Kw'isengero nkuru ya Paruwase, kari akanyamuneza kadasanzwe, kuko bari batewe iteka n'abepiskopi babiri bose ba Diyoseze Nkuru ya Bujumbura bakukira:
Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, ni we yarongoye imisa bita iya mbere yabaye igihe c'isaha icumi na zibiri zo mu gitondo (06h00), na we Musenyeri Evariste Ngoyagoye, Umwepiskopi w'inararibonye w'iyo Diyoseze, arongora imisa yitwa iya gatatu yaherejwe kw'isaha zine (10h00).
Mu nsiguro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yatanze ku bisomwa vyeranda vy'uwo musi, yaribukije abavyeyi ibanga rikomeye bafise ry'ukurera abana babo yongera yibutsa n'abana ko bahamagariwe kwubaha n'ukugamburukira abavyeyi babo, nk'uko ibisomwa vyeranda vy'uwo musi vyabivuga.
Na we
Patiri mukuru w'iyo Paruwase, Patiri Innocent Thibaut Ndoreraho, mw'ijambo yashikirije, yarakengurukiye Umwepiskopi mukuru wa Diyoseze ku kigoro yagize ko kuza gusabikanya
umunezero
n'abakristu ba Paruwase arongoye
mu kwigina hamwe na bo abavunyi b'iyo Paruwase.
Mu misa ya gatatu na ho, Musenyeri Evariste Ngoyagoye na we, mu nsiguro yatanze, abanje gusigura ko uwo musi mukuru uhimbazwa mu miryango ufise amamuko mu muryango w'Ubutatu Bweranda, ari wo muryango wa Mana Data, Mana Mwana na Mana Mutima-Mweranda, yaravuze imigwi ine y'imiryango yozirikanwako kuri uwo musi, ko hejuru y'Umuryango Mweranda w'i Nazareti hariho Umuryango w'Ubutatu bweranda, ari na Wo washinze iyindi yose, hakabona gukurikira imiryango y'abantu na yo, be na Ekleziya nk'umuryango.
Ibisabisho vyashikirijwe muri izo nkuka za misa, ahanini vyasabira imiryango yo mu Kinama, eka mbere n'iy'abakristu yose, ngo ibe myeranda. Tubamenyeshe ko mu kwitegurira uwo musi mukuru, abakristu bo mu Kinama bari bamaze imisi itatu mu nyigisho zo kunagura imiryango yabo, inyigisho zari zishimikiye ku nkingi nyamukuru zigize urugo rukristu, ari zo igisabisho, urukundo, ikiyago mu rugo, ugutunganyiriza hamwe imigambi y'urugo, be n'ugusabana ikigongwe n'ukugihana.
Ibirori nyezina vy'uguhimbaza uwo musi mukuru w'Umuryango Mweranda w'i Nazareti muri iyo Paruwase na vyo, inyuma y'iherezwa ry'inkuka za misa, bikaba vyabandanyirije mu mibano rukristu mito mito, nk'uko vyari vyateguwe mu ndinganizo y'uwo musi mukuru. Mu mubano w'abasaserdoti vyari vyatunganijwe n'abarangurira ubutumwa kuri iyo Paruwase, bitumirwamwo abasaserdoti b'imvukira n'imiryango yabo. Eka mbere no mu miryango y'abakristu b'iyo Paruwase, bari batewe akamo ko na ho nyene bawuhimbaza iwabo.
Arnaud Niragira, Paruwase «Umuryango Mweranda» mu Kinama