Biciye mu nkino zitandukanye zigizwe n'intambo, indirimbo be n'udukino, urwo rwaruka rwarashinze intahe ko umugambi «Dukire tubane» wababereye kirumara mu buryo bwinshi
Mu ntumbero y'ugushira ahabona bimwe mu vyo urwaruka ruba mu Kinama na Kamenge rwasigaranye inyuma y'inyigisho zitandukanye zatanzwe mu mugambi «Dukire tubane», ku kibuga c'umupira w'amaguru kiri mu kigo c'urwaruka co mu Kamenge, ku wa gatandatu igenekerezo rya 15 Ruhuhuma, haratunganijwe umusi wahariwe imico kama. Uwo musi watunganijwe n'igisata ca Diyoseze Nkuru ya Bujumbura kijejwe ubutumwa bw'ukuremesha Ubutungane n'Amahoro, CDJP-Bujumbura, ku civugo kigira kiti: «Rwaruka, tube akarorero mu kurekuriranira, mu kwihanganiranira no mu kudakoresha igikenye, kugira ngo twunge ubumwe buzodushikana kw'iterambere!»Mu gihe umugambi «Dukire tubane» uriko urakwiza imyaka itatu uronsa inyigisho z'ukwubaka ikibano ciza mu rwaruka, ubu na ho urwaruka ruriko rushira ahabona bimwe mu vyo rwasigaranye, inyuma y'inyigisho zitandukanye rwaronse mu mugambi «Dukire tubane!». Ivyo ni ivyamenyeshejwe na Patiri Alexis KARERWA, asanzwe ari icegera c'Umunyamabanga wa CDJP-Bujumbura. Ni aho rero hatunganijwe umusi wahariwe imico kama. Biciye mu nkino zitandukanye zigizwe n'intambo, indirimbo be n'udukino, urwo rwaruka rukaba rwarashinze intahe ruvuga uko umugambi «Dukire tubane» wababereye kirumara mu gukira ihahamuka be n'ukwubaka ikibano ciza.
Kuri uwo musi, uwusanzwe ajejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry'uwo mugambi
«Dukire tubane»
muri CDJP-Bujumbura,
Umushingantahe Claude Ndizeye, yavuze ko urwaruka rugera ku 200 ari rwo rwaronkejwe inyigisho z'ukwubaka ikibano ciza, mu gihe urundi rugera ku 400 rwaronkejwe inyigisho zarufashije kumenya uburyo bw'ukumenya n'ugukiza ihahamuka. Uwo mugambi nyene ngo wararonkeje izo nyigisho indongozi zitandukanye zigera kuri 100.
Uwo ajejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry?uwo mugambi yaboneyeho gutekera impanuro urwa rwaruka, aho yarusavye kwihanganiranira mu gihe c?amatora twimirije. Yagize ati: «Ni ibisanzwe ko usanga mu kibano hari ivyodutandukanya, ariko tubirengere nyabuna, bibe riho ibidufasha kuba mu bumwe!» Aha akaba yarashimikiye ku kwihanganiranira mu butandukane bwabo, ngo ni ho bizokunda ko baba umwe.
Mwomenya ko umugambi «Dukire tubane» uherutse guhabwa ibikoresho bizofasha urwaruka gusibura aho baba, biciye mu bikorwa vy?iterambere rusangi. Urwo rwaruka rukaba rusabwa ko inguvu rufise rwozikoresha riho mu kwubaka, mu gusibura imiferege no mu bindi bikorwa nk?ivyo, gutyo rushobore gutunganya neza aho ruba, kuko muri kahise ngo vyaragaragaye ko rumwe rumwe rwakoresheje inguvu rufise mu gusambura.
RĂ©novat Niyonsenga, CDJP Bujumbura