Ni mu gihe muri iyo Paruwase bari bamaze iminsi mu gisabisho c'imisi icenda c'ukwitegurira uwo musi mukuru, aho abakristu bigishijwe ku bintu bitandukanye
Muri Ekleziya harahimbazwa umunsi mukuru wa Kristu Umwami buri mu mpera z'umwaka mu kwezi kwa Munyonyo. Ibirori vyo kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 24 Gitugutu 2019 vyatangujwe n'inkuka ya misa y'isaha zine n'iminota 30 (10h30) yitabwe n'imigwi n'imihari yose yo muri Paruwase. Iyo nkuka ya misa yarongowe n'umusasedoti ajejwe imihari n'imigwi y'ubutumwa, Patiri Ezéchiel.
Mu nsiguro yatanze, yaratumiriye umukristu wese gutahura Ubwami bwa Yezu Kristu mu kwigora, agaca mu makanda ya Yezu, no mu kwicisha bugufi. Umwe wese akwiye kumenya ko Ubwami bw'ijuru tubutangurira kuburonderera aha kw'isi mu gukora ivyiza Umukama adutuma, mu kutihora, mu kutagira inzigo, n'ibindi. Patiri Ezéchiel yibukije abari aho amagorwa Yezu yabonye ku Musalaba, akemera ko bamutuka, bamutwenga, n'agashinyaguro kubw'urukundo. Yamenyesheje ko urwo rukundo Yezu afitiye abiwe ari rwo rwamuzanye kw'isi, kugira ngo turonke ubuzima.
Ikindi Patiri Ezéchiel yamenyesheje ni uko Kristu atari Umwami w'agace gatoyi, nk'uko ku Musalaba babishizeko ngo ni Umwami w'Abayahudi gusa. Ahubwo ni Umwami wa bose. Igihugu ciwe caronse Umwami afise ingingo n'ubuntu, aguma acibutsa amabwirizwa, na We nyene akayakurikiza. Patiri Ezéchiel yarangije atumirira abari mu mihari n'imigwi y'ubutumwa kwereka abandi akarorero keza mu kubana neza n'abandi no gukundisha Imana abandi.
Ivyo birori vyabandanirije mu gusangira amasaka n'amahonda mu kibaza cari categuwe, ari na ho havugiwe amajambo y'urubanza. Patiri Ezéchiel yaboneyeho gushikiriza ibigiye gutunganywa mu mwaka w'amasabamana ugira utangure, umwaka-A, ko nagiye gutunganywa inyigisho ku mugwi umwe umwe no kuri bose muri rusangi, izo nyigisho zikaba zizoba zijanye cane na Liturjiya. Ivyo birori bikaba vyasozerewe mu kanyamuneza, mu kwigina Umwami Yezu kristu.
Twobamenyesha ko muri iyo Paruwase bari bamaze iminsi mu gisabisho c'imisi icenda c'ukwitegurira uwo musi mukuru wa Kristu Umwami, aho abakristu bo mu Kinindo bigishijwe ku bintu bitandukanye, nka: «Si vyiza ko umuntu aguma wenyene»; «Itosekara ry'umuvukano»; «Mwene wanyu ari he?»; «Imana irababazwa n'urwanko mu bantu»; «Subiza hamwe n'ingoga n'uwo mufatanije akayira»; «Abari basangiye ukwemera basangira n'itunga»; «Nimutahinduka muzoshira mwese»; «Nguyu nyoko wawe». Umunsi wa nyuma, abakristu barahawe isakramentu ry'ikigongwe, bongera baja kurangura igikorwa c'urukundo mu mibano itandukanye.
Joyce Guillaine Imanishimwe, Paruwase Regina Pacis de Kinindo