Kuri uwo musi mukuru, kari akaryo ko kwiginana no gukenguruka
ivyiza bagabanye mu mwaka wa yubile, n'ivyo bagabanye mu myaka 25 uwo mugwi
umaze utanguye ubutumwa. Ivyo birori bikaba vyatangujwe
n'inkuka y'imisa, hakurikira ukwiginana n'amajambo. Abaririmbiramana bo mu mugwi «Bikira Mariya Nyenyeri yo mu mutwenzi» wo muri Paruwase Katedrale Regina Mundi baradomekewe amatara yabo mirongo ibiri n'atanu,
baratera impundu ya Yubile, abandi barayitabira, maze irasamirana.
Mu majambo yavuzwe muri urwo rubanza, hatanguye
iry'icegera c'umukuru w'umugwi, Ferdinand Ndayizeye. Ahejeje kwakira
abashitsi yaraberetse inararibonye z'uwo mugwi, ziraheza zirambikwa amashapule.
Uwaserukiye inama nkuru ya Paruwase yarakeje uwo mugwi, afatiye cane cane ku kuntu abaririrmbiramana bawo bagiye barongerekana, n'ingene baririmvye neza mu misa y'isaha
zine y'uwo musi w'urubanza. Yasozereye ijambo ryiwe abipfuriza kubandanya
batera imbere.
Patiri mukuru wa Paruwase Katedrale
Regina Mundi, Félix Fupi, na we nyene yarashikirije ijambo. Yavuze ati: «Igikorwa murangura
turaciyumvamwo, kuko na none tuba turi bamwe iyo duhereza Inkuka y'imisa, namwe
mukaririmba; tuba turi ku gikorwa kimwe. Ikibanza mufise ni ntasubirizwa kuko
mufasha abandi gusenga, mugatuma umutima wabo ukiruruka, ukegera Imana.
Avuga ku myaka 25 uwo mugwi umaze urangura ubutumwa bw'ukuririmbira Imana mu ndirimbo z'amasabamana, ku bwiwe, uwo mugwi waragabanye ivyiza vyinshi, ari na co gituma ivy'ugukenguruka muri iyo myaka umaze
urangura ubutumwa bitobura. Yagize ati:
«Ni akaryo rero k'ukwiginana mu gukenguruka ivyiza, inema
n'imihezagiro mwagabanye mu mwaka wa yubile, no mu myaka mumaze
muri ubwo butumwa».
Twobamenyesha ko uwo mugwi
«Bikira Mariya Nyenyeri yo mu mutwenzi» wo muri Paruwase Katedrale Regina Mundi ugizwe
ahanini n'abakozi bo mu nzu, ukaba uremesha imisa ya mbere yo ku musi w'Imana
igihe c'isaha icumi na zibiri zo mu gitondo.
Jean Bosco Nduwayo, Katedrale
Regina Mundi