Diyoseze Ngozi ni imwe muri Diyoseze zubatse Ekleziya y'Uburundi, ikaba igizwe n'intara za Kayanza na Ngozi ziherereye mu buraruko bw'igihugu, be n'uduce tumwe tumwe tw'intara za Gitega, Karusi na Kirundo. Intebe y'Ubwungere ikaba iri ku cicaro c'iyo Diyoseze, muri Katedrale
"Umugabekazi w'i Fátima" ("Notre-Dame-de-Fátima"), iri mu gisagara c'i Ngozi. Ahubwo Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi iyo Diyoseze yaheruka imbere y'uyu Musenyeri Georges Bizimana, kuva aho agenewe ayandi mabanga ngo abe ari we aronkora Diyoseze Nkuru ya Bujumbura nk'Umwepiskopi mukuru wayo, ico cicaro kikaba cagumye kirindiriye uwundi mwepiskopi yogenwa na Papa ngo amusubirire.
Eka si Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa gusa yarongoye iyo Diyoseze imbere ya Musenyeri Georges Bizimana, kuko hariho n'abandi bagiye barakurakuranwe ku ntebe y'Umwungere y'i Ngozi. Aha twohera ku ntango y'iyo Diyoseze, kuva ikiri intara y'ubutumwa isanzwe, kw'igenekerezo rya 14 Mukakaro 1949, kubandanya gato aho yashirwa ku rugero rwa Diyoseze, ku wa 10 Munyonyo 1959, n'ubu rero ku wa 17 Kigarama 2019, ku bwungere bwa Musenyeri Georges Bizimana nk'Umwepiskopi mushasha. Abo bepiskopi rero bagiye barakurikirana uku gukurikira: Musenyeri Yozefu Martino (kuva ku wa 10 Munyonyo 1959 gushika ku wa 6 Ruheshi 1961); Musenyeri André Makarakiza (kuva ku wa 21 Myandagaro 1961 gushika ku wa 5 Nyakanga 1968); Musenyeri Stanislas Kaburungu (kuva ku wa 5 Nyakanga 1968 gushika ku wa 14 Kigarama 2002), na Musenyeri Gervais Banshimiyubusa rero (kuva ku wa 14 Kugarama 2002 gushika ku wa 24 Ntarante 2018).
Ariko rero, kuva kuri iyo tariki, intebe y'Ubwungere y'i Ngozi yagumye isa n'iyigaragara, kuko na Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yayivyagirako gusa nk'uwuhagarariye iyo Diyoseze vy'imfatakibanza, ahandi ho wewe yari yagenwe kuba Umepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, asubiriye Musenyeri Évariste Ngoyagoye, ubu ari Umwepiskopi w'inararibonye, kuko yamaze kwironkera akaruhuko k'iza bukuru, avyemerewe na Nyenubweranda Papa Fransisko, nk'uko amategeko yabimurekura. Akaba rero yari afise imyaka 76, ashaka yashaka kwiruhukira mw'ibanga ry'ubwungere bwa Diyoseze.
Uwo
Musenyeri Georges Bizimana rero yaraye agenwe ngo abe Umwepiskopi wa Diyoseze ya Ngozi, ni wa wundi yahora ari Umwepiskopi samuragwa wa Diyoseze ya Bubanza. Na vyo ivyamuranze mu buzima no mu butumwa bwiwe gushika ubu ni uko yavutse kw'itariki ya 12 Ntwarante 1965, avukira ku mutumba Nyabibuye, Komine Butaganzwa, muri Diyoseze Ngozi. Se wiwe ni umushingantahe Karoli Gateranya, nyina wiwe ni Maragarita Barankeca (yamaze gusezera isi).
Georges Bizimana, ahejeje amashurey'intango y'i Buraniro, amashure yisumbuye yayize mw'iseminari y'i Mureke (1979 -1983) no kw'ishure ryisumbuye "Lycée Don Bosco" ry'i Burengo (1983-1986). Mu mwaka w'1986, yabandanyije n'amashure yamuteguye mw'ibanga ry'ubusaserdoti kw'Iseminari Nkuru yitiriwe umusaserdoti w'i Ars ("Grand Séminaire Saint Curé d'Ars") y'i Bujumbura, ayaheza mu mwaka w'1989, aca abandanya n'Iseminari nkuru y'i Burasira, gushika mu mwaka w'1993. Muri uwo mwaka nyene, yabandanyirije ivyigwa kw'Iseminari Nkuru yitiriwe Umweranda Yohani Paulo-II y'i Gitega, ayiheza mu mwaka w'1994 araheza rero aratirwa mw'ibanga ry'ubusaserdoti. Yaronse isakramentu ry'ubusaserdoti ku wa 20 Myandagaro 1994, mu minwe ya Nyenicubahiro Musenyeri Stanislas Kaburungu, muri Paruwase Buraniro.
Nk'umusaserdoti, ni ukuvuga Patiri
Georges Bizimana, yagiye arashingwa amabanga atandukanye. Yarabaye umwigisha mw'Iseminari ntoyi y'i Mureke, ari na ko yari ajejwe uburaro bw'abanyeshure, gushika mu mwaka w'1997. Kuva muri uwo mwaka gushika mu w'2001 yarangurira ubutumwa nk'umuherezankuka muri Paruwase Gasenyi. mu nyuma y'aho, yaciye agenwa kuyobora paruwase Mubuga nka Patiri mukuru (2001-2002). Kuva mu mwaka w'2002 gushika mu w'2004, yarabaye Umunyamabanga wa Diyoseze ya Ngozi (Chancellerie), yongera araba umwibutsamana mw'irerero ry'abatohozamuhamagaro wabo mu muryango w'ababikira bene Mariya. Hejuru y'ivyo, yarajejwe ibijanye n'ugutohoza umuhamagaro mu migwi y'itorwa, muri Diyoseze ya Ngozi.
Hashitse mu mwaka w'2004, Umwepiskopi wiwe (Musenyeri Gerevazi banshimiyubusa) yaramurungitse kubandanya amashure i Roma, aho yanonosoreye ivyigwa vyo ku rwego rw'ubuhinga bwo hejuru (Doctorat) mu gisata ca Teolojiya (Théologie morale). Mu mwaka w'2008 akaba ari ho yabironkamwo urupapuro rw'umutsindo, araheza rero agaruka mu gihugu ciwe kubandanya ubutumwa. Ashitse, ubwo nyene yaciye agenwa kuba umwigisha kw'Iseminari nkuru yitiriwe Yohani Paulo-II y'i Gitega, hanyuma arahava aba n'Umurongozi wayo, mu mwaka w'2010. Yaranabaye kandi n'Umuyobozi w'ivy'ugutohoza umuhamagaro mu migwi y'itorwa ku rwego rw'igihugu, be n'uwa Caritas Burundi.
Mu vy'ubwepiskopi, Musenyeri
Georges Bizimana
yagiye kuba Umwungere samuragwa wa Diyoseze Bubanza ku wa 07 kigarama 2013, gushika ubu rero aho yaraye agenwe kuba Umwepiskopi wa Diyoseze Ngozi, ku ngingo ya Nyenubweranda Papa Fransisko. Nk'umwungere w'imitima rero, akaba yiteze kuyobora ubusho bushika bakristu barenga gato 1.182.694 b'abakatolika, mu karere kagizwe n'abanyagihugu bashika 1.530.000, bose hamwe uko baba mu karere iyo Diyoseze ishikanako imbibe zayo. Mu kigo ca Diyoseze Nkuru ya Bujumbura c'ukumenyesha amakuru rero tukaba tumwipfurije ko inema y'Umukama wacu Yezu Kristu, urukundo rw'Imana, n'ingabirano za Mutima-Mweranda vyokwama bimutwikira, guyo intama ajejwe zikarushirizwaho gutagatifuzwa ku bwiwe.
Michel NIBITANGA, CEDICOM