Umusi mukuru wa Kristu Umwami utwibutsa ko Yezu Kristu ari Uwuriho, Uwamyeho n'Uwuzokwamaho; ni We aganza ibihe n'imyaka, ni We ntango n'iherezo rya vyose (Alufa na Omega).
Bagenzi, uyu musi w'Imana igenekerezo rya 24 Munyonyo 2019, Kw'isi yose muri Ekleziya Katolika, duhimbaza umusi mukuru cane wa Kristu Uwami. Uyu musi twigina Yezu Kristu nk'Umwami wacu. Tuzirikane rero ico twemera mu Bwami bw'Uwo Mwami wa bose na vyose.
Amamuko y'umunsi mukuru wa Kristu Umwami
Umunsi mukuru wa Kristu Umwami ufise amamuko mu mwaka w'1925, aho washingwa na Papa Piyo w'XI. Intumbero yari iy'uko ibihugu vyose vyogamburukira Kristu n'amabwirizwa yiwe. Muri ico gihe, intwaro ya gikomuniste yari ishinze imizi mu bihugu vyinshi, na yo ikaba yari ifise ivyiyumviro vy'ubuhakanyi.
Mu ntango, umusi mukuru wa Kristu Umwami wahimbazwa ku musi w'Imana wa nyuma wo mu kwezi kwa Gitugutu, ariko mu nyuma, aho habereye ihinduka muri Liturujiya, n'igihe c'ihimbazwa ry'uwo musi caciye gihinduka. Rero kuva mu mwaka w'1969, uwo musi uhimbazwa ku musi w'Imana wa 34, akaba ari na wo wa nyuma wo mu mwaka wa Liturujiya. Si wo munsi wa nyuma w'umwaka wa Liturujiya, ahubwo tuba dutanguye indwi ya nyuma y'umwaka wa Liturujiya, iherana n'umusi wa gatandatu urongora umusi w'Imana wa mbere w'Ubushikiro, ari na wo utangura umwaka ukurikira wa Liturujiya.
Ico umusi mukuru wa Kristu Umwami utwigisha
Umusi mukuru wa Kristu Umwami utwibutsa ko Yezu Kristu ari Uwuriho, Uwamyeho n'Uwuzokwamaho. Ni We aganza ibihe n'imyaka, ni We ntango n'iherezo rya vyose (Alufa na Omega). Muri Kristu Yezu ni ho ivyaremwe vyose vyakoranirijwe; ni ho abantu bose banywaniye. Muri we ni ho twese twacunguriwe. Yezu rero ni We nyene ibihugu vyose bikwiye kuyoboka, maze ishaka ryiwe rikaranguka kw'isi nko mw'ijuru.
Ekleziya rero irakira Yezu nk'Umwami, igatumira abana bayo bose kumwakira nk'Umwami. Gutangaza ko Yezu Kristu ari Umwami, ni ukwemeza ko afise ubukuru n'ububasha kuri zina kiremwa cose, ko yatsinze ikibi cose; ni ukwemera kandi kugendera mu muco yaduhaye mw'ijambo ryiwe, tukemera ko ata wundi mukiza dufise atari We.Uwo Yezu Kristu duhimbaza nk'Umwami wacu uyu musi ni Umwana w'Imana, akaba kandi Umwana wa Bikira Mariya; ni we Mana yigize umuntu, aza kubana natwe. Yaraciye bugufi; ku rukundo rwiwe yarabaye umwe kumwe natwe, ndetse igicumuro. Yarabaye akana gatoya, yarabayeho mu kanyamuneza no mu mubabaro. Yaje kutubera inzira n'akarorero. Yezu ni we mahoro yacu, nitumwakire mu buzima bwacu.
Mwami w'isi yose, ganza muri iyi si yuzuyemwo amadidane; ganza muri abo bashinzwe gutunganya imigambi yo guteza imbere no kuryohora isi; ganza mu miryango, usubize itoto urukundo hagati y'abana n'abavyeyi, abarezi n'abarerwa, abatwara n'abatwarwa; ganza muri Ekleziya, mu nzego ziyiyoboye, mu mibano y'abasaserdoti n'abihebeyimana, mu mibano rukristu. Sambura imigambi yose iva ku nganji y'umwijima. Izina ryawe nirimenyekane hose, bose bakubite ibipfukamiro imbere yawe, bahayagiza Ubwami bwawe n'ubukuru bwawe. Garura abazimiye, uhoze abababaye, uvure abakomeretse; maze dutangaze ko uri Umukama wacu yazutse, ukaba Umwami n'Umukiza wacu; bose bavyumve, babimenye, babishingire intahe ko Ubwami bwawe ari ubw'imyaka yose.