Paruwase Mikaheli Mweranda yarakiriye abashitsi, abaririmbiramana bo mu mugwi "TURANINAHAZIMANA", mu Kavumu ka Paruwase Muramvya
Itariki: 11/2/2020Ababisomye 25097 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Abo baririmbiramana barashimiye Imana ku vyiza bagabanye, na cane cane ko Patiri LĂ©onard Nimbona yabaye umuririmbiramana muri uwo mugwi "TURANINAHAZIMANA", bongera bararamukanya na Patiri Egide Nzeyimana, wa wundi yigeze kugira isanganya mu gihe yaheruka kugirwa Patiri Mukuru wa Paruwase Muramvya
Hari kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 09 Ruhuhuma uyu mwaka, aho kuri Paruwase Mikaheli Mweranda, abaririmbiramana bo mu mugwi "TURANINAHAZIMANA" bo muri Paruwase Muramvya mu gisata ca Kavumu, baherekejwe n'umumenyeshamana w'ico gisata, bagendera iyo Paruwase. Igisabisho c'inkuka ya misa catanguye igihe c'isaha zine n'iminota cumi n'indwi (10h17), kirongowe na Patiri Mukuru wa Paruwase Mikaheli Mweranda, Patiri LĂ©onarudo Nimbona, ari kumwe na Patiri Nicolas Kabududuye asanzwe ari mu karukuko k'izabukuru, hamwe na Patiri Egide Nzeyimana aba muri Procure y'iyo Paruwase.Mwijambo ry'ikaze, Patiri Mukuru yarahaye ikaze abashitsi n'abasangwa, araheza abipfuriza kuroranirwa mu mwanya baza kumarana wose. Kubera kandi abahurikiye mu mibano rukristu bari basanzwe bahurira hamwe mu kwiginana, bipfurikanya umwaka mwiza, aca na bo arabipfuruza umusi mukuru mwiza. Mu nsiguro y'ijambo ry'Imana, yisunze ibisomwa vy'Ijambo ry'Imana bijanye n'idominika ya gatanu y'igihe gisanzwe, uwo musaserdoti yaribukije ubucuti buhari mu gutera intambe ukaja kuramutsa umugenzi. Yagize ati: "Biratanga akanyamuneza".
Inyuma y'imisa, urubanza rwarabandanirije mu nzu y'ibirori n'imisi mikuru izwi kw'izina rya "Cercle Saint Michel", abasangwa n'abashitsi baraheza bariginana mu ndirimbo n'intambo. Mu majambo yagiye araherekanwa na yo, bashimikiye ku vyiza bagabanye, na cane cane ko Patiri LĂ©onard Nimbona yabaye umuririmbiramana muri uwo mugwi
"TURANINAHAZIMANA".
Kari akanyamuneza kadasanzwe rero, kuko nk'uko babivuze, ngo hari haheze imisi barara ntibuca ngo baze basangire ivyo vyiza. Ukwo bagiye barafata amajambo, haba ku bashitsi canke ku basangwa, barakengurutse cane ku bw'ubwo bucuti n'ukuza kwiramukiriza umuvyeyi.
Patiri Egide Nzeyimana na we yarafashe ijambo, arakenguruka ko bamufashije mu kumuterera igisabisho aho yagira isanganya, mu gihe yaheruka kugirwa Patiri Mukuru wa Paruwase Muramvya. Urubanza rwasozererewe mu kanyamuneza k'umuhezagiro w'Umukama washikirijwe na Patiri Mukuru.
Claver KAYOYA, Paruwase Saint Michel