WEB RADIOWEB TVHORAIRE DES MESSES
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(27 Mukakaro-2 Myandagaro 2020)_05/08/2020
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(27 Mukakaro-2 Myandagaro 2020)
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(20-26 Mukakaro 2020)
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(13-19 Mukakaro 2020)
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yo kuwa 27 Mukakaro - 2 Myandagaro 2020 _ 10/08/2020
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yo kuwa 27 Mukakaro - 2 Myandagaro 2020
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yo kuva kw'igenekerezo rya 13 19 Mukakaro 2020
Ijambo ry'Umushikiranganji wa mbere CPG Alain Guillaume BUNYONI, Paroisse RUGAZI, 18/07/2020
Amasaha y'Inkuka za Misa no Gushengerera
I. VICARIAT BUJUMBURA
01. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
02. PAROISSE SAINT MICHEL
03. PAROISSE BUTERERE
04. PAROISSE BUYENZI
05. PAROISSE GATUMBA
06. PAROISSE GIHOSHA
07. PAROISSE KAMENGE
08. PAROISSE KANYOSHA
09. PAROISSE KINAMA
10. PAROISSE KININDO
11. PAROISSE MUSAGA
12. PAROISSE ESPRIT DE SAGESSE
13. PAROISSE NGAGARA
14. PAROISSE NYAKABIGA
15. PAROISSE RUZIBA
16. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
17. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
18. AUMÔNERIE DE LA POLICE
19. CENTRE JEUNES KAMENGE
20. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
II. VICARIAT BUHONGA
01. PARUWASE BUHONGA
02. PARUWASE JENDA
03. PARUWASE KARINZI
04. PARUWASE MAGARA
05. PARUWASE MATARA
06. PARUWASE MAYUYU
07. PARUWASE MUBIMBI
08. PARUWASE MUTUMBA
09. PARUWASE RUGAZI
10. PARUWASE RUSHUBI
III. VICARIAT MURAMVYA
01. PAROISSE BUKEYE
02. PAROISSE BUKWAVU
03. PAROISSE BUZIRACANDA
04. PAROISSE KIGANDA
05. PAROISSE KIVOGA
06. PAROISSE MUNANIRA
07. PAROISSE MURAMVYA
08. PAROISSE RYARUSERA
Baza ikibazo

Aleluya, aleluya.
Ijambo rya Kristu niribashike ku nyota. Ku bwa Kristu, nimukengurukire Imana Umuvyeyi wacu.
Aleluya.
Ivyo du soma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk'uko yashikirijwe na Matayo (18, 1-5.10.12-14)


Muri irya misi, abigishwa begereye Yezu bamubarira bati: «Umukuru mu Bwami bw'ijuru ni nde?» Yezu yakuye akana agashira hagati yabo ati: «Ndababwiye, ni ivy'ukuri: mudahindutse ngo mube nk'abana batoyi, ntimuzokwinjira mu Bwami bw'ijuru. Uwuzokwicisha bugufi akamera nk'aka kana, ni we asumba abandi mu Bwami bw'ijuru. Uwufata neza ku bwanje akana nk'aka, ni jewe aba afashe neza. Murazi umuziro, ntihagire na kamwe mukengera muri utu twana, kuko, ndabibabariye, abamarayika babo bama imbere ya Data wo mw'ijuru bamwihweza.
Mbwire namwe: nk'umuntu afise intama ijana, imwe muri zo igatakara, ntaca arekera ku musozi zimwe mirongo icenda n'icenda akaja kurondera iyatakaye? Agize imana akayitora, ni ivy'ukuri ndababariye, izomutera akanyamuneza karuta zimwe mirongo icenda n'icenda zitari zatakaye. Uko ni ko bidakundwa na So wanyu wo mw'ijuru, ko kamwe muri utwo twana gatakara.»
Tanga
Ufashe Umuryango
Iyindi mirongo
Abari kumurongo : 20
Itariki: 29/11/2019Ababisomye 192 Vyamenyekanishijwe na : Michel NIBITANGA
Igihe c'Ubushikiro cashizweho mu kinjana ca gatanu, mu ntimatima y'ico kiringo, hakaba hiyumvirwa ukuza kw'Umukama, ukwigira umuntu kwiwe, akaza kw'isi
Ijambo «Ubushikiro», ari ryo «Avent» mu rurimi rw'igifaransa rivuye mu kilatini «Adventus» risigura «ugushika», «amaza». Mu myaka ya kera, eka mbere n'ubu, iyo haje umukuru, abantu baramwitegurira, bakaringaniza amabarabara, bagasibura imifuregi, bagatera n'ibitongati, kakaba akanyamuneza. Natwe nk'abemera turafise umukuru aheta bose, Yezu Kristu Umwana w'Imana Nzima. Turamwitegurira rero. Nk'uko ikarema idutegurira umusi mukuru wa Pasika, ni ko n'Ubushikiro budutegurira umusi mukuru wa Noeli.

IBIMENYETSO VYA LITURGIYA Y'UBUSHIKIRO

Hari ibimenyetso vya Liturgiya bijanye n'igihe c'Ubushikiro. Harabaho «Urugori rw'ubushikiro» rugizwe n'amatara ane, kuko igihe c'ubushikiro kigizwe n'idominika zine. Ku w'Imana wa mbere w'ubushikiro tuba dutanguye Umwaka mushasha wa liturujiya. Uno mwaka na wo ukaba ari Umwaka A. Itara ritangurira ayandi riratswa ku ndwi ya mbere, ku ya kabiri hakongerwako irindi, bigakurikirana ukwo, gushika ku rya kane ryatswa ku ndwi ya kane.


Mu gihe c'Ubushikiro ntidusubira kuririmba «Gloria», gushika ku mugoroba urongora Noeli. «Alleluya» yoyo tuguma tuyiririmba (si nko mw'Ikarema). Ibara rya Liturujiya riba ari iry'umuyugubwe (violet).

AMAMUKO Y'UBUSHIKIRO MURI EKLEZIYA 

Igihe c'Ubushikiro cashizweho mu kinjana ca gatanu, gitangujwe na Papa Gregori. Mu ntimatima y'ico kiringo, hiyumvirwa ukuza kw'Umukama, ukwigira umuntu kwiwe, akaza kw'isi. Ariko kandi, haraniyumvirwa n'ukugaruka kwiwe mu buninahazwa, aje gucira urubanza abazima n'abapfuye. No muri Liturujiya, ivyo biraheza bikaguma biboneka: mu bisomwa vyo mu Nkuru Nziza, mu ndwi za mbere barashimikira cane ku kugaruka kwa Kristu mu buninahazwa, hanyuma mu ndwi za nyuma (kuva kw'igenekerezo rya 17 Kigarama), bagashimikira ku kwigira umuntu kwa Jambo, Umwana w'Imana.

UBUSHIKIRO MU BUZIMA BW'UMUKRISTU 

Ubushikiro si ukwibuka ya myaka Abanyisrayeli bamara barindiriye Umukiza, canke ukwitegurira umusi mukuru wa Noweli gusa; ni nyabuna ikiringo umuntu atumiriwe kubamwo mu buryo buboneka ko yakiriye Umukama yigize umuntu akabana natwe. Kubaho gutyo na vyo bisigura kuvavanura n'inabi yose, abantu bakabaho riho mu butungane no mu rukundo, nk'uko Kristu yabitwigishije, bakirinda ukirinda kugirira inabi umuntu n'umwe canke ukwigira sindabibazwa mu ngorane z'abandi: «Ico cose mwagiriye umwe umwe muri abo bato bato tuvukana, ni jewe mwakigiriye; ico cose mwanse kugirira umwe umwe muri abo bato bato tuvukana, ni jewe mwanse kukigirira» (Mt.25,40-45).

Twibuke ko Jambo wa Data yigize umuntu gusa. Nta yandi mazina y'inyongera yongeyeko: nta mazina y'ubuzungu canke y'ubwirabure yigeze yiyongererako, nta y'ubuhutu, nta y'ubututsi, eka nta n'ay'ubutwa...! Jambo yigize umuntu, aza kubana natwe. Ari mu gashusho k'umuntu, kuko yamuremye amwishushanijeko. None rero, rwanya amacakubiri iyo aturuka hose (dusanzwe tuzi ko yadusinzikaje hano iwacu, n'ubu ibikomere bikaba bitarakira).

Raba neza ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu mutima wawe, wibuke ko Umwana w'Imana yavukanishijwe n'uwo wese mubana canke mwama muhura, eka mbere na wa wundi wama wita umwansi wawe, canke wa wundi wewe nyene wanka! Kubera urukundo n'umwizero Umukama Imana yacu yadushizemwo, yama idukebura kwama tugavye, kuko tutazi umusi n'isaha azogarukirako kutujana aho yaduteguriye (Mat.24,42.44; Mariko.13,33.35; Luk.21,36). 

Kristu yaraje, yama yaje, kandi agiye kuza; ingo tumusanganire. Nitumusanganire nka Izaya yahora amumenyesha; nitumusanganire nka Yohani Batista yamwerekanye nk'Umwagazi w'Imana ukura ibicumuro vy'isi, abatubona bashobore kumutubonamwo. Erega ibikorwa vyiza vyacu ni vyo ahanini bituma abantu bemera Kristu, kuko tuba tumushingiye intahe. Nitumwakire nka Bikira Mariya yamwibungenze akamushikiriza isi; ni we atarinze kuvuga ngo «Ntivyumvikana!», canke ngo «Nzokwunguka iki?», ariko akagira ati: «Jewe ndi umusavyi w'Umukama, nibimbere nk'uko ubivuze». Ng'uyo Yezu araje, musanganire.

Tubipfurije Ubushikiro bwiza mwese, n'umwaka mwiza w'ugusenga Umukama kuruta uko mwahora, n'uguhura na we!
Ivyiyumviro
Amazina
E-mail
Iciyumviro canyu
Andika igiharuro gikurikira30294718597640
Tanga
Ufashe Umuryango
Imihezagiro n'imigirwa
Turiteze Umukiza w'isi, niduhebe inabi yose29/11/2019 | Ababisomye 172 | Michel NIBITANGA Muri ubu Bushikiro, dusabe gusubiza hamwe n'abo tutari tugishize hamwe, abo twarenganije kubera ubwoko, canke umugambwe, canke mu bundi buryo, tubasabe ikigongwe....
WEB RADIOWEB TVHORAIRE DES MESSES
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(27 Mukakaro-2 Myandagaro 2020)_05/08/2020
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(27 Mukakaro-2 Myandagaro 2020)
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(20-26 Mukakaro 2020)
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
(13-19 Mukakaro 2020)
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yo kuwa 27 Mukakaro - 2 Myandagaro 2020 _ 10/08/2020
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yo kuwa 27 Mukakaro - 2 Myandagaro 2020
Amakuru ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yo kuva kw'igenekerezo rya 13 19 Mukakaro 2020
Ijambo ry'Umushikiranganji wa mbere CPG Alain Guillaume BUNYONI, Paroisse RUGAZI, 18/07/2020
Amasaha y'Inkuka za Misa no Gushengerera
I. VICARIAT BUJUMBURA
01. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
02. PAROISSE SAINT MICHEL
03. PAROISSE BUTERERE
04. PAROISSE BUYENZI
05. PAROISSE GATUMBA
06. PAROISSE GIHOSHA
07. PAROISSE KAMENGE
08. PAROISSE KANYOSHA
09. PAROISSE KINAMA
10. PAROISSE KININDO
11. PAROISSE MUSAGA
12. PAROISSE ESPRIT DE SAGESSE
13. PAROISSE NGAGARA
14. PAROISSE NYAKABIGA
15. PAROISSE RUZIBA
16. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
17. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
18. AUMÔNERIE DE LA POLICE
19. CENTRE JEUNES KAMENGE
20. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
II. VICARIAT BUHONGA
01. PARUWASE BUHONGA
02. PARUWASE JENDA
03. PARUWASE KARINZI
04. PARUWASE MAGARA
05. PARUWASE MATARA
06. PARUWASE MAYUYU
07. PARUWASE MUBIMBI
08. PARUWASE MUTUMBA
09. PARUWASE RUGAZI
10. PARUWASE RUSHUBI
III. VICARIAT MURAMVYA
01. PAROISSE BUKEYE
02. PAROISSE BUKWAVU
03. PAROISSE BUZIRACANDA
04. PAROISSE KIGANDA
05. PAROISSE KIVOGA
06. PAROISSE MUNANIRA
07. PAROISSE MURAMVYA
08. PAROISSE RYARUSERA

Aleluya, aleluya.
Ijambo rya Kristu niribashike ku nyota. Ku bwa Kristu, nimukengurukire Imana Umuvyeyi wacu.
Aleluya.
Ivyo du soma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk'uko yashikirijwe na Matayo (18, 1-5.10.12-14)


Muri irya misi, abigishwa begereye Yezu bamubarira bati: «Umukuru mu Bwami bw'ijuru ni nde?» Yezu yakuye akana agashira hagati yabo ati: «Ndababwiye, ni ivy'ukuri: mudahindutse ngo mube nk'abana batoyi, ntimuzokwinjira mu Bwami bw'ijuru. Uwuzokwicisha bugufi akamera nk'aka kana, ni we asumba abandi mu Bwami bw'ijuru. Uwufata neza ku bwanje akana nk'aka, ni jewe aba afashe neza. Murazi umuziro, ntihagire na kamwe mukengera muri utu twana, kuko, ndabibabariye, abamarayika babo bama imbere ya Data wo mw'ijuru bamwihweza.
Mbwire namwe: nk'umuntu afise intama ijana, imwe muri zo igatakara, ntaca arekera ku musozi zimwe mirongo icenda n'icenda akaja kurondera iyatakaye? Agize imana akayitora, ni ivy'ukuri ndababariye, izomutera akanyamuneza karuta zimwe mirongo icenda n'icenda zitari zatakaye. Uko ni ko bidakundwa na So wanyu wo mw'ijuru, ko kamwe muri utwo twana gatakara.»
Baza ikibazo
Abari kumurongo : 20
Archidiocèse y'i Bujumbura
Gihosha
Tél : 22 23 14 76
Centre Diocésain de Communication
CEDICOM
B.P. 690 Bujumbura
Tél. : 22 22 05 00
E-mail : cedicom.buja@gmail.com
Ronka amakuru

Rondera
Mwodukurikirana muciye kuri :