UBWAMI BWA KRISTU NI UBW'IMYAKA YOSE
Itariki: 22/11/2019Ababisomye 510 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Umusi mukuru wa Kristu Umwami utwibutsa ko Yezu Kristu ari Uwuriho, Uwamyeho n'Uwuzokwamaho; ni We aganza ibihe n'imyaka, ni We ntango n'iherezo rya vyose (Alufa na Omega).
Bagenzi, uyu musi w'Imana igenekerezo rya 24 Munyonyo 2019, Kw'isi yose muri Ekleziya Katolika, duhimbaza umusi mukuru cane wa Kristu Uwami. Uyu musi twigina Yezu Kristu nk'Umwami wacu. Tuzirikane rero ico twemera mu Bwami bw'Uwo Mwami wa bose na vyose. 

Amamuko y'umunsi mukuru wa Kristu Umwami

Umunsi mukuru wa Kristu Umwami ufise amamuko mu mwaka w'1925, aho washingwa na Papa Piyo w'XI. Intumbero yari iy'uko ibihugu vyose vyogamburukira Kristu n'amabwirizwa yiwe. Muri ico gihe, intwaro ya gikomuniste yari ishinze imizi mu bihugu vyinshi, na yo ikaba yari ifise ivyiyumviro vy'ubuhakanyi.

Mu ntango, umusi mukuru wa Kristu Umwami wahimbazwa ku musi w'Imana wa nyuma wo mu kwezi kwa Gitugutu, ariko mu nyuma, aho habereye ihinduka muri Liturujiya, n'igihe c'ihimbazwa ry'uwo musi caciye gihinduka. Rero kuva mu mwaka w'1969, uwo musi uhimbazwa ku musi w'Imana wa 34, akaba ari na wo wa nyuma wo mu mwaka wa Liturujiya. Si wo munsi wa nyuma w'umwaka wa Liturujiya, ahubwo tuba dutanguye indwi ya nyuma y'umwaka wa Liturujiya, iherana n'umusi wa gatandatu urongora umusi w'Imana wa mbere w'Ubushikiro, ari na wo utangura umwaka ukurikira wa Liturujiya.

Ico umusi mukuru wa Kristu Umwami utwigisha

Umusi mukuru wa Kristu Umwami utwibutsa ko Yezu Kristu ari Uwuriho, Uwamyeho n'Uwuzokwamaho. Ni We aganza ibihe n'imyaka, ni We ntango n'iherezo rya vyose (Alufa na Omega). Muri Kristu Yezu ni ho ivyaremwe vyose vyakoranirijwe; ni ho abantu bose banywaniye. Muri we ni ho twese twacunguriwe. Yezu rero ni We nyene ibihugu vyose bikwiye kuyoboka, maze ishaka ryiwe rikaranguka kw'isi nko mw'ijuru.

Ekleziya rero irakira Yezu nk'Umwami, igatumira abana bayo bose kumwakira nk'Umwami. Gutangaza ko Yezu Kristu ari Umwami, ni ukwemeza ko afise ubukuru n'ububasha kuri zina kiremwa cose, ko yatsinze ikibi cose; ni ukwemera kandi kugendera mu muco yaduhaye mw'ijambo ryiwe, tukemera ko ata wundi mukiza dufise atari We.Uwo Yezu Kristu duhimbaza nk'Umwami wacu uyu musi ni Umwana w'Imana, akaba kandi Umwana wa Bikira Mariya; ni we Mana yigize umuntu, aza kubana natwe. Yaraciye bugufi; ku rukundo rwiwe yarabaye umwe kumwe natwe, ndetse igicumuro. Yarabaye akana gatoya, yarabayeho mu kanyamuneza no mu mubabaro. Yaje kutubera inzira n'akarorero. Yezu ni we mahoro yacu, nitumwakire mu buzima bwacu.

Mwami w'isi yose, ganza muri iyi si yuzuyemwo amadidane; ganza muri abo bashinzwe gutunganya imigambi yo guteza imbere no kuryohora isi; ganza mu miryango, usubize itoto urukundo hagati y'abana n'abavyeyi, abarezi n'abarerwa, abatwara n'abatwarwa; ganza muri Ekleziya, mu nzego ziyiyoboye, mu mibano y'abasaserdoti n'abihebeyimana, mu mibano rukristu. Sambura imigambi yose iva ku nganji y'umwijima. Izina ryawe nirimenyekane hose, bose bakubite ibipfukamiro imbere yawe, bahayagiza Ubwami bwawe n'ubukuru bwawe. Garura abazimiye, uhoze abababaye, uvure abakomeretse; maze dutangaze ko uri Umukama wacu yazutse, ukaba Umwami n'Umukiza wacu; bose bavyumve, babimenye, babishingire intahe ko Ubwami bwawe ari ubw'imyaka yose.  
Ivyiyumviro
Mu mumugwi umwe
INGOMA YA KRISTU NI IY'UMUCO WAMAHO22/11/2019 | ababisomye 805 | Michel NIBITANGA
INGOMA YA KRISTU NI IY'IMYAKA YOSE22/11/2019 | ababisomye 1187 | Michel NIBITANGA
UMUSI MUKURU WA KRISTU UMWAMI22/11/2019 | ababisomye 2463 | Michel NIBITANGA

Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)

Muri irya misi,

Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe, nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we. Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka yose.»

Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi.  

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 217
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI