Katedrale Regina Mundi mu rugendo rugana i Gasura: uguhanahana ivyiyumviro hagati y'abamenyeshamana b'izo Paruwase zibiri
Itariki: 4/12/2019Ababisomye 20470 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Patiri Mukuru wa Paruwase Katedrale Regina Mundi ni we yasiguye intumbero y'urwo rugendo, ko ari uguhanahana ivyiyumviro n'abo basangiye ubutumwa bo muri Paruwase Gasura igikeneye kwunganirwa muri vyinshi, kuko imaze amezi abiri gusa ivutse
«Mufise ubutumwa bw'ukumenyesha Inkuru nziza y'Urukiza kubera isakramentu ry'Ugukomezwa muri Mutima-Mweranda mwahawe»; ivyo ni ivyavuzwe na Patiri mukuru wa Paruwase Katedrale Regina Mundi, Patiri Félix Fupi, abibwira abakristu bo muri Paruwase nshasha yo mu Gasura yari yatembereye, aho yabatumirira guhurumbira kwinjira mu butumwa bw'ukuba abamenyeshamana. Aho hari ku wa gatandatatu igenekerewo rya 30 Munyonyo 2019, aho abamenyeshamana bo muri Paruwase Katedrale Regina Mundi bari baramutse bagira urugendo rw'ukuramukanya n'uguhanahana ivyiyumviro n'abo basangiye ubutumwa bo muri Paruwase Gasura.

Paruwase Gasura yitiriwe «Abamaratiri b'i Buganda» ni Paruwase nshasha iherutse kuvuka vuba cane, haraheze amezi abiri. Yuguruwe icese na Nyenicubuhiro Musenyeri Gerevazi BANSHIMIYUBUSA, Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, kw'igenekerezo rya 29 Nyakanga 2019, ikaba iri mu ntara y'ubutumwa ya Muramvya. Icicaro gikuru cayo kikaba giherereye muri zone Gasura yo muri Komine Mbuye, ari na ho hari Isengero nkuru ya Paruwase.

Iyo Paruwase yavyawe na Paruwase Munanira yahora ikukira nk'igisata. Inyuma y'imyinshi yari imaze iri mu muhango w'ukugirwa Paruwase, Gasura yavukanye ibisata vyayo bwite bitandatu, ari vyo Gasura, Gatoza, Murehe, Migezi-Nete, Ngozi na Nyamurenge. Birumvikana rero ko mu bushasha bwayo igikeneye vyinshi yokwunganirwamwo ngo itere imbere, haba mu butumwa no mu bindi bisata vy'ubuzima bwayo. Ico ni na co cakabuye abamenyeshamana bo muri Paruwase Katedrale Regina Mundi ngo baje gusabikaniriza abo mu gasura ku kuntu bobo bitunganya mu butumwa bwabo bw'ukwigisha ijambo ry'Imana n'ugutegura abasaba amasakramentu, kugira ngo na bo biheze bigire ico bibigishije.

Inyuma c'igisabisho, umusaserdoti yaragijwe Paruwasi Gasura ngo abe ari we ayirongora nka Patiri Mukuru, Patiri Pierre Claver Ntahondereye, yarashikirije ijambo ry'uguha ikaze abashitsi, yongera aragaragaza akanyamuneza afise k'ukubona abo bashitsi biyumviriye kuri iyo Paruwase, kandi hariho n'ayandi ma paruwase menshi bari gushobora kuja kuramutsa. Yagize ati: «Nimwisange rero, mwaje mu babakunda; mwiyumve umwanya wose muza kumara hano!»

Na we Patiri Mukuru wa Paruwase Katedrale Regina Mundi, bamuhaye ijambo, yaciye abanza gukenguruka iryo kaze rihawe abashitsi yagendanye na bo, araheza rero aduga kw'ijambo, amenyesha ikibagenza, ko kiretse ukwo kuramukanya, ari n'akaryo k'ukurimburira hamwe ingene umwaka w'ubutumwa uheze wagenze, ukwugurura uyu mushasha dutanguye, be n'ukwakira bashasha baje mu butumwa. Patiri Mukuru wa Paruwasi Katedrale Regina Mundi yaciye asaba abamenyeshamana bashasha ko bohaguruka, bakabakira icese mu butumwa. Muri abo bashasha harimwo Furera Salvator Nyabenda yaje gusubirira Furera Yonasi Nsengumuremyi yaronse ubundi butumwa. 

Umwanya w'ugusigura ubutumwa Paruwase Katedrale Regina Mundi irangura na wo wahawe uwaserukiye abamenyeshamana bo muri iyo Paruwase, umupfasoni Yollande Kazirukanyo, kugira ngo abo mu Gasura bumvireho ingene ubutumwa buringanizwa, n'ingene bushirwa mu ngiro. Mw'ijambo ryiwe, yamenyesheje ko muri rusangi ubutumwa bwagenze neza. Ahejeje gushikiriza ibiharuro vy'abaronse amasakramentu atandukanye, nk'ibatisimu, Ukaristiya n'Ugukomezwa muri Mutima-Mweranda.

Umupfasoni Yollande Kazirukanyo yaciye aboneraho kumenyesha abo muri Paruwase Gasura akaranga Paruwase katedrale Regina Mundi yisangije. Yafatiye ku muco bafise ko mu gihe abana baronse urusangi rwa mbere mu guhabwa ubwa mbere Isakramentu ry'Ukaristiya, Paruwase yama ibategurira ibirori bibahuriza hamwe m musi mukuru, bagasangira inkuka ya misa, bagaca banagirako basangira n'amasaka n'akajumbu baba bateguriye urwo rubanza, mbere bari kumwe n'abavyeyi babo. Ngo aho hose kuba ari ukugira ngo bakomeze ca civugo c'Ekleziya c'ukuyigira umuryango. Eka ngo n'abavyeyi b'abo bana ntibaza nk'abarorerezi, kuko na bon go bunganira muri urwo rubanza, nk'ukuririmba mu nkuka y'iyo misa n'ufasha mu bikorwa biba inyuma y'inkuka y'imisa, mu birori.

Haciye hafata ijambo umumenyeshamana yaserukiye abo muri Paruwase Gasura na bo, aho yibukije ukuntu baronse Paruwase bari bayirindiriye igihe kirekire cane, akaba yaranamenyesheje mbere ko hariho n'abakristu bahavuye baheba kuronka amasakramentu, kubera vyabatwara urugendo ruruhisha baja bayaronderera i Munanira, aha na ho hakaba harababera kure; ngo bagira urugendo rw'ibirometero icumi na bitanu (15km) n'amaguru, abandi na bo bagatinya kurungika abana babo ngo ntibahave batwarwa n'amazi yo mu nzuzi, canke ngo bagire izindi mpanuka.

Muri iryo jambo kandi, yaboneyeho kumenyesha ko Paruwase gasura ifise ubukene bw'abamenyeshamana, kuko ngo abakora ubwo butumwa nk'akazi ka misi yose ni batanu gusa, abandi na bo bakaba ari abatangakivi gusa, ariko na bo nyene bakaba ari bake cane, bane gusa. Ivyo rero ngo biratuma igitigiri c'abantu umumenyeshamana umwe umwe abwirizwa kwigishiriza rimwe kiba kinini cane, ugasanga kimurengeye. Yatanze akarorero k'abo umumenyeshamana umwe yigisha abana bitegurira amasakramentu: ngo asanga bari hagati y'ijana n'amajana abiri, kandi abategerezwa kwigishwa ari abo mu migwi yose. Iyindi ntambamyi ngo ni iy'uko ata nyubakwa bararonka bakoreramwo, mbere n'isengero ikaba ari ntoyi, uravye ubwinshi bw'abakristu iyo Paruwase itanguranye na bo.

Inyuma y'ivyo biganiro, haraherejwe inkuka y'imisa y'ugukenguruka, uguhereza Imana umwaka mushasha w'ubutumwa, be n'uguhereza abamenyeshamana bose. Mu nsiguro y'ijambo ry'Imana yatanzwe na Patiri FĂ©lix Fupi, yaratumiriye abakristu bo mu Gasura kwitaba ubwo butumwa, kubera ko ku bw'isakramentu ry'Ugukomezwa muri Mutima-Mweranda baronse, na bo nyene bahamagariwe gushingira intahe Kristu mu kumenyesha Inkuru nziza y'Urukiza ikiremwa cose. Inyuma y'inkuka y'imisa baciye basangira mu kanyamuneza, indirimbo n'intambo amasaka n'akajumbu bari baronse. 

Jean Didier Girimana, Katedrale Regina Mundi           
Ivyiyumviro

Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha: nk’uko ndabakunda, nimukundane namwe.» Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (13, 1-15)

Yezu yarabakunze urutiziganya

Imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu kuko yari azi ko ubutigu bwiwe bwo kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se bwashitse, kandi kuko yari yakunze abiwe bo kuri iyi si, yarabakunze urutiziganya.

Uwo musi bariko barafungura, Shetani yari imaze gushira mu mutima wa Yuda Isikariyoti mwene Simoni imigambi yo kumugurisha, Yezu na We yari azi ko Se yamugabiye ibintu vyose, ko yakomotse ku Mana kandi agira ngo asubire ku Mana.

Mu gihe bariko barafungura rero, Yezu yavuye ku meza, akūra umutamana wiwe, yakira igitambara, aragikanyera. Hanyuma asuka amazi mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe no kubihanaguza nya gitambara akenyeye.

Ashikiriye Simoni Patero, Patero amubwira ati: «Mukama, ari Wewe unyoza ibirenge!» Yezu aramwishura ati: «Ico ngira nturi bugitegere ubu, uzogitegera hanyuma.» Petero aramubwira ati: «Ntirikabe, ntuzokwigera unyoza ibirenge!» Yezu asubizayo ati: «Nintakwoza, nta co uzoba ugisangiye nanje.» Simoni Petero amubwira ati: «Mukama, nivyaba ari ivyo, ntunyoze ibirenge bisa, nyoza n’umutwe n’iminwe!» Yezu amubwira ati: «Uwamaze kwiyuhagira ntaba agikeneye kwozwa, kuko ata mwanda aba afise; namwe nyene muri beranda ariko si mwese.» Na none yari azi uwuza kumugurisha; ni ko kuvuga ati: «Ntimuri beranda mwese.»

Ahejeje kuboza ibirenge, yambara umutamana wiwe, asubira ku meza, ababwira ati: «Mwategereye ico nabagiriye? Munyita Mwigisha na Mukama, kandi muvuga ukuri, kuko ndi we. Ko rero jewe Mukama Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa namwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero, ngo namwe mwigenze nk’uko nabagiriye.»

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 156
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI