Patiri Bukene Jérémie yasiguye ko Ubwami bwa Kristu ari inkomezi zitubohora, kandi ko ubwo Bwami butanga amahoro n'umwizero
«Yezu, uri Umwami w'abami, alleluya!; Yezu turaguhaye impundu, ganza sabwa», ukwo ni ko abakristu baririmba n'akanyamuneza kenshi, kuri uyu w'Imana itariki 24 Munyonyo. Ako kanyamuneza ni na ko kabandanije karanga umusi mukuru wa Kristu Umwami muri Paruwase Katedrale Regina Mundi, mu kwifatanya n'izindi Paruwase zose z'Ekleziya. Ibirori vyaranzwe n'inkuka y'imisa yari irongowe na Patiri Jérémie Bukene, ari kumwe na Patiri mukuru, Patiri Félix Fupi. Iyo misa yari yitabwe n'abakristu benshi cane baje guhimbaza no gushikanira uwo Mwami w'abami.Mu nsiguro y'uwo musi yashikirijwe na Patiri Jérémie Bukene mu mwanya w'insiguro y'ijambo ry'Imana, yaribukije ko Yezu ari Umwami w'inganji, ariko ko uko ab'ico gihe bari biteze Ubwami bwiwe atari ko bwaje. Akarorero ngo ni nka ba bayahudi baza munsi y'Umusaraba wiwe, baje kuraba ingene Yezu abambwa n'ingene yikiza we nyene, akongera akabakiza.
Uwo musaserdoti yagize ati: «Umwami bari barindiriye yari uwuza kubakiza ingorane zo ngaha kw'isi, abaha ivyo bashaka; ariko uwo Mwami ntawe babonye, ari na co gituma bahavuye bamuta bose, kuko batamumenye.» Yongeye ati: «Uwamumenye ni ca gisuma gusa bari babambanywe, ca kindi camusaba kiti "uranyibuka niwashika mw'iparadizo"».
Patiri Jérémie Bukene yarasavye rero ko ubwo Bwami bwa Yezu bwobera akarorero abafise ubukuru bose, eka n'abandi bose, kuko umwe wese afise ivyo ajejwe kandi abwirizwa gutunganya mu rukundo n'umwitwarariko ushemeye. Yarashimikiye cane ku ngingo y'uko umukristu atoba umurorerezi muri Ekleziya; kanatsinda ngo ingene uwo musi mukuru watanguye biha ishingiro uruhara rw'umwihariko rw'abakritu b'abalayike.
Kubwa Patiri Bukene, abakritsu bakwiye gutahura Ubwami bwa Yezu nk'inkomezi zibabohora, kandi ko bubaha amahoro n'umwizero. Na wo Umusalaba, uwo musaserdoti yavuze ko ubera irembo ry'ijuru umuntu wese ari kumwe na Yezu, ariko kandi ukaba n'intambanyi y'ukwinjira mu Bwami bw'Imana ku bironderera inyungu zabo, n'abigumira mu misi mikuru gusa, badashaka ibitugora, be n'abigumira ari abarorerezi. Iyindi ntambamyi ibuza kwinjira mu Bwami bwa Kristu ngo ni kahise, na kwo ugusaba ikigongwe n'ukugitanga bikaba inzira y'ukubohoka.
Uwo musaserdoti w'Umukama yarangije insiguro yiwe atumirira abakristu kutaguma bazura akahise, kuko ngo ari ho vyobakundira ko bifadikanya na Yezu, We yagize ati: «Dawe, bababarire, ntibazi ico bakora.» Imbere y'umuhezagiro w'ugusozera inkuka ya misa, Patiri Félix Fupi akaba yaripfurije abakristu bose umusi mukuru mwiza, yongera arabereka ababikira batatu baherejwe ibisabisho vyabo muri iyo misa, harimo na Mama Marie Rose Bigayimpunzi, umubikira umwe wenyene avuka muri iyo Paruwase, aca aboneraho kumwipfuriza ko yokurikirwa.
Ivyo birori vyabandanyirijwe mu nzu y'amanama, kaba akavyo k'ugusangirira hamwe nk'abavukana, bongera barasangira n'ikiyago. Abafashe amajambo bose bakaba barashimiye abateguye urwo rubanza n'igisabisho c'imisi icenda cafashije cane abakristu kwitegurira uwo musi mukuru. Umukuru w'inama nkuru ya Paruwase, Deo Masabo, mw'ijambo ryiwe, yarashimiye imigwi n'imihari y'ubutumwa, yongera ayipfuriza gutera ija imbere.
Patiri mukuru nawe, mw'ijambo ryiwe, yavuze ko ukwo kwicara hamwe vyibutsa ko umwe wese afise ingabirano za Mutima-Mweranda yiharije, kandi ko ukuzishira hamwe ari vyo vyubaka Ekleziya, maze abakristu bagaheza bakubaka batyo Ubwami bwa Kritu Umwami. Yaciye afata ako karyo arashikiriza icese itegeko rigiye kugenga ugwego rw'inama mpuzamihari n'imigwi y'ubutumwa, «Coordination» mu rurimi rw'igifaransa, itegeko ryashizweko umukono kuri uwo musi nyene.
Umusi mukuru wa Kristu Umwami wa bose na vyose watanguye mu gihe intwaro y'abakomunista yaha agaciro ibijanye na politique n'imibano, na vyo ivy'ukwemera, ndetse n'ivy'Imana, bigasa n'ivyibagirwa. Ni ho Papa Piyo-XI yasaba abakristu ngo bagaragaze ukwemera mu mibano yabo, ivyaciye bituma havuka imigwi y'abakozi b'abakristu b'abalayike, ari na yo yahavuye ivyara imihari n'imigwi y'ubutumwa tuzi uno musi.
Muri Paruwase Katedrale Regina Mundi rero, mu guhimbaza uwo musi mukuru wa Kristu Umwami, bikaba vyaraboneka ko abo bakristu bari banezerewe cane, kandi bashajije. Imigwi y'abaririmbiramana n'iy'ubutumwa na yo yaboneyeho kwererekana ivyo ikora, yifashishije amasanamu, n'umugwi w'abana na wo nyene uraririmba, mbere uranashimisha abari ngaho.
Grâce-Divine GAHIMBARE, Paruwase Katedrale Regina Mundi