Isozerwa ry'amezi atatu adasanzwe y'ukuremesha ibikorwa vya Papa mu Burundi: igiteramo c'indirimbo kumwe n'imikangara y'Imana
Itariki: 28/10/2019Ababisomye 10611 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Mu gusozera ayo mezi, mu biro ndemeshabutumwa vy'ibikorwa vya Papa OPM biteze ko umuco w'ukumenyesha Inkuru Nziza uzobandanya ukomera mu babatijwe bose, ubu ikigiye gukurikira kikaba ari ugukwiragiza ibitabu vy'inyigisho mu Burundi bwose, ibitabu bizokwunganira ababatijwe bose mu butumwa biyemeje

Mu gusozera amezi atatu adasanzwe y'ukuremesha ibikorwa vya Papa vyo kumenya Inkuru nziza ya Yezu Kristu, ibiro ndemeshabutumwa bw'ibikorwa vya Papa vy'ukumenyesha Inkuru nziza ya Yezu Kristu mu Burundi, OPM, vyaratunganije igiteramo c'indirimbo z'Imana, kuri uyu wa Mungu igenekerezo rya 27 Gitugutu 2019, ku mikangara y'Imana yo hagati mu gisagara ca Bujumbura.

 

Ico giteramo caremesherejwe muri Paruwase Mukiza Mweranda yo mu Nyakabiga, mu nyubakwa yagenewe ibirori n'ibiteramo, kuva kw'isaha umunani (14h00) gushika kw'isaha icumi n'imwe (17h00), kikaba cahuje imikangara yaje iva mu maparuwase atanu yo mu gisagara ca Bujumbura, ari yo Paruwase yitiriwe Mikaheli Mweranda, Paruwase Katedrale Regina Mundi, Paruwase yo mu Buyenzi, Paruwase Mutima w'ubwitonzi, iyo mu Kinindo, iyo ku Musaga, iyo mu Ruziba, iyo mu kanyosha, iyo mu Ngagara, iyo mu Gihosha, be n'iyo mu Kamenge.

 

Ivyo birori vyari vyatewe iteka n'intumwa y'Umwepiskopi, Musenyeri Anatole Ruberinyange, Umuyobozi ndemeshabutumwa vy'ibikorwa vya Papa OPM mu gihugu cose, Patiri Salvator NGENDABANYIKWA, uwubirongoye muri Diyoseze, akaba anarongoye n'ubutumwa bw'imikangara y'Imana, Patiri Antoine SABUSHATSE, be n'abo bafashanya ubutumwa, n'abaje baherekeje imikangara yavuye mu maparuwase, abigebeye Imana, n'abavyeyi baje baherekeje abo bana.

 


Inyuma y'ijambo ry'ikaze ryatanzwe na Patiri Mukuru wa Paruwase Nyakabiga, Patiri Désiré NINAHAZIMANA, umusaserdoti arongoye ibikorwa vyubutumwa bwa Papa muri Diyoseze ni we yaciye amenyesha intumbero y'urubanza rw'uwo musi, ko urwaruka rwoshingira intahe ukwemera, kandi rukakumenyesha hose.

 

Yaciye yibutse imigwi ishinzwe ubwo butumwa kurusha iyindi, ngo harimwo imikangara y'Imana. Yaciye aboneraho kwibutsa imigwi itandukanye y'ibikorwa vya Papa mu Burundi, yongera arerekana abasaserdoti bashinzwe gukurikirana ibikorwa vy'iyo migwi. 

Harabayeho kandi n'ukwumviriza intahe yashinzwe n'umubikira yaserukiye abihebeye Imana b'abarundi baranguye ubutumwa bw'ubumusiyonari muri Tanzaniya, be n'umumisiyonari w'umusaserdoti amaze umwaka ngaha mu Burundi, ariko akomoka mu gihugu ca Nigeriya.

 


Mu gihe kuri uyu w'Imana ari ho hasozerwa amezi atatu adasanzwe y'ukuremesha ibikorwa vya Papa mu Burundi, twashatse kumenya uko mu biro ndemeshabutumwa vy'ibikorwa vya Papa OPM mu Burundi babona ukuntu ubutumwa bwo muri aya mezi atatu bwagenze, maze twegera Patiri Salvator NGENDABANYIKWA.

Uwo arongoye ibiro ndemeshabutumwa vy'ibikorwa vya Papa mu Burundi yabanje kwibutsa ivyo bari bategekanije, maze araheza atwiganira uko abona vyagenze: «Ibikuru bikuru twashaka twarabiranguye, kuko twashaka ko umukristu uwo ari we wese ategera ko ku bw'ibatisimu yaronse ategera ko ari umutumwa; none wumvise ko mu ndirimbo baririmvye, nyinshi zerekanye ko bategereye ko ku bw'ibatisimu baronse, ari abatumwa».



 Ariko yaboneyeho gutomora ko batarangije, ahubwo abo bahimirije na bo bagiye gufata nyabuna ibintu mu minwe. Ngo ko bamaze kwibutsa ko ari abatumwa, bagiye kubandanya barangura ubwo butumwa aho bari hose, haba mu mashure yabo, mu mibano, mu migwi itandukanye barimwo, mu ma paruwase yabo. Kandi ngo biteze ko umuco w'ukumenyesha Inkuru Nziza uzobandanya ukomera muri bo.

 

Ubu rero ngo ikigiye gukurikira ni ugukwiragiza ibitabu vy'inyigisho mu Burundi bwose, ibitabu bizokwunganira ababatijwe bose, mu miryango, mu bana, mu basaserdoti no mu bihebeye Imana. Imikangara y'Imana ikaba yaragiye iraremesha ico giteramo mu kuririmba indirimbo zerekana ko yiyemeje kuba abamisiyonari. Ni nko muri aka karirimbo, aho bagira bati: «Nshaka kuba umumisiyonari, jewe ubwanje niyemeje rwose gukwiza hose Inkuru Nziza, ngo Kristu amenyekane hose..., Ekleziya itere imbere!»

 


Amezi ya Myandagaro, Nyakanga na Gitugutu ni yo yari yagenwe n'ibiro vya Papa mu Burundi OPM vy'ukumenyesha Inkuru nziza ya Yezu Kristu ku wabatijwe wese. Gushika ubu, imigwi ine ni yo imaze gushingwa ngo imenyeshe Inkuru nziza: igikorwa c'ugukwiza hose ijambo ry'Imana; ic'imikangara y'Imana; ica Petero mweranda Umutumwa kiraba ivy'amaseminari n'amanovisiya be n'amashure y'ukunagura abasaserdoti n'abihebeye Imana; be n'icurunani rw'abasaserdoti, abihebeye Imana n'abalayike bashingira intahe ukwemera.

Ubu na ho rero ivyo bikorwa bikaba bishaka ko Uwabatijwe wese acika Umutumwa, aho ari hose. Tubamenyeshe ko ibikorwa vya Papa vy'ukumenyesha hose Inkuru Nziza bisigurwa ko ari ikintu cose ciza umuntu akora yitanga ngo Inkuru Nziza imenyekane hose.

 

Michel NIBITANGA, CEDICOM

Ivyiyumviro

Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha: nk’uko ndabakunda, nimukundane namwe.» Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (13, 1-15)

Yezu yarabakunze urutiziganya

Imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu kuko yari azi ko ubutigu bwiwe bwo kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se bwashitse, kandi kuko yari yakunze abiwe bo kuri iyi si, yarabakunze urutiziganya.

Uwo musi bariko barafungura, Shetani yari imaze gushira mu mutima wa Yuda Isikariyoti mwene Simoni imigambi yo kumugurisha, Yezu na We yari azi ko Se yamugabiye ibintu vyose, ko yakomotse ku Mana kandi agira ngo asubire ku Mana.

Mu gihe bariko barafungura rero, Yezu yavuye ku meza, akūra umutamana wiwe, yakira igitambara, aragikanyera. Hanyuma asuka amazi mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe no kubihanaguza nya gitambara akenyeye.

Ashikiriye Simoni Patero, Patero amubwira ati: «Mukama, ari Wewe unyoza ibirenge!» Yezu aramwishura ati: «Ico ngira nturi bugitegere ubu, uzogitegera hanyuma.» Petero aramubwira ati: «Ntirikabe, ntuzokwigera unyoza ibirenge!» Yezu asubizayo ati: «Nintakwoza, nta co uzoba ugisangiye nanje.» Simoni Petero amubwira ati: «Mukama, nivyaba ari ivyo, ntunyoze ibirenge bisa, nyoza n’umutwe n’iminwe!» Yezu amubwira ati: «Uwamaze kwiyuhagira ntaba agikeneye kwozwa, kuko ata mwanda aba afise; namwe nyene muri beranda ariko si mwese.» Na none yari azi uwuza kumugurisha; ni ko kuvuga ati: «Ntimuri beranda mwese.»

Ahejeje kuboza ibirenge, yambara umutamana wiwe, asubira ku meza, ababwira ati: «Mwategereye ico nabagiriye? Munyita Mwigisha na Mukama, kandi muvuga ukuri, kuko ndi we. Ko rero jewe Mukama Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa namwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero, ngo namwe mwigenze nk’uko nabagiriye.»

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 72
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI