Abana bangana amajana atandatu ni bo babatijwe, be n'abandi bangana ukwo nyene basangiye Umubiri wa Kristu ubwa mbere mu buzima bwabo, bose bakaba bari baje bava mu mashure-tabariro atandukanye agize iyo Paruwase
Umunsi mukuru w'itangwa ry'Isakramentu ry'Ukaristiya mu rusangi rwa mbere, hamwe n'Ibatisimu yabana, warahimbajwe muri Paruwase Matara ku wa gatatu igenekerezo rya 01 Nzero uyu mwaka mushasha twaraye dutanguye. Ivyo birori bikaba vyaberereye mu nkuka z'Imisa zaherejwe ku mashure Tabariro ya Mukonko, Nyabiraba, Nyabibondo, Gasi, hamwe no ku cicaro Paruwasi Matara nyene.
Kw'Ishure-tabariro ry'i Gasi, ibirori vyari vyatewe iteka na Patiri Petero Nsengiyumva asanzwe ari n'imvukira ya Paruwase Matara. Mu nsiguro y'Ijambo ry'Imana, uwo musaserdoti yaboneyeho gusaba abakristu ko bokwirinda ivyobatuma bagira umutima nk'uwa Herodi, mu kutemerera abo bose bobatuma ibinyuranye n'ishaka ry'Imana, na cane cane ukuzimanganya ubuzima bw'abandi. Abo bana bari baramukanye umusi mukuru w'ukwakira isakramentu ry'Ukaristiya ubwa mbere, na bo yaragize impanuro abaha, ko kuva ubu bagiye guhinduka amatabernakuro meranda ya Yezu.
Inyuma y'insiguro y'Ijambo ry'Imana, haciye hatangwa isakramentu ry'ibatisimu ku bana bato bato. Abana bangana amajana atandatu ni bo babatijwe, abo na bo bakaba bari ab'abavyeyi baje bava mu mashure-tabariro atandukanye agize iyo Paruwase yose ya Matara.
Mu gihe c'ugusangira ku meza meranda na ho, ni ho ba bana bari baramukanye umunsi mukuru w'uguhabwa isakramentu ry'Ukaristiya ubwa mbere mu buzima bwabo baheza bagasabwa kwegera imbere ku Meza y'Umukama ngo abafungurire. Uwo munsi, abakristu bangana amajana atandatu nyene ni bo bahawe isakramentu ry'Ukaristiya mu rusangi rwa mbere, bakaba baratewe iteka ry'uko ari bo batanguye kwakira Yezu mw'Ukaristiya imbere y'abandi bakristu bari aho.
Nk'uko vyashobora kugaragarira ababibona, nta nkeka ko bari bavyiteguriye neza; kukaba nkako, abo bana bose baza kwakira Yezu bafise amatara yaka mu minwe. Turangize tubamenyesha ko muri Paruwasi ya Matara, abahabwa amasakaramentu batera biyongera.
Petero Karaveri Ndayisenga, Paruwase Matara