Patiri Michel Kayoya yoba ari umwe mu bahambwe mu binogo rusangi vyo ku Ruvubu ?
Itariki: 17/2/2020Ababisomye 9273 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Petero Claveri Ndayicariye ati: «Ku mutumba Mutwenzi, ababikira bama batonda kwihweza ibisigarira vy'abantu ku Ruvubu; hari ikibazo kitahara mu kanwa kabo: "Mbega ntimwoba muratubonera impuzu zari zambawe na Patiri Mikaheri Kayoya?"»
«Ku Ruvubu, abapatiri barakoroye amosozi; ku Ruvubu, ababikira barakoroye amosozi; [...]  ku Ruvubu, Musenyeri yararize!», ayo ni amajambo yakoreshejwe na Petero Claveri Ndayicariye arongoye umugwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi, CVR, ku wa gatanu igenekerezo rya 14 Ruhuhuma, kw'ihoteli Source du Nil, aho yari aramutse amenyesha abanditsi n'abamenyeshamakuru ivyo umugwi arongoye washoboye kumenya ku vyabereye ku nkengera z'uruzi Ruvubu, amakuru yerekeye abantu bishwe mu mwaka w'1972, bagahambwa mu binogo rusangi biri muri ico kinogo. Muri abo bishwe hakaba harimwo n'abakristu gatolika.

Mu kiringo c'amasaha abiri n'igice, ku wa gatanu igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2020, umugwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha mu Burundi, CVR, wararinganije ikiganiro n'abamenyeshamakuru ngo ubayagire ivyo washoboye kumenya ku bantu bishwe mu mwaka w'1972, bagahambwa mu binogo rusangi biri mu kibanza kiri ku nkengera z'uruzi Ruvubu. Ni mu bikorwa vy'ukuzura ibisigarira vy'abishwe bakongera bagatabwa ikivunga mu binogo rusangi biri muri ico kibanza. Uwo mugwi rero, kuri abo bamenyeshamakuru n'abanditsi, wariko ubamenyesha ivyo umaze gushikako mu bikorwa waranguye kuva ku musi wa mbere igenekerezo rya 27 Nzero.



Uwo arongoye umugwi CVR mu Burundi yatanguye amenyesha abari aho ko muri CVR baremeshwa n'ukubona abo bamenyeshamakuru n'abanditsi baje ngo basangire ukumenyekanisha ukuri ku mabi yakozwe mu gihugu c'Uburundi, mu ntumbero y'ukunywanisha Abarundi. Yagize ati: «Kuba muri hano bitwereka ko dusangiye namwe umutima w'ukurondera ukuri ku mabi yakozwe mu gihugu cacu, mu mugambi w'ukunywanisha Abarundi.»

Muri ico kiganiro yahaye abamenyeshamakuru n'abanditsi, Petero Claver Ndayicariye, amenyesha ivyo umugwi CVR washitseko mu matohoza yawo, be n'ivyo basanze mu binogo rusangi vy'abahambwe ikivunga muri ico kibanza co ku Ruvubu, yaravuzemwo ko ku makuru bahawe n'abahabarangiye, ngo mu bahiciwe harimwo mbere n'uwahoze ari umusaserdoti. Uwo musaserdoti yitwa Patiri Mikaheli Kayoya yavutse ku wa 8 Kigarama 1934, akatirwa mu busaserdoti ku wa 8 Mukakaro 1963. Bivugwa ko yoba yarishwe ku wa 15 Rusama 1972, inyuma y'imyaka 9 mu buzima bw'ubusaserdoti.


Imbere y'ukwicwa, ngo yabanje guhagarikwa mw'ijoro ryo ku wa 13, i Gitega, ajanwa kw'ibohero ry'i Gitega. Amaze kumenya ko ico bamuzaniye ngaho ari ukwicwa, Patiri Mikaheri Kayoya ngo yoba yagumye asenga, yongera aririmba, kumwe n'abandi bakristu bari kumwe: «Tugende mu Ngoro kwa Data», ari na ko yaguma asabira ikigongwe abagomba bamwice. Bivugwa mbere ko n'abasoda bamurashe barize.

Petero Claveri Ndayicariye abandanya avuga ku vyo bamenye kuri ubwo bwicanyi, yaranavuze ku nyifato ababikira bo mu muryango w'ababikira bashinzwe n'umuhisi Mikaheri Kayoya bagize mu gihe bari baje kuraba ibikorwa vy'umugwi CVR aho wari ushinze amahema ku Ruvubu. Ngo ku mutumba Mutwenzi, imisi yose, abo babikira bama batonda kwihweza abariko bazura ibisigarira vy'abantu batawe aho ku Ruvubu; ngo hari ikibazo kitahara mu kanwa kabo: Â«Mbega ntimwoba muratubonera impuzu zari zambawe n'umuhisi Patiri Mikaheri Kayoya?».
 
