Kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 10 Munyonyo 2019, kuri Paruwase Mikaheli Mweranda kari akanyamuneza kadasazwe, aho mu mugwi «NINAHAZIMANA» w'abaririmbiramana bitiriwe «Yozefu Mweranda» bakira abashitsi baje babagana, bagenzi babo bo mu mugwi witiriwe «Luka Mweranda» wo mu bwibutsamana bw'abasirikare bo kuri Paruwase Kristu Umwami. Ibirori vyatanguriye ku nkuka ya misa yatanguye igihe c'isaha zine zo mu gitondo (10h00), irongowe na Patiri Mukuru wa Paruwase, Patiri Léonard NIMBONA, afatanije n'umusaserdoti w'umushitsi, Patiri Anatole GISANINTORE.
Mu nsiguro y'Ijambo ry'Imana, Patiri Léonard NIMBONA yisunze ibisomwa vyari bitegekanijwe kuri uwo musi w'Imana w'Idominika ya 32 y'umwaka w'amasabamana C. Kari akanyamuneza, kuko mu ndirimbo zasamirana, abashitsi ari bo bafasha mu masabamana.
Inyuma y'inkuka y'imisa, urubanza rwarabandanirije mu nzu y'amanama ya Paruwase, mu gusangira amasaka, biginana mu ndirimbo, mu ntambo n'imvyino birasamirana. Harahanahanywe n'amajambo ku mpande zose. Patiri Pierre NKUNZIMANA, icegera w'umwibutsamana mu gisirikare c'Uburundi, yari yaje aherekeje uwo mugwi w'abaririmbiramana, mw'ijambo ryiwe, akaba yarakengurutse ubucuti iyo migwi yerekanye.
Abagiye barafata amajambo bose, baba abaserukiye iyo migwi, baba abatumire, bose baranezerejwe n'urwo rubanza, bavuga ko rushimikiye ku rukundo ruranga abo bari muri iyo migwi. Harabaye kandi n'umugirwa w'ugutora umugenzi, kugirango ubucuti bugume butsimbatara hagati y'iyo migwi yompi.
Uwundi yafashe ijambo ni Patiri ajejwe imihari n'imigwi y'ubutumwa, Patiri Prosper BIGIRIMANA. Na we yarakengurutse ubucuti iyo migwi yerekanye. Inyuma y'iryo jambo yaciye abahezagira, ariko urubanza rwarabandanije, bidagadura mu kanyamuneza kabaranga. Mwomenya ko urwo rubanza rwagiye gusozerwa Ku mugoroba, kw'isaha icumi na zibiri n'iminota mirongo ibiri n'itanu (18h25), mu kanyamuneza ntangere.
Claver KAYOYA, Paruwase Mikaheli Mweranda
Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)
Muri irya misi,
Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa
n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga
bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu
mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo
birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima
ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima.
Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari
azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko
ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye
biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.
Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni
Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise
amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda
w’Imana.»
Â