Intumbero uwo mwihwezo yari iy'ukugira ngo abakristu b'iyo Paruwase batere intambwe ikwirikira, basozere urwubako rw'ingoro y'Imana batanguye muri ico kibanza
Kari akanyamuneza kadasanzwe ku bakristu bo kw'ishule rya Kirinzi rikukira Paruwase Muramvya, aho ku w'imana igenekerezo rya 15 Kigarama bari baramutse basengera mu ngoro y'imana ikiriko irubakwa ahitwa Rukiga. Aho hari mu ntumbero y'ukurabira hamwe aho bagejeje ibikorwa, kugira ngo basubire batere intambwe ikwirikira, kugeza aho ihangiro bihaye rizoranguka ry'ukwubaka ingoro ikwiye muri ico kibanza yo kuninaharizamwo Umukama. Iyo nkuka y'imisa yari yitabwe n'abakristu benshi bo kuri iryo shule, eka mbere n'imvukira zirangurira imirimo yazo mu gisagara c'i Bujumbura n'ahandi, ari na zo zitanga cane mu kwegeranya uburyo bwo kwubaka iyo ngoro y'imana. Iyo nkuka y'imisa yatanguye igihe c'isaha zitanu zo ku musase (11h00), ikaba yari iyobowe na Patiri mukuru wa Paruwase ya Muramvya, Patiri Léon Nizigama, ari kumwe na Patiri mukuru wa Paruwase Kiganda, akaba n'intumwa y'Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Patiri Petero Claver Ndayiragije.
Patiri leon Nizigama yataguye aha ikaze abakristu bose, na cane cane abatari bamenyereye gusengera kw'ishule rya Kirinzi, be n'imvukira, abagenzi, incuti za Paruwase Muramvya muri rusangi, n'izo kw'ishule rya Kirinzi vy'umwihariko, araheza ababwira ko atari umunsi wo kwinjira iyo ngoro y'Imana nk'uko benshi ngo bari guhava bavyiyumvira, ahubwo riho ko baje ngo basangire na we kuninahaza Imana, bongere banarabe aho igikorwa kigeze, hanyuma baheze baronke intege zo kubandanya gutera intambwe isigaye, kugira ngo vy'ukuri iyo ngoro y'Imana ibere Umukama.
Uwo musaserdoti yaboneyeho kubibutsa ko ukwinjira ingoro y'Imana bitangwa n'Umwepiskopi, nk'uko na Paruwase ishingwa n'Umwepiskopi nyene, kandi ngo bikaba ari uko umuryango w'abakristu umaze igihe ubisaba. Ni ho rero ngo iyo abonye ko bibereye aheza akarangura ico abakristu bamusavye. Yagiriyeko ahamagarira abakristu bo kuri iryo shule gukomeza imibano rukristu, yongera abasaba ko batokwitiranya imibano rukristu n'imigwi n'imihari yindi bashobora kuba barimwo, kuko ngo imibano rukristu ari indinganizo ya Ekleziya.
Kuri uwo munsi, haranashikirijwe n'amajambo. Uhereye ku wurongoye ishirahamwe ry'imvukira z'iryo shule zirangurira imirimo i Bujumbura n'ahandi. Mw'ijambo ryiwe, umushingantahe Yozefu Butoyi yatanguye akengurukira abo basaserdoti baje kubafasha iyo nkuka ya misa bakanabemerera ko iyo nkuka yobera muri iyo ngoro y'Imana, n'aho hataragera ko yinjirwa icese.
Abasangwa n'imvukira na bo, uwo yariko avuga ijambo yarabaye nk'uwubakaburira inyota mu kubabwira ko aho bicaye vyohimbara nko mu gihe bosubira kuhasengera iyindi misa isengero yaheze kwubakwa. Ariko kandi ntiyabuze no kubibutsa ko vyose bizova kuri bo, kw'ishaka n'umwete bazobigiramwo. ku bwiwe rero, ngo iyo Nkuka ya misa ikaba yaciye ibatera intege, na cane cane ko ngo hasanzwe hariho abantu benshi baguma babaza ngo: "Mbega iyo nyubakwa muriko murubaka muzoyikoreramwo iki?". Wewe yemeje ko uwo munsi woba warabaye nk'inyishu y'ico kibazo, kuko ukwo kuntu habereye inkuka ya misa cabaye ikimenyamenya ko ababibonye biboneye neza ko ata kindi gikorwa kibereye iyo nyubakwa atari ukuyigira Ingoro y'Imana.
Yagiriyeko atanga ingabire y'intebe, izo yashikirije zikaba zabaye mirongo itandatu. Yamenyesheje ko iyo ngabire yaje izanywe n'izo mvukira nyene, araheza asaba abakristu bo kuri iryo shule, bo bazozicarako, ko vyiza bozicarako gusa mu gihe bazoba bariko baravuga ibisabisho. Yagize ati: "Muraja hamwe, muvuge irozari, mwambarize hamwe ngaha nyene Umuvyeyi Bikira Mariya". Ku bwiwe, ngo babisabiye uruhusha, nta nkeka ko bazokwemererwa.
Patiri mukuru na we, kw'izina ry'abakristu ba Paruwase arongoye, yarakengurukiye abari bitavye ico gikorwa, yongera arashimira uwaserukiye imvukira ku majambo yari ahejeje gushikiriza. Ikindi camuhimbaye ngo ni ukuntu abakristu bari baje ku bwinshi. akaba
yarakengurutse iyo ngabire y'intebe.
Mu gusozera amajambo,
Patiri intumwa y'Umwepiskopi mu ntara y'ubutumwa ya Muravya, na we nyene yarakengurukiye imvukira n'abasangwa ku kuntu bitanga cane. Yagize ati: "Uwokwihweza iyi ngoro turimwo, akaraba n'inguvu zayitanzweko mu gutaba ikibanza be no mu kuduza impome, akongera akaraba n'agaciro k'aho mugejeje, biraboneka neza ko mugeze ku ntambwe ndende". Akaba rero yarabateye intege muri ico gikorwa c'iteka, araheza abasabira ku Mukama ngo yongereze imigisha myinshi aho bakuye uburyo bakoresheje.
Abakristu n'imvukira barasabiye muri iyo nkuka ya misa umuhisi Patiri Thomas Banderembako yabafashije cane gushka aho bemererwa ko ico kibanza cubakwamwo ingoro y'Imana, ubu hakaba haheze imyaka itandatu urwubako rw'iyo ngoro y'Imana rutanguye.
Mwomenya ko ibikorwa bisigaye ari ibisa n'ivya nyuma, ivyo na vyo bikaba ari ukwugara neza iyo ngoro y'Imana n'ukuyisiga isima.
Tharcisse Kantungeko, i Kirinzi muri Paruwase Muramvya