Inyuma y'inkuka y'imisa, haciye hakurikira ukuja gusuhuza abari barwariye mu bitaro vyo mu Ruziba, Umwepiskopi n'abasaserdoti bakaba barifatanije n'abakora mu gisata c'ukubungabunga amagara y'abantu gikukira Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
Mu gihe kw'igenekerezo rya 11 Ruhuhuma ari umusi mpuzamakungu Ekleziya yo kw'isi yose yahariye ukwibuka n'ugusabira abarwaye, muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, uwo musi wahimbajwe ku musi wa kabiri, uhimbarizwa muri Paruwase yitiriwe umweranda Tereza w'i calcutta yo mu Ruziba, muri Vikariya Mikayeli Mweranda, mu gisabisho c'inkuka y'imisa yari irongowe na Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, imisa yaherejwe ku gihe c'isaha zine zo mu gatondo.
Kubera ko ijambo nyamukuru ry'uwo musi ryari iryo Nyenubweranda Papa Francisko yari yashikirije abakristu ku musi mpuzamakungu ugira uwa 28 wahariwe ukwibuka n'ugusabira abarwaye, iryo jambo nyene ni ryo ryaciye rishikirizwa igihugu c'Imana cari aho, rikaba ryasomwe n'uwo munyamabanga nshingwabikorwa w'ishirahamwe ngororeramajambere rya Diyoseze (ODDBU CARITAS Bujumbura), Patiri Alphonse Ndabiseruye.
Ijambo rya Nyenubweranda Papa Francisko ku musi mpuzamakungu ugira uwa 28 wahariwe abarwaye (ryasomwe na Patiri Alphonse Ndabiseruye)
Na we Musenyeri Gerevazi, mw'ijambo yashikirije, yamenyesheje abari aho ko mu kwemera kwabo bafise ivya nkenerwa vyose boshobora kwikorako ngo berekane umutima w'ukwitwararikana, ivyo na vyo ngo bikaba ari amashikanwa bahereza Imana mu rwego rw'ukwiyumvira abakene, abababaye n'abakeneye gufashwa, be rero n'ukubasabira, haba mu nkuka za misa no mu bisabisho vya misi yose. Ico basabwa gusa ngo kikaba ari ukubigirana ukwemera.
Inyuma y'inkuka y'imisa ni ho haca hakurikira igice c'ukuja gusuhuza abarwaye na co. N'aha nyene, Umwepiskopi ni we yagiye imbere y'abandi kuja kuraba abarwaye, ari kumwe n'abo basaserdoti basangiye guhereza inkuka y'imisa y'ukubasabira, be n'abakora mu gisata c'ukubungabunga amagara y'abantu gikukira Diyoseze Nkuru ya Bujumbura. Abari barwariye mu bitaro vyo mu Ruziba rero, mu kubasuhuza, bakaba barabashiriye igisabisho n'agafashanyo.
Aleluya. Kristu yategerezwa kubabara no kuzuka mu bapfuye, kugira ngo yinjire mu buninahazwa. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 44-51)
Muri irya misi, Yezu yabariye Abayuda ati: «Nta wushobora kunyegera Data
yantumye atamukwegakweze; nanje nzomuzura ku musi w’imperuka. Mu bahanuzi
handitswe ngo: ‘Bose bazokwigishwa n’Imana.’ Uwumvise Data wese akakira
inyigisho ziwe, ni we aza iwanje. Ni ko, nta n’umwe yabonye Data atari umwe
yavuye hafi y’Imana; uyo ni we yabonye Data. Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye:
uwemera arafise ubuzima budahera. Jewe ndi wa mukate w’ubuzima. Basokuru banyu
barariye mana mu gahinga, bahava barapfa. Uyu ni wo mukate umanuka uva
mw’ijuru, maze uwuwuriye ntazopfa. Jewe ndi wa mukate muzima wamanutse uva
mw’ijuru uwuriye uwo mukate azokwamaho imyaka yose. Vyongeye umukate nzotanga
ni umubiri wanje uzanira isi ubuzima.»