Kw'isengero nkuru ya Paruwase, ivyo birori vyatangujwe n'urugendo rurerure rwahereye ahitwa i Makombe, kuva kw'isaha zibiri n'igice z'agatondo, rushika hafi ya zone Magara ahitwa ku Mabaho, rugaruka kw'isangero nkuru ya Paruwase, ari na ho haciye habera inkuka ya Misa
«Ubwami bwa Yezu Kristu bukomoka kuri Mana Se yamusize amavuta», ayo ni amwe mu majambo makuru makuru yashimikiweko mu nsiguro y'ijambo ry'Imana ryasomwe mu misa y'umusi mukuru wa Kristu Umwami, kuri uyo w'Imana igenekerezo rya 24 Munyonyo, muri Paruwase Magara be no ku mashure-tabariro yose akukira iyo Paruwase. Ibirori vy'uwo musi mukuru bikaba vyari vyitabwe n'abakristu batandukanye, eka mbere n'abanyamihari n'imigwi y'ubutumwa.
Kw'isengero nkuru ya Paruwase, ivyo birori vyatangujwe n'urugendo rurerure rwahereye ahitwa i Makombe, kuva kw'isaha zibiri n'igice z'agatondo, rushika hafi ya zone Magara ahitwa ku Mabaho, rugaruka kw'isangero nkuru ya Paruwase, ari na ho haciye habera inkuka ya Misa, kw'isaha zine, imisa yaherejwe na Patiri Umwibutsamana mushasha w'imihari n'imigwi y'ubutumwa, Patiri Sylvère NTASUMBUMUYANGE.
Mu nsiguro yiwe idonda Ubwami bwa yezu, uwo musaserdoti, afatiye ku nkuru nziza, yabwiye abakristu ko Umwami wabo ari Yezu, wa wundi abayahudi babamvye ku Musalaba, bakamubamba hagati y'ababisha. Uwo musaserdoti yabandanyije insiguro y'ijambo ry'Imana ry'uwo musi asaba abakristu kuzirikana ivyerekeye Ubwami bwa Yezu mu ntambwe zitatu ari zo z'uko Ubwami bwa Yezu bukomoka ku Mana se yamusize amavuta; ko Ubwami bwa Yezu bwarangukiye ku Musalaba; be n'uko ababatijwe bose bari muri ubwo Bwami bwa Yezu.
Patiri Sylvère NTASUMBUMUYANGE yagize ati: «Ubwami bwa Yezu ni ingabirano y'Imana irengeye na kure ukwo abantu babutahura, kuko mu gihe ubwami bw'abantu bufise imbibe n'iherezo, ariko Ubwami bwa Yezu Kristu Umwana w'Imana nzima bwobwo bwaje budasanzwe, buzira imbibe n'iherezo.»
Uwo musaserdoti yavuze ko Ubwami bwa Kristu ari Ubwami bw'ukuri n'ubuzima, Ubwami bw'ubweranda n'inema, Ubwami bw'ubutungane, urukundo n'amahoro. Ikindi, ngo urukundo Yezu yakunze abo yashaka kwigarurira mu Bwami bwiwe ni rwo ngo rwamutumye abitangira ku Musalaba. Urwo rukundo, mu kurusigura yagereranije n'ukuntu mu gihe abami bo kw'isi bobo barondera gukorerwa, bakama bakingiwe ngo ntihagire ikintu cobagirira nabi, ko Yezu we iryo teka ryarangutse mu gupfira bose ku Musalaba no mu guhambwa, agaheza akazuka, gutyo akemeza n'abari bamwishe ko mu vyo aganza n'urupfu nyene ryrimwo. Uwo musaserdoti ati: «Kristu yaratsinze, kandi ni We aturwanira intambara».
Ku bijanye n'abagize ubwo Bwami bwa Yezu, Patiri Sylvère NTASUMBUMUYANGE yavuze ko ari ababatijwe bose, kandi ko bagize igihugu ceranda, umuryango witorewe n'Imana. Ngo bafise ubusaserdati-cami, icibare c'Imana, kandi ngo ni ingabo za Yezu. Ni n'aho yafatiye mu gusozera insiguro y'uwo musi avuga ko abo bagize Ubwami bwa Kristu bahamagariwe kurangamira Umwami wabo ku Musalaba, kugira ngo bashobore kugabana ikigongwe ciwe, baheze babeho bamugendanira mu buzima bwabo. Bahamagariwe kandi gukingira abandi, no kuba abatanga ubuzima kuri bene wabo, hakuba ababubaka.
Mwomenya ko ukwigina ivyo birori vyabandanyirije mu ngoro y'imanza n'amakoraniro iri mu bigo vy'iyo Paruwase y'i Magara. Abihebeye Imana, abamenyeshamana, abagize imihari n'imigwi y'ubutumwa, co kimwe n'abatumire, bakaba baciye basangirira hamwe imfungurwa n'inyobwa kavukire.
Honoré NDAYIRAGIJE, Paruwase Magara