«Nimwisuzume mwebwe nyene, murabe ko mukomeye mu kwemera», ico ni co civugo nyamukuru c'inyigisho z'iryo hwaniro, nk'uko vyashikirijwe na Patiri Amand Kana ariko arazitanga
Paruwase yitiriwe Umweranda Tereza w'i Calcutta, yifatanije n'umuryango w'abanaguwe muri Mutima-Mweranda ku rwego rwa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, kumwe n'ikigo Foyer de Charité c'i Bujumbura, kuva kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 7 Nzero 2020 gushika ku wa gatanu igenekerezo rya 10 ukwo kwezi nyene, hariko haraba ihwaniro ry'inyigisho nkomezakwemera muri iyo Paruwase. Ibikorwa vyatanguye kuri uyu munsi wa mbere w'iryo hwaniro, ni ukuvuga ku wa kabiri w'indwi, igenekerezo rya
7 Nzero, kw'isaha icumi n'imwe y'umugoroba (17h00), hakaba hakoraniye abakristu baje bava mu ma Paruwase atandukanye, bagwiriyemwo abo muri Paruwase ya Ruziba, n'abahurikiye mu muryango w'abanaguwe muri Mutima-Mweranda.
Ijambo ry'ikaze n'iry'intangamarara ryashikirijwe na Patiri mukuru wa Paruwase Ruziba, Patiri Pierre Claver Gacumu, aho yavuye icakoranije abari aho. Inyigisho y'uwo munsi na yo yatanzwe na Patiri Amand Kana arongoye ikigo Foyer de Charité, ku civugo ngenderwako kivuga kiti: «Nimwisuzume mwebwe nyene, murabe ko mukomeye mu kwemera». Yaciye amenyesha icatumye izo nyigisho zitunganywa muri iyo Paruwase, ko ngo abasaserdoti bo mu Ruziba bashatse ko abakristu bo muri iyo Paruwase boronka inyigisho zibafasha kwisuzuma ngo barabe ko boba bakomeye mu kwemera, ko batera intambwe ikomeye mu kwemera. Yagize ati:
«Niwemera, urabona ibitangaza vy'Imana!»
Inyigisho z'iryo hwaniro zose zigaruka ku kwemera. Ku munsi wugurura igihe c'izo nyigisho, ari wo wa kabiri w'indwi, kw'igenekerezo ry'7, hari inyigisho ya mbere «Wemera nde?». Ku munsi ugira kabiri igenekerezo rya 8 «Kristu afise ikibanza ikihe mu buzima bwanje?». Ku munsi ugira gatatu igenekerezo rya 9 «Ukwemera kwanje nikurangwe n'ibikorwa ngo mbashe kwitangira umugambi wo kwagura Ingoro y'Imana». Na yo iyo ku munsi wa nyuma, kw'igenekerezo rya 10, «Uruhara rwa Bikira Mariya mu kwemera kwanje», iyo na yo ikaba izotangirwa mu nkuka ya Misa y'ugusabira abarwaye.
Nk'uko vyari bitegekanijwe ku rutonde rw'inyigisho z'umunsi utangura, Patiri Amand Kana, afatiye ku nyigisho y'umunsi wa mbere «Wemera nde?», yabanje kubamenyesha ko imbere ya vyose, umuntu mu kwemera, hari ikibazo abanza kwibaza:
«Nemere iki, nemere nde?». Mu kuzirikana iyo nyigisho yabanje kubasomera ijambo ry'Imana rivuga ivya Yezu akiza umwana yari yararwaye amashinga (Mariko 9,14-29), maze ashikiriza intambwe zitatu z'ukuzirikana iyo nyigisho ya mbere:
«Turafise umuvyeyi»;
«Turafise umukiza»;
«Inzira y'urukiza».
Ku ntambwe ya mbere y'uko
«[Du]fise umuvyeyi», Patiri Amand Kana yibukije ko igitangaro Yezu yakoze kivugwa muri iyo Nkuru Nziza yari ahejeje gusomera abakristu bo mu Ruziba ya Yezu akiza umwana yari yararwaye amashinga, ngo yagikoze mu gihe We na batatu mu bigishwa biwe, Petero na Yakobo na Yohani, bari bahejeje kuva ku musozi Tibor, aho bari bahejeje kubona Umukama Yezu mu buninahazwa, ari kumwe na Musa na Eliya. Aho ni ho Imana yari ihejeje kumenyesha ubuvyeyi bwayo mu kubabwira inyifato boheza bakagira imbere y'uwo Yezu: «Uyu ni Umwana wanje nkunda cane, nimumutege amatwi!» Kuko abo bigishwa ngo ntibari bwamumenye, Data ni We yamubabwiye. Kukaba nkako, ni We amuzi. "Yavyawe na Data ata myaka iravugwa", ahandi na ho ngo:
«Kugira ngo umenye ico uri ubanza kumenya so!»; «Ndafise Umuvyeyi, ni we amenyesha akaranga kanje n'iteka mfise!»
Inyifato yabasavye na yo ngo ni iy'ukumutega amatwi, bivuga kumwemera no kumwumvira.
Ku bw'uwo musaserdoti, ngo iyo Mana yacu ni Umuvyeyi adukunda, atwitayeho, kandi ashaka ko tuguma dusa na We. Ariko rero, ngo ubwo bwiza Imana yaturemanye ntitwahavuye ngo tubugumane, kuko twahavuye twivayanga mu bibi no mu bicumuro, turabutakaza. N'ubwo vyabaye ukwo, Imana ngo yaranse kuduheba, kuko idufitiye urukundo. Ni ho rero yaciye ifata ingingo, irungika Umwana wayo Ntamakemwa. Ni ho Patiri yaca atandukira ku ntambwe ya kabiri y'uko «[Du]fise
umukiza», akaba yayisiguye yisunze ca canditswe ceranda c'aho Yezu yakiza umwana yari ararwaye amashinga.
«Ishengero ngo rimubone riratangara, rirashwabaduka ngo rimusanganire!» Uwo musaserdoti yavuze ko uwari aje gusanganirwa ari Yezu, avuye kuri wa musozi Tabor, aho Imana yerekanira ubuninahazwa bwiwe. Ni we Mukiza w'isi. Ngo si uwundi, ni uwamanutse ava mw'ijuru, amanuka kw'isi, amanukira ahitwa i Betlehemu mu Buyuda, arigira umuntu, abana natwe, aba Imana kumwe natwe. Ngo ntamanutse gutembera, amanukanywe n'amagorwa yabonye mu biwe, aje kubatabara. «Nguyu uwo namwe mwaje gusanganira!» ni ko yabwiye abo mu Ruziba. Abari munsi y'uwo musozi w'i Tabor na bo ngo barafise ivyo bamusanganije: «Mwigisha, nakuzaniye umuhungu wanje arwaye amashinga» ni ko umwe mu bari muri iryo shengero yamubwiye, amutura ingorane yiwe. Eka iryo shengero ngo ryari rifise ingorane zitatu: ukubohwa n'amashetani (hari umuntu yaboshwe n'amashinga); uguhazuka (ngo yasanze ba bigishwa bataduganye na ba Petero bariko barahazuka), na kwo uguhazuka ngo kukaba gutera ukwinubana, ishavu n'ugusubiranamwo.
Mu gihe ishengero ryariko rirahazuka, abigishwa bagerageje kwirukana amashinga bikabata ku w'amazi, abafarizayo n'abanditsi na bo bagerageje ivyabo bikanka, ni ho Kristu rero ngo yamanuka, kubera ishengero ryaburaniwe. Ukwo kubona umuntu yaraboshwe n'amashetani, abantu na bo bahazuka bongera basubiranamwo kuko bananiwe, ngo ni vyo vyatumye Yezu amanuka ava mw'ijuru. Yashitse ababwira ati:
«Emwe mwa bantu b'ubwoko bw'intemera!»,
Ni aho uwo musaserdoti yafatiye mu gusigura ya ntambwe ya gatatu ivuga «Inzira y'urukiza», abanje gusaba abo bari mu ruziba ngo bisuzume, barabe ko bakomeye mu kwemera. Iyo nzira yayisiguje icanditswe ceranda kivuga ukuntu Imana Data yakunze isi gushika itange Umwana wayo w'ikinege ngo uwumwemeye wese ntapfe, aronke riho ubuzima budahera (Yoh.3,16). Umukiza w'isi yaramanutse, amashinga aca arakubita inkoro hasi, atangura gukukumba. Kandi ngo ahantu hose Yezu yashika hari amashetani, ngo ni uko vyagenda.
Patiri Amando Kana ati: «Yezu ashitse yaciye abwira abigishwa ngo "Munzanire", kandi bgo ni na We n'uyu munsi abwira abo mu Ruziba ngo "Munzanire", kuko ngo urukiza rwashitse». Yaciye asaba abari aho rero ko uwo wese yoba afise uwaboshwe n'amashetani yomuzana kwa Yezu, yaba umuntu ku giti ciwe yaboshwe n'amashetani, ngo aze kwa Yezu; yaba uwufise umwana canke uwo bubakanye yaboshwe n'amashinga, ngo bose bamuzane kwa Yezu. Yaciye aca ku mayange ubwoko bw'amashinga bukunda kuboha abantu bo mu mice itandukanye: akarimi, akaboregwe, ubuhumbu, ubusuma, ububeshi, n'ibindi. «Yezu avuze ati: "Munzanire!", n'uwo yoba uwo bose bahevye, uwo bose bagerageje ntibabishobore!» Igisabwa ngo ni ukwemera ko kw'Izina rya Yezu ata kinanirana; ngo bareke kuguma bafyidikira, bigeragereza ivyabananiye. «Turafise Umukiza!», ni ko yasozereye abizeza, avuga ko kugira ngo umuntu akire bisaba gufata
«Inzira y'urukiza», iyo na yo ngo ikaba ari
«ukwemera», gutyo ahavuye amashinga, Yezu agaca ahashira Mutima wiwe, ubuzima bwiwe.
Haciye hakurikira ukuzana Yezu-Kristu mu kimenyetso c'Ukaristiya. Yaguma agendagenda mw'ishengero ryari aho, abantu na bo batamariwe, bamutangarira, bamupfukamira, bongera bamusenga. Abari bazanye ivyababoshe barabimwereka, abari bafise ababo bari barinjiwemwo n'amashinga baramumuzanira. Yarabahetuye bose, maze ibitangaro birakoreka. Ivyo vyagaragajwe n'abatari bake bubahutse gushinga intahe. Bamwe mu babohotse ni nk'umushingantahe yamuguruwe ukuboko, umupfasoni intoki ziwe zakize ukutikonya, umuntu yazibutse ugutwi kw'ibubamfu kutari kucumva, n'abandi batari bake bagiye barashinga intahe y'Ukuntu Yezu yabakijije. Baba abahavuye bakijijwe kandi babohotse, baba n'ababonye abo ibitangaro vyabayeko, bikaba vyaraboneka ko bumiwe bwumigwe, baraheza bataha baninahaza Imana.
Ibikorwa vy'umunsi w'intango vyagiye guhera ku mugoroba w'ijoro, amaja kw'isaha imwe n'igice (19h30). Tubamenyeshe ko izo nyigisho zose zizohora zitangura kw'isaha icumi n'imwe y'umugoroba (17h00), zitanzwe n'uwo musaserdoti nyene Patiri Amand Kana, zikazohera nko kuri iyo saha nyene y'umunsi w'intango. Uwo mutumwa w'Umukama akaba yasavye abaje muri iryo hwaniro ko batocikwa n'inyigisho zo ku minsi ikurikira, kandi ko kobabera akaryo k'ukubandanya banisuzuma ko bakomeye mu kwemera, kuko ngo nibemera Umukama wabo ari ho bazokira ibibaboshe vyose.
Michel Nibitanga, mu Ruziba ku bwa CEDICOM