WEB RADIOWEB TVHORAIRE DES MESSES
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(27 Mukakaro-2 Myandagaro 2020)_05/08/2020
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(27 Mukakaro-2 Myandagaro 2020)
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(20-26 Mukakaro 2020)
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(13-19 Mukakaro 2020)
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yo kuva kw'igenekerezo rya 13 19 Mukakaro 2020 _ 03/08/2020
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yo kuva kw'igenekerezo rya 13 19 Mukakaro 2020
Ijambo ry'Umushikiranganji wa mbere CPG Alain Guillaume BUNYONI, Paroisse RUGAZI, 18/07/2020
Paroisse Kamenge yaratunganije HARAMBE (Twubake Paroisse yacu)
Amasaha y'Inkuka za Misa no Gushengerera
I. VICARIAT BUJUMBURA
01. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
02. PAROISSE SAINT MICHEL
03. PAROISSE BUTERERE
04. PAROISSE BUYENZI
05. PAROISSE GATUMBA
06. PAROISSE GIHOSHA
07. PAROISSE KAMENGE
08. PAROISSE KANYOSHA
09. PAROISSE KINAMA
10. PAROISSE KININDO
11. PAROISSE MUSAGA
12. PAROISSE ESPRIT DE SAGESSE
13. PAROISSE NGAGARA
14. PAROISSE NYAKABIGA
15. PAROISSE RUZIBA
16. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
17. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
18. AUMÔNERIE DE LA POLICE
19. CENTRE JEUNES KAMENGE
20. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
II. VICARIAT BUHONGA
01. PARUWASE BUHONGA
02. PARUWASE JENDA
03. PARUWASE KARINZI
04. PARUWASE MAGARA
05. PARUWASE MATARA
06. PARUWASE MAYUYU
07. PARUWASE MUBIMBI
08. PARUWASE MUTUMBA
09. PARUWASE RUGAZI
10. PARUWASE RUSHUBI
III. VICARIAT MURAMVYA
01. PAROISSE BUKEYE
02. PAROISSE BUKWAVU
03. PAROISSE BUZIRACANDA
04. PAROISSE KIGANDA
05. PAROISSE KIVOGA
06. PAROISSE MUNANIRA
07. PAROISSE MURAMVYA
08. PAROISSE RYARUSERA
Baza ikibazo

Aleluya, aleluya.
Uwunkuririra ntazogendera mu mwijima, azoronka riho umuco w'ubuzima.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk'uko yashikirijwe na Yohani (12, 24-26)


Muri irya misi, 
Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Ni ukuri, ni ukuri ndabibabwiye, urutete rw'ingano rutaguye mw'ivu ngo rupfe, ruguma ari rwa rundi, nayo rupfuye rwera vyinshi. Uwukunda ubuzima bwiwe aba ariko arabutakaza, nayo uwanka ubuzima bwiwe kuri iyi si aba abuzigamiye ubuzima budahera. Uwushaka kunkorera n'ankurikire; bitayeko aho ndi, ni ho n'uwunkorera azoba. Uwunkorera Dawe azomutera iteka.»


Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk'uko yashikirijwe na Luka (1, 26-38)


Mwaramutse, wewe wuzuye inema, Umukama muri kumwe
Umusi umwe,
Umumarayika Gaburiyeli yatumwe n'Imana mu gisagara c'i Bugalile citwa Nazareti ku mwigeme yari yasabwe n'umuntu yitwa Yozefu, wo mu muryango wa Dawudi; nya mwigeme na we yitwa Mariya.
Nya mumarayika arinjira amubwira ati: «Mwaramutse, wewe wuzuye inema, Umukama muri kumwe.» Mariya ngo avyumve, agwa mu gahundwe, yibaza ico iyo ndamutso ivuyeko.
Nya mumarayika yamara aramubwira ati: «Humura, Mariya, warashimwe n'Imana. Uza gusama imbanyi, uze uyivyaremwo umuhungu, uzomwita Yezu. Azoba mukuru kandi azokwitwa Umwana w'Uwo mw'ijuru. Umukama Mana azomuha ingoma ya se wiwe Dawudi; azogaba igihugu ca Yakobo imyaka yose, n'inganji yiwe ntizohera.»
Mariya na we abaza nya mumarayika ati: «Ivyo bizoshoboka bite ko ntari bumenye umugabo?» Umumarayika aramwishura ati: «Mutima Mweranda azokuzako, maze ububasha bw'Uwo mw'ijuru bugutwikire. Ni co gituma uwo uzokwibaruka azoba mweranda kandi akitwa Mwene Mana. 
Mbere na Elizabeti, incuti yawe, aheruka gusama imbanyi y'umuhungu mu busaza, kandi uku kwezi kugira gatandatu, n'aho bahora bamwita ingumba, kuko atakinanira Imana.»
Mariya ati: «Jewe ndi umusavyi w'Umukama; nibimbere uko ubivuze.» Nya mumarayika aca arigira. 


Tanga
Ufashe Umuryango
Iyindi mirongo
Abari kumurongo : 14
Itariki: 28/11/2019Ababisomye 2891 Vyamenyekanishijwe na : Michel NIBITANGA
Patiri Bukene Jérémie yasiguye ko Ubwami bwa Kristu ari inkomezi zitubohora, kandi ko ubwo Bwami butanga amahoro n'umwizero
«Yezu, uri Umwami w'abami, alleluya!; Yezu turaguhaye impundu, ganza sabwa», ukwo ni ko abakristu baririmba n'akanyamuneza kenshi, kuri uyu w'Imana itariki 24 Munyonyo. Ako kanyamuneza ni na ko kabandanije karanga umusi mukuru wa Kristu Umwami muri Paruwase Katedrale Regina Mundi, mu kwifatanya n'izindi Paruwase zose z'Ekleziya. Ibirori vyaranzwe n'inkuka y'imisa yari irongowe na Patiri Jérémie Bukene, ari kumwe na Patiri mukuru, Patiri Félix Fupi. Iyo misa yari yitabwe n'abakristu benshi cane baje guhimbaza no gushikanira uwo Mwami w'abami.

Mu nsiguro y'uwo musi yashikirijwe na Patiri Jérémie Bukene mu mwanya w'insiguro y'ijambo ry'Imana, yaribukije ko Yezu ari Umwami w'inganji, ariko ko uko ab'ico gihe bari biteze Ubwami bwiwe atari ko bwaje. Akarorero ngo ni nka ba bayahudi baza munsi y'Umusaraba wiwe, baje kuraba ingene Yezu abambwa n'ingene yikiza we nyene, akongera akabakiza.

Uwo musaserdoti yagize ati: «Umwami bari barindiriye yari uwuza kubakiza ingorane zo ngaha kw'isi, abaha ivyo bashaka; ariko uwo Mwami ntawe babonye, ari na co gituma bahavuye bamuta bose, kuko batamumenye.» Yongeye ati: «Uwamumenye ni ca gisuma gusa bari babambanywe, ca kindi camusaba kiti "uranyibuka niwashika mw'iparadizo"».

Patiri Jérémie Bukene yarasavye rero ko ubwo Bwami bwa Yezu bwobera akarorero abafise ubukuru bose, eka n'abandi bose, kuko umwe wese afise ivyo ajejwe kandi abwirizwa gutunganya mu rukundo n'umwitwarariko ushemeye. Yarashimikiye cane ku ngingo y'uko umukristu atoba umurorerezi muri Ekleziya; kanatsinda ngo ingene uwo musi mukuru watanguye biha ishingiro uruhara rw'umwihariko rw'abakritu b'abalayike.

Kubwa Patiri Bukene, abakritsu bakwiye gutahura Ubwami bwa Yezu nk'inkomezi zibabohora, kandi ko bubaha amahoro n'umwizero. Na wo Umusalaba, uwo musaserdoti yavuze ko ubera irembo ry'ijuru umuntu wese ari kumwe na Yezu, ariko kandi ukaba n'intambanyi y'ukwinjira mu Bwami bw'Imana ku bironderera inyungu zabo, n'abigumira mu misi mikuru gusa, badashaka ibitugora, be n'abigumira ari abarorerezi. Iyindi ntambamyi ibuza kwinjira mu Bwami bwa Kristu ngo ni kahise, na kwo ugusaba ikigongwe n'ukugitanga bikaba inzira y'ukubohoka.

Uwo musaserdoti w'Umukama yarangije insiguro yiwe atumirira abakristu kutaguma bazura akahise, kuko ngo ari ho vyobakundira ko bifadikanya na Yezu, We yagize ati: «Dawe, bababarire, ntibazi ico bakora.» Imbere y'umuhezagiro w'ugusozera inkuka ya misa, Patiri Félix Fupi akaba yaripfurije abakristu bose umusi mukuru mwiza, yongera arabereka ababikira batatu baherejwe ibisabisho vyabo muri iyo misa, harimo na Mama Marie Rose Bigayimpunzi, umubikira umwe wenyene avuka muri iyo Paruwase, aca aboneraho kumwipfuriza ko yokurikirwa.

Ivyo birori vyabandanyirijwe mu nzu y'amanama, kaba akavyo k'ugusangirira hamwe nk'abavukana, bongera barasangira n'ikiyago. Abafashe amajambo bose bakaba barashimiye abateguye urwo rubanza n'igisabisho c'imisi icenda cafashije cane abakristu kwitegurira uwo musi mukuru. Umukuru w'inama nkuru ya Paruwase, Deo Masabo, mw'ijambo ryiwe, yarashimiye imigwi n'imihari y'ubutumwa, yongera ayipfuriza gutera ija imbere.

Patiri mukuru nawe, mw'ijambo ryiwe, yavuze ko ukwo kwicara hamwe vyibutsa ko umwe wese afise ingabirano za Mutima-Mweranda yiharije, kandi ko ukuzishira hamwe ari vyo vyubaka Ekleziya, maze abakristu bagaheza bakubaka batyo Ubwami bwa Kritu Umwami. Yaciye afata ako karyo arashikiriza icese itegeko rigiye kugenga ugwego rw'inama mpuzamihari n'imigwi y'ubutumwa, «Coordination» mu rurimi rw'igifaransa, itegeko ryashizweko umukono kuri uwo musi nyene.

Umusi mukuru wa Kristu Umwami wa bose na vyose watanguye mu gihe intwaro y'abakomunista yaha agaciro ibijanye na politique n'imibano, na vyo ivy'ukwemera, ndetse n'ivy'Imana, bigasa n'ivyibagirwa. Ni ho Papa Piyo-XI yasaba abakristu ngo bagaragaze ukwemera mu mibano yabo, ivyaciye bituma havuka imigwi y'abakozi b'abakristu b'abalayike, ari na yo yahavuye ivyara imihari n'imigwi y'ubutumwa tuzi uno musi.

Muri Paruwase Katedrale Regina Mundi rero, mu guhimbaza uwo musi mukuru wa Kristu Umwami, bikaba vyaraboneka ko abo bakristu bari banezerewe cane, kandi bashajije. Imigwi y'abaririmbiramana n'iy'ubutumwa na yo yaboneyeho kwererekana ivyo ikora, yifashishije amasanamu, n'umugwi w'abana na wo nyene uraririmba, mbere uranashimisha abari ngaho.

Grâce-Divine GAHIMBARE, Paruwase Katedrale Regina Mundi  
Ivyiyumviro
Amazina
E-mail
Iciyumviro canyu
Andika igiharuro gikurikira15208827990200
Tanga
Ufashe Umuryango
Mikaheli Mweranda
Katedrale Regina Mundi
Umwiherero mu mugwi «Jeunesse Regina Mundi» w'abaririmbiramana bo muri Paruwase Katedrale Regina Mundi30/7/2020 | Ababisomye 4879 | Michel NIBITANGA Uwo mwiherero witabwe na bamwe mu baririmbiramana bawo, ndetse na bamwe mu bakristu b'iyo Paruwase nyene. Abo bitavye uwo mwiherero bari baherekejwe na Patiri Sugespe....
Ingo n'Imiryango
Katedrale Regina Mundi
Iramurwa ry'ingo zakurikiranye inyigisho zo gutunganya imvyaro bifatiye ku buryo kama muri Paruwase Katedrale Regina Mundi10/7/2020 | Ababisomye 263 | Michel NIBITANGA Ni inyigisho zari zimaze amezi umunani zihabwa ingo zubatse, zatanzwe n'urugo rukristu rugizwe na Niyonzima Dylan na Mashaka Amnielle, ingo zine ku munani zikaba ari zo zashoboye kuzikurikirana gushik....
Mikaheli Mweranda
Katedrale Regina Mundi
Umwiherero w'abari mu mugwi wa Bibiliya n'abasomyi b'Ijambo ry'Imana bo muri Paruwase Katedrale Regina Mundi24/6/2020 | Ababisomye 1876 | Michel NIBITANGA Urukundo dukunda Imana rurigaragaza mu mwanya tuyiha mu kwakira n'ukuzirikana Ijambo ryayo (Patiri Jerry Urlich Cimpaye)....
Mikaheli Mweranda
Katedrale Regina Mundi
Umusi mukuru w'Isakramentu Ryeranda ingene wahimbajwe muri Paruwase Katedrale Regina Mundi16/6/2020 | Ababisomye 329 | Michel NIBITANGA «Ni isakramentu ry'agaheta kuko ari ryo Yezu yashimye kwishushanyamwo mu mukate n'umuvinyu. Yezu yabigize gutyo kubera urukundo adufitiye ngo dushobore kuza turamwihereza ataduteye ubwoba. Yabigize gu....
Mikaheli Mweranda
Katedrale Regina Mundi
Ugusozera umwaka w'ubutumwa w'2019 ushira 2020 ku bagize umugwi w'abihebeye Imana bakukira Paruwase Katedrale Regina Mundi12/6/2020 | Ababisomye 4892 | Michel NIBITANGA «Mwese ntimuzopfa urw'abamaratiri, ariko ku bw'indagano mwaraganiye Umukama, muhamagariwe kubaho mu bumaratiri bwa misi yose!», vyavuzwe na Patiri Modesto Todeschi, mu nyigisho yatanze kuri uwo mus....
WEB RADIOWEB TVHORAIRE DES MESSES
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(27 Mukakaro-2 Myandagaro 2020)_05/08/2020
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(27 Mukakaro-2 Myandagaro 2020)
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(20-26 Mukakaro 2020)
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(13-19 Mukakaro 2020)
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yo kuva kw'igenekerezo rya 13 19 Mukakaro 2020 _ 03/08/2020
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yo kuva kw'igenekerezo rya 13 19 Mukakaro 2020
Ijambo ry'Umushikiranganji wa mbere CPG Alain Guillaume BUNYONI, Paroisse RUGAZI, 18/07/2020
Paroisse Kamenge yaratunganije HARAMBE (Twubake Paroisse yacu)
Amasaha y'Inkuka za Misa no Gushengerera
I. VICARIAT BUJUMBURA
01. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
02. PAROISSE SAINT MICHEL
03. PAROISSE BUTERERE
04. PAROISSE BUYENZI
05. PAROISSE GATUMBA
06. PAROISSE GIHOSHA
07. PAROISSE KAMENGE
08. PAROISSE KANYOSHA
09. PAROISSE KINAMA
10. PAROISSE KININDO
11. PAROISSE MUSAGA
12. PAROISSE ESPRIT DE SAGESSE
13. PAROISSE NGAGARA
14. PAROISSE NYAKABIGA
15. PAROISSE RUZIBA
16. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
17. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
18. AUMÔNERIE DE LA POLICE
19. CENTRE JEUNES KAMENGE
20. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
II. VICARIAT BUHONGA
01. PARUWASE BUHONGA
02. PARUWASE JENDA
03. PARUWASE KARINZI
04. PARUWASE MAGARA
05. PARUWASE MATARA
06. PARUWASE MAYUYU
07. PARUWASE MUBIMBI
08. PARUWASE MUTUMBA
09. PARUWASE RUGAZI
10. PARUWASE RUSHUBI
III. VICARIAT MURAMVYA
01. PAROISSE BUKEYE
02. PAROISSE BUKWAVU
03. PAROISSE BUZIRACANDA
04. PAROISSE KIGANDA
05. PAROISSE KIVOGA
06. PAROISSE MUNANIRA
07. PAROISSE MURAMVYA
08. PAROISSE RYARUSERA

Aleluya, aleluya.
Uwunkuririra ntazogendera mu mwijima, azoronka riho umuco w'ubuzima.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk'uko yashikirijwe na Yohani (12, 24-26)


Muri irya misi, 
Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Ni ukuri, ni ukuri ndabibabwiye, urutete rw'ingano rutaguye mw'ivu ngo rupfe, ruguma ari rwa rundi, nayo rupfuye rwera vyinshi. Uwukunda ubuzima bwiwe aba ariko arabutakaza, nayo uwanka ubuzima bwiwe kuri iyi si aba abuzigamiye ubuzima budahera. Uwushaka kunkorera n'ankurikire; bitayeko aho ndi, ni ho n'uwunkorera azoba. Uwunkorera Dawe azomutera iteka.»


Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk'uko yashikirijwe na Luka (1, 26-38)


Mwaramutse, wewe wuzuye inema, Umukama muri kumwe
Umusi umwe,
Umumarayika Gaburiyeli yatumwe n'Imana mu gisagara c'i Bugalile citwa Nazareti ku mwigeme yari yasabwe n'umuntu yitwa Yozefu, wo mu muryango wa Dawudi; nya mwigeme na we yitwa Mariya.
Nya mumarayika arinjira amubwira ati: «Mwaramutse, wewe wuzuye inema, Umukama muri kumwe.» Mariya ngo avyumve, agwa mu gahundwe, yibaza ico iyo ndamutso ivuyeko.
Nya mumarayika yamara aramubwira ati: «Humura, Mariya, warashimwe n'Imana. Uza gusama imbanyi, uze uyivyaremwo umuhungu, uzomwita Yezu. Azoba mukuru kandi azokwitwa Umwana w'Uwo mw'ijuru. Umukama Mana azomuha ingoma ya se wiwe Dawudi; azogaba igihugu ca Yakobo imyaka yose, n'inganji yiwe ntizohera.»
Mariya na we abaza nya mumarayika ati: «Ivyo bizoshoboka bite ko ntari bumenye umugabo?» Umumarayika aramwishura ati: «Mutima Mweranda azokuzako, maze ububasha bw'Uwo mw'ijuru bugutwikire. Ni co gituma uwo uzokwibaruka azoba mweranda kandi akitwa Mwene Mana. 
Mbere na Elizabeti, incuti yawe, aheruka gusama imbanyi y'umuhungu mu busaza, kandi uku kwezi kugira gatandatu, n'aho bahora bamwita ingumba, kuko atakinanira Imana.»
Mariya ati: «Jewe ndi umusavyi w'Umukama; nibimbere uko ubivuze.» Nya mumarayika aca arigira. 


Baza ikibazo
Abari kumurongo : 14
Archidiocèse y'i Bujumbura
Gihosha
Tél : 22 23 14 76
Centre Diocésain de Communication
CEDICOM
B.P. 690 Bujumbura
Tél. : 22 22 05 00
E-mail : cedicom.buja@gmail.com
Ronka amakuru

Rondera
Mwodukurikirana muciye kuri :