Mu gusozera
amezi atatu adasanzwe y'ukuremesha ibikorwa vya Papa vyo kumenya Inkuru nziza
ya Yezu Kristu, ibiro ndemeshabutumwa bw'ibikorwa vya Papa vy'ukumenyesha
Inkuru nziza ya Yezu Kristu mu Burundi, OPM, vyaratunganije igiteramo
c'indirimbo z'Imana, kuri uyu wa Mungu igenekerezo rya 27 Gitugutu 2019, ku
mikangara y'Imana yo hagati mu gisagara ca Bujumbura.
Ico giteramo
caremesherejwe muri Paruwase Mukiza Mweranda yo mu Nyakabiga, mu nyubakwa
yagenewe ibirori n'ibiteramo, kuva kw'isaha umunani (14h00) gushika kw'isaha
icumi n'imwe (17h00), kikaba cahuje imikangara yaje iva mu maparuwase atanu yo
mu gisagara ca Bujumbura, ari yo Paruwase yitiriwe Mikaheli Mweranda, Paruwase
Katedrale Regina Mundi, Paruwase yo mu Buyenzi, Paruwase Mutima w'ubwitonzi, iyo
mu Kinindo, iyo ku Musaga, iyo mu Ruziba, iyo mu kanyosha, iyo mu Ngagara, iyo
mu Gihosha, be n'iyo mu Kamenge.
Ivyo birori
vyari vyatewe iteka n'intumwa y'Umwepiskopi, Musenyeri Anatole Ruberinyange, Umuyobozi
ndemeshabutumwa vy'ibikorwa vya Papa OPM mu gihugu cose, Patiri Salvator
NGENDABANYIKWA, uwubirongoye muri Diyoseze, akaba anarongoye n'ubutumwa bw'imikangara
y'Imana, Patiri Antoine SABUSHATSE, be n'abo bafashanya ubutumwa, n'abaje
baherekeje imikangara yavuye mu maparuwase, abigebeye Imana, n'abavyeyi baje
baherekeje abo bana.
Inyuma y'ijambo
ry'ikaze ryatanzwe na Patiri Mukuru wa Paruwase Nyakabiga, Patiri Désiré NINAHAZIMANA,
umusaserdoti arongoye ibikorwa vyubutumwa bwa Papa muri Diyoseze ni we yaciye
amenyesha intumbero y'urubanza rw'uwo musi, ko urwaruka rwoshingira intahe
ukwemera, kandi rukakumenyesha hose.
Yaciye yibutse imigwi ishinzwe ubwo butumwa kurusha iyindi, ngo harimwo imikangara y'Imana. Yaciye aboneraho kwibutsa imigwi itandukanye y'ibikorwa vya Papa mu Burundi, yongera arerekana abasaserdoti bashinzwe gukurikirana ibikorwa vy'iyo migwi.
Harabayeho
kandi n'ukwumviriza intahe yashinzwe n'umubikira yaserukiye abihebeye Imana b'abarundi
baranguye ubutumwa bw'ubumusiyonari muri Tanzaniya, be n'umumisiyonari w'umusaserdoti
amaze umwaka ngaha mu Burundi, ariko akomoka mu gihugu ca Nigeriya.
Mu gihe kuri uyu w'Imana ari ho hasozerwa amezi atatu adasanzwe y'ukuremesha ibikorwa vya Papa mu Burundi, twashatse kumenya uko mu biro ndemeshabutumwa vy'ibikorwa vya Papa OPM mu Burundi babona ukuntu ubutumwa bwo muri aya mezi atatu bwagenze, maze twegera Patiri Salvator NGENDABANYIKWA.
Uwo arongoye
ibiro ndemeshabutumwa vy'ibikorwa vya Papa mu Burundi yabanje kwibutsa ivyo
bari bategekanije, maze araheza atwiganira uko abona vyagenze: «Ibikuru bikuru
twashaka twarabiranguye, kuko twashaka ko umukristu uwo ari we wese ategera ko
ku bw'ibatisimu yaronse ategera ko ari umutumwa; none wumvise ko mu ndirimbo
baririmvye, nyinshi zerekanye ko bategereye ko ku bw'ibatisimu baronse, ari
abatumwa».
Ubu rero
ngo ikigiye gukurikira ni ugukwiragiza ibitabu vy'inyigisho mu Burundi bwose,
ibitabu bizokwunganira ababatijwe bose, mu miryango, mu bana, mu basaserdoti no
mu bihebeye Imana. Imikangara y'Imana ikaba yaragiye iraremesha ico giteramo mu
kuririmba indirimbo zerekana ko yiyemeje kuba abamisiyonari. Ni nko muri aka
karirimbo, aho bagira bati: «Nshaka kuba umumisiyonari, jewe ubwanje niyemeje
rwose gukwiza hose Inkuru Nziza, ngo Kristu amenyekane hose..., Ekleziya itere
imbere!»
Amezi ya Myandagaro, Nyakanga na Gitugutu ni yo yari yagenwe n'ibiro vya Papa mu Burundi OPM vy'ukumenyesha Inkuru nziza ya Yezu Kristu ku wabatijwe wese. Gushika ubu, imigwi ine ni yo imaze gushingwa ngo imenyeshe Inkuru nziza: igikorwa c'ugukwiza hose ijambo ry'Imana; ic'imikangara y'Imana; ica Petero mweranda Umutumwa kiraba ivy'amaseminari n'amanovisiya be n'amashure y'ukunagura abasaserdoti n'abihebeye Imana; be n'icurunani rw'abasaserdoti, abihebeye Imana n'abalayike bashingira intahe ukwemera.
Ubu na ho
rero ivyo bikorwa bikaba bishaka ko Uwabatijwe wese acika Umutumwa, aho ari
hose. Tubamenyeshe ko ibikorwa vya Papa vy'ukumenyesha hose Inkuru Nziza bisigurwa
ko ari ikintu cose ciza umuntu akora yitanga ngo Inkuru Nziza imenyekane hose.
Michel
NIBITANGA, CEDICOM
Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha: nk’uko ndabakunda, nimukundane namwe.» Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (13, 1-15)
Yezu yarabakunze urutiziganya
Imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu kuko yari azi ko ubutigu bwiwe bwo kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se bwashitse, kandi kuko yari yakunze abiwe bo kuri iyi si, yarabakunze urutiziganya.
Uwo musi bariko barafungura, Shetani yari imaze gushira mu mutima wa
Yuda Isikariyoti mwene Simoni imigambi yo kumugurisha, Yezu na We yari azi ko
Se yamugabiye ibintu vyose, ko yakomotse ku Mana kandi agira ngo asubire ku
Mana.
Mu gihe bariko barafungura rero, Yezu yavuye ku meza, akūra umutamana wiwe, yakira igitambara, aragikanyera. Hanyuma asuka amazi
mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe no kubihanaguza nya
gitambara akenyeye.
Ashikiriye Simoni Patero, Patero amubwira ati: «Mukama, ari Wewe unyoza
ibirenge!» Yezu aramwishura ati: «Ico ngira nturi bugitegere ubu, uzogitegera
hanyuma.» Petero aramubwira ati: «Ntirikabe, ntuzokwigera unyoza ibirenge!»
Yezu asubizayo ati: «Nintakwoza, nta co uzoba ugisangiye nanje.» Simoni Petero
amubwira ati: «Mukama, nivyaba ari ivyo, ntunyoze ibirenge bisa, nyoza n’umutwe
n’iminwe!» Yezu amubwira ati: «Uwamaze kwiyuhagira ntaba agikeneye kwozwa, kuko
ata mwanda aba afise; namwe nyene muri beranda ariko si mwese.» Na none yari
azi uwuza kumugurisha; ni ko kuvuga ati: «Ntimuri beranda mwese.»
Ahejeje kuboza ibirenge, yambara umutamana wiwe, asubira ku meza, ababwira
ati: «Mwategereye ico nabagiriye? Munyita Mwigisha na Mukama, kandi muvuga
ukuri, kuko ndi we. Ko rero jewe Mukama Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa
namwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero, ngo namwe mwigenze nk’uko
nabagiriye.»