Inkuka ya misa y'ugusezera rukristu umuhisi RĂ©gine NIWEBASA batazira Mamy, umuvyeyi wa Musenyeri Jean-Louis NAHIMANA
Itariki: 26/11/2019Ababisomye 4141 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Régine NIWEBASA yitavye uwamuremye ku wa kabiri igenekerezo rya 19 Munyonyo 2019, acikanira iruhande y'Ukaristiya, ariko avuga nka ya majambo ya Yezu ku Musalaba, ati: «Mana, ndaguhaye umutima wanje n'amaboko yanje, nyakira!»
Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 26 Munyonyo 2019, umuhisi RĂ©gine NIWEBASA yashinguranwe iteka rukristu. Urubanza rw'ukumushingura rwatangujwe n'Inkuka ya misa yabereye ku kirimba c'Umuvyeyi Bikira Mariya co ku musozi Siyoni, mu Gikungu, irongowe na Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yari yaje kwifatanya na Musenyeri Jean-Louis NAHIMANA, umwe mu basigwa b'uwo muhisi, amaziko na yo abera mw'itongo bashinguramwo abitavye Imana, ku Mpanda.

Iyo nkuka ya misa y'ugusezera rukristu umuhisi RĂ©gine NIWEBASA yari yitabwe kandi na Musenyeri Evariste Ngoyagoye, Umwepiskopi w'inararibonye wa Bujumbura, kumwe na Musenyeri Anatole Ruberinyange, Icegera c'Umwepiskopi Mukuru, n'abasaserdoti batandukanye basangiye ubutumwa na Musenyeri Jean-Louis NAHIMANA muri Diyoseze, abihebeye Imana, imiryango y'amaraso y'uwo muvyeyi, abo basangiye ubutumwa butandukanye, be n'incuti n'abagenzi.

Ubuzima bw'umuvyeyi Régine NIWEBASA bwashikirijwe n'umwe mu bana biwe, Souavis. Uwo muvyeyi bariko baraherekeza mu gisabisho c'Inkuka ya misa no kumushingura, yari umuvyeyi wa Musenyeri Jean-Louis NAHIMANA. Uwo muhisi yari yavutse ku wa 10 Gitugutu 1929, avukira i Save (mu Rwanda), aho se yari umutware. Yabatijwe ku musi yavutseko nyene, kuko hari umusaserdoti w'umuzungu yari yaciye kuramutsa uwo mutware, aca avuga ati: «Ko nshitse hari umwana yavutse, reka nce ndamubatiza!»

Uwo RĂ©gine NIWEBASA yakomoka mu nda y'ingoma y'abami bo mu Rwanda, kuko yakomoka ku mwami Kimenyi, mu bwami bwa Gisaka, kuko mu Rwanda rw'ico gihe hari ubwami bwinshi, harimwo n'aho i Gisaka. Mamy rero yavutse ku mutware Gatanga, mwene Sebaragamba, wa Cama, wa Ntamwete, wa Mahunde, wa Mukerangabo, imfura y'umwami Kimenyi-IV, mwene Bazira, mwene Buregeya, avuka ku mwami Kwezi, umwana w'umwami Kimenyi-III, w'umwami Ntaho, avuka ku mwami Mutuminka, avyarwa n'umwami Kimenyi-II bita Shumbusho. Ibisokuruza birabandanya gushika kuri Kagesera, umukuru w'umuryango w'abagesera-abazirankende.

Umuvyeyi RĂ©gine NIWEBASA rero yari yavutse mu muryango w'abemera Imana, w'abakristu, n'izina ry'ubukristu ry'umuvyeyi wiwe ryarabiranga, MoĂŻse Gatanga, ari na co gituma yamubatirishije ku musi yavutseko nyene. Uwo se wiwe kandi yari incabwenge, kuko yari n'Umutware. Ni na co catumye n'uwo mukobwa wiwe aja mw'ishure. Ariko rero n'ubwo yavuka mu nda y'ingoma, yagize ubwana butoroshe, kuko kuko yabaye impfuvyi akiri muto; yabuze se wiwe akiri umwana, kandi na nyina wiwe yamusize atarakura cane.

Se wa RĂ©gine NIWEBASA rero amaze gushengera, nyina yaciye yimukira kwa inarume wiwe i Butare kuharerera utwana twiwe dutatu yari yasigiwe n'umucance wiwe, harimwo n'uwo turiko dusezera uyu musi. Aho ni ho yakuriye, gushika uwo muvyeyi wiwe yitavye Imana, uwo mukobwa akiri mu mashure y'intango. Mu nyuma yarabandanije n'amashure yisumbuye, aca anonosora mu bijanye n'ukwibarutsa abavyeyi.

Ubuzima bw'ukwubaka rukristu na bwo uko bwaje, ibintu vyatanguye mu gihe ishure ryari ryamurungitse kwimenyereza mu gihugu c'Uburundi, kw'ivuriro ry'i Ngozi, ibitaro vyafatwa mu mugongo n'ababikira b'Ababiligi bo mu muryango w'ababikira bene Mariya (les «Dames de Marie» mu gifaransa). Ni na ho yahavuye aronka akazi.

Agasangwa rero muri ivyo bitaro hari hasanzwe hariho n'umuganga yahakora, umusore ahoze rwose, yitwa Yozefu Nahimana; umusi umwe uwo «Maso meza» (nk'uko bamutazira) aza kumutemberera aho yabana n'abandi baforomakazi bakorana. Yavuyeho ataco avuze, ariko bukeye ni ho yarungikana umukozi wiwe ingabire yamugeneye: agapira kari kameze nk'akandi yari yisigarije, ku buryo bukeye bwaho bisanze bahuriye mu misa, bose batwambaye, kandi batabivuganye. Uko ni kwo yamutangarije urukundo, vyo muri iyo myaka nyene ya za 1950. Vyavuyemwo umumubano w'ukwubakana.

Mu kiringo cose Mamy yamaranye na Maso meza, baranaronse n'ingabire y'abana bashika umunani, ari na ko bagiye barakora ahantu hatandukanye, haba mu Burundi canke ku mugabane wa Buraya. Mu Burundi, inyuma y'i Ngozi, aho bakoreye ni nk'i Gihanga, i Mabayi, i Muyinga, n'i Muramvya. Bahavuye babarungika i Buraya, gukarisha ubwenge. Bagiyeyo bamaze kuronka abana bane, ari bo Gloriose, Souavis, Spéciose na Antoinette, bagaruka mu mwaka w'1966 bafise batandatu, abiyongeyeko ni Jean-Louis (ubu ari Musenyeri), na Immaculée; umuryango ushikira i Bujumbura, havukira Aimable, hanyuma babarungika gukorera mu bitaro vy'i Ngozi, ahavukiye umuhererezi Dieudonné. Muri abo, hariho abamutanze kurenguka i Bukama: umuhisi Gloriose, n'umuhisi Spéciose.

Ariko umuvyeyi Mamy, mu mwaka w'1969, shetani yahavuye igerageza urugo rwiwe bikomeye, kuko mu magume yaciye mu Burundi muri iyo myaka, bamutwaye umugenzi wiwe yakunda cane, bongera bamutwara n'ivyari bimubeshejeho neza vyose. Ni ho rero yaca yimukira mu Kamenge, aho yarereye abana, abana umunani bose, kandi banyazwe ivyobatunze vyose. Umuvyeyi RĂ©gine NIWEBASA rero yarakenyeye ziraguma, arabarera, abareresha urukundo rw'Imana n'abantu, yongera abigisha kwakira n'ugushima ubuzima uko buje, abigisha kandi kugira akanyamuneza n'urupfasoni rwinshi cane. 

Indero abo bana baronkejwe n'uwo muvyeyi, n'ubwo yabasigaranye ari umwe, yaratumye bagira aho bishikana. Mu ruvyaro rwiwe ni ho havuyemwo umusaserdoti, uyu musi Musenyeri Jean-Louis Nahimana. Agiye kandi yari amaze no kuronka n'abakwe; uri abarundi, eka mbere n'abo mu bindi bihugu,nka Kameruni, eka mbere n'abazungu. Ni ukuvuga ko abana biwe baba mu bihugu bitandukanye, ariko bose bagahuzwa no kwa Mamy, ku Mutanga-Nord, aho yari asigaye aba, inyuma yo mu kamenge. Asize kandi n'abuzukuru.

Mu buzima-rukristu, umuvyeyi Régine NIWEBASA, abana biwe bari baramutaziriye «Umusukukazi w'Imana», kubera urukundo yakunda Imana n'abantu. Ubwo buzima bw'umutima na bwo bwasiguwe n'icegera c'Umwepiskopi wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Musenyeri Anatole Ruberinyange, ari na yasiguye ijambo ry'Imana ryamurikiye Inkuka ya misa y'ukumuhereza Umukama, ku ruhusha rw'uwo Mwepiskopi Mukuru wa Diyoseze, ariko kandi akaba n'umwe mu bashoboye kwibonera uwo muvyeyi n'ukugabana ku vyiza yatanga. Na we nyene, kwabaye nk'ugushinga intahe, kuko ngo yanamuhezagiye, akongera akanamusigira n'ireresi yamufashije cane, yarimwo ikiganiro yatanze citwa «Kw'itanguriro ry'ubwenge.»

Umuvyeyi Régine NIWEBASA, «Umusukukazi w'Imana», ngo yarazigamye ukwemera, kandi ngo yaranigisha abandi ijambo ry'Imana, ku buryo arangije urugendo abamuzi baguma bamutangarira. Mu vy'umutima, ibitangarirwa vyiwe, harimwo ukwo kuntu yabatijwe akivuka, agakurira mu ndero rukristu, kandi akaba yarahurumbira cane Isakramentu ry'Ukaristiya, ku buryo vyigeze gushika akamara amezi abiri yose atunzwe n'Ukaristiya gusa, be n'amazi. Icivugo ciwe cari: «Umukama ni we Mwungere wanje, sinzokena» (Izaburi 23).

Akiri umwana muto, akiri mu mashure mato, ngo yarahuye na Bikira Mariya mu ndoto, aramwereka ishapule. Kuva ico gihe yaciye amukunda cane, aca akunda n'igisabisho. Kandi yama ahaya Imana ko ari Se w'impfuvyi ikaba n'Umugabo w'abapfakazi, kuko ngo yirabirako ukuntu mu bupfakazi bwiwe no mu bupfuvyi bw'abana biwe, yamye imukorera ibitangaro, agashobora kubaronsa indero ishemeye, mu vy'umutima no mu vy'umubiri.

Muri Ekleziya na ho, yaratorewe ubutumwa butandukanye: yarabaye umusangiji w'Umubiri wa Kristu muri Paruwase Ngagara (mu gihe Kamenge yari igitwarwa muri Paruwase Ngagara), kandi ni we mukenyezi wenyene batoreye ubwo butumwa. Yaragenda i Nyambuye no mu Gishingano, n'amaguru. Yaratanze n'ijambo ry'Imana, ari uwo bita «Maman Catéchiste». Yaratanze n'inyigisho ku bitegurira isakramentu ry'ukwubaka rukristu.

Ikindi, ngo yarakunda cane Bikira Mariya, ku buryo rya tongo ryiwe ryo mu Kamenge yahavuye arigabira Paruwase Kamenge ngo hubakwe agasengero. Eka, n'aho yagiye araba hose hama hakoranira abasenga, ubona ko yari no mu muhari w'inyengu za Bikira Mariya («Mouvement Marial» mu gifaransa). Aha ntihavuzwe imfashanyo yama atanga ku mwaka ku mwaka, buri mu ci, ngo ifashe abanyeshure bo kw'Iseminari ntoyi yo mu Kanyosha, ayirungikanye umuyobozi wayo. N'abantu b'Imana na bo nyene yarabakunda. Ababizi ni abo yakirije urukundo bibaruka, be n'abo yaja arafasha mu ngorane z'ubuzima baba bamutuye. Yararonse kandi n'umuhezagiro wa Papa Yohani Paulo-II igihe yaza mu Burundi, ku buryo hari abemeza ko ari aberanda basa bahuye.

Mamy rero, ari we Régine NIWEBASA, yitavye uwamuremye ku wa kabiri igenekerezo rya 19 Munyonyo 2019. Aho yariko arashengera, imbere yaho gato, agishobora kuvuga, abamwumvise ubwa nyuma bumvise aguma avuga ngo: «Imana ndiko ndayiha umutima wanje n'amaboko yanje, ariko ntiyakira!» Aho yariko yigana iryo Yezu yavuze ku Musalaba. Ariko ntivyatevye, Ukuaristiya iruhande yiwe, abasaserdoti baje kumuha isakramentu ry'isigwa ry'abarwayi, iyo Mana yahavuye imwumvira, iraheza rero irakira wa mutima wiwe. None rero, ko yari yarabatijwe, akishushanya atyo na Kristu, namutabare rero, azomusangize n'izuka, amuronse bwa bwami bwo mw'ijuru yaraganiye abiwe bose.

Michel NIBITANGA, CEDICOM
Ivyiyumviro

Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Ku bwacu twese, Yezu Kristu yarigize umugamburutsi gushika yemere urupfu, kandi urupfu rwo ku musaraba. Ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose, ikamugabira Izina rirengeye amazina yose. Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.

Ukubabara kw’Umukama wacu Yezu Kristu kwashikirijwe na Yohani (18, 1-19, 42)

Yezu mw’itongo ryo hakurya ya Kedroni

S: Bahejeje gufungura, Yezu ajana n’abigishwa biwe hakurya y’umugezi witwa Kedroni;

hari umurima, aba ari ho yinjira n’abigishwa biwe.

Yuda wa muhemu yari azi neza aho hantu,

kuko Yezu yahora ahaja kenshi n’abigishwa biwe.

 

Yuda rero azanye umugwi w’abasirikare n’abarinzi

barungitswe n’abaherezankuka bakuru be n’Abafarizayo,

arashika n’amatara n’ibimuri n’ibirwanisho.

Yezu rero yari azi ibiza kumushikira vyose;

arabasanganira, ababwira ati:

Y:  «Murondera nde?»

S: Bamwishura bati:

Ab: «Yezu w’i Nazareti.»

S: Ababwira ati:

Y: «Ni Jewe.»

S:  Yuda wa muhemu yari kumwe na bo.

Aho Yezu ababwiriye rero ati: «Ni Jewe»,

Basogeza baja inyuma bagwa hasi.

Yezu asubira kubabaza ati:

Y: «Murondera nde?»

S: Bishura bati:

Ab: «Yezu w’i Nazareti.»

S: Yezu abishura ati:

Y: «Nababwiye ko ari Jewe.

Usangwa ari Je murondera, reke abo bigire.»

S: Uko niko ijambo yavuze ryarangutse, ngo:

«Sinatakaje n’umwe mu bo wampaye.»

 

Simoni Petero yari afise inkota;

arayisokorora, ayikubita umusuku w’umuherezankuka mukuru,

amuca ugutwi kw’iburyo.

Uwo musuku yitwa Malikusi.

Yezu yamara abwira Petero ati:

Y: «Subiza inkota mu rwubati.

Bite! Ndeke kunywa ikalisi Data yampaye!»

S: Wa mugwi w’abasirikare, uwuwurongoye n’abarinzi b’Abayuda

Bafata Yezu baramuboha.

 

Yezu kwa Hana na Kayifa

 

Babanza kumujana kwa Hana,

ari we sebukwe wa Kayifa,

yari umuherezankuka mukuru uyo mwaka.

Kayifa ni umwe yari yahanuye Abayuda ati:

«Vyobabera vyo umuntu umwe apfiriye igihugu.»

 

Simoni Petero n’uwundi mwigishwa barakurikira Yezu.

Uwo mwigishwa  umuherezankuka mukuru yari amuzi,

yinjirana rero na Yezu mu ngoro y’umuherezankuka mukuru,

Petero we asigara hanze hambavu y’irembo.

Wa mwigishwa umuherezankuka mukuru yari azi, arasohoka,

avugana n’incoreke yarinda irembo, yinjiza Petero.

