Diyoseze y'i Ngozi yaraye yironkeye Umwepiskopi mushasha, Nyenicubahiro Musenyeri Georges Bizimana
Itariki: 19/12/2019Ababisomye 9303 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Nyenubweranda Papa Fransisko yagenye Musenyeri Georges Bizimana ngo abe Umwepiskopi wa Diyoseze Ngozi, ku wa 17 Kigarama 2019, uwo Mwepiskopi yahora ari Samuragwa wa Diyoseze Bubanza
Hari ku muhingamo  w'uyu wa kabiri igenekerezo rya 17 Kigarama 2019, aho Nyenubweranda Papa Fransisko yagena Umwepiskopi mushasha ngo ayobore Diyoseze ya Ngozi, inyuma y'imyaka ibiri yari iheze arindiriwe. Nyenicubahiro Musenyeri Georges Bizimana rero, kuva ubu, akaba ari we yakenwe muri ayo mabanga; ni we Mwepiskopi wa Diyoseze Ngozi; ntakiri Umwepiskopi samuragwa wa Bubanza. Ubu rero ni we yitezwe ngo aheze avyagire ku ntebe y'ubwungere ifise icicaro kuri Katedrale "Umugabekazi w'i  Fátima" ("Notre-Dame-de-Fátima"), iri mu gisagara c'i Ngozi.

Diyoseze Ngozi ni imwe muri Diyoseze zubatse Ekleziya y'Uburundi, ikaba igizwe n'intara za Kayanza na Ngozi ziherereye mu buraruko bw'igihugu, be n'uduce tumwe tumwe tw'intara za Gitega, Karusi na Kirundo. Intebe y'Ubwungere ikaba iri ku cicaro c'iyo Diyoseze, muri Katedrale "Umugabekazi w'i  Fátima" ("Notre-Dame-de-Fátima"), iri mu gisagara c'i Ngozi. Ahubwo Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi iyo Diyoseze yaheruka imbere y'uyu Musenyeri Georges Bizimana, kuva aho agenewe ayandi mabanga ngo abe ari we aronkora Diyoseze Nkuru ya Bujumbura nk'Umwepiskopi mukuru wayo, ico cicaro kikaba cagumye kirindiriye uwundi mwepiskopi yogenwa na Papa ngo amusubirire. 

Eka si Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa gusa yarongoye iyo Diyoseze imbere ya Musenyeri Georges Bizimana, kuko hariho n'abandi bagiye barakurakuranwe ku ntebe y'Umwungere y'i Ngozi. Aha twohera ku ntango y'iyo Diyoseze, kuva ikiri intara y'ubutumwa isanzwe, kw'igenekerezo rya 14 Mukakaro 1949, kubandanya gato aho yashirwa ku rugero rwa Diyoseze, ku wa 10 Munyonyo 1959, n'ubu rero ku wa 17 Kigarama 2019, ku bwungere bwa Musenyeri Georges Bizimana nk'Umwepiskopi mushasha. Abo bepiskopi rero bagiye barakurikirana uku gukurikira: Musenyeri Yozefu Martino (kuva ku wa 10 Munyonyo 1959 gushika ku wa 6 Ruheshi 1961); Musenyeri AndrĂ© Makarakiza (kuva ku wa 21 Myandagaro 1961 gushika ku wa 5 Nyakanga 1968); Musenyeri  Stanislas Kaburungu (kuva ku wa 5 Nyakanga 1968 gushika ku wa 14 Kigarama 2002), na Musenyeri Gervais Banshimiyubusa rero (kuva ku wa 14 Kugarama 2002 gushika ku wa 24 Ntarante 2018). 

Ariko rero, kuva kuri iyo tariki, intebe y'Ubwungere y'i Ngozi yagumye isa n'iyigaragara, kuko na Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yayivyagirako gusa nk'uwuhagarariye iyo Diyoseze vy'imfatakibanza, ahandi ho wewe yari yagenwe kuba Umepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, asubiriye Musenyeri Évariste Ngoyagoye, ubu ari Umwepiskopi w'inararibonye, kuko yamaze kwironkera akaruhuko k'iza bukuru, avyemerewe na Nyenubweranda Papa Fransisko, nk'uko amategeko yabimurekura. Akaba rero yari afise imyaka 76, ashaka yashaka kwiruhukira mw'ibanga ry'ubwungere bwa Diyoseze. 

Uwo Musenyeri Georges Bizimana rero yaraye agenwe ngo abe Umwepiskopi wa Diyoseze ya Ngozi, ni wa wundi yahora ari Umwepiskopi samuragwa wa Diyoseze ya Bubanza. Na vyo ivyamuranze mu buzima no mu butumwa bwiwe gushika ubu ni uko yavutse kw'itariki ya 12 Ntwarante 1965, avukira ku mutumba Nyabibuye, Komine Butaganzwa, muri Diyoseze Ngozi.  Se wiwe ni umushingantahe Karoli Gateranya, nyina wiwe ni Maragarita Barankeca (yamaze gusezera isi).

Georges Bizimana, ahejeje amashurey'intango y'i Buraniro, amashure yisumbuye yayize mw'iseminari y'i Mureke (1979 -1983) no kw'ishure ryisumbuye "LycĂ©e Don Bosco" ry'i Burengo (1983-1986). Mu mwaka w'1986, yabandanyije n'amashure yamuteguye mw'ibanga ry'ubusaserdoti kw'Iseminari Nkuru yitiriwe umusaserdoti w'i Ars ("Grand SĂ©minaire Saint CurĂ© d'Ars") y'i Bujumbura, ayaheza mu mwaka w'1989, aca abandanya n'Iseminari nkuru y'i Burasira, gushika mu mwaka w'1993. Muri uwo mwaka nyene, yabandanyirije ivyigwa kw'Iseminari Nkuru yitiriwe Umweranda Yohani Paulo-II y'i Gitega, ayiheza mu mwaka w'1994 araheza rero aratirwa mw'ibanga ry'ubusaserdoti. Yaronse isakramentu ry'ubusaserdoti ku wa 20 Myandagaro 1994, mu minwe ya Nyenicubahiro Musenyeri Stanislas Kaburungu, muri Paruwase Buraniro. 

Nk'umusaserdoti, ni ukuvuga Patiri Georges Bizimana, yagiye arashingwa amabanga atandukanye. Yarabaye umwigisha mw'Iseminari ntoyi y'i Mureke, ari na ko yari ajejwe uburaro bw'abanyeshure, gushika mu mwaka w'1997. Kuva muri uwo mwaka gushika mu w'2001 yarangurira ubutumwa nk'umuherezankuka muri Paruwase Gasenyi. mu nyuma y'aho, yaciye agenwa kuyobora paruwase Mubuga nka Patiri mukuru (2001-2002). Kuva mu mwaka w'2002 gushika mu w'2004, yarabaye Umunyamabanga wa Diyoseze ya Ngozi (Chancellerie), yongera araba umwibutsamana mw'irerero ry'abatohozamuhamagaro wabo mu muryango w'ababikira bene Mariya. Hejuru y'ivyo, yarajejwe ibijanye n'ugutohoza umuhamagaro mu migwi y'itorwa, muri Diyoseze ya Ngozi.

Hashitse mu mwaka w'2004, Umwepiskopi wiwe (Musenyeri Gerevazi banshimiyubusa) yaramurungitse kubandanya amashure i Roma, aho yanonosoreye ivyigwa vyo ku rwego rw'ubuhinga bwo hejuru (Doctorat) mu gisata ca Teolojiya (ThĂ©ologie morale). Mu mwaka w'2008 akaba ari ho yabironkamwo urupapuro rw'umutsindo, araheza rero agaruka mu gihugu ciwe kubandanya ubutumwa. Ashitse, ubwo nyene yaciye agenwa kuba umwigisha kw'Iseminari nkuru yitiriwe Yohani Paulo-II y'i Gitega, hanyuma arahava aba n'Umurongozi wayo, mu mwaka w'2010. Yaranabaye kandi n'Umuyobozi w'ivy'ugutohoza umuhamagaro mu migwi y'itorwa ku rwego rw'igihugu, be n'uwa Caritas Burundi. 

Mu vy'ubwepiskopi, Musenyeri Georges Bizimana yagiye kuba Umwungere samuragwa wa Diyoseze Bubanza ku wa 07 kigarama 2013, gushika ubu rero aho yaraye agenwe kuba Umwepiskopi wa Diyoseze Ngozi, ku ngingo ya Nyenubweranda Papa Fransisko. Nk'umwungere w'imitima rero, akaba yiteze kuyobora ubusho bushika bakristu barenga gato 1.182.694 b'abakatolika, mu karere kagizwe n'abanyagihugu bashika 1.530.000, bose hamwe uko baba mu karere iyo Diyoseze ishikanako imbibe zayo. Mu kigo ca Diyoseze Nkuru ya Bujumbura c'ukumenyesha amakuru rero tukaba tumwipfurije ko inema y'Umukama wacu Yezu Kristu, urukundo rw'Imana, n'ingabirano za Mutima-Mweranda vyokwama bimutwikira, guyo intama ajejwe zikarushirizwaho gutagatifuzwa ku bwiwe. 

Michel NIBITANGA, CEDICOM      

Ivyiyumviro

Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)

Muri irya misi,

Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima. Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.

Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda w’Imana.»

 

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 173
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI