imizi ningoga mu yindi mihingo y'isi. Twaremeje ko urwo runani rworangura ubutumwa rushinzwe kandi turamaze gushikiriza ico mezzo cacu mu kurworohereza mu bintu vyinshi. Ukuntu urunani rutunganije ni ivyo gutangarira kuko vyisunga igikorwa co kworohereza abasaseredoti  bafise ishaka n'ubushobozi vyo gushira buke buke mu mutima w'abakristu umwitwarariko wo gukiza abantu benshi batarinjira muri Ekleziya gatolika no guha agaciro kanini ibisata bitandukanye vyo ku cicaro ceranda, bimaze kwemezwa nk'uburyo bubereye bwo gufasha mu butumwa bwo gukwiza hose Inkuru Nziza.

 

GUSOZERA

42. Benicubahiro, bavukanyi, twavuze ivyo twipfuje kubabarira kuvyerekeye igikorwa co gukwiza kw'isi yose ukwemera kw'aba gatolika. Hamwe aba gatolika bose, abamisiyonari bari kukivi n'abakristu bari mu gihugu borangura uko bikwiye ubwo butumwa, ico gihe twoba dufise ibituma twizigira ko ubutumwa bwacu mu makungu bwovura ningoga ibikomere vyabusinzikaje hamwe n'ibindi vyose vyononywe n'intambara y'isi yose, kandi ko mu mwanya muto bwosubira kugira inguvu n'ubukomezi bwahorana kera. Ko turiko twerekeza muri kazoza, dusa n'abariko barumva ijwi ry'Umukama, ritubwira «kuja ahari amazi menshi» (Raba Luka 5,4), nk'uko yabibabwirije kuva  kera.

Urukundo rwacu rukomoka ku Mana Dawe wa twese rudutuma tujana abandi benshi tubana hano kw'isi mu biganza vy'Imana. Ekleziya ishigikiwe na Mutima w'Imana, kubera uyo Mutima w'Imana, Ekleziya iguma ihagaze ifise inguvu. Vyongeye, igikorwa c'abamenyesha Inkuru Nziza: ibihumbi n'ibihumbi bakoze muri kahise kandi n'ubu bakiri ku kivi ngo kibandanye gutera kija imbere nti gishobora kureka gutanga ivyamwa vyiza. Akarorero keza kabo kazotuma abatari bake babigan,a bakivako, bakagira umwitwarariko w'isi yose, bashigikiwe n'abakristu b'umutima mwiza bitanga, kugira bashobore gukiza imitima myinshi bayerekeze kuri Yezu Kristu.

43. Ese Bikira Mariya Nyina w'Imana, Umugabekazi w'abatumwa yokwuumviriza ibisabisho vyacu akongera agashungururira ku bashikiriza b'Inkuru Nziza ingabirano za Mutima Mweranda. Kubw'izo ngabirano benicubahiro bavukanyi, ikimenyamenya c'ugushaka kwiza kwacu kuvuye ku mutima, turabahaye n'urukundo rwinshi, mwe n'abasaseredoti n'abantu mushinzwe, umuhezagiro w'ubutumwa. Bitangiwe i Roma, ku cicaro ca Petero Mweranda ku wa 30 Munyonyo 1919, umwaka ugira gatandatu w'ubutumwa bwacu.

                           Papa Benedigito wa 15

Ivyiyumviro

Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)

Muri irya misi,

Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe, nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we. Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka yose.»

Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi.  

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilité d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 à 8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 à 16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 à 16h00
Jeudi : 15h00 à 16h00
Vendredi : 12h00 à 14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi à vendredi : 7h00 à 16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 à 17h15
Samedi : 5h30 à 6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 à 8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration à la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi à samedi de 7h00 à 19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 à 17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi à vendredi à partir de 7h00 jusqu'à 21h30
Dimanche de 13h00 à 18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 à 6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 à 7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 à 17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 à 10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi à 14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 à 19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 à 15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 à 12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 163
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI