kw'ishule rya Kirinzi muri Paruwase Muramvya, umwihwezo w'aho ibikorwa vy'ukwubaka ingoro y'Imana bigeze
Itariki: 19/12/2019Ababisomye 7002 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Intumbero uwo mwihwezo yari iy'ukugira ngo abakristu b'iyo Paruwase batere intambwe ikwirikira, basozere urwubako rw'ingoro y'Imana batanguye muri ico kibanza
Kari akanyamuneza kadasanzwe ku bakristu bo kw'ishule rya Kirinzi rikukira Paruwase Muramvya, aho ku w'imana igenekerezo rya 15 Kigarama bari baramutse basengera mu ngoro y'imana ikiriko irubakwa ahitwa Rukiga. Aho hari mu ntumbero y'ukurabira hamwe aho bagejeje ibikorwa, kugira ngo basubire batere intambwe ikwirikira, kugeza aho ihangiro bihaye rizoranguka ry'ukwubaka ingoro ikwiye muri ico kibanza yo kuninaharizamwo Umukama. 

Iyo nkuka y'imisa yari yitabwe n'abakristu benshi bo kuri iryo shule, eka mbere n'imvukira zirangurira imirimo yazo mu gisagara c'i Bujumbura n'ahandi, ari na zo zitanga cane mu kwegeranya uburyo bwo kwubaka iyo ngoro y'imana. Iyo nkuka y'imisa yatanguye igihe c'isaha zitanu zo ku musase (11h00), ikaba yari iyobowe na Patiri mukuru wa Paruwase ya Muramvya, Patiri Léon Nizigama, ari kumwe na Patiri mukuru wa Paruwase Kiganda, akaba n'intumwa y'Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Patiri Petero Claver Ndayiragije.  

Patiri leon Nizigama yataguye aha ikaze abakristu bose, na cane cane abatari bamenyereye gusengera kw'ishule rya Kirinzi, be n'imvukira, abagenzi, incuti za Paruwase Muramvya muri rusangi, n'izo kw'ishule rya Kirinzi vy'umwihariko, araheza ababwira ko atari umunsi wo kwinjira iyo ngoro y'Imana nk'uko benshi ngo bari guhava bavyiyumvira, ahubwo riho ko baje ngo basangire na we kuninahaza Imana, bongere banarabe aho igikorwa kigeze, hanyuma baheze baronke intege zo kubandanya gutera intambwe isigaye, kugira ngo vy'ukuri iyo ngoro y'Imana ibere Umukama.

Uwo musaserdoti  yaboneyeho kubibutsa ko ukwinjira ingoro y'Imana bitangwa n'Umwepiskopi, nk'uko na Paruwase ishingwa n'Umwepiskopi nyene, kandi ngo bikaba ari uko umuryango w'abakristu umaze igihe ubisaba. Ni ho rero ngo iyo abonye ko bibereye aheza akarangura ico abakristu bamusavye. Yagiriyeko ahamagarira abakristu bo kuri iryo shule gukomeza imibano rukristu, yongera abasaba ko batokwitiranya imibano rukristu n'imigwi n'imihari yindi bashobora kuba barimwo, kuko ngo imibano rukristu ari indinganizo ya Ekleziya.

Kuri uwo munsi, haranashikirijwe n'amajambo. Uhereye ku wurongoye ishirahamwe ry'imvukira z'iryo shule zirangurira imirimo i Bujumbura n'ahandi. Mw'ijambo ryiwe, umushingantahe Yozefu Butoyi yatanguye akengurukira abo basaserdoti baje kubafasha iyo nkuka ya misa bakanabemerera ko iyo nkuka yobera muri iyo ngoro y'Imana, n'aho hataragera ko yinjirwa icese.

Abasangwa n'imvukira na bo, uwo yariko avuga ijambo yarabaye nk'uwubakaburira inyota mu kubabwira ko aho bicaye vyohimbara nko mu gihe bosubira kuhasengera iyindi misa isengero yaheze kwubakwa. Ariko kandi ntiyabuze no kubibutsa ko vyose bizova kuri bo, kw'ishaka n'umwete bazobigiramwo. ku bwiwe rero, ngo iyo Nkuka ya misa ikaba yaciye ibatera intege, na cane cane ko ngo hasanzwe hariho abantu benshi baguma babaza ngo: "Mbega iyo nyubakwa muriko murubaka muzoyikoreramwo iki?". Wewe yemeje ko uwo munsi woba warabaye nk'inyishu y'ico kibazo, kuko ukwo kuntu habereye inkuka ya misa cabaye ikimenyamenya ko ababibonye biboneye neza ko ata kindi gikorwa kibereye iyo nyubakwa atari ukuyigira Ingoro y'Imana.

Yagiriyeko atanga ingabire y'intebe, izo yashikirije zikaba zabaye mirongo itandatu. Yamenyesheje ko iyo ngabire yaje izanywe n'izo mvukira nyene, araheza asaba abakristu bo kuri iryo shule, bo bazozicarako, ko vyiza bozicarako gusa mu gihe bazoba bariko baravuga ibisabisho. Yagize ati: "Muraja hamwe, muvuge irozari, mwambarize hamwe ngaha nyene Umuvyeyi Bikira Mariya". Ku bwiwe, ngo babisabiye uruhusha, nta nkeka ko bazokwemererwa.   

Patiri mukuru na we, kw'izina ry'abakristu ba Paruwase arongoye, yarakengurukiye abari bitavye ico gikorwa, yongera arashimira uwaserukiye imvukira ku majambo yari ahejeje gushikiriza. Ikindi camuhimbaye ngo ni ukuntu abakristu bari baje ku bwinshi.  akaba yarakengurutse iyo ngabire y'intebe.

Mu gusozera amajambo, Patiri intumwa y'Umwepiskopi mu ntara y'ubutumwa ya Muravya, na we nyene yarakengurukiye imvukira n'abasangwa ku kuntu bitanga cane. Yagize ati: "Uwokwihweza iyi ngoro turimwo, akaraba n'inguvu zayitanzweko mu gutaba ikibanza be no mu kuduza impome, akongera akaraba n'agaciro k'aho mugejeje, biraboneka neza ko mugeze ku ntambwe ndende". Akaba rero yarabateye intege muri ico gikorwa c'iteka, araheza abasabira ku Mukama ngo yongereze imigisha myinshi aho bakuye uburyo bakoresheje.

Abakristu n'imvukira barasabiye muri iyo nkuka ya misa umuhisi Patiri Thomas Banderembako yabafashije cane gushka aho bemererwa ko ico kibanza cubakwamwo ingoro y'Imana, ubu hakaba haheze imyaka itandatu urwubako rw'iyo ngoro y'Imana rutanguye. Mwomenya ko ibikorwa bisigaye ari ibisa n'ivya nyuma, ivyo na vyo bikaba ari ukwugara neza iyo ngoro y'Imana n'ukuyisiga isima.

Tharcisse Kantungeko, i Kirinzi muri Paruwase Muramvya  
Ivyiyumviro

Aleluya. Kristu yategerezwa kubabara no kuzuka mu bapfuye, kugira ngo yinjire mu buninahazwa. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 44-51)

Muri irya misi, Yezu yabariye Abayuda ati: «Nta wushobora kunyegera Data yantumye atamukwegakweze; nanje nzomuzura ku musi w’imperuka. Mu bahanuzi handitswe ngo: ‘Bose bazokwigishwa n’Imana.’ Uwumvise Data wese akakira inyigisho ziwe, ni we aza iwanje. Ni ko, nta n’umwe yabonye Data atari umwe yavuye hafi y’Imana; uyo ni we yabonye Data. Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: uwemera arafise ubuzima budahera. Jewe ndi wa mukate w’ubuzima. Basokuru banyu barariye mana mu gahinga, bahava barapfa. Uyu ni wo mukate umanuka uva mw’ijuru, maze uwuwuriye ntazopfa. Jewe ndi wa mukate muzima wamanutse uva mw’ijuru uwuriye uwo mukate azokwamaho imyaka yose. Vyongeye umukate nzotanga ni umubiri wanje uzanira isi ubuzima.»


Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilité d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 à 8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 à 16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 à 16h00
Jeudi : 15h00 à 16h00
Vendredi : 12h00 à 14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi à vendredi : 7h00 à 16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 à 17h15
Samedi : 5h30 à 6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 à 8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration à la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi à samedi de 7h00 à 19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 à 17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi à vendredi à partir de 7h00 jusqu'à 21h30
Dimanche de 13h00 à 18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 à 6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 à 7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 à 17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 à 10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi à 14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 à 19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 à 15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 à 12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 192
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI