Patiri Olivier Ndayisaba yahamagariye abakristu muri rusangi, na cane cane abaririmbiramana, guca mu makanda y'umweranda Sisiriya
Itariki 22 z'ukwezi kwa Munyonyo, Ekreziya Katorika irahimabaza umweranda Sisiriya. Kubera rero uwo mweranda asanzwe ari n'umuvunyi w'abaririmbiramana n'abacuraranzi, karabaye akaryo ku migwi y'abaririmbiramana bo muri Paruwase Katedrale Regina Mundi k'ukumuharira umugoroba udasanzwe. Abaririmbiramana bose rero bakaba bari basidukanye n'iyonka mu nkuka y'imisa y'uguhimbaza uwo muvunyi wabo, n'umwambaro ubaranga bashizeko. Inkuka y'imisa yaherejwe na Patiri Olivier Ndayisaba. Wa wundi ati «ibisa birasabirana», uwo musi wahuriranye n'umusi ugira umunani w'igisabisho c'imisi icenda c'ukwitegurira umusi mukuru wa Kristu Mwami.
Kuva ku ntangamarara y'imisa, uwo musaserdoti ntiyibagiye kwibutsa ko uwo musi, muri Eklesiya Katorika, twibuka umweranda Sisiriya. Ni kwo guhamagarira abari aho gukurikiza akarorero k'uwo mubikira mweranda. Ku bw'igice c'ivyanditswe cerekana ingene ubuzima bwa Sisiriya bwo ngaha kuri iyi si bwagenze, Umweranda Sisiriya ni umwe mu bashizwe hejuru mu babikira b'abamaratiri b'i Roma. Inyuma y'ikinjana ca gatatu ni ho yaja mu bafise igitsibo c'ababikira b'abamaratiri. Yari yarabayeho neza cane mu vyiza vyinshi vyo kuri iyi si. Gusa, abavyeyi biwe bahavuye barondera kumuhemukira.
Sisiriya, abavyeyi biwe baramurongoje ku nguvu ku mupagani yitwa Valérien, ariko n'aho bakoze ivyo, yagumye ari umubikira, kuko ku musi w'ubugeni bwiwe bw'umubabaro, mu gihe hariko humvikana amajwi y'indirimbo z'igipagani zivuga ivy'ubugeni, we yaguma aririmbira mu mutima wiwe ururirimbo ruhayagiza Kristu, amusaba ngo amuzigamire ubwerentegegwa bwiwe. Ubwo bwerentegegwa rero yarabugumanye. Na we uwo mugabo wiwe, n'aho yari asanzwe ari umupagani, yahavuye ahinduka, aba umukristu, mbere arahava akundira Sisiriya guhindukirira burundu ukwemera nyakuri, kumwe na muramu we Tiburce.
Hahavuye hagera ko yitaba Imana yamuremye, ariko Sisiriya aja mu nzira y'ukubabara birenze urugero. Uwo mweranda yaravyemeye, kuko yarondera gukwirikiza iragi ry'Umukama Yezu Kristu. Ugupfa kwiwe kwavuye kw'itegeko ryari ryashinzwe n'abakuru b'ico gihe: yaratawe mu mazi atukuye (ashushe birenze urugero), yongera atemagurwa gatatu, bamutemesheje imbugita zikarishe cane. Ariko ntiyashoka acicana, kuko n'ububabare bwinshi cane, yamaze iyindi misi itatu mu nzu yiwe. Ari ku mpfiro, iyo nzu yiwe yasize ayiraze Papa Urbain. Ikimenyetso c'ubweranda camubonetseko ni uko mu mwaka w'1599, buguruye isandugu yari yarashinguwemwo, basanga umubiri wiwe ukiri uko yashinguwe umeze.
Ubwo rero ni bwo buzima n'ubumaratiri bw'Umweranda Sisiriya, yapfiriye ugukwirikiza iragi ry'Umukama wacu Yezu Kristu, mu guharanira kwubahiriza umubiri wiwe. Mbere Patiri Olivier Ndayisaba wewe, ubuzima bw'uwo mwerwnda akaba yarabugereranije n'ubwa Yezu, aca atumirira abakristu bari aho kwubahiriza imibiri yabo kuko ari ingoro nyeranda z'Imana. Ngo boheza bakisunga akarorero k'uwo mweranda Sisiriya yahisemwo ikiruta ikindi mu kwemera kubabara cane birenze urugero aho guhemukira Umukama kubw'akaryoheramubiri gusa. Uwo musaserdoti yarangije yipfuriza abaririmbiramana n'abacuraranzi bose umusi mukuru mwiza.
Imisa yaheze muri ako kanyamuneza ntangere ko kwibuka no guhimbaza iyo sabukuru ya Sisiriya mweranda. Tubamenyeshe ko ukwo kuririmba ahayagiza Kristu mu gihe abandi bariko biririmbira iz'ubupagani mu bugeni bwiwe, ari kwo kwamugize umuvunyi w'abaririmbiramana.
Emmanuel Nshimirimana, Katedrale Regina Mundi