Nta wuzohora arangura ubutumwa ubwo ari bwo bwose muri Paruwase Mikaheli Mweranda atari mu mubano-rukristu
Itariki: 3/12/2019Ababisomye 18925 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Biri mu ngingo zafashwe ngo imibano-rukristu itezwe imbere; ingingo zikaba zigomba zitangurire ku bari mu mihari n'imigwi barangurira ubutumwa muri iyo Paruwase, kuva mu kwezi kwa mbere kw'umwaka w'2020
Mu ntumbera y'ukurabira hamwe ingene imibano-rukristu yotera imbere, inama idasanzwe y'abahurikiye mu rwego rw'Inama nkuru ya Paruwase Mihaheli Mweranda yarakoranye, ku w'Imana igenekerezo rya 1 Kigarama 2019, irongowe na Patiri mukuru wa Paruwase. Iyo nama yari yatumiwemwo kandi n'abahurikiye mu rwego mpuzamihari, abakuru b'imihari n'imigwi, abaserukira imibano-rukristu, n'abaserukira imiryango y'abihebeye Imana barangurira ubutumwa bwabo muri iyo Paruwase.

Iyo nama yatangujwe n'igisabisho c'ukuninahaza Imana cakurikiwe n'ugusabikinya ijambo ry'Imana ryavuye mw'ikete rya mbere Umutumwa Paulo mweranda yandikiye abanye Korenti (1Kor.12-1-11) rivuga ivyerekeye ingabirano za Mutima-Mweranda. Mu nsiguro y'iryo jambo ry'Imana, Patiri Mukuru yashimikiye kw'ijambo ngo: «Ingabirano y'umw'umwe iteza imbere mugenziwe, kuko ingabirano zuzuzanya mu kwubaka umuryango». 

Inama nyezina yatanguriye ku kuraba icegeranyo c'inama yabaye kw'igenekerezo rya 11 Myandagaro 2019, kugira ngo barabire hamwe ingene imibano rukristu yotera imbere. Haba mu vyari muri ico cegeranyo, haba no mu vyiyumviro vyatanzwe n'abari bitavye iyo nama, ibibazo nyamukuru vyavuzwe cane ni uko urwaruka rudahurumbira cane kuja mu mibano rukristu, kandi ari ho hategurirwa kazoza keza k'urwaruka muri Ekleziya no mu gihugu. 

Intererano zatazwe zikaba ari uko abavyeyi bofandikanya n'abarongoye Paruwase mu gutegura inyigisho zihimiriza urwo rwaruka, ndetse n'abasasardoti be n'abihebeye Imana bakagwiza imigenderanire bogiriranira n'imibano rukristu. Patiri mukuru, amaze kwumva ivyiyumviro vyashikirijwe, yaciye ashinga ingingo zimwe zimwe zemejwe n'abari aho. 

Ingingo zashinzwe ni uko abari mu mihari n'imigwi y'ubutumwa bose bategerezwa kuba bari mu mibano rukristu. Ikindi, ngo hagiye kuba urutonde rw'imibano-rukristu n'aho ibarizwa, be n'urutonde rw'imihari n'imigwi y'ubutumwa, abayigize, n'aho baba. Kukaba nka ko, ngo nta worangura ubutumwa ubwo ari bwo bwose muri Paruwase yirengagije ukuba mu mubano rukristu. 

Ku bijanye n'imisi n'amasaha yokworohereza bose, abari mu nama bumvikanye ko imibano-rukristu yose izohora ikorana buri wa gatatu w'iyinga, igakoranira mu bibanza bitegekanijwe, kuva kw'isaha icumi na zibiri z'umugoroba gushika kw'isaha imwe y'ijoro (18h00-19h00). Muri uwo mwanya, ngo nta gikorwa na kimwe kizoheza ngo kirangurirwe kuri Paruwase. 

Na co igihe c'ugushira mu ngiro iyo ndinganizo nshasha y'ugukorana kw'imibano-rukristu, ukwezi kwa mbere kw'umwaka w'2020 ni kwo kwagenwe, ku wa gatatu w'indwi ya mbere, no kubandanya. Ivyo vyose bimaze kwemezwa, Patiri mukuru yamenyesheje ko ukwezi kwa Kigarama kwose kwoba ukw'ukumenyesha n'ugusigurira abakristu bose izo ngingo nshasha zemerejwe muri iyo nama. 

Na we umukuru w'abanaguwe muri Mutima-Mweranda muri iyo paruwase, mw'ijambo ryiwe, yaragize ico yisabira abasaserdoti. Ku bwiwe, ngo ikindi coteza imbere imibano rukristu ni uko abasaserdoti n'abihebeye Imana bogendera cane iyo mibano, kuko ngo biheza bigakabura abakristu, abato n'abakuze. Iyo nama yasozererewe ku nkuka ya misa, hakaba hakoreshejwe ibisomwa vyo ku w'Imana wa mbere w'Ubushikiro. 

Jean Claude NIZIGIYIMANA, Paruwase Mikaheli Mweranda          
Ivyiyumviro

Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha: nk’uko ndabakunda, nimukundane namwe.» Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (13, 1-15)

Yezu yarabakunze urutiziganya

Imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu kuko yari azi ko ubutigu bwiwe bwo kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se bwashitse, kandi kuko yari yakunze abiwe bo kuri iyi si, yarabakunze urutiziganya.

Uwo musi bariko barafungura, Shetani yari imaze gushira mu mutima wa Yuda Isikariyoti mwene Simoni imigambi yo kumugurisha, Yezu na We yari azi ko Se yamugabiye ibintu vyose, ko yakomotse ku Mana kandi agira ngo asubire ku Mana.

Mu gihe bariko barafungura rero, Yezu yavuye ku meza, akūra umutamana wiwe, yakira igitambara, aragikanyera. Hanyuma asuka amazi mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe no kubihanaguza nya gitambara akenyeye.

Ashikiriye Simoni Patero, Patero amubwira ati: «Mukama, ari Wewe unyoza ibirenge!» Yezu aramwishura ati: «Ico ngira nturi bugitegere ubu, uzogitegera hanyuma.» Petero aramubwira ati: «Ntirikabe, ntuzokwigera unyoza ibirenge!» Yezu asubizayo ati: «Nintakwoza, nta co uzoba ugisangiye nanje.» Simoni Petero amubwira ati: «Mukama, nivyaba ari ivyo, ntunyoze ibirenge bisa, nyoza n’umutwe n’iminwe!» Yezu amubwira ati: «Uwamaze kwiyuhagira ntaba agikeneye kwozwa, kuko ata mwanda aba afise; namwe nyene muri beranda ariko si mwese.» Na none yari azi uwuza kumugurisha; ni ko kuvuga ati: «Ntimuri beranda mwese.»

Ahejeje kuboza ibirenge, yambara umutamana wiwe, asubira ku meza, ababwira ati: «Mwategereye ico nabagiriye? Munyita Mwigisha na Mukama, kandi muvuga ukuri, kuko ndi we. Ko rero jewe Mukama Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa namwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero, ngo namwe mwigenze nk’uko nabagiriye.»

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 78
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI