Inyigisho zamurikiye uwo mwiherero zari zifishe icigwa-shimikiro cagira kiti: «Nimwisuzume mwebwe nyene murabe ko muhagaze neza mu kwemera!»; abitavye uwo mwiherero barahawe akanya ko «kuja mu bugaragwa» ngo bashitse mu mitima yabo
Nk'uko vyama buri mwaka, abagize urwego mpanuzwajambo rwa Paruwase Katedrale Regina mundi, hamwe n'abakristu bavyifuza, baragira umwiherero utegekanijwe buri mwaka, ngo bazirikane ku butumwa bwabo. Ni muri iyo ntumbero kuva kw'itariki 5 gushika kw'itariki 11 Nzero 2020, hari hatunganijwe umwiherero ku bakristu 28. Muri bo, 11 bakaba bari abo mu rwego mpanuzwajambo rwa Paruwase. Uwo mwiherero wabereye mu kigo «Foyer de charité» co mu Rukeco, muri Diyoseze n'intara ya Ngozi.
Inyigisho zamurikiye uwo mwiherero zari zifishe icigwa-shimikiro cagira kiti: «Nimwisuzume mwebwe nyene murabe ko muhagaze neza mu kwemera!» Izo nyigisho zatanzwe na Patiri Aloys CAMBARA arongoye Paruwase Muyaga. Afatiye ku ngingo zitanu zafashije mu kuzirikana inyigisho, uwo musaserdoti yahamagariye abari bitavye uwo mwiherero kwibuka iyo Imana yabakuye, bongere birimbure, banafate n'ingingo zizobafasha gukura mu kwemera.
Mw'ido n'ido ry'izo nyigisho, yabanje kuvuga ku ruhara rw'igisabisho, ko gitegerezwa kuba gishingiye kandi coga ku gisabisho ca Yezu Kristu; na kwo ukwemera kukarangukira mu buzima bw'igisabisho, ubuzima bubungabungwa n'igisabisho nyene. Ku bwiwe, ngo akarorero bagahabwa na Yezu Kristu We nyene, kuko ngo ubutumwa bwiwe bwose bwajana n'igisabisho. Ni aho rero uwo musaserdoti yafatiye mu gutumirira abitavye amafungo kuva mu kivunga, bakinjira mu ntimatima y'umutima wabo mu gusenga.
Ikindi, igisabisho ngo kiratandukanya umukristu n'abatazi gusenga, kuko ngo iyo kivuzwe ijuru riheza rikiyugurura, Imana ikatwereka ubwiza bwayo. Patiri Aloys CAMBARA yafatiye ku karorero k'ivyabaye ku musi Umukama Yezu ahabwa ibatisimu: Ngo igihe ishengero ryariko rirabatizwa, na Yezu nyene amaze kubatizwa, ngo mu gihe yariko arasenga, ijuru ryariyuguruye, Imana iraheza iravuga (Luka 3:21). Akandi karorero, na ko nyene kerekeye Yezu, ngo ni ivyabaye ku Musozi Tabor: Aho Yezu yariko arasenga, mu maso hiwe hagasa ukundi, impuzu ziwe na zo zigaca ibibatsi, na ho nyene ngo ijuru ryariyuguruye, na ho nyene Imana iravuga (Luka 9:29-30).
Uwo musaserdoti yaranavuze n'ubundi bubasha bw'igisabisho: Ukwirukana amashetani. «Ubukomezi bw'igisabisho burirukana kandi n'amashetani, nk'uko tubibona mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk'uko tuyishikirizwa na Mariko», ni ko yabandanije avuga (Mariko 9:29). Ni Inkuru Nziza ivuga aho Yezu yabwira abigishwa biwe bari bananiwe no kwirukana ishetani, ko igishabisho ari co kiyirukana: «Ubwo bwoko bw'amashinga nta kindi gishobora kubwirukana atari igisabisho», ngo ni ko Yezu yabwiye abigishwa biwe.
Intambwe ikurikira mu vy'ukwemera, Patiri Aloys CAMBARA yavuze ko ukwemera tuguhabwa no kumenya neza Yezu. Aha yisunze inkuru Nziza ya Yezu Kristu yanditswe na Matayo, ahavuga ivyo Yezu yabajije abatumwa biwe ngo arabe aho bageza kumumenya: «ku bwanyu ndi nde?» (Matayo 16:15). Ku bwa Patiri Aloys CAMBARA, ukwemera tuguhabwa no kumenya neza Yezu nk'uko Mana Data wenyene ashobora kumutwereka.
«Kugira ngo amenye Yezu vy'ukuri, umutumwa arinda kwikura mu kivunga, akunga ubucuti na Yezu», ni ko Patiri Aloys CAMBARA yabandanije ahanura, kuko ngo biboneka ko abantu mu kivunga, n'aho bemeza ko Imana yahaye Yezu ubukuru budashanzwe (Matayo 9:8), iyo biherereye bavuga ko ari umuhanuzi nk'abandi (Matayo 16:14). Uwo musaserdoti yatumiye abakwirikiye amafungo kwihweza ico Yezu yakoze mu buzima bwabo n'ivyo yabacishijemwo ari kumwe nabo, baheze bemere. Yabasavye kurabira ku kuntu Petero, yohejwe na Mana Data, akaraba ivyo Yezu yakoze, vyatumye ashobora kugaragaza ukwemera kwiwe, akavuga ko Yezu ari Kristu, Umwana w'Imana nzima (Matayo 16:16).
Mu ngingo ya gatatu y'inyigisho yiwe, Patiri Aloys CAMBARA yavuze ku vy'ukwihweza ubuninahazwa bwa Yezu, ngo ni ho ukwemera guheza kugakomera. Yibutse ba bigishwa batatu badugana na Yezu ku musozi Tabor, maze bamaze kwihweza ubuninahazwa bwiwe, Petero agatamarirwa, akabaserukira avuga ati: «Mukama, hano hantu hatumereye neza» (Mat.17:4). Uwo musaserdoti, ashimikiye kuri iyo ngingo ya gatatu y'inyigisho, yabwiye abitavye amafungo ati: «Uyu musi Yezu abatumiye ku Musozi Tabor ngo mwihweze ubuninahazwa bwiwe, maze ukwemera kwanyu gukomere».
Patiri Aloys CAMBARA yaboneyeho kwibira akabanga abari muri uwo mwiherero insiguro z'amajambo amwe amwe avugwa muri Bibiliya, nko kuduga ku musozi, kuja mu bugaragwa canke ku kiyaga. Nk'uko yabimenyesheje, ngo umusozi Tabor usigura ikibanza co kuhura buhure n'Umukama, aho ushobora kwihweza no gusenga Yezu mu kuri no muri Mutima. Co kimwe no ku nkengera z'ikiyaga, canke mu bugaragwa, ngo umusozi ni ikibanza co gukirurutsa umushaha, ukawerekeza ku Mukama. Ikibabaje ngo ni uko abakritsu benshi usanga bashima kwigumira musi y'umusozi.
Uwo musaserdoti yaravuze n'ibindi biringo bitandukanye Yezu yakunda gufata ngo aje ku musozi, ku kiyaga canke mu bugaragwa. Hejuru yo kugira ngo asenge, ngo yaraja muri bene ivyo bibanza kugira ngo azirikane, canke yigishe. Aha Patiri Aloys CAMBARA yaribukije ko ku musozi ari ho Yezu yigishirijeko «abahiriwe» abo ari bo (Matayo 5:1-11). Eka ngo no ku gasozi k'imizeti Yezu yaraduzeyo ngo asenge (Matayo 24:3). Ibindi vyaranze imisozi kuri Yezu ngo ni ugucungura isi, kuko ngo ku gasozi ari ho yabambiwe (Yohani 19:17-18). Mbere ngo no kw'iyurira mw'ijuru ryiwe ngo vyabereye ku musozi (Ibik.1:12).
Patiri Aloys CAMBARA yaciye aduga ku nyigisho, avuga ku nyifato y'uwemera. Afatiye ku kwemera kwa Abrahamu, yibukije ko kugira ngo Abrahamu yitabe umuhamagaro w'Imana, atahigimanze. Ngo yaremeye araheba se n'igihugu c'amavukiro, maze Imana iraheza imutumirira kuyizira muri vyose na hose.
Ikindi yemeye ko kibaho ni uko ngo ukwemera guca muri vyinshi ngo gukomere, ivyo uwo musaserdoti yagereranije n'intambara. Kukaba nkako, ngo birashika n'abana b'Imana bakagwa. Yaribukije aho Aburahamu, kugira ngo yikingire yasavye umugore wiwe Sara kubesha ko atari umugore wiwe, ahubwo ari mushiki wiwe (Amamuko 12:10-13.20:2-13). Ikindi, ngo ukwemera kwa Aburahamu kwategerezwa gukura gushika aho yemera gutangako incungu umuhungu wiwe Izahaki. Ku bw'uwo musaserdoti, ngo ivyo bisigura ko Imana itagira amasezerano n'uwukiboshwe n'impengamiro mbi n'igicumuro, nk'ugwanko, amacakubiri, gukunda ibintu n'ubutegetsi birengeje urugero n'ibindi.
Ingingo ikurikira ngo ni iy'uko umukristu wese ahamagariwe kuba mweranda. Mu kuzirikana iyo ngingo, Patiri Aloys CAMBARA yisunze icanditswe ceranda kivuga aho Yezu yasengera abiwe ngo ukwemera kwabo gukomere. Ni igisabisho yasengeye abatumwa biwe, imbere y'uko aduga kwa Data: «Bagire beranda mu kuri, kuko ijambo ryawe ari iry'ukuri» (Yohani 17:17).
Iyo ngingo ngo irahambaye, na cane cane ko ngo aberanda ba Eklesiya ikiri ku rugendo ari abacumuzi, ikibagira aberanda na co kikaba ari iyo nyoto bafise y'ukuba beranda, inyota ituma baguma bazirikana ico Umukama abashakako, maze bakagendera Inkuru Nziza, ntibakumire umucumuzi, bakaba abanyakigongwe nk'uko na bo bakigiriwe. Kanatsinda ngo uko umukristu akura mu bweranda ni ko abona ko ari umucumuzi, maze agahurumbira isakramentu ry'ikigongwe. Uwo musaserdoti yasozereye inyigisho yiwe atumirira abitavye amafungo guhitamwo kuba beranda mu kunywanisha ubuzima bwabo bwa minsi yose n'ubw'umukristu, mu kwubaha amategeko y'Imana n'aya Eklezia.
Iruhande y'izo nyigisho, abitavye uwo mwiherero barahawe rero akanya ko «kuja mu bugaragwa» umusi wose ngo bashitse mu mitima yabo Ijambo ry'Imana, bongere binjire mu ntimatima y'umutima wabo, bihweze ico babuze coba gituma badahagarara neza mu kwemera, baheze bafate ingingo zizoshigikira ukwemera kwabo. barahawe n'akaryo k'ukuronka Isakramentu ry'ikigongwe n'ak'ugushengerera Yezu ijoro ryose. Imbere y'uko basozera ayo mafungo, harabonetse akanya k'ugusabikanya ivyiza vyinshi bagabanye, aho hagaragaye ko ayo mafungo yabafashije kwirimbura, bagashobora no gufata ingingo zibereye.
Inkuka y'imisa yasozereye ayo mafungo yaherejwe Patiri Aloys CAMBARA, ari kumwe na Patiri Felix FUPI, Patiri Mukuru wa Paruwasi Katedrale Mundi. Uwo musaserdoti yavuze ko ukwemera gutosoye ari kwo kwonyene kuzobamenyesha Yezu, we Rukundo rutosoye ruzobashikana mu bweranda. Yarasavye abitavye ayo mafungo kuba beranda, kuko ari co uwabatijwe wese ahamagariwe. Tubamenyeshe ko na Musenyeri Stanislas KABURUNGU, ahagarariye ivyimfatakibanza Foyer de Charité yo mu Rukeco, yahavuye aza gutera iteka isozerwa ry'ayo mafungo.
Constance Maregeya, Paruwase Katedrale Regina Mundi