Urugendo rw'ukwigina uwo Mwami rwatanguye igihe c'isaha zine n'iminota icumi n'itanu, hanyuma igisabisho c'Inkuka ya Misa giherezwa na Patiri Prosper BIGIRIMANA ajejwe imihari n'imigwi y'ubutumwa, kumwe na Patiri Egide NZEYIMANA aba muri Procure ya Paruwase
Kuw'Imana igenekerezo rya 24 Munyonyo 2019, muri Ekleziya yose aho iri kw'isi harahimbajwe umusi mukuru cane wa Kristu Uwami, muri Paruwase Mikaheli Mweranda rero kakaba kari akanyamuneza kadasanzwe, aho abahurikiye mu mihari n'imigwi y'ubutumwa, bari kumwe n'abakritsu isinzi, bari basidukanye n'iyonka baje kuninahaza uwo Mwami w'abami. Urugendo rw'ukwigina uwo Mwami rwatanguye igihe c'isaha zine n'iminota icumi n'itanu zo mu gatondo (10h15), hanyuma igisabisho c'Inkuka ya Misa kiraherezwa na Patiri Prosper BIGIRIMANA ajejwe imihari n'imigwi y'ubutumwa, kumwe na Patiri Egide NZEYIMANA aba muri Procure ya Paruwase.
Urwo rugendo rwavuye kuri Paruwase, ruca kuri Avenue de la Mission, rumanukana kuri Boulevard de l'UPRONA, rukatira kuri Chaussée du Peuple Murundi, rudugana kuri Avenue de l'Université, hanyuma rukatira kuri Avenue de la Mission, rugagaruka kw'isegero, rukaba rwamaze hafi isaha, kuko rwarangiye kw'isaha zitanu n'iminota mirongo itanu (11h50), inkuka ya misa na yo ibona gutangura. Umusaseredoti yarongoye iyo misa, mu nsiguro y'ijambo ry'Imana, yisunze ibisomwa vy'uyo musi mukuru. Muri iyo Nkuka ya Misa kandi hari n'abana bato bashika kuri indwi barose ibatisimu, bayisabiwe n'abavyeyi babo.
Inyuma y'imisa, ibirori vyabandanyirije mu nzu y'imanza ya Paruwase, bikaba vyaranzwe n'intambo, imvyino, ibikino, n'indirimbo birasamirana, higinwa Kristu Umwami akura abandi bami. Amajamo na yo nyene yarahanahanwe ku mpande zose. Jean Claude MANIRAMBONA, umukuru w'imihari n'imigwi y'ubutumwa, ni we yahaye ikaze abatumire bose bari bitavye urwo rubanza. Abandi bagiye barafata amajambo, nka bose bagaruka ku gahimbare k'umusi Mukuru wa Kristu Umwami.
Urubanza rwasozerewe mu kanyamuneza ntangere k'umuvukano waranze abari barwitavye. Basozereye bagabana umuhezagiro w'umusaserdoti Prosper BIGIRIMANA, asanze ajejwe imihari n'imigwi y'uburumwa muri Paruwase Mikaheli Mweranda.
Claver KAYOYA, Paruwase Mikaheli Mweranda