Iyo ncoreke yarinda irembo ibwira Petero iti:

Ab: «Aho uri aho,

weho nturi mu bigishwa b’uwo muntu?»

S: Ayishura ati:

Ab: «Sindi muri bo.»

S: Abasuku n’abarinzi bari bacanye umuriro, kuko hari imbeho,

bari aho bota.

Petero na we yari kumwe na bo yota.

 

Umuherezankuka mukuru arabaza Yezu

Ibirora ku bigishwa biwe no ku nyigisho ziwe.

Yezu amwishura ati:

Y: « NÇgishije abantu icese;

nÇŽmye nigishiriza mu masinagoga no mu gisengero,

aho Abayuda bakoraniye;

nta co navugiye mu mpisho.

Umbariza iki?

Baza abavyumvise; ico navuze bo barakizi.»

S: Ngo avuge iryo,

umwe mu barinzi bari aho, akubita urushi Yezu, ati:

Ab: «Uko ni ko wishura umuherezankuka mukuru!»

S: Yezu amwishura ati:

Y: «Ninaba mvuze nabi, erekana ikibi aho kiri;

na ho ninaba mvuze ukuri, unkubitiye iki?»

S: Hana amurungika uko yakaboshwe

ku muherezankuka mukuru Kayifa.

Simoni Petero we yari akiri aho yota umucanwa.

Bamubwira bati:

Ab: «Weho ntiwoba uri uwo mu bigishwa biwe?»

S: Arabihakana ati:

Ab: «Sindi muri bo.»

S: Umwe mu basuku b’umuherezankuka mukuru,

incuti y’uwo Petero yari yaciye ugutwi,

Amubwira ati:

Ab: «Sinakubonye muri kumwe mw’itongo?»

S: Petero yamara asubira kubihakana,

ubwo nyene inkoko irabika.

 

Yezu kwa Pilato

 

Bavana rero Yezu kwa Kayifa, bamujana mw’iburaniro.

Hari mu gitondo.

Ariko bo ntibinjra mw’iburaniro ku kwanka guhumana,

ngo bashobore kurya Pasika.

 

Pilato arasohoka rero imbere yabo, ababwira ati:

Ab: «Uwo muntu mumurega iki?»

S: Baramwishura bati:

Ab: «Iyo ataba yari inkozi y’ikibi,

ntitwari kumukuzanira.»

S: Pilato ababwira ati:

Ab: «Mujane mwebwe nyene mumucire urubanza,

mukurikize itegeko ryanyu.»

S: Abayuda baramwishura bati:

Ab: «Ntitwarekuriwe kugira uwo twica.»

S: Kwari ukugira ngo ijambo Yezu yavuze

Hamwe yari yabuye ururpfu azopfa, ritahe.

Pilato rero asubira mw’iburaniro,

atumako Yezu, amubwira ati:

Ab: «Uri umwami w’Abayuda?»

S: Yezu aramwishura ati:

Y: «Ivyo ni wewe uvyivugiye,

canke ni ivyo wumva ku bandi bamvuga?»

S: Pilato amwishura ati:

Ab: «Mbega jewe ndi Umuyuda?

Abo mu gihugu cawe n’abaherezankuka bakuru ni bo bakunzaniye.

Wakoze iki?»

S: Yezu asubiza ati:

Y: «Ubwami bwanje si ubwo kuri iyi si.

Iyo Ubwami bwanje buba ari ubwo kuri iyi si,

Abantu banje bari kundwanira,

Singwe mu minwe y’Abayuda;

Eka noneho, Ubwami bwanje si ubw’aha kw’isi.»

S: Pilato amubwira ati:

Ab: «None ga, uri umwami?»

S: Yezu aramwishura ati:

Y: «Uvuze ko, ndi Umwami,

kandi ni co navukiye kikantuma nza kw’isi:

ni ukugira ngo nshingire ingingo ukuri;

uwukunda ukuri wese yumva ijwi ryanje.»

S: Pilato aramubwira ati:

Ab: «Ukuri ni iki?»

S: Avuze ayo majambo, asubira gusohoka, agana Abayuda,

araheza arababwira ati:

Ab: «Nta co namusanzeko comwica.

Ariko ni akamenyero

Ko ndabarekurira umwe ku musi wa Pasika.

None mushaka ko ndabarekurira umwami w’Abayuda?»

S: Biha induru rero bati:

Ab: «Ntumuduhe, duhe Baraba!»

S: Uwo Baraba yari umwambuzi.

Pilato rero afata Yezu aramukubitisha.

Hanyuma abasirikare bajisha urugori rw’amahwa,

barumwambika ku mutwe,

bongera bamwambika umutamana utukura.

Baramwegera bavuga bati:

Ab: «Mwaramutse, ga mwami w’Abayuda!»

S: Bongera baramukubita amakofe.

Pilato aragaruka, abwira Abayuda ati:

Ab: «Ehe ndamubazaniye,

mumenye ko ata gicumuro ndamubonyeko co kumwica.»

S: Yezu arasohoka rero uko yakambaye

rwa rugori rw’amahwa na wa mutamana utukura;

araheza Pilato ababwira ati:

Ab: «Ng’uwo wa muntu!»

S: Ngo bamubone, abakuru n’abarinzi biha induru bati:

Ab: «Ku musaraba! Ku musaraba!»

S: Pilato ababwira ati:

Ab: «Ng’uwo nimumwibambire mwebwe nyene,

jewe nta co namusanzeko gikwiye guhanwa.»

S: Abayuda baramwishura bati:

Ab: «Turi n’itegeko,

kandi turikurikije ni uwo gupfa,

kuko yigize Umwana w’Imana.»

S: Pilato ngo yumve ayo majambo, atinya ukuruta.

Asubira mw’iburaniro, araheza abwira Yezu ati:

Ab: «Uva he?»

S: Yezu yamara ntiyamwishura namba.

Pilato rero niko kumubwira ati:

Ab: «Ntunyishura jewe!

Ntuzi ko mfise ububasha bwo kukurekura

N’ubwo kukubamba?»

S: Yezu aramwishura ati:

Y: «Nta bubasha wari umfiseko,

iyo utabuhabwa n’Uwo mw’ijuru.

Ni co gituma uwakumpaye

Yakoze igicumuro kiruta icawe.»

S: Kuva ubwo, Pilato yarondera ingene yomurekura;

Abayuda yamara baja mu vyo kuyogora bati:

Ab: «Niwamurekura, ntuzoba ukunda Sezari;

kuko uwigira umwami wese aba agararije Sezari.»

S: Pilato ngo avyumve, asohora Yezu,

amwicarika ku ntebe y’imanza,

ahitwa Litositorotosi, mu gihebereyi na ho Gabata.

Hari ku musi w’ukwitegurira Pasika,

ahashira isaha ya gatandatu.

Pilato abwira Abayuda ati :

Ab: «Ng’uwo umwami wanyu!»

S: Bo bavuza induru bati:

Ab: «N’apfe! N’apfe! Mubambe!»

S: Pilato ababwira ati:

Ab: «Mbambe umwami wanyu!»

S: Abaherezankuka bakuru basubizayo bati:

Ab: «Atari Sezari, nta wundi mwami dufise.»

S: Araheza aramubaha ngo bamubambe.

 

Yezu ku gasozi ka Kalvariyo

 

Yezu ava aho yikoreye umusaraba wiwe,

agana ahantu hitwa Kalvariyo, mu gihebereyi Gologota.

Ni ho bamubambiye hamwe n’abandi babiri,

umwe ku ruhande uwundi ku rundi,

Yezu na we hagati.

 

Pilato kandi arandikisha urwandiko,

araheza arumanika hejuru ku musaraba.

Amajambo yarwo yari aya:

«Yezu w’i Nazareti, umwami w’Abayuda.»

Abayuda benshi barasoma urwo rwandiko,

kuko aho Yezu yari yabambiwe hari hafi y’igisagara

kandi rwari rwanditswe mu gihebereyi, mu kilatini no mu kigereki.

Abaherezankuka bakuru n’Abayuda babwira rero Pilato bati:

Ab: «Ntiwandike ngo: Umwami w’Abayuda, andika uti:

Uwo muntu yavuze ati: Ndi umwami w’Abayuda.»

S: Pilato arabishura ati:

Ab: «Ico nanditse canditswe.»

S: Abasirikare bamaze kumubamba,

bafata ivyambarwa vyiwe, babicamwo imyanya ine,

umwe w’umwe umwe muri bo.

Bafata ikanzu yiwe, ariko iyo kanzu ntiyagira umubariro;

yari yajishwe urunani kuva hejuru gushika hepfo.

Bavuga rero bati:

Ab: «Ntituyitabure, nimuze dutere ubupfindo bw’uwuyironka.»

S: Kwari ukugira ngo Inyandiko itahe ngo:

«Baragabanganye ivyambarwa vyanje,

na yo ikanzu yanje bayiterako ubupfindo.»

Ng’ivyo ivyo abasirikare bagize.

 

Iruhande y’umusaraba wa Yezu hari hahagaze nyina wiwe,

na nyinabo, Mariya muka Klopasi,

na Mariya Madalena.

Yezu ngo abone nyina wiwe

iruhande yiwe na ho hari wa mwigishwa yakunda,

abarira nyina wiwe rero ati:

Y: «Wa mukenyezi we, ng’uwo umwana wawe.»

S: Abwira wa mwigishwa na we ati:

Y: «Ng’uwo nyoko wawe.»

S: Kuva ubwo, nya mwigishwa aca ajana Mariya iwe.

Ivyo biheze,

kuko yari azi ko vyose vyamaze kurangira,

Kugira ngo Inyandiko iranguke rwose,

Yezu avuga ati:

Y: «Ndanyotewe.»

S: Aho hari agakono kuzuye isiki.

Bashinga rero kw’icumu akamamara bakojeje mw’isiki,

baramuhereza ngo anunuze.

Yezu amaze kunywa nya siki, ati:

Y: «Vyose birarangiye.»

S: Araheza ajondamika umutwe, aracikana.

 

Aha barapfukama, bakavuga agasabisho gatoyi banumye

 

Kubera ko wari umusi w’ukwitegurira Pasika,

- nkako isabato wari umusi mukuru uhambaye, -

Abayuda rero basaba Pilato

ngo bavune amaguru y’abari babambwe, baheze babakureho

boye kurekera imivyimba ku musaraba ku musi w’isabato.

Abasirikare rero baraza bavuna amaguru

y’uwa mbere n’ay’uwa kabiri

muri bamwe babambwe hamwe na Yezu.

Bashikiriye Yezu, basanga yamaze gucikana,

ntibamuvuna amaguru,

ariko umwe wo muri nya basirikare amusogota icumu mu rubavu,

haca hisuka amaraso n’amazi.

Uwabibonye ni we yabishingiye intahe,

kandi intahe yiwe ni iy’ukuri,

kandi urya azi ko avuga ukuri ngo namwe mwemere.

Ivyo rero vyagenze gutyo ngo inyandiko itahe:

«Nta gufa ryiwe bazovuna» ;

ahandi na ho ngo:

«Bazokwihweza uwo basogose.»

 

Itongo bahamvyemwo Yezu

 

Ivyo biheze, Yozefu w’i Arimateya, umwigishwa wa Yezu,

ariko mu mpisho kuko yatinya Abayuda,

asaba Pilato kubambura ikiziga ca Yezu.

Nikodemu na we araza,

umwe mu ntango yari yagiye gukebukana na Yezu mw’ijoro;

azana ikivange c’imira na alowe c’ingero nk’ijana.

Bafata ikiziga ca Yezu,

bakizingira mu mpuzu hamwe n’ibimoga neza,

nk’uko Abayuda babigenza mu guhamba.

Aho bari bahamvye Yezu hari umurima;

muri uwo murima, hakaba uruhafu rushasha,

ata muntu n’umwe yari bwahambwemwo.

Kandi wari umusi w’ukwitegura kw’Abayuda,

uruhafu na rwo rwari hafi,

haba ariho bahamba Yezu.

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 241
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI