Patiri Pierre Claver Gacumu yamenyesheje ko kuri abo bana ari umusi w'agakura, kandi ko aho bazoba bari hose haherezwa Inkuka y'imisa, bazokwama bakira Ukaristiya, kugira ngo bazotorane Ubwami bw'Imana
Ibirori vy'uguhimbaza itangwa ry'isakramentu ry'Ukaristiya mu rusangi rwa mbere ryarabaye ku rwaruka rutari ruke rwo muri Paruwase Ruziba rwari rumaze amezi atanu ruvyitegurira; aho hari ku w'Imana igenekerezo rya 09 Ruhuhuma 2020. Ivyo birori vyatangujwe n'inkuka ya Misa yaherejwe ku gihe c'isaha zine n'igice zo mu gatondo, irongowe na Patiri Mukuru w'iyo Paruwase, Patiri Pierre Claver Gacumu, ari kumwe na Patiri CĂ©dric Kagazo Byamungu, Umusaserdoti wo mu muryango w'inyigisho rukristu arangurira ubutumwa mu mubano w'i Gitega.
Patiri mukuru wa Paruwase, Patiri Pierre Claver Gacumu, yabanje gushikiriza indamutso yiwe agaragaza akanyamuneza k'ukubona Kristu yakoranije igihugu ciwe ngo bigine abo bana bagira bamuhabwe mw'Isakramentu ry'Ukaristiya mu rusangi rwa mbere. Na we umwe mu bavyeyi bari baje gushigikira abana babo mu birori vy'uguhabwa iryo sakramentu, yarahagurutse, aserukira abandi mu gushikiriza Umukama igisabisho c'ugusaba ikigongwe kuri aho hose batashoboye kurangura neza ibanga ryabo ry'ukurera. Yagize ati: «Turasavye ikigongwe kuri aho hose twahemutse kw'ibanga ry'ubuvyeyi ryo kurera rukristu, ibibondo watugabiye, tutababereye akarorero keza mu vy'umubiri no ku vy'umutima».
Mu mwanya w'insiguro y'ijambo ry'Imana, Patiri Pierre Claver Gacumu, afatiye ku bisomwa vy'uwo musi, yasubiriyemwo abari baje muri iyo misa ya nyigisho ya Yezu Kristu, aho Umukama yabwira abantu ati: «Ni jewe munyu n'umuco w'isi», maze uwo musaserdoti araheza asaba ishengero ryari aho, be n'urwo rwaruka rwari rurindiriye guhabwa isakramentu ry'Ukaristiya gutegera uwo Kristu baja kwakira uwo ari We.
Uwo musaserdoti yamenyesheje ko kuri abo bana ari umusi w'agakura, kandi ko ari intambwe izotegerezwa kubaranga, kuko ngo aho bazoba bari hose, haherezwa Inkuka y'imisa, bazokwama bakira Ukaristiya, kugira ngo bazotorane Ubwami bw'Imana. Yarongeye ati: «Yezu bamwakira kugira ngo bagumane ubuzima.» Ariko kandi yaranabagabishije abamenyesha icitonderwa muri ukwo kumwakira: «Bamwakira biteguye neza, akabafasha kwama ari beza», ni ko yababwiye. Yaboneyeho kubasaba ko bokwama na ntaryo bagamburukira Umukama Yezu. Yasozeye ababwira mu mvugo ngo: «Umuhushatunga uhusha kwakira Ukaristiya», yongera ati: «Kristu adufasha kunyoterwa kumwakira kugira ngo dukuze ubunywanyi dufitaniye n'Imana!».
Hahavuye rero hagera umwanya wabo w'iteka, wa mwanya umusaserdoti yise uw'agakura kuri abo bana, maze ku kanyamuneza kenshi, baregera ameza meranda, Umukama na We araheza arabafungurira. Muri urwo rusangi rwa mbere rero baraheza barya Umubiri wa kristu, banywa n'amaraso yiwe, basubira mu bibanza vyabo bahimbawe ko bironkeye imfungurwa y'ubuzima. Baba bavyeyi babo, baba ababakurikiranye mu kiringo c'amezi atanu y'inyigisho bari ngaho, ndetse n'abakristu bose bari aho, baciye berekana akanyamuneza bagize ku bwabo.
Ibirori vyasozerewe na Patiri CĂ©dric Kagazo Byamungu atanga umuhezagiro ku bari aho bose, anahezagira amashapure y'abo bana, imbere y'uko atanga umuhezagiro w'icese. Uwo musaserdoti akaba yaranafashe n'akanya ko kuramutsa abakristu no kubabwira ko yaje kwifatanya n'abana bagabana Kristu irya mbere; akaba yanakeje anakenguruka abakutsakivi babakwirikiranye mu nyigisho ku bwira n'ubukerebutsi bakoranye ubwo butumwa mu kwigisha abo bana.
Tubamenyeshe ku uwo musi wari uhambaye cane, kuko ukwakira Kristu mu rusangi rwa mbere kwakwirikiwe n'itangwa ry'irindi sakramentu, isakramentu ry'Ibatisimu, ku bana batari bake babatijwe, abari barabisabiwe n'abavyeyi babo.
Emmanuel Harimenshi, Paruwase Ruziba