Petero Claveri Ndayicariye ati: «Ku mutumba Mutwenzi, ababikira bama batonda kwihweza ibisigarira vy'abantu ku Ruvubu; hari ikibazo kitahara mu kanwa kabo: "Mbega ntimwoba muratubonera impuzu zari zambawe na Patiri Mikaheri Kayoya?"»
«Ku Ruvubu, abapatiri barakoroye amosozi; ku Ruvubu, ababikira barakoroye amosozi; [...]
ku Ruvubu, Musenyeri yararize!», ayo ni amajambo yakoreshejwe na Petero Claveri
Ndayicariye arongoye umugwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi, CVR, ku wa gatanu igenekerezo rya 14 Ruhuhuma, kw'ihoteli Source du Nil, aho yari aramutse amenyesha abanditsi n'abamenyeshamakuru ivyo umugwi arongoye washoboye kumenya ku vyabereye ku nkengera z'uruzi Ruvubu, amakuru yerekeye abantu bishwe mu mwaka w'1972, bagahambwa mu binogo rusangi biri muri ico kinogo. Muri abo bishwe hakaba harimwo n'abakristu gatolika.
Mu kiringo c'amasaha abiri n'igice, ku wa gatanu igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2020, umugwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha mu Burundi, CVR, wararinganije ikiganiro n'abamenyeshamakuru ngo ubayagire ivyo washoboye kumenya ku bantu bishwe mu mwaka w'1972, bagahambwa mu binogo rusangi biri mu kibanza kiri ku nkengera z'uruzi Ruvubu. Ni mu bikorwa vy'ukuzura ibisigarira vy'abishwe bakongera bagatabwa ikivunga mu binogo rusangi biri muri ico kibanza. Uwo mugwi rero, kuri abo bamenyeshamakuru n'abanditsi, wariko ubamenyesha ivyo umaze gushikako mu bikorwa waranguye kuva ku musi wa mbere igenekerezo rya 27 Nzero.
Uwo arongoye
umugwi CVR mu Burundi yatanguye amenyesha abari aho ko muri CVR baremeshwa n'ukubona abo bamenyeshamakuru n'abanditsi baje ngo basangire ukumenyekanisha ukuri ku mabi yakozwe mu gihugu c'Uburundi, mu ntumbero y'ukunywanisha Abarundi. Yagize ati: «Kuba muri hano bitwereka ko dusangiye namwe umutima w'ukurondera ukuri ku mabi yakozwe mu gihugu cacu, mu mugambi w'ukunywanisha Abarundi.»
Muri ico kiganiro yahaye abamenyeshamakuru n'abanditsi, Petero Claver Ndayicariye, amenyesha ivyo umugwi CVR washitseko mu matohoza yawo, be n'ivyo basanze mu binogo rusangi vy'abahambwe ikivunga muri ico kibanza co ku Ruvubu, yaravuzemwo ko ku makuru bahawe n'abahabarangiye, ngo mu bahiciwe harimwo mbere n'uwahoze ari umusaserdoti. Uwo musaserdoti yitwa Patiri Mikaheli Kayoya yavutse ku wa 8 Kigarama 1934, akatirwa mu busaserdoti
ku wa 8 Mukakaro 1963. Bivugwa ko yoba yarishwe ku wa 15 Rusama 1972, inyuma y'imyaka 9 mu buzima bw'ubusaserdoti.
Imbere y'ukwicwa, ngo yabanje guhagarikwa mw'ijoro ryo ku wa 13, i Gitega, ajanwa kw'ibohero ry'i Gitega. Amaze kumenya ko ico bamuzaniye ngaho ari ukwicwa, Patiri Mikaheri Kayoya
ngo yoba yagumye asenga, yongera aririmba, kumwe n'abandi bakristu bari kumwe:
«Tugende mu Ngoro kwa Data», ari na ko yaguma asabira ikigongwe abagomba bamwice. Bivugwa mbere ko n'abasoda bamurashe barize.
Petero Claveri Ndayicariye abandanya avuga ku vyo bamenye kuri ubwo bwicanyi, yaranavuze ku nyifato ababikira bo mu muryango w'ababikira bashinzwe n'umuhisi Mikaheri Kayoya bagize mu gihe bari baje kuraba ibikorwa vy'umugwi CVR aho wari ushinze amahema ku Ruvubu. Ngo ku mutumba Mutwenzi, imisi yose, abo babikira bama batonda kwihweza abariko bazura ibisigarira vy'abantu batawe aho ku Ruvubu; ngo hari ikibazo kitahara mu kanwa kabo: «Mbega ntimwoba muratubonera impuzu zari zambawe n'umuhisi Patiri Mikaheri Kayoya?».
Eka ngo n'abandi bakristu bari baje mu Nkuka y'imisa yari irongowe na Musenyeri Simoni Ntamwana, igisabo ku mugwi CVR cari nk'ico: «Mu gufurura, murabe neza ko mwoshobora kutumenyera impuzu Patiri Mikaheri Kayoya yari yambaye, kuko wewe bamwishe yariko arasenga, ahejeje no kwiregesha ababikira bicanywe na we!» Vyumvikana ko mu bicanwe na we harimwo n'ababikira. Mbere ngo hoba harimwo n'abakristu batari bake, kuko ngo bashikanwe ku binogo, ngo ababumva irya nyuma barashoboye kwumva baririmba ururirimbo rwakunda guherekereshwa abashingurwa ico gihe rwagira ruti: «Twese tuzopfa, nta wuzorusimba!», ngo ni ho hagera igihe bakumva amasasu, bakumva n'imiborogo, inyuma y'umwanya muto hagakurikira agacerere, bakumva riho ibiduga bihinda, bene vya bindi vyimba ibinogo. Ivyo binogo ngo vyimbwa n'ivyo bimashini, ari na vyo vyabifurira, bikanabitsindagira.
Ibimenyetso vy'ubwo bwicanyi vyavuzwe ko vyasanzwe muri ivyo binogo rusangi n'umugwi CVR ngo ni vyinshi. Gushika ku musi ugira icumi, ngo bari bamaze kuzura ibisigarira vy'abantu bashika 6.032. Ngo hambavu y'amagufa, ngo barakuyemwo n'impuzu z'abagabo n'iz'abagore, ibirato, amashapule, ibikomo, amarori, n'ibirohori vy'amasasu, ivyo vyose ngo bikaba vyasanzwe mu binogo 6 ku binogo 18 vyamenyekanye ko biri muri ico kibanza.
Aho rero ku Ruvubu umugwi CVR uvuga ko wabonye ibinogo rusangi vyahambwemwo mu kivunga abantu bishwe mu mwaka w'1972, ni ku mutumba Bukirasazi, zone Nyabibuye, komine Shombo, mu ntara ya Karusi, hambavu y'uruzi Ruvubu, neza na neza kw'ihuriro ry'inzuzi zibiri zikomeye, ari zo Ruvubu na Ruvyironza, hafi y'ikiraro kigabura intara ya Karusi na Gitega. Harabana n'urugomero rw'umuyagankuba rwo ku ruzi Ruvyironza, kandi si kure cane yo kw'iseminari n'ikirimba ca Bikira Mariya vy'i Mugera.
Mu mugwi CVR bakaba bavuga ko abakristu, be n'abenegihugu muri rusangi, basaba ko ivyabaye aho mu mwaka w'1972, no mu yindi myaka uko yagiye irakurikirana Uburundi bwikukira mu mwaka w'1962, bimaze kumenyekana, vyobera icigwa urunganwe rw'ubu n'uruzoza, ngo ubwicanyi bw'agahomerabunwa nk'ubwo ntibuzosubire kubaho ukundi mu gihugu. Muri uwo mugwi bavuga kandi ko ivyo binogo vyo ku Ruvubu biri mu rukurikirane rw'ibinogo rusangi vyinshi biriko bikorerwako.
Tubibutse ko indinganizo y'umugwi CVR itegekanya ko hakorerwa ku kiringo co kuva ku wa 26 Ruhuhuma 1885 gushika ku wa 8 Kigarama 2008. Gushika ubu ngo baracariko bakorera ku bivugwa ku bwicanyi bwo gushika mu mwaka w'1972, ariko ngo bazobandanya no ku vyo mu myaka yo mu nyuma, babone gushira ahabona ukuri kwose ku bwicanyi bwabaye mu Burundi muri ico kiringo, baheze bashikirize ico babona cokorwa ngo Abarundi bashike ku kunywana nyakwo, biciye mu kuja inama n'ingingo, gutyo bavavanure n'agatima k'indyane. Mu vyihutirwa rero ngo hakaba hagiye kwigwa ukuntu abo bariko bazurwa muri ivyo binogo rusangi bohambanwa iteka.