Marie Rose Niyibizi ni uwihebeye Imana umwe rudende w'imvukira ya Paruwase Katedrale Regina Mundi, akaba ashimirwa ku myaka mirongo itatu n'itatu amaze muri ubwo buzima bwihevyi; ntarakurikirwa
«Watubereye akarorero n'icitegererezo, tukwifurije kuguma uri icabona c'ubwami bw'Imana mu bantu», ayo ni yo majambo yari yanditswe ku rupapuro rw'iteka Patiri mukuru wa Paruwase Katedrale Regina Mundi yashikirije Marie Rose Niyibizi, uwihebeye Imana umwe rudende avuka muri iyo Paruwase. Hari kw'igenekerezorya 24 Munyonyo, aho Paruwase yari isanzwe inaramukanye n'akanyamuneza k'umusi mukuru wa Kristu Umwami.
Bahejeje kwiginana, ni ho abaserukira abandi baca bahurira mu bigo vya Paruwase ngo bakeze Marie Rose Niyibizi, uwihebeye Imana w'imvukira ya Paruwase, ku myaka mirongo itatu n'itatu amaze muri ubwo buzima bwihevyi, akaba arangurira ubutumwa mu kigo «Foyer de charité» yo mu Giheta, kumwe na Mama Jeanine Nshimirimanawo mu muryangi w'abigeme b'Imana aheruka gushikiriza indagano ziwe, akaba arangurira ubutumwa kuri Katedrale Regina Mundi, na mama Felicité Gakiza yahora arangurira ubutumwa aho nyene, akaba aheruka kurungikwa kunonosora ivyigwa. Bari kumwe n'abasaserdoti bose barangurira ubutumwa kuri Paruwase, hamwe n'umuryango w'amaraso, n'abagenzi b'abo bihebeye Imana
Marie Rose Niyibizi ni uwihebeye Imana umwe wenyene avuka muri Paruwase Katedrale Regina Mundi. Mu myaka mirongo itatu n'itatu amaze yinjiye mu kigo «Foyer de charité» c'i Gitega, paruwase katedrale Regina Mundi ntawundi yihebeyimana iraronka. Patiri mukuru, Felix Fupi yaramukeje vy'umwihariko yongera aramushikiriza urupapuro rw'iteka kugira ngo agaragaze akanyamuneza kw'iteka atera paruwase yamwibarutse. Yaboneyeho guhamagarira urwaruka gufatira akarorero kuri Marie Rose ngo narwo rwitabe umuhamagaro wokwihebera Imana.
Uwundi yakejwe na patir imukuru, ni mama Jeanine Nshimirimana, aherutse gushikiriza indagano ziwe mu mutigiri w'abigeme b'Imana, akaba arangurira ubutumwa kuri paruwase. Nawe yaramushikirije akaganuke yongera aributsa abari aho ko abigeme b'Imana baragana ubwerentegerwa, kandi ko baguma mu miryango yabo bagatungwa n'ibivuye mu mabokoyabo.Uwa nyuma yashikirijwe akaganuke ni mama Felicité Gakiza, wo mu muryango w'abagendanyi ba Yezu, yari amaze umwaka arangurira ubutumwa kuri paruwase katedrale Regina Mundi, akaba yarungitswe kunonosora ivyigwa.
Abaserukira imiryango y'amaraso ya Marie Rose na Jeanine barashimye uwo mwitwarariko wa Patiri mukuru wa Paruwase Katedrale Regina Mundi w'ugushigikira abo bihebeye Imana mu gisabisho no muri ivyo bimenyetso biboneka. Marie Rose na we, afashe ijambo, yashimiye Patiri mukuru kuri iryo teka amuteye, yongera asaba abari aho gukomeza igisabisho kugira ngo aronke abomukurikira.
Tubamenyeshe ko abakiristu bose bari baronse akaryo ko kumenya no kwumviriza Marie Rose biciye mu ntahe yashinze ku musi ugira indwi wo muri ca gisabisho c'imisi icenda c'ukwitegurira umusi mukuru wa Kristu Umwami, aho yari umwe mu batanze inyigisho.
Gloria NGENZEBUHORO, Paruwase Katedrale Regina Mundi