Nk'uko wari umusi mukuru mpuzamakungu w'umuco (n'uw'iherezwa ry'Umukama Yezu mw'isengero, be n'uwahariwe ubuzima bwihevyi), inkuka y'imisa yaherejwe yatangujwe n'umugirwa w'uguhezagira amatara, ngo abakristu bo mu Nyakabiga bahimbaze umusi w'umuco. Abakristu bakeyi bakaba ari bo baserukiye igihugu c'Imana cari ng'aho mu Ngoro y'Imana, baragira urugendo, bafise mu minwe amatara yaka.
Mu nsiguro y'ijambo ry'Imana ry'uwo musi, Patiri mukuru yarashimikiye ku kamaro k'umuco mu buzima bw'umuntu, ko haba mu buzima busanzwe canke bw'umutima, umuco utuma umuntu yidegemvya, agakora atekanye ivyo arimwo, kuko ngo akira kuzimagirika no guhungabanwa n'umwijima. Patiri yaranagize n'ico avuga ku bwoba, ko ari ikirwanisho gikomeye ca shetani, kuko ngo bubuza umuntu kugira ico aranguye. Vyongeye ngo ubwoba burananyurana n'ukwemera kuko ngo umukristu agifise ubwoba usanga hari ikibanza aba ataraha Mutima-Mweranda. Na none uwumufise wewe ngo nta bwoba agira.
Patiri DĂ©sire Ninahazimana yasozereye asaba abakristu kwisuzuma, kandi bakavuvuga nka Simeo ngo
«Amaso yanje yiboneye Umuco Imana yarungikiye Intara zose», kandi bakanamwigana mu kumenyesha Kristu yishushanije n'umuntu, kiretse igicumuro, ngo amukize, akabigira yohejwe na Mutima-Mweranda.
Agasangwa uwo musi hari haramutse hari umugirwa w'ukurungika mu butumwa abagize inama mpanuzwajambo nshasha ya Paruwase bashika 38 bazofashanya n'abasaserdoti babiri mu gutunganya ubuzima bwa Paruwase Nyakabiga ngo bakwire 40 bose hamwe. Iyo nama mpanuzwajambo igizwe n'abagabo, abakenyezi, inkumi n'imisore batowe mu mibano mito mito, hamwe n'abongewemwo na Patiri mukuru harabwe ingabirano zidasanzwe bafise zofasha Paruwase, eka n'abasanzwe baserukira urwego mpuzamihari n'imigwi y'ubutumwa, n'abaserukira abanaguwe muri Mutima-Mweranda, n'urwego nyobozi rw'imibano. Abo rero ni bo barungitswe mu butumwa.
Bahejeje kwerekwa abakristu no gusabirwa umuhezagiro w'Umukama, harabaye akanya k'amajambo y'ukwakira ubutumwa. Ariko imbere yaho, umushingantahe Willy Manirambona, nk'uwahora arongoye inama mpanuzwajambo yarangije ikiringo cayo, yabanje gufata ijambo ry'ugusezera. Mw'ijambo ryiwe, akaba yarakeje abagiye kubakorera mu ngata, aranakengurukira n'abo vyakoranye ko ivyo bashitseko, kuko ngo vyashobotse kubera ubumwe n'isangiramutima vyabaranze. Uwundi bashimiye ni Patiri mukuru, kuko bo ngo aho bahanura na we yaca arangura ikibereye.
Na we Firmin Njekwizera agiye kuyobora inama mpanuzwajambo nshasha mu kiringo c'imyaka itatu, mw'ijambo ryiwe, yarashimiye cane Imana kw'iteka yabateye n'iryo yateye Paruwase yose, araheza yemerera abakristu na Patiri mukuru kubandanya ikivi uko Mutima azobarongora. Na co igisabisho ciwe ku Mukama Yezu kikaba ngo ari uko yobabera vyose, Patiri mukuru na we akabaja imbere, abakristu nabo bakabashigikira.
Tubamenyeshe ko abarungitswe mu butumwa mu bari mu mice umunani, ivyo mu gifaransa bita
«Commissions». Inkuka y'imisa iheze, abahora bagize inama mpanuzwajambo yarangije ikiringo hamwe na nshasha, bakaba baciye babandanyiriza ibirori mu kibanza bari bateguye, mu nyubakwa nshasha y'amanama n'imanza ya Paruwase, ngo banoganze ikiyago, banagire n'umwidondoro wiyaguye, bakaba baranasangiriye n'amasaka.
Ir Willy Sindayihebura, Paruwase Nyakabiga