Abakristu baciye baja kurangura igikorwa c'urukundo mu kigo «Isange» kireze abana bagendana ubumuga
Abakristu bo muri Paruwase Kanyosha yitiriwe Bikira Mariya Umuvyeyi w'ikigongwe barifadikanije na Ekleziya yo kw'isi yose mu guhimbaza umusi mukuru wa Kristu Umwami w'amakungu kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 24 Munyonyo. Muri Paruwase Kanyosha ibirori nyezina vyatanguranye n'inkuka y'imisa y'isaha zine n'igice yaherejwe na Patiri Thomas MUGIRENTE arongoye iyo Paruwase.Mu guhimbaza uwo musi mukuru wa Kristu Umwami, abakristu batari bake, bagiwe imbere n'abanyamihari n'imigwi y'ubutumwa, baragize urugendo, aho bagenda baririmba, batamba, bigina Kristu Umwami mu ndirimbo. Urwo rugendo barugiriye mu mabarabara aca mu mibano yo muri Sikirisare Kajiji, Kigwati ya mbere n'iya kabiri, berekeza ku cicaro ca Paruwase, imbere y'uko inkuka y'imisa y'isaha zine itangura.
Muri iyo nkuka y'imisa kandi, abakristu 16 barasubiriye mu bunywanyi n'Imana, baraheza barasubira kwakirwa icese, bemererwa n'ugusubira guhabwa amasakaramentu, inyuma y'inyigisho bari bamaze igihe baronswa . Mu kwemererwa gusubira guhabwa amasakaramentu, Patiri Thomas MUGIRENTE yabasavye kwegera imbere ya Altari ngo basubire bature icese ukwemera kwabo, ari kwo kwemera abanyamuryango b'Ekleziya bagirako, gushingiye ku gisabisho c'inama y'abatumwa.
Muri iyo nkuka y'imisa kandi, hari n'abakristu 10 bari mu muhari w'Abasaveri bagize indagano. Ni mu gihe abari mu muhari wa Chiro na bo basubiyemwo indagano zabo, nk'uko bama babigira ku musi mukuru wa Kristu Uwami.
Inyuma y'inkuka y'imisa, abakristu batari bake bagwiriyemwo abanyamihari n'imigwi y'ubutumwa baciye bahurira hamwe mu kibanza c'agatutu bateguye, bariginana, basangira urwarwa n'ijambo. Ivyo birori bikaba vyari vyatewe iteka na Patiri Lambert NISHIMAGIZWE, umwibutsamana w'imihari n'imigwi y'ubutumwa, hamwe na Cyriaque BUCUMI arongoye inama nkuru ya Paruwase.
Mw'ijambo ryiwe, Ponsiyano NKESHIMANA, umusuku w'imihari n'imigwi, yipfurije abari aho umusi mukuru mwiza, aca ababwira ubutumwa baranguye mu mwaka w'ubutumwa urangiye. Yaboneyeho kubahamagarira kurushirizaho kugendera urukundo, kwitwararika ibikorwa vyiza bitunganywa mu mihari n'imigwi, mu mibano rukristu, hamwe no ku rwego rwa Paruwase, bakitwararika gusenga, kwitaho abatishoboye n'ukwubaha amabwirizwa y'Imana n'aya Ekleziya.
Na we Patiri Lamberi NISHIMAGIZWE, yarakengurukiye abanyamihari n'imigwi y'ubutumwa, hamwe n'abakristu bose ku kwitanga kwabo mu bikorwa, utwigoro n'ubutumwa barangura mu ntumbero y'ugukomeza ukwemera kw'abakristu n'ugukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu Umwami w'amakungu yose. Yaboneyeho gusaba abari aho kwama barangura ubwo butumwa mu kanyamuneza no mu kwicisha bugufi, bagafatira kuri Yezu Kristu. Urwaruka na rwo yarusavye kugendera umutima w'ubwitonzi, umwe waranze Kristu. No mu bihe vy'amatora igihugu c'Uburundi cimirije, akaba yarusavye kuguma bashingira intahe Kristu mu gukunda bagenzi babo nk'uko bikunda.
Mu kugaragaza akanyamuneza k'umusi mukuru wa Kristu, Umwami, BIYAGO Mariya Tereza, umukurambere wo mu muhari wa Chiro kuva mu mwaka w'1965, ubu akaba afise imyaka 74, yagize ati: «Umusi mukuru wa Kristu Umwami uranshika ku mutima, rwose kuko Yezu yancunguye mu kumpfira ku Musalaba; ubu ndidegemvya muri Yezu Kristu Umwami.» Yaboneyeho guhanura urwaruka kwama rwubaha umushaha Mweranda wa Yezu, bakongera bagasabira n'abaseredoti kuko amabanga bajejwe akomeye cane.
Eka na Rodrigue TUYISHEMEZE, umwe mu bagize indagano mu gisata c'intwararumuri mu muhari w'abasaveri, kuri uwo musi mukuru wa Kristu Umwami, yaragaragaje akanyamuneza, yongera yiyemeza kuzokwama asaba Mutima-Mweranda, kugira amushoboze kurangura indagano yiyemeje mu kuba intwararumuri mu bandi, akongera akamenyesha Yezu abatamuzi. Yahamagariye n'abandi, na cane cane abo basangiye umuhari, kwama barangurana umwete ibikorwa bishingira intahe ukwemera kwabo.
Tubamenyesheko uwo musi mukuru wa Kristu Umwami ari wo usanzwe usozera umwaka w'amasabamana muri Ekleziya Katolika, umwaka C ukaba ari wo wasozerewe kuri uyu w'Imana w'igenekerezo rya 24 Munyonyo, na ho ku wa 1 Kigarama, Ekleziya katorika ikazotangura umwaka w'amasabamana A. Mwomenya kandi ko mu kwitegurira uwo musi mukuru wa Kristu Umwami, mu Kanyosha bari bifadikanije n'ayandi ma Paruwase ya Diyoseze Nkuru ya Bujumbura mu gisabisho c'imisi icenda casozerewe n'inkuka y'imisa yaherejwe ku musi wa gatandatu mu gatondo. Abakristu bari muri yo bakaba baciye baja kurangura igikorwa c'urukundo mu kigo «Isange» kireze abana bagendana ubumuga butandukanye kiri muri Sikirisare Gisyo, ico kigo kikaba cegukira ababikira bitiriwe «Umuvyeyi w'ikigongwe».
Gonzalve Ntashimikiro, Paruwase Kanyosha