Ijambo rishikirijwe na Nyenubweranda Papa Fransisko ku Musi Mpuzamakungu ugira uwa 53 wahariwe amahoro, ku wa mbere Nzero 2020
Itariki: 27/12/2019Ababisomye 3640 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Amahoro ni yo nzira y'umwizero: ukuja inama n'ingingo, ugusubiza hamwe n'uguhinduka mu vyerekeye ibijanye n'ibidukikije


1. Amahoro ni yo nzira y'umwizero mu gihe c'imitego n'amagume

Amahoro ni itunga ntagereranywa, ni ryo mwizero abantu bose bahahamiye. Kwipfuza amahoro ni ingendo ya buri muntu ituma umuntu ayamanira igisharara mu buzima ; ni na co gituma ibihe bigoye ducamwo dushobora « kubibamwo, tukavyakira mu gihe tubona ico bishobora kudushikanako kandi tukabona ko bishobora kwizigirwa, maze iryo hangiro rikaba ari irifashe ku buryo umuntu ashobora kwemanga ingoga zishigwa muri urwo rugendo » [1]. Muri ubwo buryo, ukwizera ni yo ngeso nziza iduhagurutsa tugafata inzira, ikaduha umwete wo kubandanya dutera imbere naho imitego yoba imeze nk'uko ari ntarengwa. 

Umuryango wacu w'abantu utwaye mu bwenge no mu mubiri ibimenyetso vy'ingwano n'amatati vyagiye birakurikirana bigakomeza ububasha bwo gusambura, na vyo bikaba biguma bigeramiye cane cane aboro ba rwose na ba magara make. Kubera iyo mvo, ibihugu bitari bike birazingamitswe n'ukudashobora kwigobotora imizana y'ugusahurwa ivyabo hamwe n'igiturire, ivyo na vyo bikaba bivyara urwanko n'ingimba. No muri ibi bihe, abagabo n'abagore batari bake, abana n'abageze mu za bukuru babona agateka kabo katubahirizwa, co kimwe n'ukutaborezwa igufa, kubaho mu mwidegemvyo, harimwo no mu vyerekeye amasabamana, ugusabikanya mu kibano hamwe n'umwizero muri kazoza. Abahohoterwa benshi bagendana umuzigo w'ugukozwa isoni n'uw'ugukumirwa, w'ukwama ugandaye, w'akarenganyo, hamwe mbere n'ibikomere vyo ku mutima bivuye ku kwama bariko barahamirwa ubwoko bavamwo hamwe n'ababo. 

Amananiza ateye agahinda avyarwa n'ingwano zo mu gihugu hagati canke z'ibihugu bishamiranye, akenshi usanga akazwa n'ihohoterwa rizira ikigongwe, arasiga ibikomere vyimbitse mu mibiri no mu mitima y'abantu. Ku bwa ngingo, ingwano iyo ari yo yose ni ubwicanyi bw'abavukana busambura umugambi w'Imana w'ubuvukanyi uranga ico umuryango w'abantu wahamagariwe. 

Nk'uko tubizi neza, ingwano yama ihera ku kutihanganirana kubera ubudasa, kugaca gutuma tugomba kwigarurira abandi n'ukubacinyiza. Mu mutima wa muntu, ingwano ivyarwa n'ubugunge hamwe n'ubwishime, n'urwanko ruvyara agatima ko gusambura, ko kwugaranira abandi mu kibi, ko bakumira no kubazimanganya. Ingwano yegenyezwa n'ugufutanya imigenderanire, n'agatima ko gutwara vyose, n'ukwitwaza igikenye, n'ugutinya abandi, n'ubudasa buboneka nk'umutego. Uko ingwano ivyarwa n'ivyo ni ko inatuma vyongerekana.

Nk'uko naronse akaryo ko kubishimangira mu rugendo mperutse kugira mu gihugu c'Ubuyapani, biratangaje kubona isi yacu ivuga ko igomba gushira imbere n'ukuremesha ituze n'amahoro ariko ugasanga yubakira ku mutekano w'uruhendo ushingiye ku kuremesha icuka c'ubwoba n'ukwinubana gihava kigasibanganya imigenderanire hagati y'imiryango y'abantu, maze ntibibe bigishoboka kuja inama n'ingingo. Amahoro n'ituze mu makungu ntibishobora kubangikana n'ugushaka kwubakira ku bwoba bw'ukumarana canke bw'uguhonya abandi . Kugira amahoro arinde ashoboka, ni uko haba hakomejwe akarangamutima k'ugufatana mu nda kwa bose hamwe n'ugufashanya gushingiye ku kuba ba magiriranire n'abasangirabanga mu muryango umwe w'abantu b'ubu n'abazovuka ejo » [2]. 

Kuremesha ibintu vy'ugukangana bituma ukwizerana gutituka, maze umuntu agaca yiyugarirako nka nyabumba. Ukutizerana n'ubwoba bituma imigenderanire igoyagoya hakavyuka agatima ko gukoresha ingimba, iyo nzira y'urukwegane rw'ibara ikaba idashobora kwigera ishikana ku migenderanire ivyara amahoro. Muri gihe ibintu bimeze uko, ukugwiza ibirwanisho vya rutura bicira umuriro w'akaranda bizana amahoro y'uruhendo. 

Kubera iyo mvo, ntidushobora kwirya akara ngo turiko turaremesha ituze kw'isi mu kugwiza ubwoba bwo kumarana, mu mutekano utubakiye ku mushinge urama. Tuguma turi ku manga iherekeza ibirwanisho ruhonyanganda canke twiyugaraniye mu kuba ba sindabibazwa, aho usanga abantu bafata ingingo mu bijanye n'imibano hamwe n'ubutunzi zishimangira akaranda ko gukumira abandi n'uguhonya ibidukikije aho gukomeza agatima ko gukingirana [3]. None tworemesha gute inzira y'amahoro n'ukwitanaho ? Twocagagura gute iyo mizana iroze y'ukurabana ribi n'uguterana ubwoba ? Tworengera gute agatima ko kwinubana gasa n'akiganje muri kino gihe ? 

Dutegerezwa kwama turiko turaharanira kuremesha umuvukano w'ukuri, ushingiye kw'isoko rimwe twamukako ariyo Mana, maze uwo muvukano ugakomezwa n'ukuganira hamwe n'ukwizerana. Ugushaka amahoro gushingiye kure mu mutima w'umuntu kandi ntitwovuvudikira ikitadushikana kuri iryo hangiro.

2. Amahoro ni yo nzira y'ukwumviriza ushingiye ku kwibuka akahise, ku kuba ba magiriranire no ku muvukano

Abo bita aba « Hibakusha » - ni ukuvuga abarokotse umuriro n'ubumara bw'amabombe ya rutura yatewe mu ntara za Hiroshima na Nagasaki mu gihugu c'Ubuyapani - bari mu bantu ubu baremesheje akariro mu mutima rusangi kerekana uko urunganwe rw'abantu rugenda rukurikirana ibara ry'ivyashitse muri Myandagaro 1945, hamwe n'ububabare bw'agahomerabunwa vyateye gushika uno musi. Intahe abo ba « Hibakusha » bashinga ku vyabaye irakabura akarangamutima ka muntu maze kagatuma abantu baguma bibuka abaguye muri iryo bara, gurtyo umutima wa buri muntu ukomerere kurwanya agatima ko gucinyiza no guhonya abandi. « Ntidushobora kwemera ko abantu b'iki gihe hamwe n'abazokwaruka muri kazoza bibagira ivyabaye, ukwo kwama bibuka ivyabaye kuremeza kandi kugakomeza ishaka ryo kwubaka kazoza gashingiye ku butungane no ku muvukano » [4].

Nk'uko kw'abo ba « Hibakusha », abantu batari bake bo kw'isi yose barahereza urunganwe rukurikirana ibanga rihambaye ry'ukwibuka ritegerezwa gushingurwa, kugira ngo ntihagire uwosubira gucutsa agatima k'ugukora ibara risa n'iryabaye canke ngo ingendo zaranze inkorabara zo muri kahise hagire abasubira kuzishimira, ariko kandi kugira ngo ukwo kwibuka, gushingiye ku cirwa dukura ku vyabaye, kutubere ishingiro ry'ukurondera guhitamwo inzira zubaka amahoro ubu no muri kazoza. 

Reka noneho, ukwibuka ni kwo kwugurura ihangiro ry'ukwizera : kenshi na kenshi, mu muzimagiza w'ingwano n'indyane, ukwibukanya ibimenyetso vy'ugufatana mu nda vyigaragaje biratuma hasubira kuba ibikorwa birangwa n'ukurinda hamwe n'ubutwari, maze bigakabura ingoga nshasha, bikanatsa akariro k'umwizero mushasha mu mitima y'abantu no mu mibano. 

Guca no kuremesha inzira y'amahoro ni igikorwa kitoroshe kandi gisaba vyinshi bivanye n'ingene inyungu abantu baba bariko baraharanira mu migenderanire yabo, mu migendereranire y'imiryango yabo n'ibihugu vyabo, izo nyungu zikaba ari nyinshi kandi zidasa. Umuntu ategerezwa kwemera kumurikirwa n'akarangamutima runtu, kagaca gakomeza ishaka rya muntu mu bijanye n'ivy'intwaro. Ku kaba nkako, amahoro afise ishingiro ryayo mu ntimatima ya muntu, ugushaka kwa politike na kwo kukaba gutegerezwa kwama gukomezwa kugira ngo hashobore kuboneka indinganizo nshasha zerekeza ku gusubiza hamwe n'ukwunga abantu n'imibano. 

Isi y'ubu ntikeneye amajambo y'uruhendo atagira mvura, ikeneye riho abashinga intahe babikuye ku mutima, abubaka amahoro bafise umutima wugurukiye ukuja inama n'ingingo, ata gukumirana canke ugukoresha urwenge. Kukaba nkako, ntawushobora gushikira amahoro y'ukuri atari mu gihe hari ukuja inama n'ingingo kw'abagabo n'abagore barondera ukuri hejuru y'ivyiyumviro bizanana irya n'ino. Amahoro ni inyubakwa « itigera ihera kwubaka » [5]. Ni urugendo turemesha turi kumwe twese, mu kwama duharanira itunga rusangi, kandi umwe wese akemanga kugendera ivyo yemeye n'ukwubahiriza ingingo. Mu gutegana ugutwi, kumenya abandi n'ukubaha agaciro, birashobora kugenda bitera imbere gushika no ku rugero rwo kubona mu mwansi uruhanga rw'umuvukanyi. 

Birumvikana rero ko ingendo y'amahoro ari igikorwa kimara igihe. Ni igikorwa co kwitondera kirondera ukuri n'ubutungane, giha iteka ukwibuka akahise ku bagiriwe amabi. Kikaba kandi igikorwa cuguririra buhoro buhoro, umuntu kugira umwizero rusangi ukomeye gusumba agatima ko kwihora. Mu gihugu kirangwa n'ingingo, intwaro rusangi ishobora kuba ikimenyetso nyaco c'iyo ngendo mu gihe ishingiye ku butungane no kwemanga ibanga ryo kwubahiriza amateka ya zina muntu, na cane cane aya barya ba magara make canke abakumiriwe, mu kurondera ubudahengeshanya ukuri [6]. Iyo ni ndinganizo y'iremeshwa ry'umubano ubereye n'iyubakwa rya kazoza aho umuntu uwo ari we wese yumva ko afise ico aterera abikuye ku mutima, kandi mu mice yose y'ubuzima bw'abantu, haba mu muryango, canke mu kibano, mu gihugu no mu migenderanire mpuzamakungu. 

Nk'uko umweranda Papa Paulo wa gatandatu yabishimangiye, « inyota ishingiye habiri twiyumvamwo itwerekeza ku kwumva ko tungana kandi umwe wese yogira uruhara mu birangurwa aho abaye ni yo nzira yerekeza kw'iyubakwa ry'igihugu gishingiye ku ntwaro rusangi [...] Ni ukuvuga akamaro ko kwigisha ibijanye n'ukubana n'abandi, aho, uretse ivyo kumenyesha amateka aranga buri muntu, habwirizwa n'ukumenyeshwa ibiyaherekeza : umuntu akamenya ivyo na we ategerezwa gukorera abandi ; Ivyo umuntu ategerezwa na we kurangura bisaba na vyo nyene ko aba yumva kandi agashira mu ngiro ingendo y'ukwigumya, ukwemera gushingwa amabanga n'ukumenya n'aho umwidegemvyo wiwe n'uw'umurwi arimwo ugarukira » [7]. 

Bitagenze gurtyo, ukwimbana mu mizi kw'abagize igihugu n'ikibano, ukugwiza ubusumbasumbane mu bantu n'ukureka gukoresha uburyo bwariho ngo hakomezwe iterambere ry'ukuri rya buri muntu bituma vyanka ko haronderwa itunga rusangi. Ariko bikunze hakaba igikorwa citonze gishingiye ku nguvu z'ijambo n'iz'ukuri, harashobora gukaburwa mu bantu ugusubira kugira umutima w'ukurema bishasha mu kigongwe n'ugufatana mu nda. 

Mu buzima bwacu bw'abakristu, twama dushingira ku kwibuka Kristu yatanze ubuzima bwiwe ngo dushobora gusubiza hamwe (raba Abanyaroma 5,6-11). Ekleziya irondera gutanga itiziganya intererano mu kurondera indinganizo y'ukubana gushingiye ku ngingo umuntu yigira aguma aharanira itunga rusangi, akagendera umwizero w'amahoro mu gukwirakwiza ivyiza bishingiye mu karangamutima rukristu, mu nyigisho yubakira ku ngeso nziza, hamwe no mu bikorwa bikomeza ikibano bigatanga n'indero ibereye. 

3. Amahoro ni yo nzira yo gusubiza hamwe mu mubano wa kivukanyi 

Bibliya, na cane cane mw'ijambo ry'abahanuzi, iributsa imitima n'imiryango y'abantu isezerano Imana yagiranye n'abantu. Na ryo rishingiye ku guheba agatima ko gucinyiza abandi abantu hamwe no kumenyera kurabana nk'abantu, nk'abana b'Imana, nk'abavukanyi. Umuntu ntiyotegerezwa kwugaranirwa mu vyo yashoboye kuvuga canke gukora, ategerezwa nyabuna kurabwa mw'ihangiro ry'umwizero afise muri we. Mu gihe duhisemwo inzira y'ukwubahana ni ho dushobora kucagagura imizana y'ihorihori tukijukira inzira y'umwizero.

Igice c'Inkuru Nziza cigana inkuru y'ikiganiro ca Petero na Yezu kiratumurikira : «Mukama, mwenewacu ancumuyeko, nzomurekurira kangahe ? Gushika ku ndwi ? Yezu nawe ati : "Sindakubwiye gushika ku ndwi, ariko ndakubwiye kugeza ku ndwi incuro mirongo indwi"» (Matayo 18,21-22). Iyo nzira y'ugusubiza hamwe iduhamagarira kuronderera mu ntimatima y'umutima wacu inguvu z'ikigongwe hamwe n'ubukomezi bwo kumenya turi abavukanyi. Kwemera kugendera umutima w'ikigongwe birakuza muri twebwe ubukomezi bw'ukuba abantu b'abanyamahoro. 

Ivyo vyigaragaza ku mahoro mu bijanye n'imibano ni na vyo vyibonekeza mu rwego rwa politike n'urw'ubutunzi, kuko ikibazo c'amahoro ugisanga mu mice yose y'ubuzima bw'intara n'ibihugu. Nta mahoro y'ukuri azokwigera aboneka mu gihe tutazoba turashobora gushinga indinganizo irangwa n'ubutungane mu rwego rw'ubutunzi. Nk'uko Papa Benedigito w'i cumi na gatandatu yavyanditse, haraciye imyaka cumi, muri ya Nyigisho nkuru yerekeye « Urukundo mu kuri (Caritas in veritate) : « Gutsinda ukubura iterambere bisaba ko hagira ibikorwa atari mu ntumbero y'ukworosha ibijanye n'uguhanahana amatungo, ariko cane cane kwugurukira buhoro buhoro mu migenderanire y'isi uburyo bw'ugutunganya ibikorwa bijanye n'ubutunzi vyorangwa n'umutima wo gufashanya no kunywana » (n.39). 

4. Amahoro ni inzira y'uguhinduka mu bijanye n'imigenderanire n'ibidukikije 

« Mu gihe itahura ry'ingingo twebwe nyene tugenderako ryadutumye tusigura nabi ingene dufata nabi ibidukikije, ukwiha ububasha bw'ikirenga ku biremwa, canke ingwano, akarenganyo hamwe n'ugukoresha igikenye, twebwe abemera Imana turashobora kwemanga ko twaciye kw'ibanga ry'ugukingira itunga ntangere ry'ubwitonzi twategerezwa gushingura neza » [8]. 

Kubera ingaruka z'agatima ko kurwanya abandi, ko kutubahiriza inzu rusangi ya twese n'ak'ukudatunganya neza itunga riva mu vy'Imana yaremye - na vyo bikaba bibonwa gusa nk'ibikoresho dukeneye ku nyungu ya hafi tubona ubu, ntiduhe icubahiro imiryango y'abantu baba aho haronderwa ubwo butunzi, ntitwiteho kubungabunga itunga rusangi canke ibiremwa - turakeneye guhinduka mu bijanye n'imigenderanire dufitaniye n'ibidukikije. 

Inama nkuru y'Abepiskopi iherutse kudukoranya twiga ikibazo c'igice c'isi citwa Amazoniya idutuma gusubira gushikiriza mu buryo bushasha ijambo rihamagarira kwubaka imigenderanire y'amahoro mu mibano y'abantu n'isi, mu kuntu tubayeho ubu n'ukuntu twibuka ivyabaye mu ri kahise, mu nyigisho y'ivyo twaciyemwo n'ibijanye n'umwizero wa kazoza.

Iyo nzira y'ugusubiza hamwe ni kandi ugutega amatwi n'ukuzirikana dutamarira isi twahawe n'Imana kugira ngo tuyigire inzu rusangi. Kukaba nkako, amatungo dukura mw'isi, ubwoko butandukanye bw'ibinyabuzima tuyisangamwo, n'isi yo nyene ubwayo, twabihawe kugira ngo «tubitunganye kandi tubizigame » (raba Amamuko 2, 15) kandi twibuka urwaruka ruzoguma rukurikirana, maze umwe wese akabigiramwo uruhara kandi rikaba ibanga. Uretse n'ivyo, hari n'igikwiye guhinduka mu vyo twemera no mu kuntu tubona ibintu cotuma twugurukira uguhura na mwene wacu, tukakira ingabirano y'ibiremwa yerekana ubwiza n'ubwenge ntangere bw'uwabitunganije. 

Kubera iyo mvo, birumvikana ko haca hakenerwa gusubira kuraba imvo nkuru zitugenza n'uburyo bushasha bwo kuba muri iyo nzu rusangi, tukamenyera kwitanaho mu budasa bwacu, tugahimbaza twubahiriza ubuzima twaronse kandi dusangiye, tukitaho vy'ukuri ubwoko bw'imibano dufise n'ukuntu yotunganywa ku buryo hoguma haboneka kandi haremeshwa ubuzima muri kazoza, hagatezwa imbere itunga rusangi mu muryango wose w'abantu. 

Uguhinduka mu bijanye n'imigenderanire dufitaniye n'ibidukikije turiko turabahamagarira kudutuma tubona gushasha ibijanye n'ubuzima, tukaraba neza umutima mwiza w'ugutanga w'Umuremyi yaduhaye isi akanaduhamagarira akanyamuneza gashimishwa na bike mu gusabikanya. Ukwo guhinduka gutegerezwa gutahurwa mu mice yose y'ubuzima nk'ihinduka ry'imigenderanire dufitaniye n'abavukanyi, hamwe n'ibindi biremwa bifise ubuzima, n'ibiremwa vyose mu bwoko bwinshi bwavyo, n'Umuremyi ari we soko ry'ubuzima ubwo ari bwo bwose. Ku wa Kristu, iryo hinduka risaba « kureka hakiserura mu migenderanire n'isi ivyiza vyose bivuye mu guhura na Yezu Kristu » [9]. 

5. Umuntu aronka ibingana n'ivyo yizeye [10] 

Inzira y'ugusubiza hamwe isaba kwitonda n'ukwizera. Ntaworonka amahoro atayizeye. 

Bisaba ubwa mbere na mbere kwemera ko amahoro ashoboka, ko n'uwundi muntu akeneye amahoro nka twebwe. Kuri ivyo, urukundo Imana ifitiye umwe umwe wese muri twebwe rurashobora kutwigisha urukundo rubohora, ruzira imbibe, rutagira ikiguzi, rwamizako. 

Ubwoba ni bwo kenshi buba inkwezi y'intambara. Ni ikintu rero gihambaye kurengera ubwoba bw'abantu, tukemera ko twese turi abana bama bakenye mu maso y'uwudukunda kandi aturindiriye nka wa muvyeyi w'umuhungu w'igishushungwe (raba Luka 15, 11-24). Umugenzo w'uguhuza abavukanyi uracuvya umutima w'agutera ubwoba. Utuma uguhura uko ari ko kwose kutwugururira ivyiza bishasha, kukaba n'ingabirano y'urukundo ntangere rw'Imana. Uwo mugenzo udutuma turengera inzitizi z'ukubona hafi kugira ngo tugume mw'ihangiro ry'ukubana na bose nk'abavukanyi, nk'abana b'Umuvyeyi umwe wo mw'ijuru. 

Ku batumwa ba Kristu, iyo nzira iraremeshwa kandi n'isakaramentu ry'ikigongwe ryatanzwe n'Umukama ngo rikize ibicumuro vy'ababatijwe. Iryo sakaramentu ry'Ekleziya riranagura abantu n'imibano y'abantu ribahamagarira kugira indabo nk'iya Yezu we yujuje « vyose nawe, ivyo kw'isi n'ivyo mw'ijuru, mu kubizanira amahoro ku bw'amaraso yasheshe ku musaraba wiwe » (Abanyakolosi 1, 20). Ni we adusaba guheba gukoresha ingimba, haba mu vyiyumviro, haba mu mvugo canke mu bikorwa, haba mu vyerekeye benewacu canke ivyerekeye ibiremwa. 

Inema y'Imana Data itangwa n'urukundo rwitanga ataco rurinze gusaba. Iyo twakiriye ikigongwe c'Imana muri Kristu, turashobora guca dufata urugendo kugira dushikirize urwo rukundo abavukanyi bacu b'iki gihe. Uko imisi ibisikanya, Mutima Mweranda aratwumvisha inyifato n'amajambo kugira ngo tube abaremesha b'ubutungane n'amahoro. 

Imana nyene amahoro niduhezagire kandi iturasaneko. 

Bikira Mariya, Umuvyeyi w'Umwami w'amahoro n'umuvyeyi w'imiryango y'abantu bose bo kw'isi, naduherekeze yongere aturemeshe, intambwe ku yindi, mu nzira turimwo yo gusubiza hamwe. 

Ese umuntu wese aje kuri ino si yoronka ubuzima burangwa n'amahoro maze agashobora guteza imbere ingabirano y'urukundo n'ubuzima iri muri we. 

                                                      Bigiriwe i Vatikano
                                                  ku wa 8 Kigarama 2019

                                                              Fransisko


                                                        
[1] BenoĂ®t XVI, Lett. enc. Spe salvi (30 novembre 2007), n. 1. 
[2] Discours sur les armes nuclĂ©aires, Nagasaki, ?Atomic Bomb Hypocenter?, 24 novembre 2019. 
[3] Cf. Homélie à Lampedusa, 8 juillet 2013.
[4] Discours sur la Paix, Hiroshima, MĂ©morial de la Paix, 24 novembre 2019.
[5] Conc. oecum. Vat. II, Const. past. Gaudium et spes, n. 78.
[6] Cf. Benoît XVI, Discours du pape Benoît XVI aux dirigeants des associations chrétiennes des travailleurs italiens, 27 janvier 2006.
[7] Lett. ap. Octogesima adveniens (14 mai 1971), n. 24.
[8] Lett. enc. Laudato si' (24 mai 2015), n. 200.
[9] Ibid., n. 217.
[10] Cf. Jean de la Croix, Nuit obscure, II, 21, 8. 

Iyi Nyigisho yahinduwe mu kirundi n'Ibiro vy'Abepiskopi gatolika bishinzwe ubutumwa bw'ugukwiza hose Inkuru nziza 
Ivyiyumviro

Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)

Muri irya misi,

Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe, nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we. Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka yose.»

Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi.  

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 186
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI