Ku munsi mukuru wa Epifaniya ni ho Imikangara y'Imana yo mu maparuwase atandukanye izohurira ku Kirimba c'Umuvyeyi Bikira Mariya ku musozi Siyoni wo mu Gikungu, ngo bashikirize ivyo begeranije muri izo ngo, birungikwe kwa Papa, bizofashishwe abandi bana kw'isi
«Imana nihezagire iyi nzu, yongere yame ibaherekeza hose muri uyu mwaka mushasha!», ng'ukwo uko abo bana baja barahezagira urugo baba bagendeye! Hari ku wa gatandatu igenekerezo rya 28 Kigarama 2019, aho abana b'Imikangara y'Imana bo muri Paruwase Katedrale Regina Mundi, bagendeye ingo zimwe zimwe ziri muri iyo paruwase. Intumbero y'ico gikorwa ikaba yari iy'ugushikana amahoro n'umuhezagiro vya Noeli mu mihana yo mu karere Paruwase bakukira iherereyemwo, bongera batororokanya imfashanyo igenewe abandi bana bugarijwe n'ubukene.
Imikangara y'Imana ni umwe mu migwi ishira mu ngiro Ubutumwa bwa Papa bw'Ukumenyesha Inkuru nziza, OPM mu mpfunyapfunyo y'igifaransa (Oeuvres Pontificales Missionnaires). Kuri uwo munsi, ibikorwa vy'Imikangara y'Imana yo muri Paruwase Katedrale vyatanguye kw'isaha zibiri zo mu gitondo.
Abana barenga mirongo itanu bahurikiye mu migwi 12 bakaba bari bakoraniye mu nyubakwa za Paruwase. Umugwi wose wajamwo abana barenga bane, bagizwe n'abo bitirira ibimenyetso vya ba bamajusi baza gushikanira akana Yezu, bavuye mu Buraruko. Abo bana bane bari bagizwe n'uwo bita «Umutwazi w'inyenyeri», uwo bita «Gaspari», uwo bita «Melchior», na «Balthazar».
Patiri Mukuru wa Paruwase Katedrale Regina Mundi, Patiri FĂ©lix Fupi, ni we yahezagiye iyo Mikangara y'Imana, imbere y'ukubarungika mu butumwa. Mu kugenda, bakaba baragabuye amayira: bamwe bagiye bagana muri Karitiye ya Kabondo, abandi mu Gasekebuye, abandi na bo mu Kinanira-III.
Mu rugo rwose bagendeye, Umutwazi w'inyenyeri yararamutsa ati: «Inyenyeri nshasha yaratweretse inzira, turi ba Bami b'Abamajusi, tuje tuva kure cane». Uwuri mu gishingo ca Gasupari na we akavuga ati: «Mu nzira yacu ya hano kw'isi, twarahuye n'abana banyazwe iteka ryabo». Melchior na we akavuga ati: «Aho gukina, baguma basabiriza agakate; aho kwiga birigwa mw'ibarabara; aho kuririmba bajanwa mu ntambara!». Balthazar na we agasozera avuga ati: «Umwana yavukiye i Bethlehemu atubwira ko ubuhirwe ari uburenganzira bw'umuntu uwo ariwe wese; ntidushobora kubaheba!»
Uwukuze yaherekeje iyo mikangara yaraheza agasigurira abo muri uwo muhana abo bana baba bagendeye igikorwa bariko barangura. Bamaze kubaronkako ikibagenza, baca babasigira inyenyeri yanditse ko ngo: «Amahoro nabe kuri iyi nzu be no mu mitima y'abayibamwo bose!» Umutwazi w'inyenyeri yaraheza agaca avuga ati: «Imana nihezagire iyi nzu, yongere yame ibaherekeza hose muri uyu mwaka mushasha!»
Nk'uko twavyiganiwe na bamwe muri abo bana, icabahimbaye kikanabatanganza ni ingene basanze imiryango itandukanye mu yo bagendeye yabiteguriye, ikanategekanya izo mfashanyo, igaheza igaca izibashikiriza.
Mwomenya ko ico gikorwa caranguwe no mu yandi ma Paruwase. Ku munsi mukuru wa Epifaniya hakaba ari ho Imikangara y'Imana yose izohurira ku Kirimba c'Umuvyeyi Bikira Mariya kiri ku musozi Siyoni wo mu Gikungu, ngo bashikirize ivyo begeranije muri ubwo butumwa baranguye.
Uwo musi watowe kuko hazoba hasanzwe hahimbazwa Umunsi mukuru mpuzamakungu w'Imikangara y'Imana. Izo mfashanyo zikaba zizoca zirungikwa ku cicaro gikuru c'Ekleziya, kwa Papa, kugira ngo zisabikanirizwe abana bazikeneye gusumba abandi kw'isi.
Anitha Niyibituronsa, Paruwase Katedrale Regina Mundi