Patiri Mukuru wa Paruwase Katedrale Regina Mundi ni we yasiguye intumbero y'urwo rugendo, ko ari uguhanahana ivyiyumviro n'abo basangiye ubutumwa bo muri Paruwase Gasura igikeneye kwunganirwa muri vyinshi, kuko imaze amezi abiri gusa ivutse
«Mufise ubutumwa bw'ukumenyesha Inkuru nziza y'Urukiza kubera isakramentu ry'Ugukomezwa muri Mutima-Mweranda mwahawe»; ivyo ni ivyavuzwe na Patiri mukuru wa Paruwase Katedrale Regina Mundi, Patiri Félix Fupi, abibwira abakristu bo muri Paruwase nshasha yo mu Gasura yari yatembereye, aho yabatumirira guhurumbira kwinjira mu butumwa bw'ukuba abamenyeshamana. Aho hari ku wa gatandatatu igenekerewo rya 30 Munyonyo 2019, aho abamenyeshamana bo muri Paruwase Katedrale Regina Mundi bari baramutse bagira urugendo rw'ukuramukanya n'uguhanahana ivyiyumviro n'abo basangiye ubutumwa bo muri Paruwase Gasura.
Iyo Paruwase yavyawe na Paruwase Munanira yahora ikukira nk'igisata. Inyuma y'imyinshi yari imaze iri mu muhango w'ukugirwa Paruwase, Gasura yavukanye ibisata vyayo bwite bitandatu, ari vyo Gasura, Gatoza, Murehe, Migezi-Nete, Ngozi na Nyamurenge. Birumvikana rero ko mu bushasha bwayo igikeneye vyinshi yokwunganirwamwo ngo itere imbere, haba mu butumwa no mu bindi bisata vy'ubuzima bwayo. Ico ni na co cakabuye abamenyeshamana bo muri Paruwase Katedrale Regina Mundi ngo baje gusabikaniriza abo mu gasura ku kuntu bobo bitunganya mu butumwa bwabo bw'ukwigisha ijambo ry'Imana n'ugutegura abasaba amasakramentu, kugira ngo na bo biheze bigire ico bibigishije.
Inyuma c'igisabisho, umusaserdoti yaragijwe Paruwasi Gasura ngo abe ari we ayirongora nka Patiri Mukuru, Patiri Pierre Claver Ntahondereye, yarashikirije ijambo ry'uguha ikaze abashitsi, yongera aragaragaza akanyamuneza afise k'ukubona abo bashitsi biyumviriye kuri iyo Paruwase, kandi hariho n'ayandi ma paruwase menshi bari gushobora kuja kuramutsa. Yagize ati: «Nimwisange rero, mwaje mu babakunda; mwiyumve umwanya wose muza kumara hano!»
Na we Patiri Mukuru wa Paruwase Katedrale Regina Mundi, bamuhaye ijambo, yaciye abanza gukenguruka iryo kaze rihawe abashitsi yagendanye na bo, araheza rero aduga kw'ijambo, amenyesha ikibagenza, ko kiretse ukwo kuramukanya, ari n'akaryo k'ukurimburira hamwe ingene umwaka w'ubutumwa uheze wagenze, ukwugurura uyu mushasha dutanguye, be n'ukwakira bashasha baje mu butumwa. Patiri Mukuru wa Paruwasi Katedrale Regina Mundi yaciye asaba abamenyeshamana bashasha ko bohaguruka, bakabakira icese mu butumwa. Muri abo bashasha harimwo Furera Salvator Nyabenda yaje gusubirira Furera Yonasi Nsengumuremyi yaronse ubundi butumwa.
Umwanya w'ugusigura ubutumwa Paruwase Katedrale Regina Mundi irangura na wo wahawe uwaserukiye abamenyeshamana bo muri iyo Paruwase, umupfasoni Yollande Kazirukanyo, kugira ngo abo mu Gasura bumvireho ingene ubutumwa buringanizwa, n'ingene bushirwa mu ngiro. Mw'ijambo ryiwe, yamenyesheje ko muri rusangi ubutumwa bwagenze neza. Ahejeje gushikiriza ibiharuro vy'abaronse amasakramentu atandukanye, nk'ibatisimu, Ukaristiya n'Ugukomezwa muri Mutima-Mweranda.
Umupfasoni Yollande Kazirukanyo yaciye aboneraho kumenyesha abo muri Paruwase Gasura akaranga Paruwase katedrale Regina Mundi yisangije. Yafatiye ku muco bafise ko mu gihe abana baronse urusangi rwa mbere mu guhabwa ubwa mbere Isakramentu ry'Ukaristiya, Paruwase yama ibategurira ibirori bibahuriza hamwe m musi mukuru, bagasangira inkuka ya misa, bagaca banagirako basangira n'amasaka n'akajumbu baba bateguriye urwo rubanza, mbere bari kumwe n'abavyeyi babo. Ngo aho hose kuba ari ukugira ngo bakomeze ca civugo c'Ekleziya c'ukuyigira umuryango. Eka ngo n'abavyeyi b'abo bana ntibaza nk'abarorerezi, kuko na bon go bunganira muri urwo rubanza, nk'ukuririmba mu nkuka y'iyo misa n'ufasha mu bikorwa biba inyuma y'inkuka y'imisa, mu birori.
Haciye hafata ijambo umumenyeshamana yaserukiye abo muri Paruwase Gasura na bo, aho yibukije ukuntu baronse Paruwase bari bayirindiriye igihe kirekire cane, akaba yaranamenyesheje mbere ko hariho n'abakristu bahavuye baheba kuronka amasakramentu, kubera vyabatwara urugendo ruruhisha baja bayaronderera i Munanira, aha na ho hakaba harababera kure; ngo bagira urugendo rw'ibirometero icumi na bitanu (15km) n'amaguru, abandi na bo bagatinya kurungika abana babo ngo ntibahave batwarwa n'amazi yo mu nzuzi, canke ngo bagire izindi mpanuka.
Muri iryo jambo kandi, yaboneyeho kumenyesha ko Paruwase gasura ifise ubukene bw'abamenyeshamana, kuko ngo abakora ubwo butumwa nk'akazi ka misi yose ni batanu gusa, abandi na bo bakaba ari abatangakivi gusa, ariko na bo nyene bakaba ari bake cane, bane gusa. Ivyo rero ngo biratuma igitigiri c'abantu umumenyeshamana umwe umwe abwirizwa kwigishiriza rimwe kiba kinini cane, ugasanga kimurengeye. Yatanze akarorero k'abo umumenyeshamana umwe yigisha abana bitegurira amasakramentu: ngo asanga bari hagati y'ijana n'amajana abiri, kandi abategerezwa kwigishwa ari abo mu migwi yose. Iyindi ntambamyi ngo ni iy'uko ata nyubakwa bararonka bakoreramwo, mbere n'isengero ikaba ari ntoyi, uravye ubwinshi bw'abakristu iyo Paruwase itanguranye na bo.
Inyuma y'ivyo biganiro, haraherejwe inkuka y'imisa y'ugukenguruka, uguhereza Imana umwaka mushasha w'ubutumwa, be n'uguhereza abamenyeshamana bose. Mu nsiguro y'ijambo ry'Imana yatanzwe na Patiri FĂ©lix Fupi, yaratumiriye abakristu bo mu Gasura kwitaba ubwo butumwa, kubera ko ku bw'isakramentu ry'Ugukomezwa muri Mutima-Mweranda baronse, na bo nyene bahamagariwe gushingira intahe Kristu mu kumenyesha Inkuru nziza y'Urukiza ikiremwa cose. Inyuma y'inkuka y'imisa baciye basangira mu kanyamuneza, indirimbo n'intambo amasaka n'akajumbu bari baronse.
Jean Didier Girimana, Katedrale Regina Mundi