Eka ngo n'abandi bakristu bari baje mu Nkuka y'imisa yari irongowe na Musenyeri Simoni Ntamwana, igisabo ku mugwi CVR cari nk'ico: Â«Mu gufurura, murabe neza ko mwoshobora kutumenyera impuzu Patiri Mikaheri Kayoya yari yambaye, kuko wewe bamwishe yariko arasenga, ahejeje no kwiregesha ababikira bicanywe na we!» Vyumvikana ko mu bicanwe na we harimwo n'ababikira. Mbere ngo hoba harimwo n'abakristu batari bake, kuko ngo bashikanwe ku binogo, ngo ababumva irya nyuma barashoboye kwumva baririmba ururirimbo rwakunda guherekereshwa abashingurwa ico gihe rwagira ruti: Â«Twese tuzopfa, nta wuzorusimba!», ngo ni ho hagera igihe bakumva amasasu, bakumva n'imiborogo, inyuma y'umwanya muto hagakurikira agacerere, bakumva riho ibiduga bihinda, bene vya bindi vyimba ibinogo. Ivyo binogo ngo vyimbwa n'ivyo bimashini, ari na vyo vyabifurira, bikanabitsindagira.

Ibimenyetso vy'ubwo bwicanyi vyavuzwe ko vyasanzwe muri ivyo binogo rusangi n'umugwi CVR ngo ni vyinshi. Gushika ku musi ugira icumi, ngo bari bamaze kuzura ibisigarira vy'abantu bashika 6.032. Ngo hambavu y'amagufa, ngo barakuyemwo n'impuzu z'abagabo n'iz'abagore, ibirato, amashapule, ibikomo, amarori, n'ibirohori vy'amasasu, ivyo vyose ngo bikaba vyasanzwe mu binogo 6 ku binogo 18 vyamenyekanye ko biri muri ico kibanza.

Aho rero ku Ruvubu umugwi CVR uvuga ko wabonye ibinogo rusangi vyahambwemwo mu kivunga abantu bishwe mu mwaka w'1972, ni ku mutumba Bukirasazi, zone Nyabibuye, komine Shombo, mu ntara ya Karusi, hambavu y'uruzi Ruvubu, neza na neza kw'ihuriro ry'inzuzi zibiri zikomeye, ari zo Ruvubu na Ruvyironza, hafi y'ikiraro kigabura intara ya Karusi na Gitega. Harabana n'urugomero rw'umuyagankuba rwo ku ruzi Ruvyironza, kandi si kure cane yo kw'iseminari n'ikirimba ca Bikira Mariya vy'i Mugera.

Mu mugwi CVR bakaba bavuga ko abakristu, be n'abenegihugu muri rusangi, basaba ko ivyabaye aho mu mwaka w'1972, no mu yindi myaka uko yagiye irakurikirana Uburundi bwikukira mu mwaka w'1962, bimaze kumenyekana, vyobera icigwa urunganwe rw'ubu n'uruzoza, ngo ubwicanyi bw'agahomerabunwa nk'ubwo ntibuzosubire kubaho ukundi mu gihugu. Muri uwo mugwi bavuga kandi ko ivyo binogo vyo ku Ruvubu biri mu rukurikirane rw'ibinogo rusangi vyinshi biriko bikorerwako.

Tubibutse ko indinganizo y'umugwi CVR itegekanya ko hakorerwa ku kiringo co kuva ku wa 26 Ruhuhuma 1885 gushika ku wa 8 Kigarama 2008. Gushika ubu ngo baracariko bakorera ku bivugwa ku bwicanyi bwo gushika mu mwaka w'1972, ariko ngo bazobandanya no ku vyo mu myaka yo mu nyuma, babone gushira ahabona ukuri kwose ku bwicanyi bwabaye mu Burundi muri ico kiringo, baheze bashikirize ico babona cokorwa ngo Abarundi bashike ku kunywana nyakwo, biciye mu kuja inama n'ingingo, gutyo bavavanure n'agatima k'indyane. Mu vyihutirwa rero ngo hakaba hagiye kwigwa ukuntu abo bariko bazurwa muri ivyo binogo rusangi bohambanwa iteka.

Michel Nibitanga, CEDICOM  
Ivyiyumviro

Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)

Muri irya misi,

Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe, nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we. Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka yose.»

Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi.  

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 195
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI