Imbere y'uko umuntu arondera kumenya uwubereye urugo rwiwe ngo bazokwubakane, ni ngombwa ko yobanza kwimenya we nyene uko ateye, hanyuma akagira umwihwezo wimbitse wo kumenya ingene uwo ariko aronderako ko yomubera umugenzi na we ameze, kandi akamusengera (Patiri Pierre Nsengiyumva)
«Nomenya gute uwo tuzokwubakana?»; ni ikibazo urwaruka rugeze mu bigero rukunda kwibaza, rero umusaserdoti ajejwe ubutumwa bw'ingo n'imiryango, Patiri Pierre Nsengiyumva, akaba yari yakoranirije muri Paruwase Katedrale Regina Mundi urwaruka rw'i Bujumbura ngo aruhe inyigisho, rumenye ico umwe wese yomenyerako ko uwo ashaka ko bakundana ari we koko Imana yamugeneye. Izo nyigisho akaba yazitanze kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 29 Munyonyo 2019.
Patiri Pierre Nsengiyumva, muri iyo nyigisho yatanze, yaraciye irya n'ino ico kibazo, iyo nyigisho ikaba yarabaye ndetse n'inyishu kuri ico kibazo. Mu gutanga inyigisho y'ico kibazo, uwo musaserdoti akaba yarisunze Inkuru Nziza ya Yezu Kristu nk'uko yaditswe na Yohani Mweranda: «Ngiri itegeko mbategetse, nimukundane nk'uko nanje nabakunze» (Yoh.15,12). Yatanguye asigura ingene Imana yaremye umuntu, ikamugenera kubana mu bumwe n'abandi; yarahejeje imushiramwo umutima wayo wo kwitangira abandi kugira ngo baronke ubuzima. Ni Umutima uronderera ineza abandi, ataco urinze gusaba. Yigishije ati: «Urukundo rw'ukuri ruva ku Mana yonyene, yo yadukunze tutaranaremwa ikadukunda urukundo rw'ukuri kandi rwuzuye. Urwo rukundo rero ni rwo duhamagariwe gukundana hagati yacu».
Uwo musaserdoti yaragarutse ku kugene urwaruka rwinshi, inkumi n'imisore, bagerageza kuronderera irya n'ino urukundo, ariko bikaba ngo birugora kumenya neza urw'ukuri. Ikibabaje ngo ni uko kenshi usanga banarurondera ukutari kwo, mbere n'urwo bari bafise bakanasesagura, ari na ko banasesagura n'imibiri yabo, bakibagira ko Imana ari yo Rukundo nyarwo. Kubwa Patiri Pierre Nsengiyumva, ngo nta woja ngaho ngo yemeze ngo uyu ni we tuzokwubakana, kiretse ngo abonye ko umusi w'ubugeni urangutse koko, indagano zishikirijwe. Ariko rero n'ubwo biri uko, ngo hariho ico uwukirondera uwuzomubera uwo bazubakana yokora: kwimenya no kumenya kwihweza umugore mwiza canke umugabo mwiza abereye urugo. Kuko n'ubwo umugore mwiza canke umugabo mwiza atangwa n'Imana, ngo iyo Mana nyene ni na Yo iheza ikamenyera umuntu uwo bakwiranye, n'igihe kibereye c'ukwubakana.
Imbere y'uko umuntu arondera kumenya uwubereye urugo, imbere kandi yo kumurondera ngo bazokwubakane, Patiri Pierre Nsengiyumva yamenyesheje ko ari ngombwa ko yobanza kwimenya we nyene uko ateye, akimenya muri kamere yiwe ingene atunganya ivyo atunze, akamenya urugero ashikanako kunezererwa canke kubabara, akamenya n'ukuntu yakira ibikomere yagiye aragira mu buzima, be n'ibindi afata nk'inkoramutima kuri we. Amaze rero kwimenya, ngo ni ho yoheza akamenya n'ingene uwo akeneye ko yomubera umugenzi yoba ameze. Mbere ngo yoca agirako anasenga, asaba Imana uwumeze atyo. Hanyuma na ho yoca atangura kwihweza mu bagenzi uwoba afise ibimuranga bijanye n'ivyo yeretse Imana. Uwo musaserdoti yaciye yibira agace urwo rwaruka ku kuntu bomenya ikinyegezwa c'ukugira ngo umuntu amenye uwo Imana yamugeneye. Yavuze ati: «Umenya ko ari uwo nyene, iyo wumva amahoro mu mutima, ukumva ko n'abandi bavuye mw'ihiganwa».
Uwo musaserdoti ajejwe ubutumwa bw'ingo n'imiryango yaciye abandanya ariko asaba ko uwo muntu yobandanya agirwako umwihwezo wimbitse. Bimwe mu vyo yokwihweza na vyo ngo bikaba ari ukuraba ko uwo muntu yoba ari uwufise Ijambo ry'Imana muri we, kandi agenzwa n'Imana nyene, ahandi na ho akaba uwurangwa n'ukuri n'ubutungane, kandi afise n'umutima witaho abandi. Patiri Pierre Nsengiyumva yaboneyeho kubasaba kuvavanura n'ivyo vyose vyahora bibatuma bigenza ukutari kwo. Aha, ivyo yabasavye ahanini ni nk'ukureka kuraba amasanamu y'ibiterasoni, ku rundi ruhande na ho bagaha agaciro umubiri wabo mu gukingira amaso n'amatwi yabo, haba mu vyo baraba canke bumviriza. Hejuru ya vyose, ngo botegerezwa kwirinda kugenzwa n'ivyipfuzo bibi vy'umubiri, n'ibindi vyose vyobakwegera mu gicumuro c'ubushakanyi.
Patiri Pierre Nsengiyumva ngo yasiguye ivyo vyose kuko ngo azirikana ko iyo umuntu asesaguye urukundo rwiwe biheza bikamugirako n'ingaruka muri kazoza kiwe, kubera ko hari aho hagera ko akenera urukundo nyakuri ariko bitakimukundira kugira ayandi mahitamwo. Afatiye kw'ijambo Nyenubweranda Papa Fransisko akunze kuvuga ahanura urwaruka ati «Rwaruka, ntimugasesagure urukundo rwanyu!», uwo musaserdoti yaciye agirako asaba abari baje mu nyigisho ziwe ko ahubwo bokwifatira ingingo yo guhinduka.
Iyo nyigisho yari yatanguwe n'igisabisho c'ukuninahaza Imana, maze bivanye n'uko ikiyago cahavuye kiryohera urwo rwaruka, umwanya umwanya urahava uba muto, bikiboneka ko akanyota katari bwahere neza. Uwo musaserdoti ajejwe ubutumwa bw'ingo n'imiryango muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura rero akaba yaciye aba aratanze inomero ya telefone ngendanwa yiwe, kugira ngo uyu canke uriya yoba afise ikibazo cihariye, azoheze aronswe inyishu.
Trinide DUSABE, Katedrale Regina Mundi